Imigani 28:1-28
28 Ababisha barahunga ata wuriko arabirukana,ariko abagororotsi baratekanye nka kurya kw’intambwe+.
2 Iyo abantu batubahiriza amategeko*, abategetsi* baguma bakurakuranwa+,ariko iyo umutegetsi afise umuhanuzi atahura kandi akerebutse, ubutegetsi bwiwe buraramba*+.
3 Umukene azuruma abantu batobato+ameze nk’imvura ikukumura ibiterwa* vyose.
4 Abantu batubaha amategeko bahayagiza umubisha,ariko abakurikiza amategeko baca babashavurira+.
5 Ababisha ntibatahura ubutungane ico ari co,ariko abarondera Yehova baratahura ibintu vyose+.
6 Umukene agendera mu gutunganaaruta umutunzi agendera mu nzira mbi+.
7 Umwana aciye ubwenge* agamburuka amategeko,ariko uwugendana n’abakunzi b’inda amaramaza se+.
8 Uwongereza itunga ryiwe mu gusaba abandi inyungu+ y’umurengera,aba ariko aryegeraniriza uwufasha abakene+.
9 Uwanka kugamburuka itegeko,mbere n’isengesho ryiwe rirashisha Imana+.
10 Uwuzimiza abagororotsi ngo baje mu nzira mbi, azogwa mu cobo yimvye+,ariko abantu b’intungane bazotorana ivyiza+.
11 Umutunzi yibwira ko ari umunyabwenge+,ariko umukene afise ugutahura arabona ico ari vy’ukuri+.
12 Iyo abagororotsi batsinze, haba umunezero* mwinshi,ariko iyo ababisha bagiye ku butegetsi, abantu barinyegeza+.
13 Uwunyegeza ibicumuro vyiwe ntazororanirwa+,ariko uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa ikigongwe+.
14 Hahiriwe umuntu yama yiyubara*,ariko uwukomantaza umutima wiwe azogwa mu vyago+.
15 Nka kurya kw’intambwe iroha be n’idubu igira icakire ikintu,ni ko umutware mubi ameze ku bantu batagira gitabara+.
16 Indongozi itabona kure ikoresha nabi ububasha bwayo+,ariko indongozi yanka itunga ribi izoramba+.
17 Uwagirwa no gusesa amaraso azorinda apfa* ahunga+.
Ntihaze hagire uwumutabara.
18 Uwugendera mu gutungana azokizwa+,ariko uwugendera mu nzira zigoramye azogwa bukwi na bukwi+.
19 Uwurima itongo ryiwe azoronka ibifungurwa vyinshi*,ariko uwishinga ibintu ata co bimaze azokwicwa n’ubukene+.
20 Umuntu w’umwizigirwa aronka imihezagiro myinshi+,ariko uwurondera gutunga ningoga ntazoguma ari intungane+.
21 Si vyiza kugira nkunzi+,ariko vyoshika umuntu agakora ikibi kugira aronke utwo arya*.
22 Umuntu w’ishari* aguma ahahamira ubutunzi,ariko ntamenya ko azogwa mu bukene.
23 Uwukosora umuntu+ azoronka ivyiza+kuruta uwusigana inkore ku maso.
24 Uwiba se na nyina maze akavuga ngo «nta co bitwaye+»,
nta ho ataniye n’umwambuzi+.
25 Umuntu w’umunoho atera amahane,ariko uwizigira Yehova azororanirwa*+.
26 Uwizigira umutima wiwe aba ari ikijuju+,ariko uwukorana ubukerebutsi aririnda ivyago+.
27 Uwufasha abakene nta co azobura+,ariko uwubirengagiza azoronka imivumo myinshi.
28 Iyo ababisha bagiye ku butegetsi, abantu barinyegeza,ariko iyo bahonye, abagororotsi barongerekana+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «araramba.»
^ Canke «abaganwa.»
^ Canke «bagarariza.»
^ Canke «ibifungurwa.»
^ Canke «afise ugutegera.»
^ Canke «ubuninahazwa.»
^ Canke «yamana ubwoba.»
^ Canke «aja mu kuzimu», «aja mu cobo.»
^ Canke «umukate ukwiye.»
^ Canke «akamanyu k’umukate.»
^ Canke «w’umunoho.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azodoheshwa.»