Yohani 16:1-33
16 Ndababwiye ivyo bintu kugira ntimutsitare.
2 Abantu bazobaca mu masinagogi+. Mbere igihe kirageze aho umuntu wese azobica+ azokwiyumvira ko akoreye Imana*.
3 Mugabo bazokora ivyo bintu kubera batamenye Data canke jewe+.
4 Ariko rero, ndababwiye ivyo bintu kugira ngo nivyashika muze mwibuke ko nabibabwiye+.
Sinabibabwiye mu ntango, kuko nari kumwe namwe.
5 Mugabo ubu ngira nsubire ku wantumye+, ariko nta n’umwe muri mwebwe ambaza ati: “Ugiye hehe?”
6 Muciye mwuzura intuntu kubera ndababwiye ivyo bintu+.
7 Ariko rero ndababwiye ukuri, ngiye ku neza yanyu. Ntagiye, wa mufasha+ nta we muzoronka, mugabo ngiye nzomubarungikira.
8 Kandi uwo mufasha niyashika, azoha isi ibimenyamenya bijijura ku vyerekeye igicumuro, ku vyerekeye ubugororotsi no ku vyerekeye urubanza:
9 ubwa mbere ku vyerekeye igicumuro+, kubera batanyizera+,
10 ubwa kabiri ku vyerekeye ubugororotsi, kubera ngira nje kwa Data mukaba mutazosubira kumbona,
11 ubwa nyuma ku vyerekeye urubanza, kubera yuko umutware w’iyi si yaciriwe urubanza+.
12 Nari ngifise ibintu vyinshi nobabwira, ariko ubu ntimushobora kuvyihanganira.
13 Ariko uwo* niyashika, ya mpwemu y’ukuri+, azobayobora kugira mutahure ukuri kwose, kuko atazovuga ivyo yibwiye, ahubwo azovuga ivyo yumva, kandi azobamenyesha ibizoba+.
14 Uwo azoninahaza jewe+, kuko azoronka ku vyanje kandi akazobibamenyesha+.
15 Ibintu vyose Data afise ni ivyanje+. Ni co gituma navuze ko azoronka ku vyanje kandi akabibamenyesha.
16 Mu kanya gatoyi ntimuzosubira kumbona+, ariko haciye akandi kanya gatoyi muzombona.»
17 Bamwe mu bigishwa biwe baca batangura kuvugana bati: «Ashatse kuvuga iki ko avuze ngo: “Mu kanya gatoyi ntimuzombona, ariko haciye akandi kanya gatoyi muzombona”, kandi ngo: “Kubera ngira nje kwa Data”?»
18 Babandanya kuvuga bati: «Ashatse kuvuga iki mu kuvuga ngo: “Akanya gato”? Ntidutahura ivyo ariko aravuga.»
19 Yezu yari azi ko bashaka kumubaza ibibazo, aca ababwira ati: «Muriko murabazanya hagati yanyu kubera nababwiye nti: “Mu kanya gatoyi ntimuzombona, ariko haciye akandi kanya gatoyi muzombona”?
20 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, muzorira muboroge, ariko isi izonezerwa. Muzotuntura, ariko intuntu yanyu izohinduka umunezero+.
21 Iyo umugore ariko aribaruka, aratuntura kubera isaha yiwe y’umubabaro igeze. Ariko amaze kwibaruka uwo mwana, ntasubira kwibuka uwo mubabaro kubera umunezero w’uko havutse umuntu kw’isi.
22 Na mwebwe ubu muratuntuye. Ariko nzosubira kubabona kandi imitima yanyu izonezerwa+, kandi nta n’umwe azobaka umunezero wanyu.
23 Kuri uwo musi nta kibazo na kimwe muzombaza. Emwe ni ukuri ndabibabwiye, ikintu cose muzosaba Data+ azokibaha mw’izina ryanje+.
24 Gushika ubu nta kintu na kimwe mwari bwasabe mw’izina ryanje. Nimusabe muzoronka, kugira ngo akanyamuneza kanyu kabe akuzuye.
25 Ivyo bintu nabibabwiye nkoresheje ibigereranyo. Igihe kigira kigere aho ntazosubira kubabwira nkoresheje ibigereranyo, mugabo nzobabwira ntomora ivyerekeye Data.
26 Kuri uwo musi muzosaba Data mw’izina ryanje. Ariko sinshatse kuvuga ko ari jewe nzobasabira kuri Data.
27 Data ubwiwe arabakunda kubera mwankunze+ kandi mukemera ko naje nserukira Imana+.
28 Naje mw’isi nserukira Data. None ubu ngira mve mw’isi, nsubire kwa Data+.»
29 Abigishwa biwe baca bavuga bati: «Ubu rero uriko uravuga utomora, utarinze gukoresha ibigereranyo.
30 Ubu turamenye ko uzi ibintu vyose be n’uko udakeneye uwukubaza ibibazo. Ivyo bituma twemera ko wavuye ku Mana.»
31 Yezu aca ababwira ati: «Ubu rero murizeye?
32 Igihe kiri mu kugera, mbere cashitse, aho muzosanzara umwe wese akaja muhira iwe, nanje mukanta jenyene+. Ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje+.
33 Ivyo bintu ndabibabwiye kugira ngo biciye kuri jewe mugire amahoro+. Mw’isi murahura n’ingorane, ariko nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ko akoreye Imana igikorwa ceranda.»
^ Herekeza kuri wa mufasha yavugwa ku murongo w’indwi. Yezu akoresha ijambo «umufasha» nk’aho umenga ni umuntu mu kuvuga impwemu nyeranda. Impwemu nyeranda ni inguvu Imana ikoresha, si umuntu.