Timoteyo wa kabiri 2:1-26

  • Uzeze ubutumwa abantu bakwije ibisabwa (1-7)

  • Pawulo ashikirwa n’imibabaro kubera inkuru nziza (8-13)

  • Koresha neza ijambo ry’Imana (14-19)

  • Hunga ivyipfuzo vy’abakiri bato (20-22)

  • Ingene twovyifatamwo imbere y’abaturwanya (23-26)

2  Wewe rero mwananje+, guma wironsa ububasha biciye ku buntu buhebuje* buri muri Kristu Yezu.  Ibintu wanyumvanye vyashigikiwe n’ivyabona vyinshi+, ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa. Na bo bazoheza bakwize neza ibisabwa kugira bigishe abandi.  Niwemere gushikirwa n’imibabaro+ nk’umusoda mwiza+ wa Kristu Yezu.  Nta musoda aja* mu bintu vy’urudandaza* vyo mu buzima, kuko aba ashaka gushimwa n’uwamwinjije mu gisoda.  No mu nkino, uwuhiganwa wese yambikwa urugori ari uko yahiganywe akurikije amategeko+.  Umurimyi akora cane ni we akwiye kuba uwa mbere mu kuronka ku vyeze.  Ugume uzirikana ivyo mvuga. Umukama azoguha ubushobozi bwo gutegera* vyose.  Wibuke ko Yezu Kristu yazuwe mu bapfuye+ kandi ko yari uwo mu ruvyaro* rwa Dawidi+, nk’uko inkuru nziza namamaza ivyerekana+.  Kubera iyo nkuru nziza, ndiko nshikirwa n’imibabaro kandi ndapfunzwe nk’inkozi y’ikibi+. Ariko ijambo ry’Imana ntiriboshwe+. 10  Ni co gituma mbandanya kwihanganira ibintu vyose ku bw’abatowe+, kugira ngo na bo baronke ubukiriro buboneka biciye kuri Kristu Yezu, baronke n’ubuninahazwa bw’ibihe bidahera. 11  Iri jambo ni iryo kwizigirwa: mu vy’ukuri nimba twarapfanye na we, tuzobaho kandi turi kumwe na we+. 12  Nitwabandanya kwihangana, tuzoganza turi kumwe na we+. Nitwamwihakana, na we azotwihakana+. 13  Tutabaye abizigirwa, we aguma ari umwizigirwa kuko adashobora kwihakana ico ari. 14  Guma ubibutsa ibi bintu, ubategeke* imbere y’Imana kutarwana bapfa amajambo kuko ari ikintu ata co kimaze, kubera kigirira nabi* abumviriza. 15  Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe, nk’umukozi atagira imvo n’imwe yo guteterwa, akoresha neza ijambo ry’ukuri+. 16  Mugabo wamirire kure amajambo ata co amaze atukisha ibintu vyeranda+, kuko atuma* abantu barushiriza kutubaha Imana, 17  kandi ayo majambo azokwiragira nk’igisebe kiboze. Mu bayakwiragiza harimwo Himenayo na Fileto+. 18  Abo bantu barataye ukuri, bakaba bavuga ko izuka rimaze kuba+, kandi bariko baratembagaza ukwizera kwa bamwe. 19  Naho biri ukwo, umushinge ukomeye w’Imana uguma uhagaze, uriko ikidodo kivuga ngo «Yehova* arazi abiwe+», kandi ngo «Umuntu wese yitirirwa izina rya Yehova*+ navavanure n’ibitagororotse.» 20  Mu nzu nini rero ntihabamwo gusa ibikoresho* vy’inzahabu n’ivy’ifeza, mugabo harabamwo n’ivy’ibiti be n’ivy’ibumba. Bimwe bikoreshwa ibikorwa biteye iteka mugabo ibindi bigakoreshwa ibidateye iteka. 21  Umuntu rero niyitandukanya n’ivyo bikoresho vya kabiri, azoba igikoresho* gikoreshwa ibikorwa biteye iteka, cejejwe, gifitiye akamaro nyeneco, giteguriwe igikorwa ciza cose. 22  Hunga rero ivyipfuzo vy’abakiri bato, mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwizera, urukundo, amahoro, uri kumwe n’abambaza Umukama n’umutima udahumanye. 23  Vyongeye, wamirire kure ibihari vy’ubupfu birimwo n’ukutamenya+ kuko uzi yuko bivyura intambara. 24  Mugabo umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga* kuri bose+, ashoboye kwigisha, yigumya iyo agiriwe nabi+, 25  akigisha mu bwitonzi abantu batoroshe+. Hari aho Imana yotuma bigaya* bakamenya neza ukuri+, 26  bakagarura ubwenge bakava mu mutego wa Shetani*, kubera ko yabafashe ari bazima ngo bakore ivyo agomba+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «yibohera.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu bikorwa vya misi yose.»
Canke «gutahura.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu rubuto.»
Canke «gitikiza», «gitembagaza.»
Mu kigiriki havuga ngo «ubashingire intahe bimwe bishitse.»
Canke «batuma.»
Canke «ivyombo.»
Canke «icombo.»
Canke «yigengesera.»
Canke «bahindura ivyiyumviro.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).