Imigani 28:1-28

28  Ababisha barahunga ata wuriko arabirukana,ariko abagororotsi baratekanye nka kurya kw’intambwe+.   Iyo abantu batubahiriza amategeko*, abategetsi* baguma bakurakuranwa+,ariko iyo umutegetsi afise umuhanuzi atahura kandi akerebutse, ubutegetsi bwiwe buraramba*+.   Umukene azuruma abantu batobato+ameze nk’imvura ikukumura ibiterwa* vyose.   Abantu batubaha amategeko bahayagiza umubisha,ariko abakurikiza amategeko baca babashavurira+.   Ababisha ntibatahura ubutungane ico ari co,ariko abarondera Yehova baratahura ibintu vyose+.   Umukene agendera mu gutunganaaruta umutunzi agendera mu nzira mbi+.   Umwana aciye ubwenge* agamburuka amategeko,ariko uwugendana n’abakunzi b’inda amaramaza se+.   Uwongereza itunga ryiwe mu gusaba abandi inyungu+ y’umurengera,aba ariko aryegeraniriza uwufasha abakene+.   Uwanka kugamburuka itegeko,mbere n’isengesho ryiwe rirashisha Imana+. 10  Uwuzimiza abagororotsi ngo baje mu nzira mbi, azogwa mu cobo yimvye+,ariko abantu b’intungane bazotorana ivyiza+. 11  Umutunzi yibwira ko ari umunyabwenge+,ariko umukene afise ugutahura arabona ico ari vy’ukuri+. 12  Iyo abagororotsi batsinze, haba umunezero* mwinshi,ariko iyo ababisha bagiye ku butegetsi, abantu barinyegeza+. 13  Uwunyegeza ibicumuro vyiwe ntazororanirwa+,ariko uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa ikigongwe+. 14  Hahiriwe umuntu yama yiyubara*,ariko uwukomantaza umutima wiwe azogwa mu vyago+. 15  Nka kurya kw’intambwe iroha be n’idubu igira icakire ikintu,ni ko umutware mubi ameze ku bantu batagira gitabara+. 16  Indongozi itabona kure ikoresha nabi ububasha bwayo+,ariko indongozi yanka itunga ribi izoramba+. 17  Uwagirwa no gusesa amaraso azorinda apfa* ahunga+. Ntihaze hagire uwumutabara. 18  Uwugendera mu gutungana azokizwa+,ariko uwugendera mu nzira zigoramye azogwa bukwi na bukwi+. 19  Uwurima itongo ryiwe azoronka ibifungurwa vyinshi*,ariko uwishinga ibintu ata co bimaze azokwicwa n’ubukene+. 20  Umuntu w’umwizigirwa aronka imihezagiro myinshi+,ariko uwurondera gutunga ningoga ntazoguma ari intungane+. 21  Si vyiza kugira nkunzi+,ariko vyoshika umuntu agakora ikibi kugira aronke utwo arya*. 22  Umuntu w’ishari* aguma ahahamira ubutunzi,ariko ntamenya ko azogwa mu bukene. 23  Uwukosora umuntu+ azoronka ivyiza+kuruta uwusigana inkore ku maso. 24  Uwiba se na nyina maze akavuga ngo «nta co bitwaye+», nta ho ataniye n’umwambuzi+. 25  Umuntu w’umunoho atera amahane,ariko uwizigira Yehova azororanirwa*+. 26  Uwizigira umutima wiwe aba ari ikijuju+,ariko uwukorana ubukerebutsi aririnda ivyago+. 27  Uwufasha abakene nta co azobura+,ariko uwubirengagiza azoronka imivumo myinshi. 28  Iyo ababisha bagiye ku butegetsi, abantu barinyegeza,ariko iyo bahonye, abagororotsi barongerekana+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «araramba.»
Canke «abaganwa.»
Canke «bagarariza.»
Canke «ibifungurwa.»
Canke «afise ugutegera.»
Canke «ubuninahazwa.»
Canke «yamana ubwoba.»
Canke «aja mu kuzimu», «aja mu cobo.»
Canke «umukate ukwiye.»
Canke «akamanyu k’umukate.»
Canke «w’umunoho.»
Mu giheburayo havuga ngo «azodoheshwa.»