Yohani 15:1-27

  • Ikigereranyo c’umuzabibu w’ukuri (1-10)

  • Ibwirizwa ryo kwigana urukundo rwa Kristu (11-17)

    • «Nta wurusha urukundo uwigura abagenzi biwe» (13)

  • Isi iranka abigishwa ba Yezu (18-27)

15  Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Dawe na we akaba umurimyi.  Ishami ryose ryo kuri jewe ritama araricacura, iryama na ryo akarituturira* kugira ryame cane+.  Mwebwe musanzwe mutyoroye kubera ijambo nababwiye+.  Nimugume mwunze ubumwe nanje, nanje nzoguma nunze ubumwe namwe. Kurya nyene ishami ridashobora kwama ritagumye ku muzabibu, na mwebwe ntimushobora kwama mutagumye mwunze ubumwe nanje+.  Jewe ndi umuzabibu, namwe mukaba amashami. Uwuguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we, uwo arama cane+, kuko ata na kimwe mushobora gukora mutari kumwe nanje.  Uwutaguma yunze ubumwe nanje ameze nk’ishami baciye rigaca ryuma. Abantu baca begeranya ayo mashami, bakayaterera mu muriro, agasha.  Nimwaguma mwunze ubumwe nanje kandi amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muzosaba ico mushaka cose kandi muzokironka+.  Dawe araninahazwa iyo mugumye mwama ivyamwa vyinshi kandi mukerekana ko muri abigishwa banje+.  Nk’uko Dawe yankunze+, ni ko nanje nabakunze. Nimugume mu rukundo rwanje. 10  Nimwubahiriza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe. 11  Ivyo ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ugume muri mwebwe no kugira ngo akanyamuneza kanyu kabe akuzuye+. 12  Ng’iri ibwirizwa ryanje: nimukundane nk’uko nabakunze+. 13  Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe+. 14  Muri abagenzi banje nimba mukora ivyo ndabategetse+. 15  Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ivyo shebuja akora. Ahubwo nabise abagenzi, kuko nabamenyesheje ibintu vyose numvanye Dawe. 16  Si mwebwe mwantoye, ahubwo ni jewe nabatoye. Nabatoye kugira mubandanye kwama ivyamwa kandi ivyamwa vyanyu bigumeho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje akibahe+. 17  Ivyo ndabibategetse kugira mukundane+. 18  Isi niyabanka, mwibuke ko yanyanse imbere y’uko ibanka+. 19  Iyo muba mwari ab’isi, isi yokunze cane ivyayo. Mugabo kubera ko mutari ab’isi+ ariko nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka+. 20  Mwibuke ijambo nababwiye: umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, namwe bazobahama+, kandi nimba barubahirije ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryubahiriza. 21  Mugabo ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse+. 22  Iyo ntaba naraje nkavugana na bo, nta gicumuro bobaye bafise+. Ariko ubu ntibagira ico bireguza ku gicumuro cabo+. 23  Uwunyanka aba yanka na Dawe+. 24  Iyo ntaba narakoreye muri bo ibikorwa ata wundi muntu n’umwe yakoze, nta gicumuro bobaye bafise+. Ariko ubu barambonye bongera baranyanka, banka na Dawe. 25  Mugabo ivyo vyabaye kugira haranguke ivyanditswe mu mategeko yabo ngo: “Banyankiye ubusa+.” 26  Wa mufasha nzobarungikira avuye kuri Data niyashika, ya mpwemu y’ukuri+ iva kuri Data, azonshingira intahe+. 27  Na mwebwe mubwirizwa kunshingira intahe+, kuko mwamanye nanje kuva mu ntango.

Utujambo tw'epfo

Canke «akarityorora.»