Luka 21:1-38

  • Uduceri tubiri tw’umupfakazi w’umukene (1-4)

  • IKIMENYETSO KIZOBA IKIHE? (5-36)

    • Intambara, vya nyamugigima bikomeye, indwara z’ibiza n’inzara (10, 11)

    • «Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo» (20)

    • Ibihe amahanga yahawe (24)

    • Ukuza kw’Umwana w’umuntu (27)

    • Ikigereranyo c’igiti c’umusukoni (29-33)

    • «Mugume muri maso» (34-36)

  • Yezu yigishiriza mu rusengero (37, 38)

21  Yezu araramuye amaso, abona abatunzi bariko bakororera intererano zabo mu dusandugu tw’amashikanwa+.  Maze abona umupfakazi w’umukene akororeyeyo uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane*+.  Aca avuga ati: «Ni ukuri, ndababwiye ko uyu mupfakazi w’umukene yashizeyo vyinshi kuruta abandi bose+.  Kuko abo bose bashizeyo ibirenze ku vyo bafise, ariko we mu bukene bwiwe, yashizeyo ivyari kumutunga vyose+  Mu nyuma, igihe bamwe bariko bavuga ivyerekeye urusengero, ingene rwari rusharijwe n’amabuye mezameza n’ibintu vyeguriwe Imana+,  aca avuga ati: «Ivyo bintu mubona, hazogera igihe ata buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+  Baca bamubaza bati: «Mwigisha, ivyo bintu bizoba ryari, kandi ni ikimenyetso ikihe kizokwerekana ko bigira bishike+  Abishura ati: «Mwiyubare ntibaze babazimize+, kuko benshi bazoza bitwaje izina ryanje, bavuga ngo: “Ndi we”, kandi ngo: “Igihe kiregereje.” Ntimuze mubakurikire+.  Ikigeretseko, nimwumva intambara n’imigumuko*, ntimuze mutekerwe n’ubwoba. Ivyo bintu bitegerezwa kubanza kuba, ariko iherezo ntirizoca riza ubwo nyene+ 10  Abandanya kubabwira ati: «Ihanga rizotera irindi hanga+, n’ubwami butere ubundi bwami+. 11  Hazoba vya nyamugigima bikomeye, kandi hazotera inzara n’indwara z’ibiza biva hamwe bija ahandi+. Hazoboneka ibintu biteye ubwoba n’ibimenyetso bikomeye biva mw’ijuru. 12  Ariko imbere y’uko ivyo vyose bishika, abantu bazobafata babahame+, babashengeze mu masinagogi kandi babate mu mabohero. Bazobarengutsa imbere y’abami na ba buramatari kubera izina ryanje+. 13  Ivyo bizobaha akaryo ko gushinga intahe. 14  Ku bw’ivyo, nimushire ku mutima iki kintu: ntimuze mutegure imbere y’igihe ingene muzokwiburanira+, 15  kuko nzobaha amajambo n’ubukerebutsi ababarwanya bose bagiye hamwe batazoshobora kuvuguruza canke guhaririza+. 16  Vyongeye, mbere n’abavyeyi banyu, benewanyu, incuti zanyu n’abagenzi banyu bazobahinduka, bicishe bamwebamwe muri mwebwe+, 17  kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje+. 18  Ariko nta n’agashatsi na kamwe kazogenda kavuye ku mitwe yanyu+. 19  Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma murokoka+. 20  Ariko nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo+, muzoce mumenya ko yimirije gutikizwa+. 21  Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi+, abari i Yeruzalemu bazoce bavayo, kandi n’abari hagati mu gihugu ntibaze binjireyo. 22  Kuko ico kizoba ari igihe co gushitsa ubutungane*, kugira ibintu vyose vyanditswe biranguke. 23  Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! Kuko hazoba amakuba akomeye kuri iki gihugu n’uburake bwinshi kuri aba bantu. 24  Bazokwicwa n’inkota kandi bajanwe ari imbohe mu mahanga yose+. Yeruzalemu izohonyangwa n’amahanga* gushika ibihe amahanga yahawe birangiye+. 25  Vyongeye, hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri+. Kw’isi na ho amahanga azogira amaganya, ntamenye ico yokora kubera ukubomboranya kw’ikiyaga n’ugusuriranya kwaco. 26  Abantu bazokwicwa n’ubwoba kubera ukwitega ibintu bigira bibe kw’isi, kuko ibinyabubasha vyo kw’ijuru bizonyiganyizwa. 27  Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aje ari mu gicu, afise ububasha n’ubuninahazwa bwinshi+. 28  Mugabo ivyo bintu nivyatangura kuba, muze muhagarare mugororotse, muraramure imitwe, kuko ubukiriro bwanyu buzoba bwegereje.» 29  Aca abaha ikigereranyo ati: «Itegereze igiti c’umusukoni n’ibindi biti vyose+. 30  Iyo mubonye biriko biranaga, muca mumenya ko ici riri hafi*. 31  Na mwebwe nyene nimwabona ivyo bintu biriko biraba, muzoce mumenya ko Ubwami bw’Imana buri hafi. 32  Ni ukuri ndabibabwiye, uru runganwe* ntiruzogenda ruvuyeho ivyo vyose bitabaye+. 33  Ijuru n’isi bizovaho, ariko amajambo yanje ntazogenda avuyeho+. 34  Mugabo mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurya birenze, ukunywa birenze+ hamwe n’amaganya y’ubu buzima+, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako giturumbuka 35  nk’umutego+. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose. 36  Mugume muri maso+ rero kandi mugume mutakamba igihe cose+, kugira muze mushobore guhunga ivyo bintu vyose bitegerezwa kuba no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu+ 37  Ku murango yarigisha mu rusengero, ariko mw’ijoro akaja kurara ku musozi w’Imyelayo. 38  Kandi mu gatondo ka kare, abantu bose baraza aho ari mu rusengero kugira bamwumvirize.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «leputoni zibiri.» Raba Inyongera ya B14.
Canke «imivurungano.»
Canke «igihe co kwihora.»
Canke «abanyamahanga.»
Muri Isirayeli, ibiterwa bitotahara mu ci.
Canke «iri yaruka.»