Samweli wa kabiri 22:1-51

  • Dawidi ashemeza Imana kubera yamukijije (1-51)

    • «Yehova ni urutare rwanje» (2)

    • Yehova ntiyigera ahemukira uwuguma ari intahemuka (26)

22  Aho Yehova amariye gukiza Dawidi abansi biwe bose+, akamukiza na Sawuli+, yaririmbiye Yehova+ ati:  «Yehova ni urutare rwanje n’igihome canje gikomeye+, kandi ni we ankiza+.   Imana yanje ni yo gitandara canje+ mpungirako.Ni yo nkinzo yanje+ n’ihembe* rinkiza*, ubuhungiro bwanje butekanye*+.Ni yo mpungirako+, ni yo mukiza wanje+, ni yo inkiza inkozi z’ikibi.   Yehova ni we nambaza kuko abereye gushemezwa,kandi azonkiza abansi banje.   Imipfunda y’urupfu yaguma yisuka irya n’ino yanje+.Isegenya ry’abantu b’imburakimazi ryaguma rintera ubwoba+.   Imigozi y’ukuzimu yari yankikuje+,imitego y’urupfu yari impanze+.   Nambaje Yehova mu marushwa yanje+,nguma ntabaza Imana yanje. Iraheza yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo,ugutabaza kwanje gushika mu matwi yayo+.   Isi yaciye itangura kunyiganga no gutigita+,imishinge y’ijuru irajugumira+,iguma itigita kubera bari bashavuje Imana+.   Umwotsi utangura gufumba mu mazuru yayo,mu kanwa kayo na ho hava umuriro utema ugatongora+,hirya no hino yayo amakara arurumba akarabagiza. 10  Nuko igonda ijuru iramanuka+.Munsi y’ibirenge vyayo hari umwiza w’umuzitanya+. 11  Yaje iguruka iri ku mukerubi+, ikaboneka iri ku mababa y’umumarayika*+. 12  Iraheza yikikuza umwiza, ibicu vy’imvura n’ibicu bizitanye+,bimera nk’ihema kuri yo. 13  Ukwakaka kw’imbere yayo kwatuma amakara arurumba. 14  Maze Yehova atangura guturagara ari mw’ijuru+,ijwi rya Musumbavyose rirumvikana+. 15  Arasa imyampi yiwe+, abansi banje barashwiragira.Arungika imiravyo yiwe maze barahungabana+. 16  Mu nda y’ikiyaga hatangura kuboneka+,imishinge y’isi ija ahabona kubera ugukankama kwa Yehova,kubera uguhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yiwe+. 17  Yatumye ukuboko ari iyo hejuru,aramfata ankura mu mazi y’ibenga+. 18  Yarankijije umwansi wanje akomeye+,ankiza abanyanka kandi bandusha inkomezi. 19  Barandwanije igihe nari mu vyago+,ariko Yehova yaranshigikiye. 20  Yanjanye ahantu hatagira inkomanzi*+,arankiza kubera anshima+. 21  Yehova ampemba yisunze ubugororotsi bwanje+,akanyishura ivyiza kuko amaboko yanje ata kibi yakoze*+. 22  Nagumye ngendera mu nzira za Yehova,sinakora ikibi co guheba Imana yanje. 23  Ingingo zose+ yashinze ndazamiza ku muzirikanyi.Amategeko yayo sinzoyaca ku ruhande+. 24  Nzoguma ndi intungane*+ imbere yayo,nirinde gukora amakosa+. 25  Yehova nanyishure ivyiza yisunze ubugororotsi bwanje+,yisunze ukuntu amaboko yanje ata kibi yakoze imbere yiwe+. 26  Ntiwigera uhemukira intahemuka+,kandi umuntu w’intungane umubera intungane+. 27  Uwuguma adahumanye umubera uwudahumanye+,ariko uwugoramye umwereka ko uri umunyabwenge*+. 28  Kuko ukiza abicisha bugufi+,ariko abishira hejuru ukabaraba igitsure, ukabashira hasi+. 29  Ewe Yehova, uri itara ryanje+.Yehova ni we atuma umwiza unkikuje uhinduka umuco+. 30  Ni wewe unshoboza gutera akagwi k’abambuzi.Inkomezi z’Imana yanje ni zo zinshoboza kwurira uruzitiro+. 31  Ivyo Imana y’ukuri ikora vyose biratunganye+.Ijambo rya Yehova riratyoroye+. Abera inkinzo abamuhungirako bose+. 32  None hari iyindi Mana iriho atari Yehova+? Hari ikindi gitandara kiriho atari Imana yacu+? 33  Imana y’ukuri ni yo buhungiro bwanje bukomeye+,kandi ni yo igorora inzira yanje+. 34  Ituma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,ikamfasha guhagarara ahantu hahanamye+. 35  Yigisha ibiganza vyanje kurwana intambara.Amaboko yanje agonda umuheto w’umujumpu. 36  Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro.Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+. 37  Wagura inzira ncamwo,kugira ngo ibirenge* vyanje ntibinyerere+. 38  Nzokurikirana abansi banje ndabazimanganye.Nzogaruka ari uko ndabahoneje. 39  Nzobahonya ndabasye, ntibasubire kuvyura umutwe+.Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje. 40  Uzompa inkomezi zo kurwana urugamba+,utume abansi banje bagwa imbere yanje+. 41  Uzotuma abansi banje bampunga*+,kandi nzoherengeteza* abanyanka+. 42  Baratabaza ariko ntibaronke uwubakiza,bagatabaza na Yehova ariko ntagende abishuye+. 43  Nzobahonda banoge nk’umukungugu wo hasi.Nzobasya ndabahonyange nk’urwondo rwo mw’ibarabara. 44  Uzonkiza abantora amahinyu mw’ihanga ryacu+. Uzonkingira kugira mbe umukuru w’amahanga+.Abantu ntari nzi bazonkorera+. 45  Abanyamahanga bazoza imbere yanje bahinda agashitsi+.Ivyo bazokwumva ku binyerekeye bizotuma bangamburukira*. 46  Abanyamahanga bazocika intege*,bave mu buhungiro bwabo bajugumira. 47  Yehova ni muzima! Nashemezwe we Gitandara canje+! Imana yo gitandara kinkiza nishirwe hejuru+! 48  Imana y’ukuri ni yo isubiriza mu nkoko abansi banje+,igatuma nganza amahanga+. 49  Ni yo inkiza abansi banje. Mana yanje, ni wewe unduza+ ukantwara kure y’abandwanya,ukankiza umuntu akora ivy’ububisha+. 50  Ni co gituma nzogukengurukira mu mahanga, ewe Yehova+!Nzoririmbira amashemezo* izina ryawe+. 51  Akiza umwami wiwe mu buryo bukomeye*+,akagirira ubuntu* uwo yarobanuje amavuta*.Dawidi n’uruvyaro* rwiwe abagirira ubuntu ibihe bidahera+

Utujambo tw'epfo

Canke «n’umukiza wanje akomeye.»
Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»
Canke «y’umuyaga.»
Canke «ahantu hagutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «adahumanye.»
Canke «ntagirako umugayo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «umukorera nk’ivy’umuntu atagira ubwenge.»
Canke «amaso y’ibirenge.»
Canke «uzompa igikanu c’abansi banje.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzonumya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ugutwi nikwumva bazongamburukira.»
Canke «bazoyama.»
Canke «nzocurarangira.»
Canke «aha umwami wiwe intsinzi zikomeye.»
Canke «yereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»