Ivyakozwe n’intumwa 8:1-40
8 Nayo Sawuli, yari ashigikiye iyicwa rya Sitefano+.
Kuri uwo musi haduka uruhamo rukomeye kw’ishengero ryari i Yeruzalemu. Bose kiretse intumwa, basanzarira mu ntara z’i Yudaya n’i Samariya+.
2 Mugabo abagabo bubaha Imana batora Sitefano baja kumuhamba, baramuririra cane.
3 Ariko Sawuli, atangura gutoteza ishengero. Yaritera mu nzu no mu yindi, akaburutira hanze abagabo n’abagore, akabata mw’ibohero+.
4 Mugabo abari basanzaye, bagenda baramenyesha inkuru nziza y’ijambo ry’Imana aho baciye hose mu gihugu+.
5 Nuko Filipo amanuka mu gisagara* ca Samariya+, atangura kubamenyesha ivyerekeye Kristu.
6 Amasinzi yose yaratega yompi ivyo Filipo avuga, akamwumviriza kandi akihweza ibitangaro* akora.
7 Abantu benshi bari biziziwe n’impwemu mbi* zarabavamwo+, zikagenda zirasemerera n’ijwi rirenga. Kandi abantu benshi bamugaye n’abacumbagira barakizwa.
8 Nuko haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.
9 Ico gihe, muri ico gisagara hariho umugabo yitwa Simoni. Imbere y’aho yahora akora ivy’amageza, agatangaza ihanga rya Samariya, akigira umuntu ahambaye.
10 Abantu bose, kuva ku muto gushika ku mukuru, baramutega yompi bakavuga bati: «Uyu muntu ni we Bubasha bw’Imana, bumwe bita Ubuhambaye.»
11 Baramutega yompi rero kuko yari amaze igihe abatangaza kubera ibintu vy’amageza yakora.
12 Mugabo aho Filipo ababwiriye inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana+ n’izina rya Yezu Kristu, baciye bizera ivyo avuga maze barabatizwa+, abagabo n’abagore bose hamwe.
13 Na Simoni yarizeye, kandi aho amariye kubatizwa, yaguma agendana na Filipo+. Yaguma atangazwa n’ibitangaro* be n’ibikorwa vy’ububasha bikomeye Filipo yakora.
14 Aho intumwa zari i Yeruzalemu zumviye ko ab’i Samariya bari bemeye ijambo ry’Imana+, zaciye zibarungikira Petero na Yohani.
15 Nuko bajayo, barabasengera kugira baronke impwemu nyeranda+,
16 kuko ata n’umwe muri bo yari bwayironke. Bari babatijwe gusa mw’izina ry’Umukama Yezu+.
17 Baraheza babarambikako ibiganza+, baca batangura kuronka impwemu nyeranda.
18 Aho Simoni aboneye ko abo intumwa zirambitseko ibiganza baca baronka impwemu, aca arondera kuziha amahera,
19 avuga ati: «Nimumpe nanje ubwo bubasha, kugira umuntu wese ndambitseko ibiganza ace aronka impwemu nyeranda.»
20 Mugabo Petero amubwira ati: «Amahera* yawe aragapfana nawe, kuko wiyumviriye ko ingabire ya gusa Imana itanga ushobora kuyigura amahera+.
21 Nta kintu na kimwe canke umugabane n’umwe ufise muri ibi bintu, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana.
22 Niwigaye rero ico kibi kandi utakambire Yehova* kugira ngo nimba bishoboka, ubabarirwe uwo mugambi mubi wo mu mutima wawe.
23 Ndabona ko wewe uri ishano rirura* n’umuja w’ibitagororotse.»
24 Simoni abishura ati: «Nimutakambire Yehova* ku bwanje, ntihagire na kimwe mu vyo muvuze kimbako.»
25 Nuko bamaze gushinga intahe bimwe bishitse* no kuvuga ijambo rya Yehova*, basubira i Yeruzalemu, bagenda baramenyesha inkuru nziza mu bigwati vyinshi vy’Abasamariya+.
26 Ariko umumarayika+ wa Yehova* abwira Filipo ati: «Haguruka uje mu bumanuko, ku nzira imanuka iva i Yeruzalemu ija i Gaza.» (Iyo ni inzira yo mu bugaragwa.)
27 Aca arahaguruka aragenda. Agize gutya, abona inkone* y’Umunyetiyopiya. Yari umuntu afise ububasha yakorera Kanidake umwamikazi w’Abanyetiyopiya, akaba yari ashinzwe itunga ryiwe ryose. Yari yagiye i Yeruzalemu gusenga+,
28 akaba yariko arataha. Yari yicaye mu mukogote wiwe, asoma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya.
29 Impwemu rero ibwira Filipo iti: «Genda wegere urya mukogote.»
30 Filipo aca arirukanga iruhande y’uwo mukogote, amwumva asoma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya. Ni kwo kumubaza ati: «Uratahura* vy’ukuri ivyo uriko urasoma?»
31 Na we ati: «Nobitahura gute ntaronse uwumfasha?» Aca asaba Filipo ngo yurire bicarane.
32 Icanditswe yariko arasoma cari iki: «Yazanywe nk’intama igiye kubagwa, kandi nka kurya kw’umwagazi w’intama winumiye imbere y’umuntu awumwa ubwoya, ntakurako umunwa+.
33 Igihe yariko arateterezwa, yaciriwe urwa ngondagonde+. Ni nde azovuga ido n’ido ry’amamuko yiwe*? Kuko yishwe agakurwa kw’isi+.»
34 Nya nkone ica ibaza Filipo iti: «Ndagusavye umbwire, aha umuhanuzi ariko avuga nde? Ariko arivuga canke ariko avuga uwundi muntu?»
35 Filipo aca afata ijambo, amubwira inkuru nziza yerekeye Yezu ahereye kuri ico canditswe.
36 Bakiriko baragenda, bashika ahantu hari amazi, nya nkone ica ivuga iti: «Ng’aya amazi. Ni igiki kimbuza kubatizwa?»
37 * ——
38 Iyo nkone ica itegeka ko bahagarika uwo mukogote, maze imanukana na Filipo mu mazi, aca arayibatiza.
39 Bavuye mu mazi, impwemu ya Yehova* ica itwara Filipo ningoga, iyo nkone ntiyaba ikimubona, mugabo ibandanya urugendo inezerewe.
40 Filipo we, yagiye abona ageze i Ashidodi. Araheza anyuragira muri ako karere, agenda aravuga inkuru nziza mu bisagara vyose kugeza ashitse i Sezariya+.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu gisagara kimwe.»
^ Canke «ibimenyetso.»
^ Canke «zihumanye.»
^ Canke «ibimenyetso.»
^ Canke «ifeza.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Mu kigiriki havuga ngo «indugwe y’umururazi.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «binogangije.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «umukozi wo ku kirimba.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «urazi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ry’iyaruka ryiwe.»
^ Raba Inyongera ya A3.
^ Raba Inyongera ya A5.