Ikirundi
Gitugutu
/assets/ct/fa815d8e9f/images/syn_placeholder_sqr.png
es26 rup. 98-108

Gitugutu

Ku wa kane, 1 Gitugutu

Gitugutu

Nzoguma nderetse Yehova.—Mika 7:7.

Kenshi turakunda kuronka ubuyobozi budufasha kubona ingene twokorera Yehova. Hari igihe tubuhabwa n’abakurambere, umuhagarikizi w’umuzunguruko, ibiro vy’ishami, canke Inama Nyobozi. Ariko none vyogenda gute nka hamwe vyoshika ntidutahure icatumye butangwa? Hari aho twoshobora kubona gusa ingorane twogira kubera ubwo buyobozi, mbere tugatangura no kwibanda ku busembwa bw’abavukanyi babutanze. Igihe tugenda twisunga ukwizera, tuba twizigiye ko Yehova ari we ayoboye ishirahamwe ryiwe be n’uko azi neza uko ivyacu vyifashe. Ivyo bituma tugamburuka tudatebaganye, kandi tukabigirana umutima mwiza. (Heb. 13:17) Turatahura yuko iyo tugamburutse bituma ishengero ryunga ubumwe. (Ef. 4:​2, 3) Turizigira ko iyo tugamburukiye abavukanyi batuja imbere naho badatunganye, Yehova aduhezagira. (1 Sam. 15:22) Turizigira kandi ko Yehova azokosora ibikenewe vyose ku gihe kibereye. w25.03 24 ing. 13-14

Imana ihishura amabanga.—Dan. 2:28.

Tubayeho mu gihe giteye umunezero. Buri musi, turibonera ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buranguka. Nk’akarorero, turibonera ingene «umwami wo mu buraruko» n’«umwami wo mu bumanuko» bariko baratana mu mitwe baniganira gutegeka isi. (Dan. 11:40) Turibonera n’ingene inkuru nziza iriko iramamazwa ku rugero rutari bwigere rubaho, bigatuma abantu amamiliyoni bacika abasavyi ba Yehova. (Yes. 60:22; Mat. 24:14) Vyongeye, turironkera ibifungurwa vy’impwemu vyinshi cane biza ku «gihe.» (Mat. 24:​45-47) Yehova aguma adufasha kurushiriza gutahura ibintu bihambaye vyimirije kuba. (Imig. 4:18) Turizigira tudakeka ko ya makuba akomeye niyatangura, tuzoba tuzi ivyo dukwiye kumenya vyose kugira ngo tugume turi intahemuka kandi twunze ubumwe muri ico gihe kigoye. Ariko rero, turemera yuko hariho ibintu bimwebimwe tutazi mu vyimirije kuba. w24.05 8 ing. 1-2

Ntakoresha ururimi rwiwe mu kubeshera abandi.—Zab. 15:3.

Umwanditsi wa Zaburi yaravuze adomako ibijanye n’umuntu abeshera abandi. None kubeshera abandi bisobanura iki? Muri rusangi bisobanura kuvuga ikinyoma ku muntu gishobora gutuma agira izina ribi. Zaburi 15:3 iratwibutsa kandi ko abashitsi ba Yehova ata kibi na kimwe bakorera bagenzi babo kandi ko badasiga iceyi abagenzi babo. (Zab. 15:1) None ni gute twosiga iceyi abagenzi bacu? Twoshobora gusiga iceyi umuntu tutabiciye n’ikanda mu gukwiragiza amakuru atari yo ku bimwerekeye. Nk’akarorero: (1) mushiki wacu arahagaritse ubutsimvyi, (2) umugabo n’umugore bubakanye ntibagikorera kuri Beteli, canke (3) umuvukanyi ntakiri umukurambere canke umukozi w’ishengero. Ubwo vyoba bibereye ko tugenda turabwira abandi ko abo bavukanyi na bashiki bacu bashobora kuba bakoze ikintu kibi, akaba ari co gituma ivyabo vyahindutse? Hashobora kuba hari imvo nyinshi tutazi zatumye haba ayo mahinduka. Umushitsi mw’ihema rya Yehova «nta kibi na kimwe akorera mugenziwe kandi ntasiga iceyi abagenzi biwe.» w24.06 11-12 ing. 11-13

Nama nshira imbere yanje Yehova. Sinzokwigera nyiganyizwa kuko ari iburyo bwanje.—Zab. 16:8.

Kugira ngo turushirize gutinya Yehova, turakwiye kwama twiyumvira icomuhimbara imbere yo gufata ingingo iyo ari yo yose. Igihe usoma inkuru zo muri Bibiliya, niwibaze uti: «Iyo aza kuba ari jewe nari gukora iki?» Nk’akarorero, niwihe ishusho uriko urumviriza raporo ica intege ba bakuru cumi b’imiryango yo muri Isirayeli batanze bavuye gusuma urusaku mu gihugu Yehova yari yarasezeraniye Abisirayeli. Woba wari kwemera ivyo bavuze bigatuma utinya abantu? Canke urukundo ukunda Yehova n’icipfuzo co kumuhimbara vyari gutuma utsinda ubwoba? Urwo runganwe rwose rw’Abisirayeli rwaranse kwemera ko Yosuwa na Kalebu bariko bavuga ukuri. Ivyo vyatumye abo Bisirayeli batinjira mu gihugu c’isezerano.—Guh. 14:​10, 22, 23. w24.07 10 ing. 7

Yehova ni we asuzuma imitima.—Imig. 17:3.

Gomeri, umugore w’umuhanuzi Hoseya yarataye Hoseya yigira ku bandi bagabo. Vyoba none vyari bigishoboka ko afashwa guhinduka? Yehova we abona ibiri mu mutima, yabwiye Hoseya ati: «Subira ukunde umugore akundwa n’uwundi mugabo kandi arenga ibigo, nk’uko nyene Yehova akunda Abisirayeli naho bakurikira izindi mana.» (Hos. 3:1; Imig. 16:2) Urabona yuko naho muka Hoseya yari akiri mu busambanyi, Yehova yabwiye Hoseya ngo amubabarire, amusubize mu rugo. Yehova yatanze ako karorero kugira yerekane ko na we nyene atari yarahevye abasavyi biwe b’intagondwa. Naho bari bakibandanya gukora ibicumuro bikomeye yari akibakunda, kandi yagumye arondera ingene yobafasha kwigaya maze bagahindura ingendo. Ako karorero karatwigisha ko Yehova, umwe «asuzuma imitima», agerageza gufasha umuntu akibandanya gukora icaha gikomeye kugira ngo yigaye. w24.08 10 ing. 7

Amategeko [ni] igitutu c’ibintu vyiza bizoza.—Heb. 10:1.

Abayuda bamaze gucika abakirisu bategerezwa guhindura ibintu vyinshi, kandi ivyo ntivyaboroheye. Haraheze igihe Abayuda ari igisata Yehova yitoreye. I Yeruzalemu ni ho hari icicaro c’Ubwami bw’Imana ng’aha kw’isi kandi urusengero rw’aho ni rwo rwari intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Abayuda bose b’intahemuka barakurikiza Itegeko rya Musa nk’uko bavyigishwa n’abakuru b’amadini yabo. Abo bigisha b’amadini barashingira abandi amategeko ajanye n’ibifungurwa, kugenyerwa n’ukuntu bakwiye gufata abandi bantu atari Abayuda. Ariko inyuma y’urupfu rwa Yezu, Itegeko rya Musa ryaravuyeho kandi ntivyari bigikenewe ko ibimazi bitangirwa ku rusengero. Birumvikana ko bitoroheye Abayuda bacitse abakirisu guhindura uburyo bakoresha mu gusenga. (Heb. 10:​1, 4, 10) Mbere n’abakirisu bafise ukwizera gukomeye nk’intumwa Petero, ntivyaboroheye guhuza n’amwamwe muri ayo mahinduka. (Ivyak. 10:​9-14; Gal. 2:​11-14) Abo bakirisu barahamwe n’abakuru bo mu madini b’Abayuda kubera ivyo bintu bishasha bari basigaye bemera. w24.09 9 ing. 4

Mwibuke ababaja imbere, bababwiye ijambo ry’Imana.Heb. 13:7.

Igihe cose Yehova ashinze igikorwa abasavyi biwe, aba yiteze ko bakirangura mu buryo butunganijwe neza. (1 Kor. 14:33) Nk’akarorero, Imana yipfuza ko inkuru nziza yamamazwa mw’isi yose. (Mat. 24:14) Ibanga ryo guhagarikira ico gikorwa, Yehova yarijeje Yezu. Yezu yaritwararitse ko kirangurwa mu buryo butunganijwe neza. Mu kinjana ca mbere, igihe amashengero yashingwa mu mihingo itandukanye, haciye hagenwa n’abakurambere bo kuyayobora. (Ivyak. 14:23) I Yeruzalemu hari hariho umugwi w’abakurambere wari ugizwe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye, wafata ingingo zimwezimwe amashengero yose yategerezwa gukurikiza. (Ivyak. 15:2; 16:4) Kugamburuka ubwo buyobozi vyatumye «amashengero abandanya . . . gukomezwa mu kwizera no kugwira.»—Ivyak. 16:5. w24.04 8 ing. 1

Mariya Magadalena aca aragenda, abwira iyo nkuru abigishwa ati: «Nabonye Umukama!»—Yoh. 20:18.

Ku wa 16 Nisani hari abagore b’intahemuka bazindukiye ku mva ya Yezu. (Luka 24:​1, 10) Reka twibande ku vyashikiye umwe muri bo, ari we Mariya Magadalena. Igihe Mariya yashika kuri iyo mva yasanze igaragara. Yaciye anyaragasa aja kubibwira Petero na Yohani, baca baza biruka kuraba ivyari vyabaye, na we aza abiruka inyuma. Abo bagabo bamaze kubona ko iyo mva igaragara, baciye basubira muhira iwabo. Ariko Mariya we, yagumye aho ku mva arira. Ntiyari azi ko Yezu yariko aramwihweza. Abonye ingene uwo mugore w’umwizigirwa yariko ariyuha iryosozi, vyaramukoze ku mutima cane. Yaciye rero amwiyereka, maze akora ikintu gisanzwe yamara camuremesheje cane. Yaramuganirije, aca amushinga igikorwa gihambaye co kuja kubwira intumwa ziwe ko yari yazutse.—Yoh. 20:​17, 18. w24.10 13 ing. 7

Nzokorera mu Misiri ibimenyetso vyinshi n’ibitangaro vyinshi.—Kuv. 7:3.

Musa yari umuhanuzi, umucamanza, umwanditsi hamwe n’uwuja imbere abandi. Ni we yayoboye ihanga rya Isirayeli igihe ryava mu buja mu Misiri, yongera aribonera ibitangaro vyinshi Yehova yakoze. Yehova yaramukoresheje mu kwandika ibitabu bitanu vya mbere vyo muri Bibiliya na Zaburi ya 90. Birashoboka kandi ko ari we yanditse Zaburi ya 91 n’igitabu ca Yobu. Imbere gato y’uko Musa apfa akaba yari afise imyaka 120, yarakoranije Abisirayeli bose kugira abibutse ivyo Yehova yabakoreye. Bari bariboneye ibimenyetso n’ibitangaro vyinshi Yehova yakoze hamwe n’ukuntu yaciriye urubanza Abanyamisiri. (Kuv. 7:4) Baraciye hagati y’ikiyaga Gitukura Yehova yagabuyemwo kubiri, bongera barabona ukuntu yica Farawo n’ingabo ziwe zose. (Kuv. 14:​29-31) Igihe bari mu bugaragwa, bariboneye ukuntu Yehova abakingira kandi akabitwararika. (Gus. 8:​3, 4) Rero hasigaye igihe gito ngo binjire mu gihugu c’isezerano, Musa yararondeye akaryo ka nyuma ko kubaremesha. w24.11 8-9 ing. 3-4

Umuntu wese ariye kuri uyu mukate azobaho ibihe bidahera . . . Umukate nzotanga ni umubiri wanje kugira isi ironke ubuzima.—Yoh. 6:51.

Ivyo Yezu yabwiye intumwa ziwe mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba biratandukanye n’ivyo yavugiye i Galilaya, kubera ko vyovyo vyari vyerekeye isinzi ry’abantu. Igihe Yezu yari i Galilaya mu 32, ahanini yariko ayagisha Abayuda bashaka ko abaha ivyo birira. Ariko rero yaciye abafasha gutahura ko hariho ikintu cari gihambaye kuruta ibifungurwa. Yarababwiye ibijanye n’intunganyo yotuma baronka ubuzima budahera. Yezu yavuze ko mbere n’abapfuye bazozuka ku musi wa nyuma maze bakabaho ibihe vyose. Aho i Galilaya Yezu ntiyariko yerekeza ku mugwi mutoyi w’abatowe, nk’uko yahavuye abigira mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Ahubwo yariko yibanda ku mihezagiro abantu bose bashobora kuronka. w24.12 11 ing. 10-11

Bagabo, nimugume mukunda abagore banyu.—Kol. 3:19.

Yehova aranka umuntu wese akora ibintu vy’ububisha. (Zab. 11:5) Ikitavuzwe coco ni abagabo bahohotera abagore babo. (Mal. 2:16) Igihe umugabo adafata neza umugore wiwe, n’ubucuti afitaniye n’Imana burononekara. Yehova yoshobora no kutumviriza amasengesho yiwe. (1 Pet. 3:7) Abagabo bamwebamwe barabwira abagore babo amajambo mabi kandi acumita. Ariko Yehova aranka ‘uburake, ugukankama, n’ugutukana.’ (Ef. 4:​31, 32) Umugabo akarira umugore wiwe, ntaba ariko aronona gusa umubano wiwe, ahubwo aba ariko aronona n’ubucuti afitaniye n’Imana. (Yak. 1:26) N’umugabo araba amashusho y’ibiterasoni aba ariko aronona ubucuti afitaniye na Yehova kandi aba asuzuguye umugore wiwe. Yehova yiteze ko umugabo adahemukira umugore wiwe, haba mu vyo akora no mu vyo yiyumvira. Yezu yavuze ko umugabo araba uwundi mugore ku buryo amwipfuza, aba amaze gusambana na we «mu mutima wiwe.»—Mat. 5:​28, 29. w25.01 9 ing. 6-8

Umuntu [yi]twa umugororotsi . . . biciye gusa ku kwizera Yezu Kristu.—Gal. 2:16.

Kwitwa umugororotsi bisobanura gukurwako ibirego maze dosiye igaca yubikwa, canke kwambikwa izera. Ivyo ntibisaba ko Yehova ahonyanga amategeko agenga ubutungane bwiwe. Ntatwita abagororotsi ngo ni uko tubibereye, canke ngo arenze uruho rw’amazi ku bicumuro vyacu. Ahubwo ico Yehova afatirako kugira ngo atubabarire ibicumuro, ni ukuba twizera ivyo we n’Umwana wiwe bakoze kugira ngo ducungurwe. (Rom. 3:24) None kwitwa abagororotsi tuvyungukirako gute? Vyaratumye bamwebamwe batorwa kugira bazofadikanye na Yezu kuganza mw’ijuru, baraheza bitwa abana b’Imana. (Tito 3:7; 1 Yoh. 3:1) Barababariwe ivyaha vyabo. Ni nk’aho dosiye y’ivyaha vyabo yubitswe, baca baba ababereye Ubwami. (Rom. 8:​1, 2, 30) Kwitwa abagororotsi kandi vyaratumye abandi baronka icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, barababarirwa ibicumuro vyabo, baraheza bitwa abagenzi b’Imana.—Yak. 2:​21-23. w25.02 5 ing. 17-18

[Ntiwiyumvira] ivyiyumviro vy’Imana, ahubwo wiyumvira ivy’abantu.—Mat. 16:23.

Raba ivyabaye igihe kimwe aho intumwa Petero vyamugoye kwiyumvira nka Yehova. Yezu yari yabwiye intumwa ziwe ko yogiye i Yeruzalemu, agatangwa ku ndongozi z’idini, akababazwa, mu nyuma na ho akicwa. (Mat. 16:21) Petero bishobora kuba vyaramugoye gutahura ingene Yehova yoretse Yezu akicwa, kandi ari we yari Mesiya yasezeranywe be n’umwizero wa Isirayeli. (Mat. 16:16) Petero rero yaciye ashira Yezu ku ruhande amubwira ati: «Ibabarire Mukama! Ivyo bintu ntibizogenda bigushikiye.» (Mat. 16:​22, akajambo k’epfo.) Kuba Petero na Yezu batabona kumwe ico kibazo, vyerekana ko Petero atariko yiyumvira nka Yehova. Petero ashobora kuba yatanze iyo mpanuro abigiranye imvo nziza, ariko Yezu yayamiriye kure. Ehe raba icigwa twohakura: Kurondera kwiyorohereza mu buzima si vyo Yehova yari yiteze kuri Yezu. Ico gihe Petero yarahakuye icigwa gihambaye c’uko akwiye kuza ariyumvira nka Yehova. w25.03 9 ing. 5-6

Yehova ari hafi y’abavunitse umutima. Akiza abadendebukiwe mu mutima.—Zab. 34:18.

Woba utuntujwe nuko wahemukiwe n’umuntu wari wizeye? Umuntu naho yoba yagufashe nabi gute, Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru wewe aguma agukunda. Iyo twahemukiwe turashobora kandi kuremeshwa n’amajambo ahumuriza Dawidi yavuze mu canditswe c’uno musi. Igitabu kimwe kivuga ko «abadendebukiwe mu mutima» bashobora kwerekeza ku «bantu ata ciza na kimwe biteze.» None Yehova abona gute abantu bamerewe gutyo bivuye ku guhemukirwa? Nka kurya nyene kw’umuvyeyi apfumbatira umwana wiwe ababaye akongera akamuhoza, Yehova «ari hafi» yabo. Igihe rero tudendebukiwe kubera ko hari uwaduhemukiye canke uwadutaye, Yehova aratahura uko tumerewe kandi yama yiteguriye kudufasha. Arashashaye kuduhumuriza no kuduhoza igihe tuba twavunitse umutima. Vyongeye, aratubwira ibintu vyinshi twokwitega bidufasha kwihanganira ingorane ducamwo muri iki gihe.—Yes. 65:17. w24.12 23 ing. 13-14

Yehova . . . azobaha . . . impembo.—Kol. 3:24.

Muri iki gihe, abakurambere bohera amazinda ko Yehova abona ibikorwa bakora kandi ko abiha agaciro. Uretse kuragira, kwigisha no kwamamaza, abakurambere benshi barafasha mu bikorwa vy’ubwubatsi no mu vyo gutabara abashikiwe n’ivyago. Abandi barafasha mu Migwi igendera Ivyabona barwaye canke mu Makomite aja inama n’ibitaro. Abakurambere bitanga muri mwene ivyo bikorwa barazi ko ishengero ari irya Yehova. Baritanga cane muri ivyo bikorwa vyabo kandi bakizigira baherejeko ko Imana izobaha impera. (Kol. 3:​23, 24) Si twese twoba abakurambere. Ariko twese turafise ikintu twoha Yehova. Imana yacu irabishima igihe twitanze cane mu gikorwa cayo. Irabona intererano dutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, naho zoba ari nkeyi. Irahimbarwa kandi igihe tubabariye abatubabaje. Niwizigire ko Yehova aha agaciro ivyo ushobora gukora. Aragukunda kubera umukorera, kandi azoguha impera.—Luka 21:​1-4. w24.06 23 ing. 12-13

Ntimureke ngo abatware umutima, kandi ntimwiyerereze mu nzira ziwe.—Imig. 7:25.

Inkuru Salomo yavuze irerekana ibintu vyoshobora gushikira umusavyi wa Yehova uwo ari we wese. Yoshobora kugwa mu gicumuro gikomeye hanyuma akavuga ko yakiguyemwo bukwi na bukwi. Ariko rero asubije ubwenge inyuma akaraba ingene ibintu vyagenze, hari aho yosanga hariho intambwe zitabereye yabanje gutera zamushikanye kuri ico gicumuro. Izo ntambwe zoshobora kuba ari ukwifatanya n’abagenzi babi, ukwisamaza mu buryo butabereye, kuja ahantu hateye amakenga, canke kuja ku mbuga zo kuri internet ziteye amakenga. Hari n’aho yosanga yari yarahevye gusenga, gusoma Bibiliya, kwitaba amakoraniro canke kuja mu ndimiro. Cokimwe na wa musore avugwa mu Migani, yoshobora gusanga ico gicumuro atakiguyemwo bukwi na bukwi nk’uko avyiyumvira. None icigwa ni ikihe? Ntidukwiye kwirinda igicumuro gusa, ahubwo turakwiye no kwirinda gutera intambwe zodushikana kuri co. Ico ciyumviro ni co nyene Salomo ashira ahabona ahejeje kuvuga ya nkuru.—Mat. 5:​29, 30. w24.07 16 ing. 10-11

Dufise iryo tunga mu nkono z’ibumba.Kor. 4:7.

None iryo tunga ni iki? Ni igikorwa kirokora ubuzima co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (2 Kor. 4:1) Izo nkono z’ibumba zozo zigereranya iki? Zigereranya abasavyi b’Imana baja kubwira abandi bantu inkuru nziza. Mu gihe ca Pawulo, abadandaza barakoresha inkono z’ibumba mu gutwara ibintu vy’agaciro, nk’ibifungurwa, umuvinyu be n’amahera. Na twebwe nyene, Yehova yaratujeje ubutumwa bw’agaciro, ari yo nkuru nziza. Yehova araturonsa inkomezi dukeneye kugira ngo tubandanye gushikiriza ubwo butumwa tudahemuka. Vyoshobora gushika tugatinya abantu. None iyo ngorane twoyitsinda gute? Zirikana kw’isengesho intumwa zatuye igihe bazitegeka kutamamaza. Aho guca batekerwa n’ubwoba, basavye Yehova ngo abafashe kuguma bavugana ubutinyutsi. Yehova yaciye yishura isengesho ryabo. (Ivyak. 4:​18, 29, 31) Bishitse ukagira ubwoba, nusabe Yehova agufashe kugira ngo urwo ukunda abantu rurengere ubwoba wogira bwo kubabwira inkuru nziza. w24.04 16 ing. 8-9

Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.—Mat. 6:9.

Urukundo dukunda Yehova ruratuma tweza izina ryiwe. Twipfuza kurikurako iceyi Shetani yarisize biciye ku binyoma vyiwe. (Ita. 3:​1-5; Yobu 2:4; Yoh. 8:44) Igihe turi mu ndimiro tuba dushashaye kuburanira Imana yacu mu kubwira abantu bose batwumviriza ukuri ku biyerekeye. Twipfuza ko abantu bose bamenya ko Yehova ahanini arangwa n’urukundo, ko ategeka mu buryo bugororotse kandi bubereye, be n’uko vuba Ubwami bwiwe buzokuraho imibabaro yose, maze abantu bakiberaho mu mahoro kandi bahimbawe. (Zab. 37:​10, 11, 29; 1 Yoh. 4:8) Iyo tuburaniye izina rya Yehova mu ndimiro, tuba twejeje izina ryiwe. Ku rundi ruhande, kubaho tugendera izina ryacu biratuma duhimbarwa. w24.05 18 ing. 12

Niwagira umusi mukuru, uze utumire aboro, abatagira amaguru canke amaboko, abacumbagira n’impumyi. Aho ni ho uzoba uhiriwe, kuko batagira ikintu na kimwe bakwishura. Uzokwishurwa mw’izuka ry’abagororotsi.—Luka 14:​13, 14.

Bavukanyi, murerekana ko muri ‘abakiranyi’ igihe mukorera iciza abandi harimwo n’abatari abagenzi banyu somambike. (1 Pet. 4:9) Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga ko «umuntu w’umwakiranyi afata neza abantu atazi kandi akama yiteguriye kubakira mu rugo iwe.» Niwibaze uti: «Abandi boba bazi ko ndi umuntu afata neza abagendera ishengero ryacu?» (Heb. 13:​2, 16) Umuntu w’umwakiranyi arafata neza abo bose batugendera mw’ishengero, harimwo abakene hamwe n’abavukanyi bakora cane kugira baturemeshe, nk’abashikirizansiguro b’abashitsi be n’abahagarikizi b’imizunguruko.—Ita. 18:​2-8; Imig. 3:27; Ivyak. 16:15; Rom. 12:13. w24.11 21 ing. 6

Abigeme bari biteguye baca binjirana na we ahabera urubanza rw’ubugeni.—Mat. 25:10.

Mu kigereranyo c’abigeme, Yezu yaravuze abigeme 10 bagiye gusanganira umukwe. (Mat. 25:​1-4) Bose bari bizigiye guherekeza umukwe ku rubanza rw’ubugeni. Yezu yavuze ko batanu muri bo bari «baciye ubwenge» abandi batanu bari «ibijuju.» Abo bigeme baciye ubwenge bari biteguriye kurindira umukwe aho yoshikiye hose, naho vyobaye ngombwa ko ashika ijoro ryitereye. Ni co gituma bari baje bazanye amatara kugira ashobore kubamurikira mu mwiza. Mbere bari bitwaje n’amavuta bashobora kwikorako bishitse umukwe agashika atevye. Bari bateguye ibikenewe kugira amatara yabo agume yaka. (Mat. 25:​6-10) Igihe umukwe yashika, ba bigeme baciye ubwenge barinjiranye na we ahabera urubanza rw’ubugeni. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu barobanuwe bazoba biteguye mu kuguma bari maso kandi ari abizigirwa gushika Kristu agarutse, bizobonwa ko babereye gusanganira umukwe wabo Yezu, mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru.—Ivyah. 7:​1-3. w24.09 21 ing. 6

Mbona isinzi rinini . . . rigizwe n’abantu bo mu mahanga yose.—Ivyah. 7:9.

Tuzirikanye ingene muri iki gihe igikorwa co kwamamaza kiriko kirafasha abantu benshi hirya no hino kw’isi, biratuvyurira umutima wo kuguma twamamaza n’umwete. Buri mwaka, abantu amamiliyoni bashimishwa n’ukuri baritaba Icibutso kandi bakemera ko tubigisha Bibiliya. Abantu ibihumbi amajana barabatizwa, kandi bakifatanya natwe muri ico gikorwa co kwamamaza. Naho tutazi abasigaye kwakira inkuru nziza uko bangana, ico tuzi coco ni uko Yehova ariko aregeranya isinzi rinini ry’abantu bazorokoka ya makuba akomeye yimirije. (Ivyah. 7:​9, 14) Kubera ko Umukuru w’iyimbura akibona ko hariho abashobora kwakira ukuri, turakwiye rero kuguma twamamaza. (Luka 10:2) Abigishwa ba Yezu bamye barangwa n’umwete mu gikorwa co kwamamaza. Igihe abantu babona ingene intumwa zavuga inkuru nziza ata kurya umunwa, «[baciye] batahura yuko bahoze bagendana na Yezu.» (Ivyak. 4:13) Uko abantu batwihweza turiko turamamaza, ese bobona ko natwe twigana umwete wa Yezu. w25.03 18 ing. 15; 19 ing. 17-18

Ewe Yehova, umuntu ni iki ngo umwitwararike?—Zab. 144:3.

Bibiliya irerekana ko Yehova yitaho abantu basa n’abagayitse. Nk’akarorero, Yehova yararungitse umuhanuzi Samweli kwa Yese ngo arobanuze amavuta umwe mu bahungu biwe kugira azobe umwami wa Isirayeli. Yese yaciye atumako indwi mu bahungu biwe umunani kugira ngo Samweli ababone, ariko Dawidi umuhererezi aramwihoza. Ariko rero, Dawidi ni we Yehova yari yahisemwo. (1 Sam. 16:​6, 7, 10-12) Yehova yararavye umutima wa Dawidi arabona ko uwo musore yamukunda vy’ukuri. Zirikana ku vyo Yehova amaze kugukorera bikwereka ko akwitaho. Nk’akarorero, arakugira inama zihuje neza n’ibibazo uba urimwo. (Zab. 32:8) None ivyo yobikora gute atakuzi neza? (Zab. 139:1) Niwakurikiza impanuro Yehova aguha maze ukibonera ingene zigufasha, bizotuma uhera amazinda ko Yehova akwitaho. (1 Ngo. 28:9; Ivyak. 17:​26, 27) Yehova arabona utwigoro ugira. Arabona kamere nziza ufise kandi aripfuza kugufasha.—Yer. 17:10. w24.10 25-26 ing. 7-9

Bamutera ikigongwe kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere.—Mrk. 6:34.

Nta gukeka ko ukunda Yehova kandi wipfuza gukorera abandi. None ni ibiki vyogufasha gukomeza ico cipfuzo? Nuzirikane ku kuntu gukorera abavukanyi na bashiki bacu bizotuma ugira umunezero. Yezu yavuze ati: «Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.» (Ivyak. 20:35) Kandi na Yezu ubwiwe ivyo yarabikora. Gukorera abandi vyaratuma agira umunezero mwinshi. Raba akarorero dusanga muri Mariko 6:​31-34. Ico gihe, Yezu n’intumwa ziwe bari barushe. Bariko baja ahantu hiherereye kugira baruhuke, ariko abantu benshi babatanga gushikayo kuko bipfuza ko Yezu abigisha. Yezu yari gushobora kuvyanka. Nakare we n’abigisha biwe nta «n’akanya ko gufungura bari baronse.» Canke na ho Yezu yari kubigisha ibintu bike hanyuma agaca abarungika. Ariko kubera ko yabakunda, «[yaciye] atangura kubigisha,» gushika «amasaha [agiye].»—Mrk. 6:35. w24.11 16 ing. 9-10

Muzoronka impera ku gikorwa canyu.—2 Ngo. 15:7.

Bavyeyi, nimuremeshe abana banyu kurondera uturyo two kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya. (Rom. 10:10) Akigoro umwana wawe agira ko kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya, woshobora kukagereranya n’akigoro umuntu agira mu kwiga kuvuza igicurarangisho. Mu ntango, ahera ku ndirimbo zoroshe gucuraranga. Uko haca igihe, ni ko gucuraranga bisigara bimworohera. Muri ubwo buryo nyene, uwukiri muto yoshobora guhera ku buryo bworoshe mu kubwira abandi inkuru nziza. Nk’akarorero, yoshobora kubaza uwo bigana ati: «Wari uzi ko ivyo abahinga bahingura, akenshi babigira barabiye ku vyo babona mu bidukikije? Reka ndakwereke ividewo ikora ku mutima.» Ahejeje kumwereka imwe mu mavidewo ari muri rwa rukurikirane ruvuga ngo Vyoba vyariyadukije?, yoshobora guca amubaza ati: «Nimba umuhinga ashimagizwa kubera ico yahinguye yisunze ibiboneka mu bidukikije, ni nde none akwiye gushimagizwa kubera ivyo bintu bidukikije?» Uwo mwana akoresheje gusa ubwo buryo bworoshe, yoshobora gutuma uwo bigana yipfuza kumenya n’ibindi. w24.12 19 ing. 17-18

Igicumuro . . . carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro.—Rom. 5:12.

Kugira tubohorwe icaha n’urupfu, Yehova yaciye atunganya ivy’uko Yezu atanga incungu. Ariko none, vyari gushoboka gute ngo urupfu rw’umuntu umwe atunganye rutume abantu amamiliyoni babohorwa? Intumwa Pawulo arabisigura neza, ati: «Nk’uko nyene benshi babaye abacumuzi bivuye ku kugambarara kw’umuntu umwe [Adamu], ni na ko benshi bazoba abagororotsi bivuye ku kugamburuka kw’umuntu umwe nyene [Yezu].» (Rom. 5:19; 1 Tim. 2:6) Mu yandi majambo, kurya nyene umuntu umwe atunganye yagambaraye bigatuma tuba abaja b’icaha n’urupfu, ni ko n’umuntu umwe atunganye yagamburutse bigatuma tubohorwa. Ubwo Yehova ntiyari gupfa kureka abantu b’umutima ubereye bakomoka kuri Adamu bakiberaho ibihe vyose? Kuri twebwe abantu badatunganye, womengo ni co kintu ciza yari gukora. Ariko ntivyobaye bihuye n’ubutungane bwa Yehova. Iyo abigenza gutyo, ni nk’aho yobaye afatiye mu rwara igicumuro Adamu yakoze n’ingaruka cakweze, ivyo na vyo akaba atokwubahutse kubikora. w25.01 20-21 ing. 3-4

Tugenda twisunga ukwizera, [ntitwi]sunga ibiboneka.2 Kor. 5:7.

Intumwa Pawulo yaramenye ko hari hasigaye igihe gito ngo yicwe. Naho ari ukwo, asubije amaso inyuma yumvise aryohewe cane. Yavuze ati: «[Narirutse] mw’isiganwa kugeza kw’iherezo, ndagumya ukwizera.» (2 Tim. 4:​6-8) Yari yarafashe ingingo nziza yo gukoresha ubuzima bwiwe mu gukorera Yehova, akaba rero atakekeranya ko Imana yamushima. Na twebwe twipfuza gufata ingingo nziza kugira ngo dushimwe n’Imana. None twobigira gute? Pawulo yavuze ku bimwerekeye be n’abandi bakirisu b’abizigirwa ati: «Tugenda twisunga ukwizera, [ntitwi]sunga ibiboneka.» Muri Bibiliya, ijambo ‘kugenda’, rimwe na rimwe ryerekeza ku kuntu umuntu ahitamwo gukoresha ubuzima bwiwe. Igihe umuntu agenda yisunga ukwizera, afata ingingo yisunze uko Yehova abona ibintu. Ivyo akora birerekana ko yemera adakeka yuko gukurikiza impanuro Yehova aduha muri Bibiliya bimugirira akamaro, be n’uko azomuha impera muri kazoza.—Zab. 119:66; Heb. 11:6. w25.03 20 ing. 1-2

Muhinduke mu guhindura uburyo mwiyumvira.—Rom. 12:2.

Abantu benshi bahoze bafise kamere z’ubunyamaswa barahindutse bimwe bidasanzwe babifashijwemwo n’impwemu y’Imana. (Yes. 65:25) Barihase cane baraheba ingeso mbi bahorana. (Ef. 4:​22-24) Naho ari ukwo, twebwe abasavyi b’Imana ntidutunganye, akaba ari co gituma tuguma dukora amakosa. Ariko rero, Yehova yaratumye «abantu b’uburyo bwose» bunga ubumwe kubera ko bamukunda bakongera bagakundana hagati yabo, ivyo bikaba bituma bagiranira amahoro. (Tito 2:11) Ivyo nta wundi yobishobora atari Imana Mushoboravyose. Ivyo Yehova avuze vyama biranguka. (Yes. 55:​10, 11) Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu Yehova yasezeranye turiko turayibonera. Yehova yaturonkeje umuryango w’abavukanyi udasanzwe koko. Muri uwo muryango turaharonkera amahoro n’umutekano naho turi mw’isi yuzuye ububisha. (Zab. 72:7) Ivyo vyose biratuma twipfuza gufasha abantu benshi bashoboka ngo baze muri uwo muryango wacu. Ivyo twobigira mu kwihatira guhindura abantu abigishwa.—Mat. 28:​19, 20. w24.04 23 ing. 13, 15

Turafise ivyiyumviro vya Kristu.—1 Kor. 2:16.

Yezu yarakunda Yehova n’ubwenge bwiwe bwose. Yari azi ivyo Imana imwitezeko kandi yari yiteguriye kubikora, mbere n’igihe vyosavye ko ashikirwa n’imibabaro. Kubera ko Yezu yagumiza ubwenge bwiwe ku gukora ivyo Se wiwe agomba, ntiyigeze yemera ko hagira ikintu na kimwe kimutesha iyo ntumbero. Petero n’izindi ntumwa baratewe iteka ryo kuba kumwe na Yezu no kwiga kwiyumvira nka we. Igihe Petero yandika ikete ryiwe rya mbere, yaremesheje abakirisu kwambara nk’ikirwanisho umutima nk’uwa Kristu. (1 Pet. 4:1) Petero yakoresheje imvugo yerekeza ku basirikare igihe yavuga ngo: «Mwambare uwo mutima nyene nk’ikirwanisho.» Igihe rero abakirisu bambaye umutima nk’uwa Yezu, ni ukuvuga bakagerageza kwiyumvira nka we, baba baronse ikirwanisho gikomeye kibafasha mu ntambara barimwo yo kurwanya ivyipfuzo bibi be n’iyi si itwarwa na Shetani.—2 Kor. 10:​3-5; Ef. 6:12. w25.03 8 ing. 1-3

Ivyiyumviro vyo mu mutima w’umuntu bimeze nk’amazi ari kure epfo, ariko umuntu afise ugutahura arabivoma.—Imig. 20:5.

Ni ibiki ukwiye kwihatira kumenya ku bijanye n’uwo mukundanye? Imbere yo kumwishiramwo cane, vyoba vyiza mubanje kuyaga ibintu bimwebimwe bihambaye, nk’ibijanye n’imigambi afise. None womenya gute ingene uwundi ameze imbere muri we vy’ukuri? Uburyo bwiza bwo kumumenya ni ukuyaga mudahishanya, ukamubaza ibibazo, ukongera ukamwumviriza witonze. (Yak. 1:19) Kugira ivyo bishoboke, vyoba vyiza mukoreye hamwe ibintu bituma muronka akaryo ko kuganira, nko gusangira ibifungurwa, gutembera n’amaguru mu bibanza rusangi no kwamamaza muri kumwe. Kumarana umwanya n’incuti n’abagenzi, na vyo nyene birashobora gutuma murushiriza kumenyana. Vyongeye, nimukorere hamwe ibikorwa vyotuma ubona ingene uwo mukundanye avyifatamwo mu bihe bitandukanye, n’igihe ari kumwe n’abantu batandukanye. w24.05 28 ing. 6-7

Nimwigane Imana . . . nk’abana ikunda cane.—Ef. 5:1.

Mu misi iri imbere, tuzoshikirwa n’ibigeragezo bizotuma dukenera kwiheka kuri Yehova kuruta ikindi gihe cose. Inkuru zo muri Bibiliya n’ivyabonywe vy’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bizodufusha kubona ingene Imana yagaragaje kamere zimeze nk’igitandara kugira abashigikire. Nuzirikane cane kuri izo nkuru. Ivyo birashobora kugufasha kugira Yehova Igitandara cawe. Vyongeye urashobora gukomeza abavukanyi bawe. Nk’akarorero, Yezu yise Simoni ngo Kefa (rihindurwa ngo «Petero»), rikaba risobanurwa ngo «Igitandara.» (Yoh. 1:42) Ivyo vyarerekana ko Petero yoremesheje abandi mw’ishengero, akongera agakomeza ukwizera kwabo. Abakurambere badondorwa ko ari «igitutu c’urutare amahero.» Ivyo birerekana ukuntu bakingira abagize ishengero. (Yes. 32:2) Ariko ntiwumve, ishengero rirahungukira igihe abarigize bose, baba abavukanyi canke bashiki bacu, bigana kamere za Yehova. w24.06 28 ing. 10-11

Imana isaba gusengwa yonyene.—Gus. 4:24.

Abami ba Isirayeli bashigikira ugusenga kw’ukuri, ni bo Yehova yabona ko ari intahemuka. Abami benshi Yehova yabona ko ari ibihemu baraheba gukurikiza amategeko yiwe, bagatangura gusenga imana z’ikinyoma. (1 Abm. 21:​25, 26; 2 Ngo. 12:1) Ikibazo kijanye n’ugusenga cari gihambaye kuri Yehova. Uti kubera iki? Kimwe coco, abami ni bo bari bafise ibanga ryo gufasha abo batwara gusenga Imana mu buryo yemera. Vyongeye, abantu basenga imana z’ikinyoma wasanga bakora ibindi vyaha bikomeye kandi bakarenganya bagenzi babo. (Hos. 4:​1, 2) N’ikindi kandi, abami ba Isirayeli be n’abatwarwa babo, bari bareguriwe Yehova. Ni co gituma baramutse bamuhemukiye bagasenga izindi mana, Bibiliya ivuga ko ari nk’aho baba barenze ibigo. (Yer. 3:​8, 9) Mu bisanzwe, iyo umuntu arenze ibigo aba ahemukiye cane uwo bubakanye. N’igihe rero umusavyi wa Yehova yamwiyeguriye yisutse mu gusenga kw’ikinyoma, aba ahemukiye Yehova bimwe bikomeye.—Gus. 4:23. w24.07 22-23 ing. 12-15