Petero wa mbere 4:1-19
4 Ko Kristu yababajwe mu mubiri+, namwe nyene mwambare uwo mutima* nyene nk’ikirwanisho, kuko umuntu ababazwa mu mubiri aba avavanuye n’ibicumuro+.
2 Abigira kugira ngo igihe asigaje mu mubiri, akibeho atakirondera gushitsa ivyipfuzo vy’abantu+, ahubwo kugira ashitse ivyo Imana igomba+.
3 Igihe mwamaze mukora ivyo amahanga agomba kirahagije+. Mwari mwihebeye inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*, mukirekerana mu bijanye n’ivyipfuzo bibi, mukanywa birenze, mukidagadura birenze, mukaja hamwe kugira munywe inzoga nyinshi, mugasenga n’ibigirwamana kandi bizira+.
4 Birabatangaza kubona mutabandanya kwifatanya na bo muri iyo ngendo y’ubuhumbu, bigatuma babavuga nabi+.
5 Mugabo abo bantu bazogira ico babazwa n’umwe yiteguriye gucira urubanza abazima n’abapfuye+.
6 Ni co gituma inkuru nziza yabwiwe n’abapfuye*+, kugira ngo naho bacirwa urubanza mu buryo bw’umubiri hisunzwe uko abantu babona ibintu, babeho mu buryo buhuje n’impwemu, hisunzwe uko Imana ibona ibintu.
7 Mugabo iherezo ry’ibintu vyose riregereje. Mube rero abantu biyumvira neza*+, kandi mugume mwibuka gusenga*+.
8 Na canecane, mukundane rwose+ kuko urukundo rupfuka ibicumuro vyinshi+.
9 Mwakirane ata kwidoga+.
10 Umwe wese yararonse ingabirano. Muyikoreshe rero mu gukoreranira nk’abasuku* beza bafasha abandi kwungukira ku buntu buhebuje* bw’Imana bwerekanwa mu buryo butandukanye+.
11 Uwufise ingabirano yo kuvuga, navuge nk’uwushikiriza amajambo ava ku Mana. Uwukorera abandi, nabikore yishimikije inkomezi Imana itanga+. Ivyo bizotuma Imana ininahazwa muri vyose+ biciye kuri Yezu Kristu. Ubuninahazwa n’ubushobozi ni ivyayo gushika ibihe bidahera. Amen.
12 Bakundwa, ntimutangazwe n’ibigeragezo bimeze nk’umuriro biriko birabashikira+, nk’aho mwoba muriko mushikirwa n’ikintu kitabaho.
13 Ahubwo mubandanye kunezerwa+ ku rugero mugezako mu gushikirwa n’imibabaro nk’iya Kristu+, kugira ngo n’igihe ubuninahazwa bwiwe buzohishurwa+, muzonezerwe mwongere mwuzure akanyamuneza.
14 Nimba mutukwa muhorwa izina rya Kristu, murahiriwe+ kubera ko impwemu y’ubuninahazwa, ya mpwemu y’Imana, iri kuri mwebwe.
15 Ariko ntihagire n’umwe muri mwebwe ababazwa ahorwa kuba ari umwicanyi canke igisuma canke inkozi y’ikibi canke uwita mu vy’abandi+.
16 Mugabo uwubabazwa ahorwa kuba ari umukirisu, ntamaramare+, ahubwo nagume aninahaza Imana, yitwa umukirisu.
17 Kuko iki ari co gihe cashinzwe c’uko urubanza rutangurira ku nzu y’Imana+. Nimba rero rutangurira kuri twebwe+, mwumva none abatagamburukira inkuru nziza y’Imana bizobagendera gute+?
18 «Nimba umugororotsi ariko arakizwa bigoranye, none bizogendera gute umuntu atubaha Imana hamwe n’umucumuzi+?»
19 Nuko rero, abariko bababazwa mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba, nibagume biragiza Umuremyi w’umwizigirwa, uko babandanya gukora iciza+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «uwo mwiyemezo.»
^ Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «bafise ubwenge buroranye.»
^ Canke «muri maso ku bijanye n’amasengesho.»
^ Canke «abasuku bajejwe urugo.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.