Zaburi 34:1-22
Ni zaburi ya Dawidi. Ijanye n’igihe yigira umusazi+ imbere ya Abimeleki, na we agaca amwirukana akagenda.
א [Alefu]
34 Nzoshemeza Yehova ibihe vyose.Nzokwama ndamushemeza n’akanwa kanje.
ב [Beti]
2 Nzokwama nirata kubera Yehova+.Abitonda bazovyumva banezerwe.
ג [Gimelu]
3 Nimuninahaze Yehova hamwe nanje+.Nimuze duhayagize izina ryiwe!
ד [Daleti]
4 Narasiguje Yehova, na we aranyishura+.
Yarankijije ivyari binteye ubwoba vyose+.
ה [He]
5 Abamwitegereje barakayanganye mu maso.Ntibazokwigera bamaramara.
ז [Zayini]
6 Uyu murushwa yaratabaje, Yehova aramwumva.
Yaramurokoye mu marushwa yiwe yose+.
ח [Heti]
7 Umumarayika wa Yehova akikuje abatinya Imana+,kandi arabarokora+.
ט [Teti]
8 Nimuhonje mwumve ingene Yehova aryoshe+.Hahiriwe umuntu amuhungirako.
י [Yodi]
9 Nimutinye Yehova yemwe beranda biwe mwese,kuko abamutinya ata co bigera babura+.
כ [Kafu]
10 Mbere n’intambwe zikomeye* zoshobora kwicwa n’inzara,ariko abarondera Yehova nta ciza na kimwe bigera babura+.
ל [Lamedi]
11 Nimuze bane banje munyumvirize.Nzobigisha gutinya Yehova+.
מ [Memu]
12 Ni nde muri mwebwe yipfuza guhimbarwa mu buzimano kwiberaho igihe kirekire ahimbawe+?
נ [Nuni]
13 Narinde rero ururimi rwiwe kuvuga ibibi+,n’iminwa yiwe ayirinde kuvuga ibinyoma+.
ס [Sameki]
14 Nareke ikibi, akore iciza+.Narondere amahoro, ayakurikirane+.
ע [Ayini]
15 Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi+,kandi amatwi yiwe arumva ugutabaza kwabo+.
פ [Pe]
16 Ariko Yehova arwanya abakora ibibi,kugira abarandure ntibasubire kwibukwa kw’isi+.
צ [Tsade]
17 Abagororotsi baratabaje kandi Yehova yarabumvise+,maze abakiza amarushwa yabo yose+.
ק [Kofu]
18 Yehova ari hafi y’abavunitse umutima+.Akiza abadendebukiwe mu mutima*+.
ר [Reshi]
19 Ibigeragezo* vy’umugororotsi ni vyinshi+,ariko Yehova arabimukiza vyose+.
ש [Shini]
20 Azigama amagufa yiwe yose,nta na rimwe muri yo bavunye+.
ת [Tau]
21 Ababisha bazokwicwa n’ivyago.Abanka umugororotsi bazokwagirwa n’icaha.
22 Yehova acungura ubuzima bw’abasavyi biwe.Mu bamuhungirako nta n’umwe azokwagirwa n’icaha+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
^ Canke «abajanjaguritse mu mutima.»
^ Canke «ivyago», «ingorane.»