Yohani 10:1-42
10 «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, uwutinjira mu ruhongore rw’intama aciye mu muryango ahubwo akurirana ahandi, uwo ni igisuma n’umusahuzi+.
2 Mugabo uwinjira aciye mu muryango ni we mwungere w’intama+.
3 Umunyezamu aramwugururira+, kandi intama zirumviriza ijwi ryiwe+. Intama ziwe azihamagara mu mazina, akaziturutsa.
4 Amaze gusohora intama ziwe zose, aca azija imbere na zo zikamukurikira, kuko zizi ijwi ryiwe.
5 Ntizishobora gukurikira uwo zitazi, ahubwo ziramuhunga, kuko zitazi ijwi ry’ab’ahandi.»
6 Ico kigereranyo ni bo Yezu yagihaye, ariko ntibatahuye ico yariko arababwira.
7 Yezu yongera kuvuga ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, ni jewe muryango w’intama+.
8 Abaje banyiyitirira bose ni ibisuma n’abasahuzi, mugabo intama ntizabumvirije.
9 Ni jewe muryango. Uwinjira aciye muri jewe azokizwa, kandi azokwinjira yongere asohoke, aronke uburagiro+.
10 Nta kindi kizana igisuma atari ukwiba, ukwica n’ugutikiza+. Naje kugira intama zironke ubuzima, kandi ziburonke ku bwinshi.
11 Ndi umwungere mwiza*+, kandi umwungere mwiza arigura intama ziwe+.
12 Umucangero atari umwungere kandi intama zikaba atari rwiwe, iyo abonye ibingira ije aca ata intama agahunga, iyo bingira ikazisahura kandi ikazishwiragiza,
13 kuko ari umucangero atababaye intama.
14 Ndi umwungere mwiza. Ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi+,
15 nk’uko nyene Data anzi nanje nkamumenya+. Ndigura intama zanje+.
16 Ndafise izindi ntama zitari izo muri uru ruhongore+. Na zo nyene ntegerezwa kuzizana, kandi zizokwumviriza ijwi ryanje, zicike ubusho bumwe, zigire n’umwungere umwe+.
17 Ico Data ankundira+, ni uko mpeba ubuzima bwanje+ kugira nzosubire kuburonka.
18 Nta wubunyaka, ahubwo ndabuheba ku gushaka kwanje. Ndafise ububasha bwo kubuheba n’ububasha bwo gusubira kuburonka+. Iryo tegeko narihawe na Dawe.»
19 Abayuda baca bongera kwicamwo imice+ kubera ayo majambo.
20 Benshi muri bo bavuga bati: «Arimwo idayimoni kandi arasara. Kubera iki mumwumviriza?»
21 Abandi na bo bati: «Ayo si amajambo y’umuntu arimwo idayimoni. Mbega idayimoni yoshobora guhumura impumyi?»
22 Ico gihe i Yeruzalemu hariko haba umusi mukuru wo kwegurira Imana urusengero. Hari mu rushana,
23 kandi Yezu yari mu rusengero, ariko agendagenda mw’ibaraza rya Salomo+.
24 Abayuda baca baramukikuza maze bamubwira bati: «Uzotugumiza muri kabaza gushika ryari? Nimba uri Kristu, bidutomorere.»
25 Yezu abishura ati: «Narababwiye mugabo ntimuvyemera. Ibikorwa nkora mw’izina rya Dawe ni vyo binshingira intahe+.
26 Ariko mwebwe ntimunyizera kubera mutari intama zanje+.
27 Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje kandi ndazizi, na zo zirankurikira+.
28 Ndaziha ubuzima budahera+. Ntizizokwigera zitikira, kandi nta wuzozishikura mu kuboko kwanje+.
29 Intama Dawe yampaye zirahambaye kuruta ibindi bintu vyose. Nta wushobora kuzishikura mu kuboko kwa Data+.
30 Jewe na Data turi umwe*+.»
31 Abayuda baca basubira gutora amabuye ngo bayamutere.
32 Yezu ababwira ati: «Naraberetse ibikorwa vyiza vyinshi biva kuri Data. Ni ikihe muri ivyo bikorwa gituma muntera amabuye?»
33 Abayuda bamwishura bati: «Ntituyagutera kubera igikorwa ciza, ahubwo tuyagutera kubera utuka Imana*+. Uriko wigira imana kandi uri umuntu.»
34 Yezu abishura ati: «None ntivyanditswe mu mategeko yanyu ngo: “Navuze nti: ‘Muri imana*+’”?
35 Nimba yise “imana+” abo ijambo ry’Imana ryerekanye ko bakwiriye guhanwa (kandi icanditswe kikaba kidashobora guhindurwa ubusa),
36 none mumbwira gute ngo: “Uratutse Imana*” kubera mvuze nti: “Ndi Umwana w’Imana+”, kandi Data yaranyejeje akandungika mw’isi?
37 Nimba ntariko nkora ibikorwa vya Data, ntimunyizere.
38 Ariko nimba ndiko ndabikora, naho mutonyizera, pfuma mwizera ivyo bikorwa+, kugira mumenye kandi mugume muzi ko Data yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we+.»
39 Baca basubira kugerageza kumufata, mugabo arabasiga.
40 Aca yongera kujabuka Yorodani, aja hamwe Yohani yabatiriza mu ntango+, aguma ng’aho.
41 Hanyuma abantu benshi baza aho ari, maze bavuga bati: «Yohani nta gitangaro na kimwe yakoze, mugabo ibintu vyose Yohani yavuze kuri uyu muntu vyari vyo+.»
42 Abantu benshi baca baramwizera ng’aho.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «umwungere w’agahebuza.»
^ Canke «twunze ubumwe.»
^ Canke «kubera urogota.»
^ Canke «mumeze nk’Imana.»
^ Canke «urarogose.»