Luka 2:1-52
2 Ico gihe, Sezari Ogusito atanga itegeko ry’uko ababa kw’isi yose biyandikisha.
2 (Iryo yandikwa rya mbere ryabaye igihe Kiriniyo yari buramatari wa Siriya.)
3 Nuko abantu bose baja kwiyandikisha, umwe wese mu gisagara iwabo.
4 Yozefu+ na we nyene araduga, ava i Galilaya mu gisagara c’i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu+, kuko yari uwo mu nzu ya Dawidi no mu muryango wiwe.
5 Aja kwiyandikisha ari kumwe na Mariya, uwo yari yarahawe ngo abe umugore wiwe nk’uko babisezeranye+, kandi ico gihe yari mu kwibaruka+.
6 Igihe c’uko avyara cageze bari ng’aho.
7 Araheza avyara umwana w’umuhungu, imfura yiwe+. Aca amuzingira mu bitambara hanyuma amuryamika mu bwato bw’ibitungwa+, kuko bari babuze ikibanza aho ingenzi zirara.
8 Vyongeye, muri ako karere hariho abungere barara hanze, baraririye ibitungwa vyabo mw’ijoro.
9 Ubwo nyene umumarayika wa Yehova* aca ahagarara imbere yabo, maze ubuninahazwa bwa Yehova* bukayanganira hirya no hino yabo, baca baratinya cane.
10 Ariko nya mumarayika ababwira ati: «Ntimutinye, kuko ngira ndabamenyeshe inkuru nziza izonezereza cane abantu bose.
11 Uyu musi umukiza wanyu yavukiye+ mu gisagara ca Dawidi+, akaba ari Kristu Umukama+.
12 Ng’iki ikimenyetso muza kumumenyerako: muraza kubona uruyoya ruzingiriye mu bitambara, ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.»
13 Ubwo nyene haca haboneka ingabo nyinshi zo mw’ijuru+ ziri kumwe n’uwo mumarayika, zitangura gushemeza Imana ziti:
14 «Haninahazwe Imana iyo hejuru mw’ijuru, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu ishima.»
15 Abo bamarayika bamaze kuvana na we bagasubira mw’ijuru, ba bungere batangura kubwirana bati: «Ingo tuje i Betelehemu ubu nyene, turabe ivyo bintu vyabaye Yehova* atumenyesheje.»
16 Baca bagenda baranyaruka, maze bahasanga Mariya na Yozefu na rwa ruyoya ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.
17 Babibonye, baca biganira abantu ivyo wa mumarayika yari yababwiye kuri uwo mwana.
18 Abumvise ivyo abo bungere bavuze bose baratangara,
19 ariko Mariya we, azigama ayo majambo yose, aguma ayazirikanako mu mutima+.
20 Abo bungere baca basubira inyuma, bagenda baraninahaza Imana bongera bayishemeza kubera ibintu vyose bari bumvise n’ivyo bari babonye, kuko vyari bihuye n’ivyo bari babwiwe.
21 Haheze imisi umunani, igihe c’uko bamugenyera kigeze+, baca bamwita Yezu, rya zina nyene umumarayika yamwita imbere y’uko asamwa inda+.
22 Vyongeye, hageze igihe c’uko bityorora nk’uko amategeko ya Musa abivuga+, baca badugana uwo mwana i Yeruzalemu kugira bamushikirize Yehova*,
23 nk’uko vyanditswe mu mategeko ya Yehova* ngo: «Umuhungu wese w’imfura ategerezwa kwegurirwa* Yehova*+.»
24 Baraheza bashikana ikimazi nk’uko bivugwa mu mategeko ya Yehova* ngo: «Intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+.»
25 I Yeruzalemu hariho umugabo yitwa Simeyoni. Uwo mugabo yari umugororotsi kandi yaratinya Imana. Yari arindiriye igihe c’uko Imana ihoza Abisirayeli+, kandi impwemu nyeranda yari kuri we.
26 Imana kandi yari yaramuhishuriye biciye ku mpwemu nyeranda yuko atopfuye atabonye uwo Yehova* yarobanuye*.
27 Araheza yinjira mu rusengero ayobowe n’impwemu. Igihe rero abavyeyi ba Yezu bari bamuzanye kugira bamugirire nk’uko amategeko abisaba+,
28 aca yakira uwo mwana mu maboko maze ashemeza Imana ati:
29 «Ubu rero Mukama Segaba, uraretse umushumba wawe ngo yigire amahoro+ nk’uko wabivuze,
30 kuko amaso yanje yiboneye uwo uzokoresha mu kuzana ubukiriro+,
31 ubwo wateguye kugira abantu bose babubone+,
32 umuco+ uzokuraho umwiza utwikiriye amahanga+, ukaba n’ubuninahazwa bw’abantu bawe b’Abisirayeli.»
33 Se w’uwo mwana na nyina wiwe babandanya gutangazwa n’ibintu abantu bamuvugako.
34 Vyongeye, Simeyoni arabahezagira, maze abwira Mariya nyina w’uwo mwana ati: «Umve! Uwo mwana agenewe gutuma benshi muri Isirayeli batemba+ canke basubira guhaguruka+, kandi azoba ikimenyetso abantu bavuga nabi*+
35 (emwe inkota ndende izogusogota mu mutima+), kugira ngo ivyiyumviro biri mu mitima ya benshi bije ahabona.»
36 Ico gihe hariho kandi umuhanuzikazi yitwa Ana, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri. Uwo mugore yari ashaje cane. Yamaranye n’umugabo wiwe imyaka indwi kuva bubakanye*,
37 kandi yari umupfakazi w’imyaka 84. Ntiyigera asiba ku rusengero. Yama ahakorera igikorwa ceranda ijoro n’umurango, yisonzesha yongera atakambira Imana.
38 Ico gihe nyene araza, atangura gushimira Imana no kubwira ivyerekeye uwo mwana abantu bose bari barindiriye ukurokorwa kwa Yeruzalemu+.
39 Bamaze gushitsa ibintu vyose amategeko ya Yehova* yasaba+, baca basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti+.
40 Uwo mwana abandanya gukura no gukomera. Aguma atera imbere mu bukerebutsi kandi abandanya gushimwa n’Imana+.
41 Abavyeyi biwe bari bamenyereye kuja i Yeruzalemu ku mwaka ku mwaka ku musi mukuru wa Pasika+.
42 Ashikanye imyaka 12, baduga i Yeruzalemu nk’uko vyari bisanzwe bigirwa kuri uwo musi mukuru+.
43 Uwo musi mukuru urangiye, baca barasubira inyuma. Ariko Yezu asigara i Yeruzalemu, kandi abavyeyi biwe nta vyo bamenye.
44 Biyumvira yuko ari mu mugwi w’abantu bafatanije urugendo. Bamaze kugira urugendo rw’umusi umwe, baca batangura kumurondera mu ncuti n’abagenzi.
45 Bamubuze, baca basubira i Yeruzalemu, baramurondera hose.
46 Haciye imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaye hagati y’abigisha, ariko arabumviriza yongera ababaza ibibazo.
47 Mugabo abamwumviriza bose barumizwa n’ugutegera kwiwe hamwe n’inyishu atanga+.
48 Abavyeyi biwe bamubonye, baratangara cane, nyina wiwe aca amubwira ati: «Mwananje, ivyo watugize ni ibiki? Twe na so wawe twakurondeye hose twahagaritse umutima.»
49 Abishura ati: «Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Dawe+?»
50 Ariko ntibatahuye ico ababwiye.
51 Aca ajana na bo asubira i Nazareti, kandi abandanya kubagamburukira*+. Vyongeye, nyina wiwe agumiza ku mutima ayo majambo yose+.
52 Yezu abandanya gukura no gutera imbere mu bukerebutsi, kandi abandanya gushimwa n’Imana n’abantu.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Mu kigiriki havuga ngo «ategerezwa kwitwa mweranda kuri.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Mu kigiriki havuga ngo «atabonye Kristu wa Yehova.»
^ Canke «basuzugura.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «kuva avuye mu busugi.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «kubayobokera.»