Ikirundi
Myandagaro
/assets/ct/28ada02fb0/images/syn_placeholder_sqr.png
es26 rup. 77-87

Myandagaro

Ku wa gatandatu, 1 Myandagaro

Myandagaro

Hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva isi itanguye kubaho gushika n’ubu.—Mat. 24:21.

Dusenga dusaba ko abantu benshi bashoboka bokwumva imburi maze bakifatanya natwe mu gusenga Yehova hatararengerana. Tuvuge iki hoho ku batariko barumvira iyo mburi dutanga? Yehova arashobora kuzorokora abantu bazohinduka bakamwizera nibabona Babiloni Akomeye asanganguwe. Nimba ari ko bizogenda, uca wumva ko vyihutirwa cane ko tuguma tuburira abantu. Ivyo tubabwira ubu boshobora kuzovyibuka ico gihe. (Gereranya na Ezekiyeli 33:33.) Boshobora kuzokwibuka imburi twabahaye bigaca bibavyurira umutima wo kwifatanya natwe mu gusenga Yehova hatararengerana. Cokimwe na wa murinzi w’ibohero w’i Filipi yahinduka ari uko abonye habaye «nyamugigima ikomeye», birashoboka ko na bamwebamwe mu batariko barakira neza inkuru nziza bazohinduka nibabona isangangurwa ritangaje rya Babiloni Akomeye.—Ivyak. 16:​25-34. w24.05 17 ing. 9-10

Kristu [ni] we herezo ry’amategeko.—Rom. 10:4.

Ivyo intumwa Pawulo yandikiye abakirisu b’Abaheburayo biratwigisha icigwa gikomeye. Bamwebamwe aho kubandanya batera imbere mu vy’impwemu, bari «[ba]subiye kuba abantu bakeneye amata, aho kurya ibifungurwa [vy’impwemu] bigumye.» (Heb. 5:12) Ntibaguma bajana n’ukuri Yehova yaguma ahishura biciye kw’ishengero. (Imig. 4:18) Nk’akarorero, abakirisu benshi b’Abayuda bari bagiharanira gukurikiza ya mategeko Imana yatanga biciye kuri Musa, naho hari haheze imyaka nka 30 incungu ya Yezu iyakuyeho. (Tito 1:10) Umuntu wese asoma iryo kete Pawulo yandikiye Abaheburayo, arashobora kwemeza ko ririmwo ibifungurwa bigumye vyo mu vy’impwemu. Emwe, ni ryo nyene abakirisu bari bakeneye kugira ngo ribafashe kubona ko iyo ntunganyo nshasha yo gusenga Yehova yari yo nziza kuruta. Ryobafashije kandi kuguma bamamaza inkuru nziza babigiranye umutima rugabo.—Heb. 10:​19-23. w24.04 6 ing. 15

Imana igiye kuzura abagororotsi n’abatari abagororotsi.—Ivyak. 24:15.

Kuva igihe Adamu na Eva biyunga kuri Shetani bakagarariza Yehova, haramaze gupfa abantu amamiliyaridi. None abo bose bizobagendera gute? Abayoboke bakeyi ba Kristu b’intahemuka, ni ukuvuga abantu 144.000, bazozukira ijuru bahabwe ubuzima budapfa. (Ivyah. 14:1) Vyongeye, abandi bagabo n’abagore benshi cane bapfuye ari abizigirwa kuri Yehova, bazozuka muri rya ‘zuka ry’abagororotsi.’ Nibaguma ari intahemuka mu kiringo ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi be no muri ca kigeragezo ca nyuma, bazokwibera kw’isi ibihe bidahera. (Dan. 12:13; Heb. 12:1) Vyongeye, muri ico kiringo c’imyaka igihumbi, «abatari abagororotsi», ushizemwo n’abatigeze bamenya Yehova canke mbere «abagiye barakora ibintu bishisha», bazohabwa akaryo ko guhindura ingendo kugira babe abasavyi ba Yehova b’intahemuka. (Yoh. 5:29; Luka 23:​42, 43) Ariko rero, hari abantu babaye abanyakibi katwa, ku buryo yafashe ingingo yuko batazokwigera bazuka.—Luka 12:​4, 5w24.05 2 ing. 3; 5 ing. 15; 6 ing. 17

[Banyubahisha] iminwa yabo. Mugabo umutima wabo uri kure yanje rwose.—Yes. 29:13.

Umuntu yipfuza gushimwa na Yehova abwirizwa kuba «avuga ukuri mu mutima wiwe.» (Zab. 15:2) Ivyo ntibisobanura gusa ko umuntu atabesha. Yehova yipfuza ko twigenza mu buryo bugororotse mu vyo tuvuga no mu vyo dukora vyose. (Heb. 13:18) Ivyo birahambaye «kuko umuntu w’amanyanga ashisha Yehova, ariko abagororotsi ababera umugenzi somambike.» (Imig. 3:32) ‘Abavuga ukuri mu mutima wabo’ ntiberekana ko bagamburuka igihe bari mu bandi ariko igihe bari bonyene bagaca barenga ku mategeko y’Imana. Baririnda amanyanga. Umuntu w’umunyamanyanga yoshobora gutangura kwiyumvira ko amategeko ya Yehova yose atagororotse. (Yak. 1:​5-8) Yoshobora kugambararira Yehova mu bintu we abona ko bidahambaye. Maze igihe abonye ko ata ngaruka n’imwe imushikiye kubera ukwo kugambarara, yoshobora no guca atangura kurenga ku yandi mategeko y’Imana. Ivyo vyotuma Yehova atemera ugusenga kwiwe naho yoba yiyumvira ko ariko aramukorera. (Umus. 8:11) Twipfuza rero kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose. w24.06 10 ing. 7-8

Muhagarare mushikamye . . . mukenyeye umukaba w’ukuri.Ef. 6:14.

Twebwe abasavyi ba Yehova, turakunda ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Ukwizera kwacu gushingiye kuri ukwo kuri. (Rom. 10:17) Turemera tudakeka ko Yehova yashizeho ishengero kugira ribe «inkingi n’urwego bishigikiye ukuri.» (1 Tim. 3:15) Shetani yohimbarwa cane abonye turetse kwizigira Bibiliya canke gukurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. (Ef. 4:14) Vuba, Shetani azokwiragiza ibinyoma bikomeye kugira ngo azimize amahanga yose, mu ntumbero yo kurwanya Yehova. (Ivyah. 16:​13, 14) Turashobora no kwitega ko Shetani azorushiriza gukora ukwo ashoboye kwose kugira ngo azimize abasavyi ba Yehova. (Ivyah. 12:9) Birahambaye rero ko twimenyereza gutandukanya ukuri n’ikinyoma be no kugamburukira ukuri. (Rom. 6:17; 1 Pet. 1:22) Ivyo ni vyo bizotuma turokoka ya makuba akomeye. w24.07 8 ing. 1-3

Aya mabwirizwa ndabahaye uno musi, si amananiza kuri mwebwe kandi ntari kure yanyu.—Gus. 30:11.

Igihe Yehova yatora Abisirayeli ngo babe ihanga ryiwe, yaragiraniye na bo isezerano. Baramutse bubahirije amategeko yabahaye, yobakingiye kandi akabahezagira. Ariko baramutse bamugambarariye, nk’akarorero bagasenga izindi mana, ntiyobaye akibahezagira kandi boshikiwe n’ingorane. Naho ari ukwo, Yehova ntiyociye abaheba burundu. Boshoboye ‘kugaruka kuri Yehova Imana yabo, bakumviriza ijwi ryiwe.’ (Gus. 30:​1-3, 17-20) Mu yandi majambo, bokwigaye. Babigize, Yehova yobiyegereje agasubira kubahezagira. Abasavyi ba Yehova yari yaritoreye, baramugararije akatari gake. Ivyo vyatumye bashikirwa n’ingorane. Ariko Yehova ntiyahevye abo basavyi biwe b’abagarariji. Yagumye arungika abahanuzi kugira ngo babafashe kwigaya, bamugarukeko.—2 Abm. 17:​13, 14. w24.08 9 ing. 4-5

Haduka uruhamo rukomeye kw’ishengero ryari i Yeruzalemu.—Ivyak. 8:1.

Yezu amaze gupfa mu 33, abakirisu baba i Yeruzalemu n’i Yudaya barashikiwe n’ingorane nyinshi. Muri ico gihe, ishengero rya gikirisu ryarashinzwe, kandi inyuma y’aho haradutse uruhamo rukomeye. Mu nyuma, mu myaka 20 yakurikiye, barahuye n’ingorane zikomeye kubera ikigoyi hamwe n’ubukene. (Ivyak. 11:​27-30) Naho ari ukwo, nko mu 61 inyuma ya Kristu, twovuga ko abakirisu baronse ikiringo c’amahoro ugereranije n’ivyari biraririye kubashikira. Muri ico kiringo, biciye ku mpwemu nyeranda, Yehova yaratumye intumwa Pawulo abandikira ikete. Impanuro zari muri iryo kete ni zo nyene bari bakeneye kugira bashobore kwitegurira ivyari biraririye kubashikira. Ikete ryandikiwe Abaheburayo ryaje hageze kubera ko ikiringo c’amahoro abakirisu barimwo kitomaze na kabiri. Pawulo yabahaye impanuro zobafashije kwihanganira ingorane zari zigiye kubashikira. w24.09 8 ing. 1-2

Barampojeje cane.—Kol. 4:11.

Igihe turi mu ngorane, abavukanyi na bashiki bacu baratubera ikimenyamenya c’uko Yehova adukunda. Barashobora kuduhumuriza mu kudutega yompi babigiranye impuhwe canke mu kumarana umwanya natwe. Boshobora kuduha icanditswe kituremesha canke bagasenga turi kumwe. (Rom. 15:4) Rimwe na rimwe, umuvukanyi canke mushiki wacu yoshobora kutwibutsa ingene Yehova abona ibintu maze bikadufasha kuguma dutekanye. Abo dusangiye ukwizera boshobora no kudufasha mu bundi buryo, nko mu kuturonsa ibifungurwa igihe turi mu bihe bitoroshe. Kugira ngo abandi badufashe, hari aho vyoba ngombwa ko tubibasaba. (Imig. 17:17) Hari aho batoba bazi uko tumerewe canke ivyo dukeneye. (Imig. 14:10) Nurabe abagenzi bahumuye wokwitura. Nubabwire ico woshima ko bogufasha. Hari n’aho wohitamwo kwitura umukurambere umwe canke babiri wiyumvamwo. Bashiki bacu bamwebamwe na bo basanze kwitura uwundi mudada ahumuye biborohera kuruta. w24.10 10 ing. 15-16

Umuntu wese yemera Umwana kandi akamwizera a[zo]ronka ubuzima budahera.—Yoh. 6:40.

Abantu benshi ntibapfa ivyo bariye, kandi baragerageza kuguma binonora imitsi kugira bagumane amagara meza. Naho ari ukwo, barazi ko ivyo bidatuma umuntu abaho ibihe vyose. Baravye ingorane zikwegwa n’ubusaza, babona ko kubaho ibihe bidahera bidashoboka kandi ko ata n’uwovyipfuza. Ariko rero ivyo Yezu yavuze muri Yohani 3:16 na 5:​24, birerekana ko bishoboka yuko abantu baronka «ubuzima budahera.» Umusi umwe, Yezu yarakoze igitangaro co kugaburira isinzi ry’abantu imikate n’amafi. Naho ico kintu cari gitangaje, ivyo yavuze ku musi ukurikira vyovyo vyari bitangaje kuruta. Abo bantu isinzi bari bamukurikiye i Kaperinawumu hafi y’inkengera y’ikiyaga ca Galilaya. Yaciye ababwira ko ashobora kuzura abapfuye maze bakabaho ibihe bidahera. (Yoh. 6:​39, 40) Ayo majambo ya Yezu arerekana ko abantu benshi bapfuye bazozuka be n’uko wewe n’abawe mushobora kuzobaho ibihe bidahera. w24.12 8 ing. 1-2

Namwe bagabo, . . . mubatere iteka mu kubafata nk’icombo kitanganya namwe gukomera.—1 Pet. 3:7.

Raporo imwe iheruka gusohorwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS), yerekana ko abagabo benshi bakubita abagore babo, bakabatuka canke bakabafata nabi mu bundi buryo. Umugabo ameze ukwo yoshobora gufatana icubahiro umugore wiwe bari mu bantu, mugabo bageze muhira akamufata nabi. Ni ibiki bishobora gutuma abagabo bamwebamwe bahohotera abagore babo? Bashobora kuba bari bafise ba se bakaze, bikaba vyatumye biyumvira ko guhohotera umugore ari ibisanzwe. Abandi usanga boshwa n’imico kama bakuriyemwo, aho usanga bafise ivyiyumviro bitari vyo vy’uko umugabo nya mugabo ategerezwa gukoresha inguvu kugira yereke umugore ko ari we shefu. Abandi usanga batigishijwe kwigumya kugira ntibatwarwe n’ishavu. Hari n’abandi bagabo babona abagore nk’ibikoresho vyo guhaza ivyipfuzo vyabo vy’igitsina kubera bakunda kuraba amashusho y’ibiterasoni. Vyongeye, raporo nyinshi zerekana ko ca kiza ca korona caje cunyura ibintu. Naho ari ukwo, nta mvo n’imwe muri izo ikwiye gutuma umugabo ahohotera umugore wiwe. w25.01 8 ing. 2-3

Ko Kristu yababajwe mu mubiri, namwe nyene mwambare uwo mutima nyene nk’ikirwanisho.1 Pet. 4:1.

«Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose.» (Luka 10:27) Yezu yarerekanye neza ko mu mategeko ya Musa, iryo ari ryo ryari rihambaye kuruta ayandi yose. Urabona ko dukwiye gukunda Yehova n’umutima wacu, aho hakaba harimwo n’ivyipfuzo vyacu be n’ukuntu twiyumva. Dukwiye kandi kumwihebera n’ubuzima bwacu bwose be n’inkomezi zacu, ari zo nguvu zacu. Ariko ntiwumve, turakwiye gukunda Yehova n’ubwenge bwacu, aho hakaba harimwo n’ukuntu twiyumvira. Ego ni ko, ntidushobora gutahura ijana kw’ijana ingene Yehova yiyumvira. Naho ari ukwo, gusuzuma ivyiyumviro vya Kristu birashobora kudufasha gutahura neza ivyiyumviro vy’Imana, kubera ko Yezu yiyumvira neza na neza nka Se.—1 Kor. 2:16. w25.03 8 ing. 1

Kubera uwo Mwana wayo turabohorwa, tugacungurwa biciye ku maraso yiwe, emwe tukababarirwa amakosa yacu, kubera ubuntu buhebuje bw’Imana bwinshi.—Ef. 1:7.

Kubera ko Yezu yari atunganye, yari aringaniye na wa muntu wa mbere Adamu imbere y’uko acumura. (1 Kor. 15:45) Biciye rero ku rupfu rwiwe, Yezu yarashoboye gutangira impongano igicumuro ca Adamu, ni ukuvuga kugaruza ico Adamu yari yaratakaje. (Rom. 5:19) Ivyo vyatumye Yezu aba «Adamu wa nyuma.» Ntibikenewe rero ko hagira uwundi muntu atunganye yoza kugaruza ico Adamu yatakaje. Yezu yapfuye «rimwe rizima.» (Heb. 7:27; 10:12) None impongano n’incungu bitandukaniye he? Gutanga impongano ni intunganyo Imana yashizeho kugira bishoboke ko abantu basubira kugiranira ubucuti bwiza na yo. Incungu na yo ni igiciro carishwe kugira bishoboke ko abantu badatunganye bababarirwa ibicumuro. Ico giciro carishwe, ni amaraso y’agaciro ya Yezu yasheshwe ku bwacu.—Heb. 9:14. w25.02 5 ing. 12-13

Imana ni iyo kwizigirwa, ntizoreka ngo mugeragezwe n’ibirenze ivyo mushobora kwihanganira. Mugabo ikigeragezo nicashika, izobacira inzira kugira mushobore kucihanganira.—1 Kor. 10:13.

Kubona ko Yehova abaho koko bizotuma tubona ingorane mu buryo bwiza. Uti gute? Bituma tubona ko ingorane turimwo, ari umuce wa ca kibazo gihambaye kiri hagati ya Yehova na Shetani. Shetani avuga ko bishitse tugashikirwa n’ingorane, tuzoca duheba Yehova. (Yobu 1:​10, 11; Imig. 27:11) Ariko igihe tugumye turi intahemuka kuri Yehova naho twoba turi mu ngorane, tuba twerekanye ko dukunda Yehova be n’uko Shetani ari umubeshi. Woba uhanganye n’uruhamo ruva ku bategetsi, ubukene, abatakira neza inkuru nziza canke iyindi ngorane? Nimba ari ukwo, niwibuke ko ivyo biguha akaryo ko kunezereza umutima wa Yehova. Niwibuke kandi ko atazoreka ngo ugeragezwe n’ibirenze ivyo ushobora kwihanganira. Azoguha inkomezi zo kwihangana. w24.06 22 ing. 9

Umwe wese arageragezwa iyo icipfuzo ciwe bwite kimukwegakweze, kikamuryosharyosha.—Yak. 1:14.

Wewe woba uzi ibikubangamira cane? Guhakana ubugoyagoye dufise canke kwiyumvira ko dukomeye ku buryo tutogwa mu gicumuro, vyotugirira nabi. (1 Yoh. 1:8) Kanatsinda, Pawulo arerekana ko mbere «[n’aba]kwije ibisabwa mu vy’impwemu» boshobora gutwarwa n’inyosha mbi batabaye maso. (Gal. 6:1) Turakwiye rero kwemanga ko bishobora kudushikira kandi tukemera aho dufise ubugoyagoye. (2 Kor. 13:5) None tumaze kumenya aho tugoyagoya, dukwiye guca dukora iki? Dukwiye guca turushiriza kumera magabo. Tubitangire akarorero. Mu bihe vya kera, mu marembo y’igisagara ni ho vyari vyoroshe cane ko umwansi amenera. Ni co gituma yarindwa cane. Na twebwe rero, turakwiye kuba maso cane, na canecane ku bintu tuzi ko dufisemwo ubugoyagoye.—1 Kor. 9:27. w24.07 15 ing. 5-7

Mubanda[nye] kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose no kurushiriza kumenya neza ivyerekeye Imana.—Kol. 1:10.

Muri ico gikorwa ciza cavuzwe mu canditswe c’uno musi harimwo kwamamaza inkuru nziza. Iyo rero dusomye Ijambo ry’Imana tukongera tukarizirikanako, turarushiriza kwizera Yehova no kubona ko igikorwa co kwamamaza Ubwami gihambaye. Kugira ngo Ijambo ry’Imana rirushirize kutugirira akamaro, turakwiye kwirinda kwihutagiza igihe dusoma Bibiliya, igihe twiyigisha be n’igihe tuzirikana. Nubifatire umwanya ukwiye. Usomye umurongo udatahura neza, ntuce uwirengagiza. Ahubwo nukoreshe ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova canke igitabu Index des publications kugira ngo umenye insobanuro yawo. Niwafata umwanya ukwiye wo kwiyigisha, bizotuma urushiriza kwizigira ko Ijambo ry’Imana ari ukuri. (1 Tes. 5:21) Uko urushiriza kujijuka ku vyo wiga mw’Ijambo ry’Imana, ni ko urushiriza kubibwira abandi unezerewe. w24.04 15 ing. 4-5

[Ndabandikiye] . . . kugira menye neza ko muzogamburuka muri vyose.—2 Kor. 2:9.

Dawidi yavuze ati: ‘Ni mwiza kandi yiteguriye kubabarira.’ (Zab. 86:5) Mika yanditse ati: «Imana imeze nkawe ni iyihe, iharira ikosa, ikirengagiza igicumuro?» (Mika 7:18) Yesaya na we yanditse ati: «Umubisha nahebe inzira yiwe, umunyakibi ahebe ivyiyumviro vyiwe. Nagaruke kuri Yehova, azomugirira imbabazi, agaruke ku Mana yacu, kuko izomubabarira cane.» (Yes. 55:7) Kugira ngo ishengero ry’i Korinto ryerekane ko ryigana Yehova, ryabwiwe guha ikaze umucumuzi yari yigaye no kumwereka ko rimukunda. Kubona iryo shengero ryarakurikije ubwo buyobozi, ryari ryerekanye ko ‘rigamburuka muri vyose.’ Naho hari haciye amezi makeyi gusa uwo muntu akuwe mw’ishengero, indero yatojwe yaratumye yigaya. Nta mvo n’imwe rero yari ihari yari gutuma bateba kumugarukana mw’ishengero. w24.08 17-18 ing. 12-13

Umwe [azojanwa] ariko uwundi asigare.Mat. 24:40.

Tubayeho mu kiringo kizobamwo amahinduka menshi. Vuba Yezu agiye gucira urubanza ababa kw’isi bose. Yezu yaravuze ibizoba kw’isi imbere y’uko aca urubanza. Yarabwiye abigishwa biwe «ikimenyetso» c’ukugaruka kwiwe «n’ic’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Mat. 24:3) Ubuhanuzi bujanye n’ico kimenyetso tubusanga muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25, muri Mariko ikigabane ca 13 no muri Luka ikigabane ca 21. Yezu yarakoresheje ibigereranyo bitatu kugira adufashe kwitegura. Ivyo bigereranyo ni ibi: ikigereranyo c’intama n’impene, icerekeye abigeme b’ibijuju n’abaciye ubwenge hamwe n’icerekeye italanto. Buri kigereranyo kiradufasha gutahura ingene Yezu azocira urubanza umuntu afatiye ku vyo akora. w24.09 20 ing. 1-2

Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo.—1 Kor. 16:14.

Yezu Kristu ni akarorero kacu ruheta. Ivyo yakora vyose yabitumwa n’urukundo yakunda Yehova n’abantu. Urwo rukundo rwatuma yitanga cane, agakorera abandi n’ibikorwa biciye bugufi. (Mat. 20:28; Yoh. 13:​5, 14, 15) Bavukanyi, nimba urukundo ari rwo rutuma namwe mwitanga, Yehova azobahezagira yongere abafashe gushikira imigambi yanyu, nk’uwo kuba abakozi b’ishengero. (1 Pet. 5:5) Muri ino si, abantu akenshi bahayagiza abantu bishira hejuru. Ariko ukwo si ko bimeze mw’ishirahamwe rya Yehova. Umuvukanyi akunda abandi nk’uko Yezu yabigira, ntahahamira ubukuru canke ngo arondere kuboneka ko ahambaye kuruta abandi. Iyo umuntu ahahamira ibintu nk’ivyo agenywe mw’ishengero, arashobora kwanka gukora ibikorwa biciye bugufi canke ibindi bikorwa bikenewe kugira intama z’agaciro za Yehova zitwararikwe. Yoshobora kubona ko arengeye ibikorwa nk’ivyo.—Yoh. 10:12. w24.11 15 ing. 6-7

Impwemu nyeranda [yabagenye] ngo mube abahagarikizi.—Ivyak. 20:28.

Hirya no hino kw’isi, turakeneye abandi bavukanyi bobera ishengero «ingabire zigizwe n’abagabo.» (Ef. 4:8) Nimba uri umuvukanyi yabatijwe, woba ushobora kugira ico ufashije? (Imig. 3:27) Woba wipfuza gutera imbere ukaba umukozi w’ishengero? Nimba uri umukozi w’ishengero, woba woshima gutera imbere ukaba umukurambere kugira ufashe cane abavukanyi bawe? Ubona hari ivyo wotunganya kugira usabe kuzokwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami? Iryo shure rizokumenyereza, bitume Yezu arushiriza kugukoresha. Nimba wumva ko utobishobora, nusenge Yehova. Numusabe impwemu yiwe nyeranda kugira igufashe kurangura neza igikorwa ico ari co cose woshingwa. (Luka 11:13) «Ingabire zigizwe n’abagabo» Yezu yaturonkeje ni ikimenyamenya cerekana ko ariko aratuyobora muri iyi misi ya nyuma. (Mat. 28:20) Ntukenguruka none kubona dufise Umwami adukunda, atanga cane kandi atwitwararika, akaduha abavukanyi babishoboye bitaho ineza yacu? w24.10 23 ing. 16-17

Ivya kera ntibizokwibukwa.—Yes. 65:17.

Tuvuge iki ku bintu vyose vyababaje abasavyi b’Imana bikongera bikabatuntuza? Amaherezo ‘bizokwibagirwa, Imana ntisubire kubibona.’ (Yes. 65:16) Ingorane zose twagize, Yehova azozikuraho burundu ku buryo tutazosubira no kuzibuka. Mbere no muri iki gihe, iyo turi mu makoraniro yacu turumva turuhuriwe, kuko bituma twibagira imyitwarariko y’iyi si mbi. Turatuma kandi abavukanyi na bashiki bacu barushiriza gutekana, igihe tugaragaza kamere zitandukanye impwemu y’Imana yama nk’urukundo, umunezero, amahoro, ubuntu n’ubwitonzi. (Gal. 5:​22, 23) Emwe, kuba turi mw’ishirahamwe rya Yehova ni umuhezagiro! Abaguma muri iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu bazokwibonera ingene umuhango Imana yatanze wo kurema «ijuru rishasha n’isi nshasha» uranguka bimwe vyuzuye. w24.04 22 ing. 9-10

Umuntu aba yiteze umutego iyo yihutiye gusemerera ngo: «Ni ceranda!», maze akaja gusuzuma indagano yagize mu nyuma.—Imig. 20:25.

Naho ikiringo c’ubugenzi hagati y’umuhungu n’umukobwa usanga giteye umunezero, bakwiye kwibuka ko ari n’intambwe ihambaye ishobora kubashikana ku kwubakana. Ku musi w’ubugeni, umusore n’inkumi barasezerana imbere ya Yehova ko bazokundana kandi bakubahana, igihe cose bazoba bakiriho. Imbere y’uko umuntu agira indagano iyo ari yo yose, akwiye kubanza kuzirikana yitonze. Ni ko bimeze no ku ndagano y’ukwabirana. Ikiringo c’ubugenzi kirafasha umuhungu n’umukobwa kurushiriza kumenyana, hanyuma bagafata ingingo ibereye. Hari igihe bafata ingingo yo kwemeranya kwubakana canke guhagarika ubwo bugenzi. Igihe bafashe ingingo yo kubuhagarika ntibisobanura ko baba bafashe ingingo mbi. Ahubwo ubugenzi bwabo buba bwashitse ku ntumbero yabwo, na yo ikaba ari ukubafasha kumenya nimba bokwubakana canke batokwubakana. Kubera iki none bihambaye ko dutahura neza intumbero y’ubugenzi hagati y’umuhungu n’umukobwa? Igihe umuhungu canke umukobwa batahura neza intumbero y’ubwo bugenzi, nta wuzotumbera uwundi kandi azi neza ko ata mugambi afise wo kwubakana na we. w24.05 26-27 ing. 3-4

Ntuterwe isoni . . . n’intahe yerekeye Umukama wacu.—2 Tim. 1:8.

Rimwe na rimwe, abakirisu bakiri bato boshobora kugira ubwoba bwo kuburanira ivyo bemera. Ivyo vyoshobora gushika nk’igihe kw’ishure hatanguye kuvugwa ivy’inyigisho y’ihindagurika. Uti kubera iki? Kubera ko abigisha bashobora kwemeza ko iyo nyigisho ari iy’ukuri. None nimba uri umuvyeyi, wofasha gute umwana wawe kujijuka ko ivyo yemera ari ukuri? Nukure amazinda umwana wawe yuko adakwiye guterwa isoni no kuba azi ko ibiriho vyaremwe n’Imana. Uti kubera iki? Kubera ko n’abahinga benshi bemera ko ibinyabuzima bitapfuye kwiyadukiza. Baribonera ibimenyamenya vyerekana ko ivyo binyabuzima bihanitse bitegerezwa kuba vyashizweho n’incabwenge idasanzwe. Ivyo bica bituma na bo nyene batemera iyo nyigisho y’ivy’ihindagurika. Kimwe mu vyofasha umwana wawe kurushiriza kujijuka ni ugusuzuma ibintu vyatumye abandi bavukanyi na bashiki bacu bemera ko ibiriho vyaremwe n’Imana. w24.12 18 ing. 14-15

Aca yuzura akanyamuneza kubera impwemu nyeranda.—Luka 10:21.

Yezu yagumana icizere c’uko abantu bokwakiriye inkuru nziza. Ivyo vyaramufashije kuguma yamamaza n’umwete. Nk’akarorero, mu mpera z’umwaka wa 30, Yezu yarabonye ko abantu benshi bari bashashaye kwumviriza inkuru nziza, mbere aca abagereranya n’umurima weze ugeze kwimbura. (Yoh. 4:35) Haciye nk’umwaka, yabwiye abigishwa biwe ati: «Ivyimburwa ni vyinshi.» (Mat. 9:​37, 38) Mu nyuma yarasubiye kugaruka kuri ico ciyumviro ati: «Ivyimburwa ni vyinshi . . . Nimwinginge rero uwujejwe iyimbura arungike abakozi mu vyimburwa vyiwe.» (Luka 10:2) Yezu yaguma yizigiye ko hobayeho abantu bakira inkuru nziza, kandi bayakiriye yaranezerwa. Yezu yarafashije abigishwa biwe kuguma babona ko ubutumwa bamamaza bwovuyemwo ivyiza, ivyo bikaba vyobafashije kugumana umwete muri ico gikorwa. w25.03 18-19 ing. 15-16

Imana yanje ni yo gitandara mpungirako.—Zab. 94:22.

Yehova ni ubuhungiro. Nka kurya nyene igitandara gishobora gukingira umuntu igihuhusi gikomeye, Yehova aradukingira igihe turi mu ngorane zikomeye. Aradufasha gukingira ubucuti dufitaniye na we, kandi akadukura amazinda ko ata kintu na kimwe gishobora kutugirira nabi ibihe bidahera. Aradusezeranira n’ikindi kintu gihambaye: Muri kazoza azokuraho ibintu vyose bidutera amaganya n’ingorane. (Ezk. 34:​25, 26) Kimwe mu vyo twokora kugira Yehova atubere Ubuhungiro, ni ukumusenga. Igihe tumusenze, araduha «amahoro y’Imana» arinda imitima yacu n’ivyiyumviro vyacu. (Flp. 4:​6, 7) Yehova yama ahari kugira adufashe. Turashobora kumwizigira kuko ari «Igitandara c’ibihe bidahera.» (Yes. 26:​3, 4) Azokwama ashitsa ivyo asezerana, yumviriza amasengesho yacu, kandi adushigikira. Turashobora kandi kwiheka kuri Yehova kubera adahemukira abamukorera. (2 Sam. 22:26) Ntazigera yibagira ivyo tumukorera kandi azokwama aduha impera.—Heb. 6:10; 11:6. w24.06 27 ing. 4-6

Rinda umutima wawe . . . , kuko ari wo urimwo isoko ry’ubuzima.—Imig. 4:23.

Kwinezereza mu buryo butabereye birashobora gutuma tugira umutima urimwo tubiri. Ukwo ni ko vyogenda n’igihe twokwifatanya n’abagenzi babi canke twogumiza umutima ku maronko. Bishitse rero tukabona ikintu gitanguye gutuma urwo dukunda Yehova rugabanuka, turakwiye guca tukirandurana n’imizi. (Mat. 5:​29, 30) Ntidukwiye kureka ngo umutima wacu wigabure. Twoshobora kwiyumvira twihenda yuko twongereje umwete mu murimo turangurira Yehova, ata nyosha mbi zoduturukira. Tubitangire akarorero. Dufate ko uri hanze mu mbeho y’igikonyozi. Ushitse mu nzu, uciye ucana agacanwa kugira ngo ususuruke. None vyokumarira iki uretse umuryango ukaguma wuguruye? Imbeho yoca yuzura inzu yose. None icigwa ni ikihe? Kwihereza gusa ibifungurwa vy’impwemu bikomeza ubucuti dufitaniye na Yehova, ntibihagije. Dutegerezwa no kuzibira inyosha mbi kugira ngo ingeso mbi z’iyi si, izo twogereranya n’imbeho, ntizinjire mu mutima wacu ngo zitume wigabura.—Ef. 2:2. w24.07 21 ing. 6-7

Mubandanye gukunda abansi banyu no gusengera ababahama.—Mat. 5:44.

Ntidushobora gutahura mu buryo bwuzuye umubabaro Yezu yagize igihe yarenganywa. Naho ari ukwo, yagumye akunda Yehova kandi ari intahemuka kuri we. Aho gusabira igihano abasoda bamumanitse ku giti, yasenze ati: «Dawe, bababarire kuko batazi ivyo bariko barakora.» (Luka 23:34) Igihe dusenze Yehova ngo afashe abaturenganya, biradufasha gutekana no kudashavura cane. Biradufasha kandi guhindura ukuntu tubabona. Imbere y’uko iyi si mbi ivaho, turitega kurenganywa. Ariko ivyodushikira vyose, ntitwigere tureka gusenga Yehova ngo adufashe. Turakwiye no kwigana uburyo Yezu yavyifatamwo arenganijwe. Turakwiye kandi gushira mu ngiro impanuro dusanga muri Bibiliya. Nitwabigenza gutyo nta gukeka ko Yehova azoduhezagira.—1 Pet. 3:​8, 9w24.11 6 ing. 16; 7 ing. 17, 19

Uri Imana idahimbarwa n’ububisha. Nta munyakibi yobana nawe.—Zab. 5:4.

Yehova si Imana irekerana ibintu. Ni co gituma yanka igicumuro. (Zab. 5:​4-6) Yiteze ko dukurikiza ingingo ngenderwako ziwe zigororotse dusanga muri Bibiliya. Ariko kubera ko tudatunganye, aratahura ko bishika tugatirimuka. (Zab. 130:​3, 4) Naho ari ukwo, ntarekerana ‘abantu batubaha Imana, bitwaza ubuntu buhebuje bwayo kugira bagendere mu nyifato iteye isoni kandi y’akagagazo.’ (Yuda 4) Nkako, Bibiliya iravuga ko ‘abantu batubaha Imana bazotikizwa’ kuri ya ntambara ya Harumagedoni. (2 Pet. 3:7; Ivyah. 16:16) Ariko ntiwumve, Yehova ntiyipfuza ko hagira n’umwe ahona. Bibiliya irerekana neza ko Yehova «ashaka ko [abantu] bose baronka akaryo ko kwigaya.» (2 Pet. 3:9) Cokimwe na Yehova, abakurambere barihangana igihe bafasha umucumuzi kugira ngo yigaye maze asubire kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. w24.08 26 ing. 1-2

Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.—Zab. 145:16.

Cokimwe na Yehova, turashobora guha abandi ivyo bakeneye kubera ko tubakunda. Nk’akarorero, woba uzi umuvukanyi canke mushiki wacu akeneye ibifungurwa canke ivyambarwa? Yehova arashobora kugukoresha kugira umufashe kuronka ivyo akeneye. Abasavyi ba Yehova barihutira gufasha abandi igihe bashikiwe n’ivyago. Nk’akarorero, mu kiringo ca Korona, abavukanyi na bashiki bacu baraha abandi ibifungurwa, ivyambarwa be n’ibindi baba bakeneye. Abandi benshi baratanze intererano y’amahera ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ivyo vyatumye haboneka uburyo bwo gufasha abashikiwe n’ivyago hirya no hino kw’isi. Abo bavukanyi na bashiki bacu barashize mu ngiro amajambo dusanga mu Baheburayo 13:​16, ayagira ati: «Ntimwibagire gukora iciza no gusangira n’abandi ivyo mufise, kuko Imana ihimbarwa rwose na mwene ivyo bimazi.» w24.09 27 ing. 6-7

[Murabe] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.—Flp. 1:10.

Iyumvire iki kintu: Uriko urarondera akazi kagufasha gutunga umuryango. Haciye haboneka ubuzi bubiri. Urarondeye kumenya amakuru akwiye. Nk’akarorero, ako kazi ako ari ko, urutonde rwako, umwanya uzomara uja ku kazi, n’ibindi n’ibindi. Ubwo buzi bwompi ntibuteye kubiri n’Ivyanditswe. Kumbure ushimye kamwe muri bwo kubera ukuntu kameze, canke kubera ko kazoba gahemba menshi. Ariko rero hari n’ibindi wozirikanako imbere yo gufata ingingo. Nk’akarorero, muri ubwo buzi nta koba kagongana n’imisi y’amakoraniro? Nta koba kogutwara umwanya wo kwitwararika umuryango wawe no kuwufasha gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana? Kwibaza utwo tubazo bizogufasha gushira imbere «ibihambaye kuruta ibindi», ni ukuvuga ubucuti ufitaniye n’Imana be n’ivyo umuryango wawe ukeneye, aho kurazwa ishinga n’ivy’umubiri. Aho rero ni ho uzoshobora gufata ingingo Yehova yohezagira. w25.01 17 ing. 11-13

Yehova ari hafi y’abavunitse umutima.—Zab. 34:18.

Naho abandi boba baragufashe nabi, urashobora kwemera udakeka ko Yehova agukunda kandi ko aguha agaciro. Nimba «[u]dendebukiwe mu mutima», uribuka ko hari ivyiza Yehova yakubonyemwo vyatumye agukwegakwega kuri we. (Yoh. 6:44) Yama yiteguriye kugufasha kubera ko uri n’agaciro kuri we. Kuzirikana ku karorero ka Yezu, birashobora kudufasha kumenya ingene Yehova abona abafatwa nabi. Igihe Yezu yari kw’isi, yaritwararika abantu bafatwa nabi. (Mat. 9:​9-12) Igihe kimwe, hari umugore yakoze ku mpuzu ya Yezu yizigiye gukira indwara ibabaza. Yezu yaramuhumurije yongera aramukeza kubera ukwizera kwiwe. (Mrk. 5:​25-34) Yezu aragaragaza neza kamere za Se. (Yoh. 14:9) Niwizigire rero udakeka ko Yehova aguha agaciro kandi ko abona kamere zawe nziza, nk’ukwizera kwawe be n’urukundo umukunda. w24.10 7 ing. 4-5

Nushire amarira yanje mu mukuza wawe.—Zab. 56:8.

Dawidi yarashikiwe mu buzima n’ingorane zatumye arira. Hariho abantu bamwanka, hakaba mbere n’abo yari yizigiye bamuhemukiye. (1 Sam. 19:​10, 11; 2 Sam. 15:​10-14, 30) Igihe kimwe yanditse ati: «Narushe kubera ukuboroga. Ijoro ryose ndara ndarira n’igitanda kikajoba. Uburiri bwanje bwatose kubera amosozi.» (Zab. 6:6) Naho Dawidi yashikiwe n’ingorane nyinshi, yari azi neza ko Yehova amukunda. Yanditse ati: «Yehova azokwumva amarira yanje.» (Zab. 6:8) Amajambo ari mu canditswe c’uno musi arerekana mu buryo bukora ku mutima ingene Yehova adukunda kandi akatwitwararika. Dawidi yabona ko ari nk’aho Yehova yashira amosozi yiwe mu mukuza canke akayandika mu gitabu. Yari azi neza ko Yehova yabona umubabaro wiwe kandi ntawirengagize. Yari yarajijutse ko uwo Muvyeyi wiwe wo mw’ijuru arangwa urukundo atabona gusa ivyamushikira, ariko ko yabona n’ingaruka vyamugirako. w24.12 22 ing. 11-12