Rusama
Ku wa gatanu, 1 Rusama
Imana [nti]gira nkunzi.—Rom. 2:11.
Yehova amaze gukura abasavyi biwe mu buja bwo mu Misiri, yaciye agena abaherezi bakorera kw’ihema ryeranda. Abalewi na bo yabashinze kwitwararika ibindi bikorwa vyo kuri iryo hema. None Yehova yoba yitwararika cane abakorera kuri iryo hema n’abakambitse hafi yaryo kuruta abandi? Habe namba! Yehova ntagira nkunzi. Umwisirayeli wese yarashobora kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Nk’akarorero, Yehova yaritwararitse ko ihanga ryose rishobora kubona ya nkingi y’igicu na ya nkingi y’umuriro hejuru ya rya hema ryeranda. (Kuv. 40:38) Igihe ico gicu caba kigiye, n’ababa kure cane y’ihema ryeranda barabibona bagaca batekera utwabo, bagashingura amahema yabo maze bagafatana urugendo n’abandi Bisirayeli. (Guh. 9:15-23) No muri kino gihe, aho twoba tuba hose kw’isi, Yehova aradukunda, akatwitwararika kandi akadukingira. w24.06 4 ing. 10-12
Nimuze duhunge, Abusalomu ntahave atumara twese!—2 Sam. 15:14.
Dawidi yari mu kaga. Umuhungu wiwe Abusalomu yari yiyemeje kumukura ku ngoma. (2 Sam. 15:12, 13) Dawidi yategerezwa kuva i Yeruzalemu adatebaganye. Igihe abasuku biwe bariko barahunga, yaciye abona ko hakenewe uwoguma i Yeruzalemu kugira aze aramubwira imigambi ya Abusalomu. Yaciye rero arungikayo Sadoki n’abandi baherezi, kugira baze baramusumira urusaku. (2 Sam. 15:27-29) Bategerezwa kwiyubara cane. Dawidi yarateguye umukenyuro, aca asaba Sadoki, Hushayi n’abandi bagenzi biwe b’intahemuka ngo bamufashe kuwushira mu ngiro. (2 Sam. 15:32-37) Hushayi yarawukoreyeko maze aritonesha kuri Abusalomu, amugira inama yo gutegura igitero azi neza ko cotumye Dawidi aronka umwanya wo kucitegurira. Hushayi yaciye abimenyesha Sadoki na Abiyatari. (2 Sam. 17:8-16) Abo bagabo babiri na bo, baciye barungikira Dawidi ubwo butumwa kandi ivyo vyaragize uruhara rukomeye mu gukingira ubuzima bwa Dawidi.—2 Sam. 17:21, 22. w24.07 4-5 ing. 9-10
«Nimuze rero dutunganye ibibazo biri hagati yacu», ni ko Yehova avuze.—Yes. 1:18.
Abasavyi ba Yehova bamwebamwe baricuza cane kubera ivyo bakoze kera, haba imbere y’uko babatizwa canke inyuma yaho. Ariko turakwiye kwibuka yuko Yehova yatanze incungu kubera ko adukunda cane. Yipfuza rero ko twakiriza yompi iyo ngabire yaduhaye. Yehova aradukura amazinda yuko ‘nitwatunganya ibibazo biri hagati yacu’ na we, atazoba akiduharurako ibicumuro twakoze. Ese ukuntu bikora ku mutima kubona Yehova yibagira ibicumuro vyacu, ariko kandi akaguma yibuka ivyiza twakoze! (Zab. 103:9, 12; Heb. 6:10) Nimba utuntujwe n’ivyo wakoze kera, niwihatire kugumiza umutima ku vy’ubu no ku vya kazoza, aho kuwugumiza ku vyabaye muri kahise. Ntushobora guhindura ivyabaye. Ariko urashobora gutera iteka Yehova bivanye n’uko ivyawe vyifashe muri iki gihe, kandi ukaguma uhanze amaso kazoza keza yagusezeraniye. w24.10 8 ing. 8-9
Mwambare kamere nshasha.—Kol. 3:10.
Igihe usoma Bibiliya, urashobora gucika intege usanze hari ibintu vyinshi ukeneye kuryohora. Dufate ko umusi wa mbere usomye muri Bibiliya impanuro ijanye no kutagira nkunzi. (Yak. 2:1-8) Uciye ubona yuko ukwiye kuryohora ingene ufata abandi, maze ugahitamwo kwikosora. Ku musi ukurikira, urasomye umurongo werekana ko bihambaye kwiyubara ku majambo tuvuga. (Yak. 3:1-12) Uciye ubona ko bishika ukavuga amajambo aca intege abandi, maze ugafata ingingo yo kwitwararika kuza uravuga amajambo aremesha igihe uyaga n’abandi. Ku musi wa gatatu na ho urasomye impanuro idusaba kutaba abagenzi b’isi. (Yak. 4:4-12) Uciye ubona ko ukwiye kuba maso ku bijanye n’ivyo usoma, uraba canke wumviriza. Hari aho ku musi wa kane ushobora kwumva ucitse intege ubonye ibintu vyose ukeneye kuryohora. Ntucike intege. Niwibuke ko dukwiye kubandanya twambara «kamere nshasha.» w24.09 5-6 ing. 11-12
Mwemere mu mitima yanyu ko Kristu ari Umukama be n’uko ari mweranda, mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese ababajije ishimikiro ry’icizigiro mufise. Mugabo mubigirane ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.—1 Pet. 3:15.
Yezu yari azi yuko Yehova abona akarenganyo kariko karamushikira. Yarizigira ko igihe kibereye kigeze, Yehova yotoreye umuti akarenganyo. Igihe hari uwuturenganije, turashobora kwigana Yezu mu gucungera ivyo tuvuga. Rimwe na rimwe igihe turenganijwe, hari aho usanga ari ibisanzwe ku buryo duhitamwo kuvyirengagiza. Turashobora no kuguma twinumiye kugira twirinde gutuma ibintu vyunyuka. (Umus. 3:7; Yak. 1:19, 20) Mu bindi bihe na ho, hari aho twokenera kuburanira umuntu ariko ararenganywa canke kuvuga ukuri ku bijanye n’ivyo twemera. (Ivyak. 6:1, 2) Igihe duhisemwo kuvuga, turakwiye kugerageza kuvuga dutekanye kandi tubigiranye icubahiro. Turashobora kandi kwigana Yezu mu ‘kuguma twiragiza umwe aca imanza mu bugororotsi.’—1 Pet. 2:23. w24.11 5-6 ing. 10-12
Abamarayika b’Imana ba[ra]nezerwa iyo umucumuzi umwe yigaye.—Luka 15:10.
Iyo umucumuzi yigaye biratera umunezero mwinshi. (Luka 15:7) None bigenze gutyo ni nde akwiye gushemezwa? Boba ari abakurambere? Niwibuke ko ku bijanye n’abacumuzi intumwa Pawulo yanditse ati: «Hari aho Imana yotuma bigaya.» (2 Tim. 2:25) Nta muntu n’umwe rero afasha umucumuzi guhindura ingendo kiretse Yehova wenyene. Pawulo aca yerekana ivyiza umucumuzi yironkera amaze kwigaya. Avuga ko arushiriza kumenya neza ukuri, akagarura ubwenge, akava no mu mitego ya Shetani. (2 Tim. 2:26) Igihe umucumuzi yigaye, abakurambere bo muri komite yitwararitse ikibazo ciwe bazotunganya ivyo kuza baramugendera cungere. Ivyo bizotuma uwo muntu abandanya kuronka indemesho akeneye kugira ngo arwanye imitego ya Shetani no kugira ngo akore ibigororotse.—Heb. 12:12, 13. w24.08 23 ing. 14-15
Ntimuriko mundondera kubera mwabonye ibitangaro, ahubwo ni kubera mwariye kuri ya mikate mugahaga.—Yoh. 6:26.
Abantu isinzi Yezu yagaburira bari barajwe ishinga n’uguhaza ivyipfuzo vyabo. Uti gute? Bukeye ca gitangaro caraye kibaye, basanze Yezu n’intumwa ziwe bagiye. Abo bantu baciye burira amato yari aje ava i Tiberiya, baja i Kaperinawumu kurondera Yezu. (Yoh. 6:22-24) None boba babigize barondera canecane kwumva ibindi ku vyerekeye Ubwami? Eka data. Icari mu mitwe yabo ahanini kwari ukuronka ivyo barya. Tuvyemezwa n’iki? Raba ivyabaye rya sinzi rikibona Yezu hafi y’i Kaperinawumu. Yezu yarababwiye ata kurya umunwa y’uko icari kibaraje ishinga ari ukurondera ivyo barya. Yezu yavuze ko naho ‘bariye kuri ya mikate bagahaga’, ivyo vyari «ibifungurwa bibora.» Yaciye abaremesha nyabuna gukorera «ibifungurwa bitabora bitanga ubuzima budahera.» (Yoh. 6:26, 27) Yezu yavuze ko Se wiwe ari we atanga mwene ivyo bifungurwa. w24.12 5 ing. 8-9
Umutima w’umunyabwenge utuma avuga ibintu birimwo ugutahura, kandi utuma ivyo avuga birushiriza kujijura.—Imig. 16:23.
Bavukanyi, kugira mube abigisha b’abahanga, nimwame mwiyemeza ko ivyo muvuga igihe mwigisha n’igihe muha impanuro abavukanyi na bashiki bacu bishingiye kuri Bibiliya. Kugira ivyo mubishikeko, murakeneye kwiyigisha neza Bibiliya n’ibitabu vyacu. (Imig. 15:28) Igihe mwiyigisha, nimurabe neza ukuntu mwoshira mu ngiro ivyo mwiga. Igihe mwigisha na ho, nimugerageze uko mushoboye kwose gukora ku mutima abumviriza. Gusaba impanuro abakurambere bazi utuntu n’utundi kandi mukazishira mu ngiro, birashobora kubafasha kuryohora ingene mwigisha. (1 Tim. 5:17) Abakurambere bakwiye kuba ari abantu bashoboye kuremesha abavukanyi na bashiki bacu, ariko kandi rimwe na rimwe barakwiye kubahanura canke mbere bakabakosora. Uko vyogenda kwose, bakwiye kwama babigirana umutima mwiza. Nimba uri umuntu yimereye neza, akundana, ashingira ivyo yigisha kw’Ijambo ry’Imana, uzoba umwigisha mwiza kubera ko uzoba uriko wigana wa Mwigisha ahambaye, Yezu.—Mat. 11:28-30; 2 Tim. 2:24. w24.11 24 ing. 16
Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga.—Zab. 96:3.
Turashobora kuninahaza Yehova biciye ku vyo tuvuga ku bimwerekeye. Abasavyi ba Yehova baremeshwa ‘kuririmbira Yehova’, ‘gushemeza izina ryiwe’, ‘gutangaza inkuru nziza y’ubukiriro atanga’ no ‘kumenyekanisha ubuninahazwa bwiwe mu mahanga.’ (Zab. 96:1-3) Ivyo bintu vyose ni ivyo twoshobora gukora kugira tuninahaze Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. (Ivyak. 4:29) Turashobora kuninahaza Yehova biciye ku vyo dutunze. Abasavyi b’Imana b’ukuri bamye batera iteka Yehova biciye ku vyo batunze. (Imig. 3:9) Nk’akarorero, Abisirayeli baratanze intererano zo kwubaka urusengero no kurubungabunga. (2 Abm. 12:4, 5; 1 Ngo. 29:3-9) Bamwe mu bigishwa ba Kristu baramwitwararitse we n’intumwa ziwe «bakoresheje ivyo batunze.» (Luka 8:1-3) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, na bo nyene baratanze imfashanyo zo gufasha abavukanyi babo. (Ivyak. 11:27-29) Na twebwe muri iki gihe turashobora kuninahaza Yehova biciye ku ntererano dutanga. w25.01 4 ing. 8; 5 ing. 11
Hari uwobuza ko aba babatizwa mu mazi?—Ivyak. 10:47.
Ni ibiki vyafashije Koruneliyo kubatizwa? Bibiliya ivuga ko yari umuntu ‘atinya Imana we n’urugo rwiwe rwose’, kandi ko yama atakambira Imana. (Ivyak. 10:2) Igihe Petero yabwira inkuru nziza Koruneliyo, we n’abo mu rugo rwiwe baciye bizera Kristu maze barabatizwa. (Ivyak. 10:47, 48) Koruneliyo yari yiteguriye guhindura ibikenewe vyose kugira we n’umuryango wiwe bakorere Yehova bari kumwe. (Yos. 24:15; Ivyak. 10:24, 33) Koruneliyo yari gushobora kureka igiti yari afise kikamubuza kubatizwa. Ariko si ko vyagenze. Weho bite? Hoba hari ihinduka rikomeye ukeneye kugira mu buzima kugira ngo ubatizwe? Nimba ari ko biri, Yehova azogufasha. Azoguhezagira kubera uzoba wiyemeje kumukorera wisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. w25.03 5 ing. 12-13
Wamirire kure za nkuru z’ikinyoma zitukisha Imana.—1 Tim. 4:7.
Niwumva ibinyoma ku bijanye n’ishirahamwe ryacu canke abavukanyi batuja imbere, uraca wibuka ingene abansi b’Imana bafashe Yezu be n’abigishwa biwe mu kinjana ca mbere. Muri iki gihe, abasavyi b’Imana bariko barahamwa bakongera bakambikwa ibara nk’uko nyene Bibiliya yari yarabivuze. (Mat. 5:11, 12) Tumenye uwihishije inyuma y’ivyo binyoma kandi tukagira ico dukoze tudatebaganye, izo nkuru ntizizoduhungabanya. None twokora iki? Niwamirire kure inkuru z’ikinyoma. Intumwa Pawulo yaratomoye neza ivyo twokora igihe twumvise inkuru z’ikinyoma. Yabwiye Timoteyo ‘gutegeka bamwebamwe kutumviriza inkuru z’ibinyoma’ no ‘kuzamirira kure.’ (1 Tim. 1:3, 4) Turamirira kure inkuru z’ikinyoma kubera ko tuzi uwo zikomokako. Aho kwumviriza izo nkuru, twumviriza gusa «amajambo ngirakamaro» y’ukuri.—2 Tim. 1:13. w24.04 11 ing. 16; 13 ing. 17
Bakoresha akarimi gasosa n’amajambo yo gusigana inkore ku maso, kugira baryosharyoshe imitima y’abantu ata co bicura.—Rom. 16:18.
Nugume wunze ubumwe n’abaguma ari intahemuka kuri Yehova. Yehova yipfuza ko tumusenga twunze ubumwe. Ivyo tuzobishobora nitwaguma twumiye ku kuri. Umuntu wese akwiragiza amakuru agoreka ukuri, atuma haba amacakubiri mw’ishengero. Ni co gituma Imana idusaba ‘kwirinda’ umuntu nk’uyo. Ahandi ho na twebwe twoshobora gusanga dutanguye guheba ukuri buhorobuhoro. (Rom. 16:17) Iyo tuzi gutandukanya ukuri n’ikinyoma maze tukumira ku kuri, bituma tuguma twiyegereje Yehova, ukwizera kwacu na kwo kugakomera. (Ef. 4:15, 16) Ntiduhendwa n’inyigisho z’ikinyoma za Shetani. Vyongeye, mu gihe ca ya makuba akomeye, tuzoguma dutekanye kuko tuzoba dukingiwe na Yehova. Nugume rero wumiye ku kuri, «maze ya Mana y’amahoro izobana na[we].»—Flp. 4:8, 9. w24.07 13 ing. 16-17
Uwo muntu yashikanye ikimazi kimwe c’ibicumuro ku bw’ibihe vyose.—Heb. 10:12.
Yezu yaritwararitse cane abantu bari baremerewe n’ibicumuro, arabaha akaryo ko kuba abayoboke biwe. Yari azi yuko ingorane zose abantu bafise zakwezwe n’igicumuro. Ni co gituma yitwararika cane abantu bari bazwi ko ari abacumuzi. Raba akarorero yakoresheje mu gusigura igituma yabitwararika. Yavuze ati: «Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.» Yongeyeko ati: «[Sinaje] guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.» (Mat. 9:12, 13) Ivyo nyene ni vyo Yezu yakoze. Nk’akarorero, igihe umugore umwe yamwoza ibirenge akoresheje amosozi yiwe, Yezu yamubwiye abigiranye ikibabarwe yuko ibicumuro vyiwe bihariwe. (Luka 7:37-50) Vyongeye, yarahishuriye ukuri guhambaye wa Musamariyakazi bahuriye kw’iriba, naho yari azi ko yari abayeho mu buhumbu. (Yoh. 4:7, 17-19, 25, 26) Imana yaranahaye Yezu ububasha bwo guhindura ubusa urupfu, rwo ngaruka ibabaje kuruta izindi zose zikwegwa n’igicumuro. Uti gute? Yezu yarazuye abapfuye, baba abagabo, abagore n’abana.—Mat. 11:5. w24.08 4 ing. 9-10
Azocira urubanza isi mu bugororotsi, acire urubanza abantu mu bwizigirwa.—Zab. 96:13.
Vuba Yehova azoninahaza izina ryiwe. Azobigira gute? Azobigira biciye ku manza azoshitsa. Vuba agiye gukuraho Babiloni Akomeye kubera ko yasize iceyi izina ryiwe ryeranda. (Ivyah. 17:5, 16; 19:1, 2) Abazobona Babiloni Akomeye asanganguwe, barashobora kuzokwifatanya natwe mu gusenga kw’ukuri. Amaherezo kuri Harumagedoni, Yehova azokuraho isi mbi ya Shetani, akureho abantu bose bamurwanya kandi bacafuza izina ryiwe. Azoca arokora abo bose bamukunda, bamugamburukira kandi bahimbarwa no kumuninahaza. (Mrk. 8:38; 2 Tes. 1:6-10) Ca kigeragezo ca nyuma kizokurikira ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi nicahera, Yehova azoba amaze kweza izina ryiwe mu buryo bwuzuye. (Ivyah. 20:7-10) Ico gihe «isi izoba yuzuye ubumenyi bwerekeye ubuninahazwa bwa Yehova, nk’uko amazi yuzuye ikiyaga.» (Hab. 2:14) Ese ukuntu bizoba bihimbaye igihe abantu bose bazoba baha Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe! w25.01 7 ing. 15-16
Mukwiye kwihangana kugira mutozwe indero.—Heb. 12:7.
Ni ibiki vyofashije abakirisu b’Abaheburayo kwihanganira uruhamo? Intumwa Pawulo yashaka kubafasha kubona akamaro ko kwihanganira uruhamo. Yarabasiguriye ko igihe abakirisu bashikiwe n’ingorane, Imana ishobora gukoresha ako karyo kugira ibamenyereze. Ivyo vyoshobora kubafasha kwiga kamere zishimwa na Yehova no kuzitsimbataza. Abakirisu b’Abaheburayo vyorushirije kuborohera kwihangana mu gihe bogumye babona ko kwihanganira ivyo bigeragezo vyobagiriye akamaro. (Heb. 12:11) Pawulo yahimirije abakirisu b’Abaheburayo kuguma bumiyeko igihe bari mu bigeragezo. Vyari bibereye ko ari we abandikira impanuro zijanye no kwihanganira uruhamo. Kubera ko yari yarigeze guhama abakirisu, yari azi neza ingene bafatwa nabi, kandi na we ubwiwe yarihanganiye uruhamo. Vyongeye, amaze kuba umukirisu yararwanijwe mu buryo butandukanye.—2 Kor. 11:23-25. w24.09 12-13 ing. 16-17
Mugume muri maso.—Mat. 25:13.
Uko bukeye uko bwije, igikorwa cacu co kwamamaza kirushiriza kwihutirwa. Uti kubera iki? Kuko gisigaje igihe gito. Zirikana ku vyo Yezu yavuze ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza muri iyi misi ya nyuma, nk’uko bivugwa muri Mariko 13:10. Twisunze inkuru isa n’iyo dusanga muri Matayo, Yezu yavuze ko inkuru nziza yokwamamajwe mw’isi yose imbere y’uko «iherezo» riza. (Mat. 24:14) Iryo herezo ryerekeza ku muhero w’iyi si mbi ya Shetani. Ibintu vyose vyimirije kuba, Yehova yarabishingiye ‘umusi n’isaha.’ (Mat. 24:36; Ivyak. 1:7) Uko umusi urengana ni ko turushiriza kwegereza ico gihe. (Rom. 13:11) Ariko magingo tukirindiriye ico gihe, dutegerezwa kuguma twamamaza. Igihe tuzirikana ku gikorwa cacu co kwamamaza, vyoba vyiza twibajije iki kibazo gihambaye: Kubera iki twamamaza inkuru nziza? Muri make, urukundo ni rwo rutuma twamamaza. Igihe twamamaje tuba twerekanye ko dukunda inkuru nziza, abantu nkatwe, n’ikiruta vyose tuba twerekanye ko dukunda Yehova n’izina ryiwe. w24.05 14-15 ing. 2-3
Imana yihweza ibintu vyose yari yaremye, isanga vyari vyiza cane.—Ita. 1:31.
Bavyeyi, nimufashe abana banyu kuzirikana ku bidukikije. Igihe wewe n’umwana wawe muriko muragendagenda mu gihugu hagati canke muriko murakora mu murima, numwereke ibintu bitangaje dusanga mu bidukikije. Uti kubera iki? Kubera ko bitanga ikimenyamenya ko uwabishizeho ari incabwenge idasanzwe. Nk’akarorero, inzu z’ibifyera bimwebimwe vyo mu mazi, amababi y’ibiterwa, amashurwe y’ibihoke n’imigwi imwimwe y’inyenyeri, usanga bifise imero imeze kumwe isa n’iyizinguriza. Abahinga baramaze imyaka myinshi biga ibijanye n’iyo mero. Umuhinga umwe yitwa Nicola Fameli avuga ko ibintu vyose bifise iyo mero usanga bipanze ku giharuro. Biba bipanze hisunzwe urukurikirane rw’ibiharuro rwitirirwa umuhinga yitwa Fibonacci (Suite de Fibonacci). w24.12 16 ing. 7
[Ni] we buzima bwanyu.—Gus. 30:20.
Haraheze igihe kirekire Musa, Dawidi na Yohani babayeho kandi ukuntu ibintu vyari vyifashe mu gihe cabo, biratandukanye n’ukuntu vyifashe muri iki gihe. Ariko hari ibintu vyinshi duhurizako. Bakorera Imana y’ukuri nk’uko tubigira. Cokimwe na bo, turasenga Yehova tukamusaba ngo adufashe yongere aduhe impanuro. Kandi cokimwe n’abo bagabo, turizigira tudakeka ko Yehova azohezagira cane abo bose bamugamburukira. Ese twokwisunga amajambo ya nyuma yavuzwe n’abo bagabo bitereye mu myaka mu kugamburuka amategeko ya Yehova. Ivyo bizotuma Yehova aduhezagira yongere adufashe. ‘Tuzoramba,’ tubeho ibihe bidahera. Vyongeye, tuzonezerwa kubona duhimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru twikundira, umwe yama ashitsa ivyo asezerana vyose mu buryo burengeye uko twovyiyumvira.—Ef. 3:20. w24.11 13 ing. 20-21
Imana yashize ivyo bihimba bitandukanye mw’ishengero.—1 Kor. 12:28.
Mu kinjana ca mbere, abavukanyi bamwebamwe baragenwa kuba abakozi b’ishengero. (1 Tim. 3:8) Biboneka ko ari bo bakora «ibikorwa vy’ingirakamaro» intumwa Pawulo yavuze. Birashoboka ko abakozi b’ishengero bitwararika ibikorwa vya nkenerwa bitari bike, ivyo bigatuma abakurambere bitunira ku kuragira intama no kwigisha. Nk’akarorero, abakozi b’ishengero bashobora kuba barafashije mu gukoporora Ivyanditswe canke mu kugura ibikoresho vyakenerwa ku bw’ico gikorwa. Raba ibikorwa vy’ingirakamaro bimwebimwe abakozi b’ishengero bakora mw’ishengero iwanyu. (1 Pet. 4:10) Barashingwa ibijanye no kwitwararika ikigega c’ishengero, ivyibare, gusabira ibitabu abagize ishengero no kubibaronsa, gukora mu buhinga bw’ivyuma, kwakira abantu, canke ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami. Ivyo bikorwa vyose ni ngirakamaro kugira ngo ishengero rikore neza.—1 Kor. 14:40. w24.10 19 ing. 4-5
Muri vyose, ndonka inkomezi biciye kuri umwe ampa ububasha.—Flp. 4:13.
Nimba twibuka ko Yehova ari muzima kandi ko yama adufasha, bizotuma dushobora kwihanganira ingorane iyo ari yo yose, yaba nini canke ntoyi. Nakare, ni Mushoboravyose kandi arashoboye kuduha ububasha bwo kwihangana. Ivyo biratuma dutekana igihe turi mu ngorane. Igihe twibonera ingene Yehova adufasha mu ngorane ntonto, duca twizigira ko azodufasha no mu zihambaye kuruta. Rimbura ibintu bibiri vyashikiye umwami Dawidi vyatumye arushiriza kwizigira Yehova. Igihe Dawidi yari akiri muto ari umwungere, idubu n’intambwe vyaratwaye intama za se. Muri ivyo bihe vyose, Dawidi yaragize umutima rugabo arabikurikira maze ararokora izo ntama. Ariko ntiyigeze abona ko ari we yavyishoboje. Yari azi ko Yehova ari we yamuhaye ububasha. (1 Sam. 17:34-37) Dawidi azirikanye kuri ivyo bintu vyamushikiye, vyatuma yizigira ko Imana nzima yomukomeje muri kazoza. w24.06 21 ing. 5-6
Uwishura atarumva neza uko ibintu vyifashe, aba ari ikijuju kandi aba yimaramaje.—Imig. 18:13.
Dufate ko bagutumiye mu rubanza rwo kuryoherwa muri kumwe n’abandi. Woba ukwiye kurwitaba? Nimba mutamenyeranye n’uwaruteguye canke utazi ukuntu rutunganijwe, vyoba vyiza umubajije utubazo nk’utu: «Urwo rubanza ruzobera hehe? Ruzoba sangapi? Hazoba hari abantu bangana gute? Ni nde azoba aruhagarikiye? Ni bande bazorwitaba? Hategekanijwe ibiki? Hazoba hari inzoga?» Kuronka inyishu z’utwo tubazo vyogufasha gufata ingingo nziza. Umaze kuronka amakuru akwiye, nuce rero uzirikana neza. Nk’akarorero, wokora iki nka hamwe womenya ko mu bazokwitaba urwo rubanza hazoba harimwo abantu badaha agaciro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, canke ko inzoga zizoba ari nywa nawe? Woba ubona ko urwo rubanza rushobora guhinduka ukwidagadura birenze? (1 Pet. 4:3) Uzirikanye neza kuri ivyo bintu vyose bizokworohera gufata ingingo nziza. w25.01 15 ing. 4-5
Naho ibicumuro vyanyu vyoba bisa n’agahama, bizosigara vyera derere.—Yes. 1:18.
Yehova arakoresha imvugo ngereranyo, kugira adufashe gutahura ingene ababarira ibicumuro vy’abantu baba bigaye, yisunze incungu. Impuzu yagiyeko ibirabagu vy’agahama, usanga bigoye cane kubikurako. Ariko Yehova abicishije kuri iyo mvugo ngereranyo, araduhumuriza yuko ibicumuro vyacu, ashobora kubinyukura neza ku buryo bidasubira kuboneka. Vyongeye, ibicumuro bigereranywa n’«amadeni.» (Mat 6:12; Luka 11:4; utujambo tw’epfo.) Igihe cose rero ducumuye kuri Yehova, ni nk’aho tuba turiko turarunda amadeni. Amadeni tumufitiye ntagira ukwo angana. Ariko iyo Yehova atubabariye, ni nk’aho aba aduhebeye amadeni twategerezwa kumuriha. Amaze kutubabarira ibicumuro vyacu, ntasubira kubiduharurako. Umve nawe ingene iyo mvugo ngereranyo idondora neza ukuntu turuhurirwa iyo Yehova atubabariye! w25.02 10 ing. 9-10
Abana si bo bakwiye kuziganiriza abavyeyi, ahubwo abavyeyi ni bo baziganiriza abana.—2 Kor. 12:14.
Abavyeyi boshobora gukenera ko abana babo bagira ico babafashije mu busaza, kandi abana benshi barahimbarwa no kubikora. (1 Tim. 5:4) Ariko rero abavyeyi b’abakirisu baratahura ko ikintu nyamukuru gituma banezerwa, atari ukurera abana barondera ko bazobafasha mu vy’ubutunzi, ahubwo ko ari ugufasha abo bana kugira ngo bazokorere Yehova. (3 Yoh. 4) Igihe ufasha abana bawe kubona ingene bokwibeshaho, nubereke yuko wizigira Yehova biciye ku karorero utanga. Nubafashe kuba abanyabikorwa kuva bakiri bato. (Imig. 29:21; Ef. 4:28) Uko bakura, nubafashe kugira akigoro kw’ishure ko kwiga bamenya. Vyoba vyiza abavyeyi bagize ubushakashatsi, kugira baronke impanuro zo muri Bibiliya bokoresha mu gufasha abana babo guhitamwo amashure bokwiga. Ivyo bizofasha abana babo guhitamwo amashure yobafasha kwibeshaho mu buzima no kuronka umwanya ukwiye wo gukorera Yehova. w25.03 30-31 ing. 15-16
[Mwambare] kamere nshasha.—Ef. 4:24.
Muri Yesaya ikigabane ca 65, Yehova yaravuze ingene abobaye mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu bobayeho bamerewe. Ubwo buhanuzi bwarangutse ubwa mbere mu mwaka wa 537 imbere ya Kristu. Ico gihe, Abayuda bigaye barasubiye iwabo bavuye mu bunyagano i Babiloni. Yehova yarabahezagiye yongera arabafasha gusanura igisagara ca Yeruzalemu cari carasambutse, kirasubira kuba ciza cane. Yaranabafashije gusubira kwubaka urusengero kugira rube ikibanza nyamukuru co kumusengeranwo muri Isirayeli. (Yes. 51:11; Zak. 8:3) Iranguka rya kabiri ry’ubwo buhanuzi bwa Yesaya ryatanguye mu 1919 inyuma ya Kristu, igihe abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none bava mu bunyagano bwa Babiloni Akomeye. Ico gihe rero, iparadizo yo mu buryo bw’impwemu yaciye itangura kwibonekeza hirya no hino kw’isi. Abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete baratanguje amashengero menshi bongera baratsimbataza kamere nziza. Abagabo n’abagore bari bahoze bafise agatima k’ubukoko n’ububisha, «[barambaye] kamere nshasha yaremwe hisunzwe ivyo Imana igomba.» w24.04 20-21 ing. 3-4
Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.—Gal. 6:5.
Mu bihugu bimwebimwe, usanga abavyeyi canke abandi bantu bakuze ari bo bahitiramwo incuti yabo uwo bazokwubakana. Mu bindi bihugu na ho, usanga incuti n’abagenzi ari bo baronderera umuntu uwo bokwubakana maze bagaca babahuza kugira ngo ubwabo barabe nimba boshimana. Hamwe hogira uwugusaba kumuronderera uwo bokwubakana, uritwararika ivyipfuzo vy’umwe wese muri bo. Umaze kubona uwo womurangira, nugerageze kurondera amakuru menshi ashoboka ku bijanye n’ingene uwo muntu ameze, ingeso ziwe, n’ikiruta vyose urondere kumenya nimba aha agaciro ivy’impwemu. Kuba umuntu afitaniye na Yehova ubucuti bukomeye, ni co kintu gihambaye kuruta amahera, amashure, canke ikibanza umuntu afise mu kibano. Ariko rero, uribuka yuko uwo muvukanyi n’uwo mushiki wacu ari bo bifatira ingingo yo kwubakana canke kutubakana. w24.05 23 ing. 11
Umugenzi nyakuri akundana igihe cose.—Imig. 17:17.
Turashobora gushigikira abariko bararushiriza kumenyana biciye ku vyo tuvuga canke tutavuga. Mu bihe bimwebimwe, vyoba vyiza tugumije ururimi. (Imig. 12:18) Nk’akarorero, hari igihe twokwumva umengo twobwira abandi ko naka na naka bafitaniye ubugenzi, ariko ugasanga benevyo boshima ko ari bo bavyivugira. Ntidukwiye kubavugako urusaku, kubatora amahinyu canke kubinjirira mu buzima. (Imig. 20:19; Rom. 14:10; 1 Tes. 4:11) Vyongeye, ntidukwiye kubabwira ibintu canke kubabaza ibibazo bisa n’ibibahatira kwubakana vyanka vyakunda. Bite hoho hamwe umusore n’inkumi bofata ingingo yo guhagarika ubugenzi bari bafitaniye? Turakwiye kwirinda gusuma urusaku turondera kumenya igituma, canke ngo tuvyisukemwo. (1 Pet. 4:15) Igihe umusore n’inkumi bafashe ingingo yo guhagarika ubugenzi bwabo, ntibisobanura ko baba bafashe ingingo mbi. Muri rusangi, bisigura gusa ko ubugenzi bwabo buba bwashitse ku ntumbero yabwo, na yo akaba ari iyo kubafasha gufata ingingo ibereye. Ariko ntiwumve, iyo ngingo irashobora kubasigamwo intuntu. Ni co gituma dukwiye kurondera ingene twobaba hafi. w24.05 31 ing. 15-16
Niwacika intege ku musi w’ivyago, inkomezi zawe zizogabanuka.—Imig. 24:10.
Kimwe mu bintu bitubabaza cane ni igihe incuti canke umugenzi somambike ahevye Yehova. (Zab. 78:40) Igihe muba mukundana cane, birarushiriza kukugora kwakira ibiba vyashitse. Nimba umaze gushikirwa n’ico kintu giteye intuntu, akarorero ka Sadoki k’ukudahemuka kokuremesha. Yagumye ari intahemuka kuri Yehova igihe umugenzi wiwe somambike yitwa Abiyatari yahemuka. Ivyo vyabaye igihe Dawidi yari ku mpfiro. Umuhungu wiwe Adoniya yaragerageje kwigarurira ubutegetsi bwiwe, kandi Yehova yari yabusezeraniye Salomo. (1 Ngo. 22:9, 10) Abiyatari yahisemwo gushigikira Adoniya. (1 Abami 1:5-8) Ico gihe Abiyatari ntiyari ahemukiye Dawidi na Sadoki gusa, ahubwo yari ahemukiye na Yehova. Sadoki na Abiyatari bari bamaze imyaka mirongo bakorana ari abaherezi.—2 Sam. 8:17; 15:29; 19:11-14. w24.07 6 ing. 14-15
Hahiriwe umuntu yama yiyubara.—Imig. 28:14.
Turemera tudakeka ko nitwaguma twirinze inyosha mbi tuzokwironkera ivyiza. Naho igicumuro coshobora kuzana ‘umunezero w’akanya gato’, kubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova ni vyo bituma tugira umunezero mwinshi. (Heb. 11:25; Zab. 19:8) Ivyo ni ko biri kubera ko twaremwe kugira ngo tubeho twisunga inzira ziwe. (Ita. 1:27) Tubigenjeje gutyo turagira ijwi ryiza ryo mu mutima kandi tukaba ababereye kuronka ubuzima budahera. (1 Tim. 6:12; 2 Tim. 1:3; Yuda 20, 21) Ego ni ko «umubiri uragoyagoya.» (Mat. 26:41) Ariko ivyo ntibisobanura ko tutorwanya ubugoyagoye dufise. Yehova yama yiteguriye kuduha ububasha dukeneye. (2 Kor. 4:7) Urabona ko Yehova aduha ububasha burengeye ubusanzwe. Tubanza rero gukoresha ububasha dusanzwe dufise, ni ukuvuga ko tugira akigoro buri musi kugira ngo twirinde inyosha mbi. Yehova azokwishura amasengesho tumutura tumusaba ko yotwongera inkomezi. (1 Kor. 10:13) Ego cane, Yehova adufashije turashobora kuguma turi maso tukirinda inyosha mbi. w24.07 19 ing. 19-21
Ukosorere imbere ya bose abaza baracumura.—1 Tim. 5:20.
Amajambo ari mu canditswe c’uno musi intumwa Pawulo yayandikiye umukurambere mugenziwe Timoteyo, amubwira icokorwa ku bijanye n’abantu «baza baracumura.» None mu kuvuga ngo ‘imbere y’abantu bose’ yashaka kuvuga iki? Yoba yashaka kuvuga imbere y’ishengero ryose? Si ngombwa. Ahubwo yashaka kuvuga abantu bakeyi bashobora kuba baramenye ibijanye n’ivyo bicumuro. Bashobora kuba ari ababibonye bikorwa canke ababibwiwe na bene kubikora. Abo ni bo abakurambere bomenyesheje mw’ibanga ko ivyo bibazo vyitwararitswe be n’uko abo bacumuzi bafashijwe. Umuntu yoshobora kuba yarakoze icaha gikomeye maze bikamenyekana cane mw’ishengero canke bikaba bishobora kuzomenyekana. Mu bihe nk’ivyo, ba ‘bantu bose’ Pawulo yavuga boshobora kwerekeza kw’ishengero ryose. Umukurambere rero yoshikiriza itangazo imbere y’ishengero rivuga yuko uwo muntu yakangiriwe. Kubera iki? Pawulo yishura ati: «Kugira ngo n’abandi batinye» gukora icaha. w24.08 24 ing. 16-17
Ayo ni amajambo y’Imana, kandi ni ay’ukuri.—Ivyah. 19:9.
Turakwiye kuguma dukorera Yehova n’umwete gushika kw’iherezo. Abarobanuwe bakwiye kuguma bari maso kugira ‘bazojanwe’ na Yezu maze baronke impembo yabo yo mw’ijuru. (Mat. 24:40) Barashashaye ‘gukoranirizwa hamwe ngo babe kumwe’ na Yezu mw’ijuru. Inyuma y’intambara ya Harumagedoni bazoba ari umugeni wa Yezu ku bugeni bwa wa Mwagazi w’intama.(2 Tes. 2:1) Igihe c’uko Yezu aza guca urubanza kiregereje cane, ariko nta codutera ubwoba. Nitwaguma turi intahemuka, Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda azoduha «ububasha burengeye ubusanzwe» kugira «[du]shobore . . . guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.» (2 Kor. 4:7; Luka 21:36) Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi, tuzonezereza Dawe wa twese nitwashira mu ngiro ivyigwa dukura mu bigereranyo Yezu yatanze. Kubera ko Yehova afise ubuntu buhebuje, amazina yacu «[azokwandikwa] mu gitabu» c’ubuzima.—Dan. 12:1; Ivyah. 3:5. w24.09 24-25 ing. 19-20
Kwegera Imana bimbera vyiza.—Zab. 73:28.
Urashobora kugira amahoro yo mu mutima ubifashijwemwo n’Ijambo ry’Imana. Uti gute? Nuzirikane ku vyiza wifitiye ubu, ushizemwo n’amatunga wibikiye mw’ijuru. Nuce ubigereranya n’ibizoshikira abiruka gusa inyuma y’ivyo isi itanga. Bobo bashira umutima gusa ku vyo bamaze gushikako, kuko ata cizigiro ca kazoza bafise. Ariko wewe, Yehova agusezeranira imihezagiro itagira uko ingana. (Zab. 145:16) Zirikana kandi kuri iki kintu: Woba uzi vy’ukuri uko ubuzima bwawe buba bumeze iyo udafata iyo ngingo yo gukorera Yehova? Ico womenya coco ni uko abafata ingingo zishingiye ku rukundo bakunda Imana n’abantu, ata ciza bazokwigera babura. w24.10 27 ing. 12-13

