Abakolosayi 2:1-23
2 Nshaka ko mutahura ingene ndiko ndwana urugamba rukomeye ku bwanyu no ku bw’ab’i Lawodiseya+ no ku bw’abo bose batarankubita ijisho.
2 Ni ukugira ngo imitima yabo ihozwe+, bunge ubumwe neza mu rukundo+, baronke n’ubutunzi bwose buvuye ku guhera amazinda neza mu bijanye n’ugutegera kwabo, baheze bamenye neza ibanga ryeranda ry’Imana, ari ryo Kristu+.
3 Muri we ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe neza+.
4 Ivyo ndabivuze kugira ntihagire umuntu abahendesha amajambo y’urwenge.
5 Naho tutari kumwe imbonankubone, turi kumwe ku mutima*, nkaba nezerwa no kubona ko mugendera ku rutonde rwiza+ kandi ko mwizera Kristu mushikamye+.
6 Nuko rero, nk’uko mwemeye Umukama Kristu Yezu, abe ari ko mubandanya kugenda mwunze ubumwe na we,
7 mushinze imizi muri we kandi mwubatswe muri we+, mutanyiganyiga mu kwizera+, nk’uko nyene mwigishijwe, kandi musesekara ugukenguruka+.
8 Mwiyubare ntihagire uwubagira imbohe* akoresheje ubwenge bw’iyi si* n’ivyiyumviro ata co bimaze vy’uruhendo+, ivyo bikaba ari ibintu bishingiye ku migenzo y’abantu, ku bintu vy’intango vy’isi, bidashingiye kuri Kristu.
9 Kuko muri we ari ho akameremere kose k’Imana kabonekera neza*+.
10 Biciye kuri we rero, nta na kimwe mubuze*. Ni we ari hejuru* y’intwaro zose n’ubukuru bwose+.
11 Kubera ubucuti mufitaniye na we, mwaranagenyerewe mukurwako umubiri w’inyama+ hadakoreshejwe amaboko, ni ukuvuga biciye ku kugenyerwa kujanye na Kristu+.
12 Mwahambanywe na we mw’ibatisimu yiwe+, kandi kubera ubucuti mufitaniye na we mwaranazuranywe+ biciye ku kuba mwizera ibikorwa vy’ububasha Imana ikora, imwe yamuzura mu bapfuye+.
13 Vyongeye, Imana yarabagize bazima hamwe na we, mwebwe mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu no mu kutagenyerwa kw’umubiri wanyu+. Yaratubabariye n’umutima mwiza amakosa yacu yose+,
14 yongera ifuta* ca cete c’iminwe+ cari kigizwe n’ingingo zashinzwe+ kandi caturwanya+. Yaragikuyeho mu kugikomera imisumari ku giti co kubabarizwako*+.
15 Biciye kuri ico giti* yarambuye intwaro n’ubukuru bisigara biri amenya, ivyerekana ku mugaragaro nk’ivyatsinzwe+, ibijana nk’imbohe mu rugendo rw’intsinzi.
16 Ntihagire rero uwubacira urubanza mu bijanye n’ivyo murya be n’ivyo munywa+ canke mu bijanye no kwubahiriza imisi mikuru canke imboneko y’ukwezi+ canke isabato+.
17 Ivyo vyari igitutu c’ibizoza+, mugabo umutumba nyezina ni uwa Kristu+.
18 Ntimureke ngo umuntu ahimbarwa n’ukwicisha bugufi kw’uruhendo be n’ugusenga abamarayika abake ka gashimwe+, «yishimikiza*» ivyo yabonye. Mu vy’ukuri arivyimvya kandi ata mvo ibereye afise, abitewe n’ivyiyumviro vyiwe bigengwa n’umubiri.
19 Ntaguma afatanye neza n’umutwe+, umwe bicako ngo umubiri wose ugaburirwe, ufatanirizwe hamwe neza biciye ku ngingo zawo n’imirya*, wongere ukure biciye ku bubasha bw’Imana+.
20 Nimba mwarapfanye na Kristu ku bijanye n’ibintu vy’intango vy’isi+, kubera iki mubaho nk’aho mwoba mukiri ab’isi, mubandanya gukurikiza amategeko+ nk’aya ngo:
21 «Ntufateko, ntiwumvirizeko, ntukoreko»?
22 Ni amategeko ajanye n’ibintu bihera iyo bimaze gukoreshwa, ashingiye ku mabwirizwa n’inyigisho vy’abantu+.
23 Naho ivyo bintu womengo birimwo ubukerebutsi, ni uburyo bwo gusenga bwashizweho n’abantu, ukwicisha bugufi kw’uruhendo, n’ukwibabariza umubiri+. Nta na kimwe bifasha umuntu mu bijanye no kurwanya ivyipfuzo vy’umubiri.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu mpwemu.»
^ Canke «filozofiya.»
^ Canke «uwubigarurira nk’isahu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «kaba, kagafata imero.»
^ Canke «mwararonse ukwuzura.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ni we mutwe.»
^ Canke «ikuraho.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «biciye kuri we.»
^ Ni ijambo ryakoreshwa mu migirwa y’abapagani y’ibintu nsigabwenge.
^ Canke «imitsi.»