Luka 23:1-56

  • Yezu ari imbere ya Pilato na Herodi (1-25)

  • Yezu n’inkozi z’ikibi zibiri bamanitswe ku biti (26-43)

    • «Uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo» (43)

  • Urupfu rwa Yezu (44-49)

  • Amaziko ya Yezu (50-56)

23  Abo bantu bose rero baca barahaguruka, bamujana kwa Pilato+.  Batangura kumwagiriza+ bati: «Twasanze uyu muntu ariko aragumura ihanga ryacu yongera abuza abantu kuriha ikori Sezari+, kandi yiyita ngo ni Kristu umwami+  Pilato aca amubaza ati: «Uri Umwami w’Abayuda?» Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze+  Pilato aca abwira abakuru b’abaherezi n’isinzi ry’abantu ati: «Nta caha mbona kuri uyu muntu+  Mugabo baguma bavuga bashimitse bati: «Agenda aragumura abantu mu kwigisha i Galilaya hose. Yahereye i Yudaya, none yashitse no ng’aha.»  Pilato avyumvise, aca abaza ko uwo muntu yoba ari Umunyagalilaya.  Amaze kumenya neza ko yava mu karere Herodi+ atwara, aca amurungika kwa Herodi, kandi na we nyene yari i Yeruzalemu muri iyo misi.  Herodi abonye Yezu, aca aranezerwa cane. Yari amaze igihe yipfuza kumubona, kuko yari yarumvise vyinshi ku bimwerekeye+, akaba yari yiteze kubona igitangaro akora.  Atangura kumubaza ibibazo vyinshi, mugabo Yezu nta nyishu yamuhaye+. 10  Ariko abakuru b’abaherezi n’abanditsi baguma bahaguruka, bamwagiriza n’ishavu ryinshi. 11  Maze Herodi aramusuzugura+ ari kumwe n’abasoda biwe, yongera aramutwenga+ mu kumwambika impuzu nziza, aca amusubiza kwa Pilato. 12  Herodi na Pilato baca baba abagenzi guhera uwo musi, ariko imbere y’aho bari abansi. 13  Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, abatware n’abanyagihugu, 14  maze ababwira ati: «Mwanzaniye uyu mugabo mumwagiriza ko agumura abantu. Nanje namusambishirije imbere yanyu, ariko nta kirego na kimwe nabonye gifashe mu vyo mumwagiriza+. 15  Kandi na Herodi nta kosa yamubonyeko, kuko yaciye amudusubiza. Nta kintu na kimwe yakoze gikwiye kumwicisha. 16  Ngira rero ndamuhane+ hanyuma nce ndamurekura.» 17 *⁠—— 18  Ariko iryo sinzi ryose rica rirasemerera riti: «Uwo mwice* maze uturekurire Baraba+ 19  (Uwo mugabo yari yapfunzwe kubera imigumuko yari yabaye mu gisagara hamwe n’ubwicanyi.) 20  Pilato yongera kuvugana na bo, kuko yashaka kurekura Yezu+. 21  Baca batangura gutera urwamo bavuga ngo: «Mumanike! Mumanike*+ 22  Yongera kubabwira ubugira gatatu ati: «Kubera iki? Ikibi uwu muntu yakoze ni ikihe? Nta kintu na kimwe namubonyeko cotuma yicwa. Ngira rero ndamuhane hanyuma nce ndamurekura.» 23  Baguma basemerera, basaba bashimitse yuko yomanikwa ku giti, ku buryo induru yabo imugondoza+. 24  Pilato aca afata ingingo yo kubemerera ivyo basavye. 25  Arekura uwo mugabo bariko barasaba, uwari yapfunzwe kubera imigumuko n’ubwicanyi, mugabo atanga Yezu ngo bamugire uko bagomba. 26  Bamujanye, bafata umugabo yitwa Simoni w’i Sireni yariko ararengana avuye mu gihugu hagati. Baca bamwikoreza ca giti co kubabarizwako*, ngo agende acikoreye inyuma ya Yezu+. 27  Abantu benshi bariko baramukurikira, harimwo n’abagore baguma bikubitagura ku gikiriza kubera intuntu bongera bamuririra. 28  Yezu arahindukira, abwira abo bagore ati: «Bakobwa b’i Yeruzalemu, nimureke kundirira. Ahubwo nimwiririre mwe n’abana banyu+, 29  kuko hazogera igihe aho abantu bazovuga bati: “Hahiriwe abagore b’ingumba, abatigeze baronka abana n’abatigeze bonsa+!” 30  Ico gihe bazobwira imisozi bati: “Nimutugweko!”, babwire n’imitumba bati: “Nimudupfuke+!” 31  Nimba bariko bakorera ibi igiti kikiri kibisi, hari akantu nicuma!» 32  Hari abandi bagabo babiri b’inkozi z’ikibi bari bagiye kwicanwa na we+. 33  Bashitse ahantu hitwa Gahanga+, baca bamumanika ng’aho ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu+. 34  Mugabo Yezu avuga ati: «Dawe, bababarire kuko batazi ivyo bariko barakora.» Vyongeye, bapfindira impuzu ziwe kugira bazigabure+. 35  Abantu bari bahagaze ng’aho bitegereza ibiriko biraba. Ariko abatware baguma bitwengera, bavuga ngo: «Abandi yarabakijije! Niyikize na we nimba ari Kristu w’Imana, uwatowe+ 36  Mbere n’abasirikare baguma bamutwenga, bakamwegera bakamuha umuvinyu ukarishe+, 37  bakamubwira bati: «Niwikize ko wumva uri Umwami w’Abayuda!» 38  Hariho kandi icapa hejuru yiwe canditsweko ngo: «Uyu ni Umwami w’Abayuda+ 39  Umwe muri za nkozi z’ikibi zimanitswe iruhande yiwe atangura kumutuka+, amubwira ati: «None nturi Kristu? Ikize hanyuma natwe udukize!» 40  Mugenziwe aca aramukarira, amubwira ati: «Wewe ntutinya Imana na gato, kandi waciriwe urubanza nk’urwiwe? 41  Tweho birumvikana, kuko turiko tuzira ivyo twakoze. Ariko uwu muntu nta kibi na kimwe yakoze.» 42  Yongerako ati: «Yezu, uranyibuka niwashika mu Bwami bwawe+ 43  Yezu aca amwishura ati: «Ni ukuri ndabikubwiye uyu musi, uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo+ 44  Ico gihe hari nka sasita*, ariko umwiza uca utwikira igihugu cose gushika nka sacenda*+, 45  kuko umuco w’izuba wari wazimye. Irido y’ahantu heranda+ ica itabukira hagati+. 46  Yezu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: «Dawe, impwemu yanje ndayishize mu maboko yawe+.» Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aracikana+. 47  Intwazangabo ibonye ibibaye, ica itangura kuninahaza Imana, ivuga iti: «Ni ukuri, uyu muntu yari umugororotsi+ 48  Abantu bose bari bakoraniye ng’aho bitegereza ivyo bintu, babonye ibibaye, baca basubira iwabo bikubitagura ku gikiriza. 49  Vyongeye, abantu bose bari bamuzi bari bahagaze hirya. Abagore bari bamuherekeje kuva i Galilaya na bo nyene ni ho bari, kandi barabonye ivyo bintu+. 50  Maze hariho umugabo yitwa Yozefu, yari mu bagize Inama nkuru, akaba yari umuntu mwiza kandi w’umugororotsi+. 51  (Uwo mugabo yari yanse gushigikira uwo mugambi wabo mubi n’ico gikorwa cabo mu matora.) Yava i Arimateya mu gisagara c’Abayuda, kandi yari arindiriye Ubwami bw’Imana. 52  Uwo mugabo aca aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yezu. 53  Nuko arakimanura+, akizingira mu gitambara ciza c’ilino*. Araheza agishira mu mva* ata muntu n’umwe yari bwashirwemwo, ikaba yari yimbwe mu gitandara+. 54  Ico gihe hari ku musi w’Imyiteguro+, kandi isabato+ yagira itangure. 55  Abagore bari baje baherekeje Yezu kuva i Galilaya na bo nyene baragiye, barabona imva yiwe n’aho bashize ikiziga ciwe+, 56  baca basubira inyuma, baja gutegura ibintu bimota hamwe n’amavuta amota. Ariko ntiwumve, bararuhutse kw’isabato+ nk’uko amategeko yabisaba.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «uwo mukureho!»
Canke «mumanike ku giti! Mumanike ku giti!»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 6.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 9.»
Canke «mu mva y’icibutso.»