Imigani 24:1-34

  • Ntiwumvire agashari inkozi z’ikibi (1)

  • Ubukerebutsi ni bwo bwubaka inzu (3)

  • Umugororotsi naho yogwa azohaguruka (16)

  • Ntiwihore (29)

  • Gukunda agatiro bitera ubukene (33, 34)

24  Ntiwumvire agashari abantu b’inkozi z’ikibi,kandi ntiwipfuze kwifatanya na bo+,  2  kuko baguma biyumvira ibintu vy’ububisha,bakaguma bavuga ibibi bagomba gukora.  3  Ubukerebutsi ni bwo bwubaka inzu*+,kandi ugutahura* ni kwo gutuma itekana.  4  Ubwenge ni bwo butuma ivyumba vyayo vyuzuraibintu vyose vy’agaciro kandi bihimbaye+.  5  Umuntu w’inkerebutsi ari n’ububasha+,kandi ubumenyi burongereza ububasha umuntu afise.  6  Ukwiye kurwana intambara yawe wisunze impanuro nziza*+,kandi abajanama* benshi batuma haboneka intsinzi*+.  7  Ikijuju ntigishobora kuronka ubukerebutsi nyakuri+.Ntikironka ico kivuga kw’irembo ry’igisagara.  8  Umuntu wese ategura gukora ikibiazokwitwa karuhariwe mu vyiyumviro bibi+.  9  Imigambi y’ikijuju* ishikana ku gicumuro,kandi abantu baranka umucokoranyi+. 10  Niwacika intege ku musi w’ivyago*,inkomezi zawe zizogabanuka. 11  Nutabare abariko bajanwa kwicwa,urokore abagenda baricako bagiye kwicwa+. 12  Hamwe wovuga uti: «Ivyo nta vyo twari tuzi», mbega umwe asuzuma imitima* ntazobimenya+? Emwe, umwe akwitegereza azobimenyakandi azohemba umuntu wese yisunze ivyo yakoze+. 13  Mwananje, rya ubuki kuko ari bwiza.Ubuki bwo mu kimamara buraryoshe. 14  Ariko kandi umenye ko ubukerebutsi ari bwiza kuri wewe+. Niwaburonka uzogira kazoza keza,kandi uzokwamana icizigiro+. 15  Ntubunde iruhande y’inzu y’umugororotsi ufise intumbero mbi.Ntusambure ahantu hiwe aruhukira. 16  Kuko umugororotsi yoshobora kugwa incuro indwi, mugabo azohaguruka+.Ariko ababisha bazotsitazwa n’ivyago+. 17  Umwansi wawe niyagwa, ntuze uhimbarwe,kandi niyatsitara, ntuze unezerwe mu mutima+. 18  Ahandiho Yehova azobibona bimubabaze,maze ace areka kumushavurira+. 19  Ntushavure* kubera inkozi z’ikibi,kandi ntiwumvire agashari ababisha, 20  kuko abanyakibi ata kazoza bagira+kandi itara ry’ababisha rizozima+. 21  Mwananje, tinya Yehova n’umwami+. Ntiwifatanye n’abagumutsi*+, 22  kuko amakuba azobazako giturumbuka+. None ni nde azi ivyago bazobateza*+? 23  Aya majambo na yo nyene ni ay’abanyabwenge: si vyiza kugira nkunzi mu rubanza+. 24  Uwubwira umubisha ngo «uri umugororotsi+», abantu bazomuvuma kandi amahanga azomwiyamiriza. 25  Ariko abamukosora+ bizobagendera neza.Bazokwironkera umuhezagiro w’ibintu vyiza+. 26  Abantu bazosoma umuntu avugisha ukuri mu kwishura*+. 27  Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, utegure ibikenewe vyose mu mirima,uheze wubake inzu yawe*. 28  Ntiwagirize mugenzawe ibintu bitagira ishingiro+. Ntukoreshe iminwa yawe mu guhenda abandi+. 29  Ntuvuge ngo: «Nzomukorera nk’ivyo yankoreye.Nzomusubiriza mu nkoko*+.» 30  Naciye iruhande y’umurima w’ikinebwe+,iruhande y’umurima w’imizabibu w’umuntu atagira ubwenge*. 31  Nasanze wuzuyemwo ivyatsi bibi.Wari wuzuyemwo ivyatsi vy’ibisuru,kandi uruhome rwawo rw’amabuye rwari rwarasambutse+. 32  Naravyitegereje kandi ndabizirikana.Narabibonye maze ndahakura iki cigwa: 33  Iryamire gatoyi, wisinzirire gatoyi,uzinge amaboko wiruhukire 34  maze ubukene buzokuzako nk’igisuma,amagorwa akuzeko nk’umuntu yitwaje ikirwanisho+.

Utujambo tw'epfo

^ Canke «urugo.»
^ Canke «ukubona kure.»
^ Canke «uburongozi bw’ubuhanga.»
^ Canke «abahanuzi.»
^ Canke «ukuroranirwa», «ubukiriro.»
^ Canke «y’ubupfu.»
^ Canke «mu bihe vy’ingorane.»
^ Canke «imvo.»
^ Canke «nturungure.»
^ Canke «n’abashaka amahinduka.»
^ Ni ukuvuga Yehova n’umwami.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kwishura udakikiriza bimeze nko gusoma umuntu.»
^ Canke «urugo rwawe.»
^ Canke «nzomwishura ingere ku yindi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «atagira umutima.»