Abakorinto ba kabiri 11:1-33
11 Icompa mukanyihanganira naho womengo singira ubwenge. Kandi ni ukuri muranyihanganira.
2 Ndi n’ishari ku biberekeye, ishari riva ku Mana*, kuko jewe ubwanje nasezeranye kubashingira ku mugabo umwe ngo ndabashikirize Kristu mumeze nk’umwigeme w’isugi atanduye*+.
3 Mugabo ndatinya yuko ubwenge bwanyu hari ukuntu bwohava bwononekara nka kumwe ya nzoka yaryosharyosha Eva ikoresheje urwenge+, mugasigara mutakiri abantu b’umutima ugororotse kandi batyoroye*, nk’uko bibereye imbere ya Kristu+.
4 Mvuze gutyo kuko iyo haje umuntu akamamaza uwitwa Yezu atandukanye n’umwe twebwe twamamaje, canke mukoshwa n’ivyiyumviro* bitandukanye n’ivyahora bibayobora*, canke hakaza uwubabwira inkuru nziza itandukanye n’iyo mwemeye+, biborohera kumwihanganira.
5 Kuko niyumvira yuko za ntumwa zanyu z’agahebuza, ata co zandushije mu buryo na bumwe+.
6 Ariko naho ntari umuhanga mu kuvuga+, ubumenyi bwo sindabubuze. Ivyo twarabiberetse mu buryo bwose no muri vyose.
7 Canke na ho, ko nabamenyesheje inkuru nziza y’Imana mpimbawe ata co murishe+, noba narakoze igicumuro mu kwicisha bugufi kugira ngo mwebwe mushirwe hejuru?
8 Ayandi mashengero narayamariyeko utwayo* ndemera imfashanyo yayo kugira ngo nkorere mwebwe+.
9 Yamara igihe nari kumwe namwe ngakena, nta n’umwe nabereye umuzigo, kuko abavukanyi bavuye i Masedwane bandonkeje ku bwinshi ivyo nari nkeneye+. Emwe, naririnze kubabera umuzigo mu buryo bwose, kandi nzobandanya gutyo+.
10 Ndarahiye ukuri kwa Kristu kuri muri jewe yuko ntazoreka kuvyiratira+ mu ntara z’i Akaya.
11 Kubera iki? Hoba ari kubera yuko ntabakunda? Imana irazi ko ndabakunda.
12 Mugabo ico ndiko ndakora nzobandanya kugikora+, kugira abarondera ico bafatirako* ngo baboneke ko bangana natwe mu vyo* biratira, ntibaronke icitwazo.
13 Kuko mwene abo bantu ari intumwa z’ikinyoma, abakozi bahenda abandi, bigira intumwa za Kristu+.
14 Kandi ivyo ntibitangaje, kuko na Shetani ubwiwe aguma yigira umumarayika w’umuco+.
15 Ntibitangaje rero ko n’abakozi biwe na bo nyene baguma bigira abakora ibigororotse. Ariko iherezo ryabo rizohwana n’ivyo bakora+.
16 Ndongeye kubivuga: ntihagire uwiyumvira ko ndi imburabwenge. Ariko nimba muvyiyumvira, nimunyemere rero nk’umuntu w’imburabwenge kugira ngo nanje nirate gatoya.
17 Sindiko ndavuga nk’uko Umukama yovuga, ahubwo ndiko mvuga nk’umuntu w’imburabwenge, yiyemera kandi yirata.
18 Ko benshi bariko barirata bisunze umubiri*, nanje ngira nirate.
19 Kubera ko mwiyumvira ko muri abanyabwenge, murihanganira abantu b’imburabwenge n’umutima mwiza.
20 Nkako, murihanganira uwo wese abagira abaja, uwo wese arotsa ivyanyu, uwo wese asahura ivyanyu, uwo wese yishira hejuru akabakengera, n’uwo wese abakubita mu maso.
21 Ivyo ndabivuze kugira tumaramare, kuko womengo twabaye goyigoyi.
Mugabo nimba abandi barinduka, na jewe ndarinduka. Ndiko mvuga nk’uwutagira ubwenge.
22 Ni Abaheburayo? Na jewe ndi we+. Ni Abisirayeli? Na jewe ndi we. Ni uruvyaro* rwa Aburahamu? Na jewe ni ukwo+.
23 Ni abasuku ba Kristu? Nishura nk’umusazi. Ndabarusha kuba umusuku: nakoze vyinshi kubarusha+, mpfungwa kenshi kubarusha+, nkubitwa inkoni zidaharurika, ngarukira ku cobo kenshi+.
24 Incuro zitanu narakubiswe n’Abayuda ibimoko 40 biburamwo kimwe+,
25 incuro zitatu nkubitwa inkoni+, incuro imwe nterwa amabuye+, incuro zitatu ubwato bunsabirako+, mara ijoro n’umurango hagati mu kiyaga.
26 Nama mu ngendo kenshi, mu kaga k’inzuzi, mu kaga k’abambuzi, mu kaga k’abo mw’ihanga ryacu+, mu kaga k’abo mu yandi mahanga+, mu kaga mu gisagara+, mu kaga mu gahinga, mu kaga mu kiyaga, no mu kaga mu bavukanyi b’ikinyoma.
27 Narakora cane nkabira akuya, nkarara maso kenshi+, ngasonza, nkanyoterwa+, kenshi nkabura ivyo ndya+, nkicwa n’imbeho, nkabura n’impuzu nambara*.
28 Turetse izo ngorane zinshikira, hariho ikindi kindaza ishinga uko bukeye uko bwije*: ni umwitwarariko ngira ku bw’amashengero yose+.
29 Iyo hagize uwugoyagoya, jeho sinca mererwa nabi*? Iyo hagize uwutsitara, ugira ntibinshavuza?
30 Nimba ari ngombwa ko nirata, nzokwiratira ivyerekana ubugoyagoye bwanje.
31 Ya Mana ikaba na Se w’Umukama Yezu, imwe ibwirizwa gushemagizwa ibihe vyose, irazi ko ntariko ndabesha.
32 I Damasiko buramatari agabwa n’umwami Areta, yari acunze igisagara c’Abanyadamasiko kugira amfate,
33 mugabo nururukirizwa mu giseke ncishijwe mw’idirisha ryo mu ruzitiro rw’igisagara+, ndamucika.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «atyoroye.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «umwete w’Imana.»
^ Canke «batanduye.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mukaronka impwemu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «n’impwemu mwaronse.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «narayambuye.»
^ Canke «icitwazo.»
^ Canke «mw’ibanga.»
^ Ni ukuvuga bisunze uko abantu babona ibintu.
^ Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nkagenda gusa.»
^ Canke «kindemera buri musi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ngoyagoya.»