Abakolosayi 3:1-25

  • Kamere ya kera na kamere nshasha (1-17)

    • Nimwice ibihimba vy’umubiri (5)

    • Urukundo ni umugozi utuma abantu bunga ubumwe (14)

  • Impanuro zihabwa imiryango y’abakirisu (18-25)

3  Ariko nimba mwarazuranywe na Kristu+, nimubandanye kurondera ibintu vyo mw’ijuru, aho Kristu yicaye iburyo bw’Imana+.  Mugumize ubwenge ku bintu vyo mw’ijuru+, ntimubugumize ku bintu vyo kw’isi+.  Kuko mwapfuye, ubuzima bwanyu na bwo bukaba bwaranyegejwe hamwe na Kristu mu bumwe n’Imana.  Kristu we buzima bwacu+ niyerekanwa, ni ho namwe muzokwerekanwa hamwe na we mu buninahazwa+.  Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu+ biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi*, ubuhumane, ukwirekerana mu vy’inambu y’umubiri+, ivyipfuzo bibi n’umwina, na wo akaba ari ugusenga ibigirwamana.  Ivyo bintu ni vyo biriko birazana uburake bw’Imana.  Ukwo ni ko na mwebwe mwahora mwigenza* kera mu buzima bwanyu*+.  Ariko ubu, mutegerezwa kuvyikunkumura vyose: uburake, ishavu, ikibi+, ugutukana+, kandi ntihagire amajambo ateye isoni+ ava mu kanwa kanyu.  Ntimubeshane+. Mwambure kamere* ya kera+ n’ingeso bijanye, 10  hanyuma mwambare kamere* nshasha+, imwe igirwa nshasha hisunzwe ishusho y’Uwayiremye+, biciye ku bumenyi butagira amakosa. 11  Mu bijanye na kamere nshasha, nta Bagiriki* canke Abayuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, abanyamahanga canke Abasikite*, abashumba canke abidegemvya. Ahubwo Kristu ni vyose kandi muri vyose+. 12  Nuko rero mwebwe abatowe n’Imana+ beranda kandi bakundwa, nimwambare impuhwe n’ikibabarwe+, ubuntu, ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi+ n’ukwihangana+. 13  Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi+ iyo hari uwufise ico yidogera uwundi+. Nk’uko Yehova* yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mutegerezwa kugenza ukwo nyene+. 14  Mugabo hambavu y’ivyo vyose, mwambare urukundo+ kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge utuma abantu bunga ubumwe+. 15  Vyongeye, amahoro ya Kristu naganze mu mitima yanyu*+, kuko ayo mahoro ari yo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe. Kandi mwerekane ko mushima. 16  Ijambo rya Kristu niryuzure muri mwebwe, mugire ubukerebutsi bwose. Mugume mwigishanya mwongera muremeshanya* mukoresheje amazaburi+, amajambo yo gushemeza Imana, indirimbo z’ivy’impwemu ziririmbanywe ugushima*, muririmbira Yehova* mu mitima yanyu+. 17  Ivyo mukora vyose, haba mu mvugo canke mu ngiro, vyose mubikore mw’izina ry’Umukama Yezu, mukengurukira Imana ari yo Data biciye kuri we+. 18  Yemwe bagore, nimuyobokere abagabo banyu+, nk’uko bibereye imbere y’Umukama. 19  Yemwe bagabo, nimugume mukunda abagore banyu+ kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi*+. 20  Yemwe bana, nimugamburukire abavyeyi banyu muri vyose+, kuko ari vyo bihimbara rwose Umukama. 21  Yemwe ba sebibondo, ntimuratse* abana banyu+ kugira ngo ntibavunike umutima*. 22  Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja bo kw’isi* muri vyose+. Ntimubigire igihe gusa babareretse, kugira gusa mushimishe abantu*, ahubwo mubigire ata buryarya mu mutima, mutinya Yehova*. 23  Ico mukora cose mugikorane umutima wanyu wose, nk’abakorera Yehova*+, atari nk’abakorera abantu, 24  kuko muzi yuko Yehova* ari we azobaha intoranwa ngo ibe impembo yanyu+. Nimukorere Shobuja Kristu nk’abashumba. 25  Uwukora ikibi ntazobura kwishurwa ikibi yakoze+, kandi nta wuzogirirwa nkunzi+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «mugenda.»
Canke «mukibaho gutyo.»
Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
Iryo zina ryakoreshwa ku bantu basizwe n’amajambere.
Canke «ukwiyorosha mu muzirikanyi.»
Canke «nahagarikire imitima yanyu.»
Canke «mukeburana.»
Canke «igikundiro.»
Canke «ntimubakarire.»
Canke «ntimusomborotse», «ntimushavuze.»
Canke «ntibacike intege.»
Canke «bo mu buryo bw’umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «ntimukorere ijisho nk’abashimisha abantu.»