Petero wa mbere 4:1-19

  • Tubeho kugira dukore ivyo Imana igomba, nka Kristu (1-6)

  • Iherezo ry’ibintu vyose riregereje (7-11)

  • Kubabazwa duhorwa kuba turi abakirisu (12-19)

4  Ko Kristu yababajwe mu mubiri+, namwe nyene mwambare uwo mutima* nyene nk’ikirwanisho, kuko umuntu ababazwa mu mubiri aba avavanuye n’ibicumuro+.  Abigira kugira ngo igihe asigaje mu mubiri, akibeho atakirondera gushitsa ivyipfuzo vy’abantu+, ahubwo kugira ashitse ivyo Imana igomba+.  Igihe mwamaze mukora ivyo amahanga agomba kirahagije+. Mwari mwihebeye inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*, mukirekerana mu bijanye n’ivyipfuzo bibi, mukanywa birenze, mukidagadura birenze, mukaja hamwe kugira munywe inzoga nyinshi, mugasenga n’ibigirwamana kandi bizira+.  Birabatangaza kubona mutabandanya kwifatanya na bo muri iyo ngendo y’ubuhumbu, bigatuma babavuga nabi+.  Mugabo abo bantu bazogira ico babazwa n’umwe yiteguriye gucira urubanza abazima n’abapfuye+.  Ni co gituma inkuru nziza yabwiwe n’abapfuye*+, kugira ngo naho bacirwa urubanza mu buryo bw’umubiri hisunzwe uko abantu babona ibintu, babeho mu buryo buhuje n’impwemu, hisunzwe uko Imana ibona ibintu.  Mugabo iherezo ry’ibintu vyose riregereje. Mube rero abantu biyumvira neza*+, kandi mugume mwibuka gusenga*+.  Na canecane, mukundane rwose+ kuko urukundo rupfuka ibicumuro vyinshi+.  Mwakirane ata kwidoga+. 10  Umwe wese yararonse ingabirano. Muyikoreshe rero mu gukoreranira nk’abasuku* beza bafasha abandi kwungukira ku buntu buhebuje* bw’Imana bwerekanwa mu buryo butandukanye+. 11  Uwufise ingabirano yo kuvuga, navuge nk’uwushikiriza amajambo ava ku Mana. Uwukorera abandi, nabikore yishimikije inkomezi Imana itanga+. Ivyo bizotuma Imana ininahazwa muri vyose+ biciye kuri Yezu Kristu. Ubuninahazwa n’ubushobozi ni ivyayo gushika ibihe bidahera. Amen. 12  Bakundwa, ntimutangazwe n’ibigeragezo bimeze nk’umuriro biriko birabashikira+, nk’aho mwoba muriko mushikirwa n’ikintu kitabaho. 13  Ahubwo mubandanye kunezerwa+ ku rugero mugezako mu gushikirwa n’imibabaro nk’iya Kristu+, kugira ngo n’igihe ubuninahazwa bwiwe buzohishurwa+, muzonezerwe mwongere mwuzure akanyamuneza. 14  Nimba mutukwa muhorwa izina rya Kristu, murahiriwe+ kubera ko impwemu y’ubuninahazwa, ya mpwemu y’Imana, iri kuri mwebwe. 15  Ariko ntihagire n’umwe muri mwebwe ababazwa ahorwa kuba ari umwicanyi canke igisuma canke inkozi y’ikibi canke uwita mu vy’abandi+. 16  Mugabo uwubabazwa ahorwa kuba ari umukirisu, ntamaramare+, ahubwo nagume aninahaza Imana, yitwa umukirisu. 17  Kuko iki ari co gihe cashinzwe c’uko urubanza rutangurira ku nzu y’Imana+. Nimba rero rutangurira kuri twebwe+, mwumva none abatagamburukira inkuru nziza y’Imana bizobagendera gute+? 18  «Nimba umugororotsi ariko arakizwa bigoranye, none bizogendera gute umuntu atubaha Imana hamwe n’umucumuzi+ 19  Nuko rero, abariko bababazwa mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba, nibagume biragiza Umuremyi w’umwizigirwa, uko babandanya gukora iciza+.

Utujambo tw'epfo

Canke «uwo mwiyemezo.»
Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.
Ni abari barapfuye mu buryo bw’ikigereranyo, kubera ibicumuro vyabo. Raba Ef 2:1.
Canke «bafise ubwenge buroranye.»
Canke «muri maso ku bijanye n’amasengesho.»
Canke «abasuku bajejwe urugo.»