Abakolosayi 2:1-23

  • Ibanga ryeranda ry’Imana ni Kristu (1-5)

  • Mwiyubare abobahenda (6-15)

  • Umutumba nyezina ni uwa Kristu (16-23)

2  Nshaka ko mutahura ingene ndiko ndwana urugamba rukomeye ku bwanyu no ku bw’ab’i Lawodiseya+ no ku bw’abo bose batarankubita ijisho.  Ni ukugira ngo imitima yabo ihozwe+, bunge ubumwe neza mu rukundo+, baronke n’ubutunzi bwose buvuye ku guhera amazinda neza mu bijanye n’ugutegera kwabo, baheze bamenye neza ibanga ryeranda ry’Imana, ari ryo Kristu+.  Muri we ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe neza+.  Ivyo ndabivuze kugira ntihagire umuntu abahendesha amajambo y’urwenge.  Naho tutari kumwe imbonankubone, turi kumwe ku mutima*, nkaba nezerwa no kubona ko mugendera ku rutonde rwiza+ kandi ko mwizera Kristu mushikamye+.  Nuko rero, nk’uko mwemeye Umukama Kristu Yezu, abe ari ko mubandanya kugenda mwunze ubumwe na we,  mushinze imizi muri we kandi mwubatswe muri we+, mutanyiganyiga mu kwizera+, nk’uko nyene mwigishijwe, kandi musesekara ugukenguruka+.  Mwiyubare ntihagire uwubagira imbohe* akoresheje ubwenge bw’iyi si* n’ivyiyumviro ata co bimaze vy’uruhendo+, ivyo bikaba ari ibintu bishingiye ku migenzo y’abantu, ku bintu vy’intango vy’isi, bidashingiye kuri Kristu.  Kuko muri we ari ho akameremere kose k’Imana kabonekera neza*+. 10  Biciye kuri we rero, nta na kimwe mubuze*. Ni we ari hejuru* y’intwaro zose n’ubukuru bwose+. 11  Kubera ubucuti mufitaniye na we, mwaranagenyerewe mukurwako umubiri w’inyama+ hadakoreshejwe amaboko, ni ukuvuga biciye ku kugenyerwa kujanye na Kristu+. 12  Mwahambanywe na we mw’ibatisimu yiwe+, kandi kubera ubucuti mufitaniye na we mwaranazuranywe+ biciye ku kuba mwizera ibikorwa vy’ububasha Imana ikora, imwe yamuzura mu bapfuye+. 13  Vyongeye, Imana yarabagize bazima hamwe na we, mwebwe mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu no mu kutagenyerwa kw’umubiri wanyu+. Yaratubabariye n’umutima mwiza amakosa yacu yose+, 14  yongera ifuta* ca cete c’iminwe+ cari kigizwe n’ingingo zashinzwe+ kandi caturwanya+. Yaragikuyeho mu kugikomera imisumari ku giti co kubabarizwako*+. 15  Biciye kuri ico giti* yarambuye intwaro n’ubukuru bisigara biri amenya, ivyerekana ku mugaragaro nk’ivyatsinzwe+, ibijana nk’imbohe mu rugendo rw’intsinzi. 16  Ntihagire rero uwubacira urubanza mu bijanye n’ivyo murya be n’ivyo munywa+ canke mu bijanye no kwubahiriza imisi mikuru canke imboneko y’ukwezi+ canke isabato+. 17  Ivyo vyari igitutu c’ibizoza+, mugabo umutumba nyezina ni uwa Kristu+. 18  Ntimureke ngo umuntu ahimbarwa n’ukwicisha bugufi kw’uruhendo be n’ugusenga abamarayika abake ka gashimwe+, «yishimikiza*» ivyo yabonye. Mu vy’ukuri arivyimvya kandi ata mvo ibereye afise, abitewe n’ivyiyumviro vyiwe bigengwa n’umubiri. 19  Ntaguma afatanye neza n’umutwe+, umwe bicako ngo umubiri wose ugaburirwe, ufatanirizwe hamwe neza biciye ku ngingo zawo n’imirya*, wongere ukure biciye ku bubasha bw’Imana+. 20  Nimba mwarapfanye na Kristu ku bijanye n’ibintu vy’intango vy’isi+, kubera iki mubaho nk’aho mwoba mukiri ab’isi, mubandanya gukurikiza amategeko+ nk’aya ngo: 21  «Ntufateko, ntiwumvirizeko, ntukoreko»? 22  Ni amategeko ajanye n’ibintu bihera iyo bimaze gukoreshwa, ashingiye ku mabwirizwa n’inyigisho vy’abantu+. 23  Naho ivyo bintu womengo birimwo ubukerebutsi, ni uburyo bwo gusenga bwashizweho n’abantu, ukwicisha bugufi kw’uruhendo, n’ukwibabariza umubiri+. Nta na kimwe bifasha umuntu mu bijanye no kurwanya ivyipfuzo vy’umubiri.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu mpwemu.»
Canke «filozofiya.»
Canke «uwubigarurira nk’isahu.»
Mu kigiriki havuga ngo «kaba, kagafata imero.»
Canke «mwararonse ukwuzura.»
Mu kigiriki havuga ngo «ni we mutwe.»
Canke «ikuraho.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «biciye kuri we.»
Ni ijambo ryakoreshwa mu migirwa y’abapagani y’ibintu nsigabwenge.
Canke «imitsi.»