Matayo 26:1-75

  • Abaherezi baja inama yo kwica Yezu (1-5)

  • Amavuta amota neza asukwa kuri Yezu (6-13)

  • Pasika ya nyuma hamwe n’uwugurisha Yezu (14-25)

  • Atanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (26-30)

  • Avuga ko Petero aza kumwihakana (31-35)

  • Yezu asenga ari i Getsemani (36-46)

  • Bafata Yezu (47-56)

  • Asambishirizwa imbere y’Inama nkuru (57-68)

  • Petero yihakana Yezu (69-75)

26  Yezu ahejeje kuvuga ivyo vyose, abwira abigishwa biwe ati:  «Murazi ko mu misi ibiri hazoba Pasika+, kandi Umwana w’umuntu azoshirwa mu minwe y’abansi kugira amanikwe ku giti+  Nuko abakuru b’abaherezi n’abashingantahe b’iryo hanga bakoranira hamwe mu rugo rw’umuherezi mukuru yitwa Kayifa+,  baja inama+ yo gufata Yezu ku rwenge* kugira bamwice.  Ariko baguma bavuga bati: «Ntibibe ku musi mukuru, kugira abantu ntibahave bagumuka.»  Igihe rero Yezu yari i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe+,  haza umugore afise agacupa* karimwo amavuta amota neza kandi azimvye cane, atangura kuyasuka ku mutwe wa Yezu igihe yariko arafungura*.  Abigishwa babibonye barashavura, maze bavuga bati: «Ukwo gusesagura ni ukw’iki?  Ayo mavuta yari gushobora kugurishwa amahera menshi agahabwa aboro!» 10  Yezu arabimenya, aca ababwira ati: «Uyu mugore mumugorera iki? Ankoreye igikorwa ciza. 11  Erega aboro murabamana+, ariko jewe ntimuzonyamana+. 12  Igihe yasuka ku mubiri wanje aya mavuta amota neza, yariko arantegura ku bw’amaziko yanje+. 13  Ni ukuri ndabibabwiye, ahantu hose iyi nkuru nziza izokwamamazwa kw’isi yose, ivyo uyu mugore yakoze na vyo nyene bizovugwa kugira bamwibuke+ 14  Umwe muri bamwe cumi na babiri, ari we Yuda Isikariyoti+, aca aja ku bakuru b’abaherezi+, 15  ababwira ati: «Mumpa iki ngo ndamubahe+?» Bumvikana kumuha ibiceri 30 vy’ifeza+. 16  Kuva ico gihe, aca aguma arondera akaryo keza ko kumutanga. 17  Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro+, abigishwa begera Yezu, bamubaza bati: «Ni hehe ushaka ko tugutegurira ibifungurwa vya Pasika+ 18  Abishura ati: «Genda mu gisagara kwa naka, mumubwire muti: “Mwigisha avuze ati: ‘Igihe canje kirageze. Nza guhimbariza Pasika iwawe ndi kumwe n’abigishwa banje.’”» 19  Abigishwa baca bagira nk’uko Yezu abategetse, bategura Pasika. 20  Bugorovye+, yari yicaye ku meza ari kumwe na ba bigishwa 12+. 21  Bariko barafungura, ababwira ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, umwe muri mwebwe araza kungurisha*+ 22  Birabababaza cane, umwe wese atangura kumubaza ati: «Mukama, ni jewe?» 23  Abishura ati: «Uwo dukoreje amaboko rimwe mw’isahani* ni we aza kungurisha+. 24  Ni vyo, Umwana w’umuntu agira agende nk’uko vyanditswe ku bimwerekeye, ariko uwo muntu agira agurishe+ Umwana w’umuntu aragowe+. Vyomubereye vyiza iyo ataba yaravutse+ 25  Yuda, ari na we yagira amugurishe, aca avuga ati: «Ni jewe ga Rabi?» Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze.» 26  Bakiriko barafungura, Yezu atora umukate hanyuma arasenga. Aca arawumanyagura+, awuhereza abigishwa maze ababwira ati: «Akira murye. Uyu mukate ugereranya umubiri wanje+ 27  Atora n’igikombe, arakenguruka hanyuma arakibaha, avuga ati: «Nimukinyweko mwese+, 28  kuko kigereranya amaraso yanje+, “amaraso y’isezerano+” agiye guseswa ku bwa benshi+ kugira bababarirwe ibicumuro+. 29  Ariko ndababwiye ko ntazosubira kunywa kuri iki kinyobwa c’umuzabibu, gushika umusi nzokinywa ari gishasha ndi kumwe namwe mu Bwami bwa Dawe+ 30  Hanyuma bahejeje kuririmba amashemezo*, baca barasohoka baja ku musozi w’Imyelayo+. 31  Maze Yezu ababwira ati: «Mwese ivyanje birabatsitaza muri iri joro, kuko vyanditswe ngo: “Nzokubita umwungere maze intama zo mu busho zisabagire+.” 32  Ariko ninamara kuzurwa, muzonsanga i Galilaya+ 33  Petero amwishura ati: «Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jewe sinzokwigera ntsitara+ 34  Yezu amubwira ati: «Ni ukuri ndabikubwiye, muri iri joro, imbere y’uko isake ibika, uza kunyihakana gatatu+ 35  Petero amwishura ati: «Naho vyosaba ko mpfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye+.» N’abandi bigishwa bose bavuga uko nyene. 36  Hanyuma Yezu ajana n’abigishwa biwe ahantu hitwa Getsemani+, ababwira ati: «Ba muricaye ng’aha, jewe ngiye hirya gatoyi gusenga+ 37  Ahitana Petero na ba bahungu babiri ba Zebedayo, hanyuma atangura kwumva intuntu nyinshi no guhagarika umutima bimwe bikomeye+. 38  Maze ababwira ati: «Ndatuntuye cane, ku buryo numva nopfa. Nimugume ng’aha, muteramane nanje*+ 39  Yigira imbere maze arapfukama, arunama mu maso hiwe hashika hasi, arasenga+ ati: «Dawe, nimba bishoboka, iki gikombe+ nikindengane. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, mugabo bibe nk’uko wewe ugomba+ 40  Agarutse aho ba bigishwa bari, asanga barasinziriye, aca abwira Petero ati: «Mbega ntimwashoboye guteramana nanje n’isaha n’imwe+? 41  Gume muri maso+ kandi mugume musenga+, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo+. Nkako, umutima urashashaye* ariko umubiri uragoyagoya+ 42  Yongera kwigira hirya ubugira kabiri arasenga, avuga ati: «Dawe, nimba bidashoboka ko iki gikombe kindengana ntakinyoye, nibibe nk’uko ugomba+ 43  Yongera kugaruka, asanga barasinziriye kuko amaso yabo yari aremerewe n’itiro. 44  Nuko abasiga ng’aho, asubira kugenda, arasenga ubugira gatatu asubiramwo vya bindi nyene. 45  Hanyuma agaruka aho ba bigishwa bari, ababwira ati: «Mbega iki ni igihe co kwisinzirira no kwiruhukira? Ehe isaha irageze yuko Umwana w’umuntu atabwa mu maboko y’abacumuzi. 46  Haguruke tugende. Ehe uwungurisha arashitse.» 47  Akiriko aravuga, Yuda umwe muri bamwe cumi na babiri aca arashika. Yari kumwe n’isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’abashingantahe b’iryo hanga+. 48  Uwamugurishije yari yabahaye ikimenyetso mu kubabwira ati: «Uwo nja gusoma, azoba ari we. Muce mumufata.» 49  Araheza agenda atumbereye Yezu, amubwira ati: «Ndabugize Rabi!» Aca aramusoma n’ikibabarwe. 50  Ariko Yezu amubwira ati: «Mugenzi, uzanywe n’iki ng’aha+?» Baca begera Yezu, baramufata baramugumya. 51  Ariko umwe mu bari kumwe na Yezu asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi+. 52  Yezu aca amubwira ati: «Subiza inkota yawe mu rwubati*+, kuko abarwanisha inkota bose bazokwicwa n’inkota+. 53  Wibaza yuko ntoshobora gusaba Dawe ngo andonse ubu nyene legiyoni* z’abamarayika zirenga 12+? 54  None Ivyanditswe vyoranguka gute, ko bivuga yuko bitegerezwa kugenda gutya?» 55  Yezu aca abwira iryo sinzi ati: «Mbega muje kumfata mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi? Imisi yose namye nicaye mu rusengero nigisha+, yamara ntimwamfashe+. 56  Ariko ivyo vyose bibaye kugira ngo ivyanditswe n’abahanuzi biranguke+.» Abigishwa biwe bose baca baramuta barahunga+. 57  Abafashe Yezu baca bamujana kwa Kayifa+ umuherezi mukuru, ari na ho abanditsi n’abashingantahe b’iryo hanga bari bakoraniye+. 58  Ariko Petero aguma amukurikira agendera kure, arashika no mu rugo rw’umuherezi mukuru. Amaze kwinjira, yicarana n’abasuku bo mu rugo ngo arabe uko bigenda+. 59  Muri uwo mwanya, abakuru b’abaherezi n’abagize Inama nkuru bose bariko bararondera ibinyoma bagiriza Yezu kugira bamwice+. 60  Ariko nta na kimwe baronse, naho hari haje ivyabona vyinshi bimwagiriza+ ibinyoma. Mu nyuma haza babiri, 61  bavuga bati: «Uyu muntu yavuze ngo: “Ndashobora gusenyurira hasi urusengero rw’Imana, ngaca ndarwubaka mu misi itatu+.”» 62  Umuherezi mukuru aca arahaguruka, amubaza ati: «Nta na kimwe wishura? Ntiwumva ivyo bariko barakwagiriza+ 63  Ariko Yezu aguma yihoreye+. Umuherezi mukuru aca amubwira ati: «Nuturahire imbere y’Imana nzima ko uri Kristu, Umwana w’Imana+ 64  Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze. Ariko ndababwiye ko kuva ubu muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo bw’Imana Nyenububasha*+, aza ku bicu vyo kw’ijuru+ 65  Umuherezi mukuru aca atabura impuzu ziwe*, avuga ati: «Aratutse Imana*! Hari ibindi vyabona dukeneye? Ubu muriyumviye ingene atutse Imana. 66  Mubivugako iki?» Na bo bati: «Akwiye gupfa+ 67  Nuko bamucira amate mu maso+ bongera bamukubita ingumu+. Abandi bamukubita amakofe mu maso+, 68  bavuga bati: «Kristu we, ko wumva uri umuhanuzi, tubwire uwugukubise!» 69  Petero yari yicaye hanze mu rugo. Umusukukazi aca araza amusanga aho ari, amubwira ati: «Na wewe wari kumwe na Yezu Umunyagalilaya+ 70  Mugabo arabihakanira imbere y’abari ng’aho bose, avuga ati: «Sinzi ivyo uriko uravuga.» 71  Petero agiye amaja kw’irembo*, uwundi musukukazi aramubona, aca abwira abari ng’aho ati: «Uyu yari kumwe na Yezu Umunyanazareti+ 72  Aca yongera kubihakana, ashirako n’indahiro ati: «Uwo muntu sindamuzi!» 73  Haciye akanya, abari bahagaze ng’aho baraza babwira Petero bati: «Ni ukuri na wewe uri uwo muri bo. Nakare imvugo yawe iravyerekana.» 74  Aca atangura kurahira yisiba, avuga ati: «Uwo muntu sindamuzi!» Ubwo nyene isake ica irabika. 75  Petero aca yibuka ivyo Yezu yari yamubwiye ati: «Imbere y’uko isake ibika, uza kunyihakana gatatu+.» Aca arasohoka hanze, araturikisha ararira.

Utujambo tw'epfo

Canke «ku mayeri.»
Mu kigiriki havuga ngo «agacupa ka alabasitironi.» Raba Insiguro y’amajambo (Alabasitironi).
Canke «igihe yari yicaye ku meza.»
Canke «kumpemukira.»
Canke «mu kabakure.»
Canke «amazaburi.»
Canke «mugume muri maso hamwe nanje.»
Canke «urabishaka.»
Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.
Mu kigiriki havuga ngo «yicaye iburyo bw’ububasha.»
Canke «impuzu ziwe zo hejuru.»
Canke «ararogose!»
Mu kigiriki havuga ngo «amaja ku kazu ko kw’irembo.»