Luka 12:1-59

  • Umwambiro w’Abafarizayo (1-3)

  • Nimutinye Imana, ntimutinye abantu (4-7)

  • Uwemera ko ari umwigishwa wa Kristu (8-12)

  • Ikigereranyo c’umutunzi w’ikijuju (13-21)

  • «Nimureke kwiganyira» (22-34)

    • «Ubusho buto» (32)

  • Kuguma umuntu ari maso (35-40)

  • Umubwiriza w’umwizigirwa n’uwutari umwizigirwa (41-48)

  • Sinaje kuzana amahoro, ahubwo naje gucanishamwo abantu (49-53)

  • Gusuzuma ibimenyetso vy’ibihe (54-56)

  • Gutorera umuti amatati (57-59)

12  Muri ico gihe, abantu ibihumbi bari bakoraniye hamwe, gushika aho bahonyoranako. Yezu atangura kubwira abigishwa biwe ati: «Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo, ari bwo bwiyorobetsi+.  Ariko nta kintu na kimwe canyegejwe kitazohishurwa, kandi nta kintu na kimwe cagizwe ibanga kitazomenyekana+.  Ibintu vyose rero muvugira mu mwiza abantu bazovyumvira mu muco, kandi ibintu vyose mwongorerana mu vyumba vyanyu vyiherereye bizotangarizwa hejuru ku nzu.  Vyongeye, umve ndababwire bagenzi+: ntimutinye abica umubiri, inyuma y’ivyo ntihagire ikindi bashobora gukora+.  Ahubwo reka ndababwire uwo mukwiye gutinya: nimutinye umwe afise ububasha bwo kwica umuntu agaca amuterera no muri Gehena*+. Emwe ndabibabwiye, uwo abe ari we mutinya+.  None utujuri dutanu ntitugurwa ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi*? Ariko nta na kamwe muri two Imana yibagira*+.  Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu iraharuye yose+. Ntimutinye rero: mwebwe murarusha agaciro utujuri twinshi+.  Ndabibabwiye: umuntu wese yemera imbere y’abantu ko ari umwigishwa wanje+, n’Umwana w’umuntu azokwemera imbere y’abamarayika b’Imana ko ari umwigishwa wiwe+.  Ariko uwo wese anyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere y’abamarayika b’Imana+. 10  Umuntu we⁠se avuga nabi Umwana w’umuntu azobabarirwa, ariko uwutuka impwemu nyeranda* ntazobabarirwa+. 11  Nibabarengutsa imbere y’amasinzi y’abantu*, imbere y’abatware canke abakuru, ntimuze muhagarike umutima mwibaza ukuntu muzokwiregura canke ivyo muzovuga+, 12  kuko impwemu nyeranda izobigisha muri uwo mwanya nyene ivyo mukwiye kuvuga+ 13  Umuntu umwe muri iryo sinzi aca amubwira ati: «Mwigisha, bwira mwenewacu tugabure intoranwa.» 14  Yezu amwishura ati: «Wa mugabo we, ni nde yangize umucamanza wanyu canke umuhuza* wanyu?» 15  Araheza ababwira ati: «Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina*+, kuko naho umuntu yoba afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze+ 16  Aca abaha ikigereranyo ati: «Itongo ry’umuntu umwe w’umutunzi ryarimbutse cane, 17  aca atangura kwibaza ati: “Mbe basha ndabigire nte ko ntafise aho negeraniriza umwimbu wanje?” 18  Nuko avuga ati: “Reka ngire gutya+: ngira nsambure ibigega vyanje maze nubake ibindi bininibinini, abe ari ho nshira umwimbu wanje n’ibindi bintu vyanje vyose. 19  Nzoheza rero nibwire nti: ‘Ndafise ibintu vyinshi nabitse bizontunga imyaka n’iyindi. Reka rero niraramire, nirire, ninywere, niryohere.’” 20  Ariko Imana imubwira iti: “Wa kijuju we, iri joro nyene urara upfuye. None ibintu vyose wegeranije bizoba ivya nde+?” 21  Ivyo ni vyo bishikira umuntu yirundaniriza ubutunzi, ariko atari umutunzi ku Mana+ 22  Aca abwira abigishwa biwe ati: «Ni co gituma ndababwiye nti: Nimureke kwiganyira ku vyo muzorya canke ivyo muzokwambara+. 23  Kuko ubuzima buruta ibifungurwa, n’umubiri ukaruta ivyambarwa. 24  Itegereze ibikona: ntibibiba imbuto canke ngo vyimbure. Ntibigira ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira+. None mwebwe ntimurusha agaciro inyoni kure n’iyo+? 25  Ni nde muri mwebwe yoshobora kwongereza akanya na gatoyi* ku kiringo c’ubuzima bwiwe kubera ukwiganyira? 26  Nimba rero mudashobora gukora akantu gatoyi nk’ako, kuki none mwokwiganyira ku bindi bintu+? 27  Raba ingene amashurwe y’amalisi akura: ntacumukura canke ngo ajishe impuzu. Ariko ndababwiye ko na Salomo ari Salomo mu bwiza* bwiwe atari asharije nka rimwe muri yo+. 28  Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’ishamba biriho uno musi ariko ejo bigatererwa mu muriro*, none ntizorushiriza kubambika, ga mwa bantu b’ukwizera guke? 29  Nimureke rero kwiganyira mwibaza ivyo muzorya canke ivyo muzonywa, kandi mureke kwamiza umutima mu kirere+, 30  kuko ivyo vyose ari vyo abantu bo mw’isi baguma biruka inyuma. So wanyu arazi ko ivyo bintu mubikenera+. 31  Ahubwo nimugume murondera Ubwami bwiwe, ivyo bindi na vyo muzovyongerwa+. 32  Ntimutinye mwa busho buto+, kuko So yashimye kubaha Ubwami+. 33  Nimugurishe ivyo mutunze maze mufashe aboro*+. Nimwironse udusaho tw’amahera tudahera, itunga ritigera rihera mw’ijuru+, aho ibisuma bidashika canke ngo udukoko turyonone. 34  Kuko aho itunga ryanyu riri ari ho n’imitima yanyu izoba. 35  Nimukenyere zigume+ kandi amatara yanyu agume yaka+. 36  Mukwiye kumera nk’abantu barindiriye ko shebuja agaruka+ avuye ku rubanza rw’ubugeni+, kugira ngo ashitse akadodora, ubwo nyene bace bamwugururira. 37  Harahiriwe abashumba shebuja niyashika azosanga bari maso! Ni ukuri ndabibabwiye, azokwitegura*, abicarike ku meza hanyuma aze abazimane. 38  Naho yoshika hagati ya satatu z’ijoro na sasita z’ijoro*, canke mbere hagati ya sasita z’ijoro na sacenda z’ijoro*, bazoba bahiriwe niyasanga biteguye! 39  Ariko mumenye iki kintu: iyaba nyene urugo yari azi isaha igisuma coziyeko, ntiyoretse ngo kimene inzu yiwe+. 40  Na mwebwe nyene mugume mwiteguye, kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira+ 41  Petero aca amubaza ati: «Mukama, ico kigerera⁠nyo ukibwiye twebwe gusa canke ukibwiye n’abandi bose?» 42  Umukama amwishura ati: «None ni nde mubwiriza* w’umwizigirwa kandi w’ubwenge* shebuja azoshinga abasuku* biwe bose, kugira abandanye kubaronsa ibifungurwa bikwiye igihe kigeze+? 43  Uwo mushumba azoba ahiriwe shebuja niyagaruka agasanga ariko akora gutyo! 44  Ndababwije ukuri, azomuzeza ivyo atunze vyose. 45  Ariko uwo mushumba niyibwira ati: “Databuja aratevye kuza”, hanyuma agatangura gukubita abasuku n’abasukukazi, kurya, kunywa no kuborerwa+, 46  shebuja azoza ku musi atamwiteze no kw’isaha atazi, kandi azomuhana bimwe bikomeye, amushire hamwe n’ibihemu. 47  Maze uwo mushumba yatahuye ivyo shebuja agomba ariko ntiyitegure canke ngo akore ivyo yamusavye*, azokubitwa inkoni nyinshi+. 48  Mugabo uwutabitahuye bigatuma akora ibikwiriye inkoni, azokubitwa nkeyi. Nkako, uwahawe vyinshi azobazwa vyinshi, kandi uwajejwe vyinshi azobazwa ibirenze ivyo babaza abandi+. 49  Naje kudomeka umuriro kw’isi. None hari ikindi norondera umaze kwaka? 50  Ariko ndafise ibatisimu ntegerezwa kubatizwa, kandi nzogumana intuntu gushika iheze+! 51  Mwibaza ko naje kuzana amahoro kw’isi? Habe namba! Ahubwo naje gucanishamwo abantu+. 52  Kuva ubu, abantu batanu bari mu nzu imwe bazocanamwo: batatu barwanye babiri, babiri na bo barwanye batatu. 53  Bazocanamwo: umuhungu arwanye se, se na we amurwanye; umukobwa arwanye nyina, nyina na we amurwanye; umukazana arwanye inabukwe, inabukwe na we amurwanye+ 54  Abwira n’iryo sinzi ry’abantu ati: «Iyo mubonye igicu giserutse mu burengero, ubwo nyene muca muvuga muti: “Haraza kuba igihuhusi”, kandi ni ko bigenda. 55  Kandi iyo mubonye umuyaga uzananye mu bumanuko, muca muvuga muti: “Haraza gushuha cane”, kandi ni ko bigenda. 56  Mwa biyorobetsi mwe, murazi gusuzuma ukuntu ikirere kimeze, ariko ni kubera iki mudashobora kubona ibiriko biraba muri iki gihe+? 57  Kubera iki ubwanyu mudashobora kubona ibigororotse? 58  Nk’akarorero, igihe ujanye n’uwo muburana ku mutware, nugerageze gutorera umuti ingorane mufitaniye mukiri mu nzira, kugira ntahave agushikiriza umucamanza, umucamanza akagushikiriza uwucunga ibohero, uwucunga ibohero na we akaguta mu gasho+. 59  Ndabikubwiye, ntuzogenda uvuyeyo utarishe n’igiceri ca nyuma*

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «asariyoni zibiri.» Raba Inyongera ya B14.
Canke «yirengagiza.»
Canke «uwurogota ku mpwemu nyeranda.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu masinagogi.»
Canke «umugabuzi.»
Canke «ukwipfuza.»
Canke «intambwe n’imwe.» Ni ukuvuga intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Canke «mu buninahazwa.»
Canke «mw’ifuru.»
Canke «mutange ingabire z’imbabazi.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingabire z’imbabazi).
Canke «azokenyera.»
Mu kigiriki havuga ngo «mw’iterama rigira gatatu.»
Mu kigiriki havuga ngo «mw’iterama rigira kabiri.»
Canke «uwujejwe urugo.»
Canke «w’inkerebutsi.»
Canke «abakozi bo mu nzu.»
Canke «akore ivyo shebuja agomba.»
Mu kigiriki havuga ngo «leputoni ya nyuma.» Raba Inyongera ya B14.