Kigarama
Ku wa kabiri, 1 Kigarama
Arabafasha gutahura neza insobanuro y’Ivyanditswe.—Luka 24:45.
Abigishwa ba Yezu baremera Ijambo ry’Imana kandi barihatira kurikurikiza mu buzima bwabo. (Yoh. 17:6) Naho ari ukwo, ntibatahuye igituma Yezu yishwe nk’inkozi y’ikibi, akamanikwa ku giti co kubabarizwako. Yezu yaratahura ko batabitumwa n’umutima mubi, ahubwo ko vyava ku kudatahura neza Ivyanditswe. (Luka 9:44, 45; Yoh. 20:9) Yaciye rero abafasha kubitahura neza. Raba ingene yabigize igihe yiyereka abigishwa babiri bari ku nzira ija i Emawusi. Yezu ntiyaciye yihishurira abo bagabo. Ahubwo yarababajije ibibazo. Uti kubera iki? Kumbure yipfuza ko bamuserurira akari ku mutima, kandi ni vyo nyene babigize. Bamubwiye ko bari biteze ko Yezu yorokoye Abisirayeli akabakura mu gahahazo k’Abaroma. (Luka 24:18-27) Yezu yaciye akoresha Ivyanditswe kugira abafashe gutahura neza ivyari vyabaye. Mu nyuma kuri uwo mugoroba, Yezu yariyeretse abandi bigishwa arabasigurira ubwo buhanuzi.—Luka 24:33-48. w24.10 14 ing. 9-10
[Nta] kintu na kimwe nkora ndavyibwiye, mugabo . . . ivyo Data yanyigishije [ni] vyo mvuga.—Yoh. 8:28.
Ivyo Yezu yavuga n’ivyo yakora yavyigiye kuri Se wiwe. Ishirahamwe rya Yehova ririgana ako karorero ka Yezu mu kuduha inyigisho be n’ubuyobozi bishingiye kw’Ijambo ry’Imana. (2 Tim. 3:16, 17) Twama twibutswa gusoma Ijambo ry’Imana no kurishira mu ngiro. Kwiga Bibiliya twifashishije ibitabu vyacu biratugirira akamaro cane. Nk’akarorero, biradufasha kugereranya ivyo Bibiliya ivuga be n’ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe ryacu. Tubonye ko ubwo buyobozi bushingiye ku Vyanditswe, duca turushiriza kwizigira ishirahamwe rya Yehova. (Rom. 12:2) Yezu yamamaza «inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.» (Luka 4:43, 44) Vyongeye, Yezu yategetse abigishwa biwe kwamamaza ubwo Bwami. (Luka 9:1, 2; 10:8, 9) Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova bose baramamaza ubutumwa bw’Ubwami naho boba baba hehe. w24.04 9 ing. 5-7
Ivyo udutegetse vyose tuzobikora, kandi aho uzodutuma hose tuzojayo.—Yos. 1:16.
Nugume wizigira ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe. Mu gihe c’Abisirayeli, Yehova yarakoresheje Musa, mu nyuma na ho akoresha Yosuwa, kugira aronse ubuyobozi abasavyi biwe. (Yos. 1:17) Igihe cose Abisirayeli bemera ko abo bagabo baserukira Yehova, bararoranirwa. Haciye imyaka amajana, igihe ishengero ryo mu ntango ryashingwa, za ntumwa 12 ni zo zatanga ubuyobozi. (Ivyak. 8:14, 15) Mu nyuma, uwo mugwi wahavuye ujamwo n’abandi bakurambere b’i Yeruzalemu. Igihe amashengero yaba akurikije ubuyobozi bwatanzwe n’abo bagabo b’abizigirwa, ‘yarabandanya gukomezwa mu kwizera no kugwira ku musi ku musi.’ (Ivyak. 16:4, 5) Na twebwe muri iki gihe, iyo dukurikije ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova, turaroranirwa. w24.07 10 ing. 10
Nabonye Dawidi mwene Yese, umuntu ahimbara umutima wanje.—Ivyak. 13:22.
Yehova yarakunda cane umwami Dawidi. Yarahevye amwita «umuntu ahimbara umutima [wiwe].» Yamara, Dawidi yarakoze ibicumuro bikomeye ushizemwo ukurenga ibigo no kwica. Twisunze ya mategeko ya Musa, Dawidi yari akwiye kwicwa. (Lew. 20:10; Guh. 35:31) Ariko rero Yehova yaciye ahaseruka. Yaciye arungika umuhanuzi Natani ngo aje kuraba Dawidi, naho ico gihe ata kimenyetso na kimwe yari bwagaragaze co kwigaya. Natani yarakoresheje akarorero kari gafise intumbero yo gukora ku mutima Dawidi. Karamukoze cane ku mutima, aca arigaya. (2 Sam. 12:1-14) Dawidi yahavuye yandika izaburi ikora ku mutima, yerekana ko yigaye vy’ukuri. (Zab. 51, akajambo k’intangamarara) Iyo zaburi yarahumurije abacumuzi benshi, ituma bigaya. Ntidushima none kubona Yehova abigiranye urukundo yarafashije umusavyi wiwe Dawidi kwigaya? w24.08 10 ing. 9
Mumenye neza ivyo Imana igomba, ni ukuvuga ibintu vyiza, vyemewe kandi bitagira akanenge.—Rom. 12:2.
Abantu benshi bavuga ko kuba umuvyeyi ari ibanga ritoroshe. Nimba uri umuvyeyi, turagukeje cane kubona uriko urakora ibishoboka vyose kugira ngo ufashe umwana wawe gukomeza ukwizera kwiwe. (Gus. 6:6, 7) Uko umwana wawe agenda arakura, yoshobora gutangura kubaza ibibazo ku bijanye n’ivyo twemera, ushizemwo n’ibijanye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga ikibi n’iciza. Mu ntango, ivyo bibazo vyoshobora kuguhagarika umutima. Vyoshika mbere ukibaza ko ivyo bibazo vyerekana ko uwo mwana ariko arasubira inyuma mu kwizera. Naho ari ukwo, uko umwana akura arakenera kubaza ibibazo kugira akomeze ukwizera kwiwe. (1 Kor. 13:11) Nta cotuma rero umuvyeyi agira ubwoba. Ivyo bibazo bijanye n’ivyo twemera abaza abikuye ku mutima, nubibone nk’akaryo ko kumufasha gukomeza ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira. w24.12 14 ing. 1-2
Turi muri bamwe bafise ukwizera ngo bazigamirwe ubuzima.—Heb. 10:39.
Abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye gukomeza ukwizera kwabo kubera ko vyobafashije kurokoka amakuba yari yimirije gushika i Yudaya. (Heb. 10:37, 38) Yezu yari yaraburiye abigishwa biwe ko baramutse babonye Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo, bociye bahungira mu misozi. Iyo mpanuro yaraba abakirisu bose, baba abari mu gisagara ca Yeruzalemu canke abari mu gihugu hagati i Yudaya. (Luka 21:20-24) Ico gihe, abantu baba mu gihugu hagati batewe n’ingabo baca bahungira mu gisagara kubera ko baba bizigiye yuko impome zaco zobakingiye. Rero, guhungira mu misozi aho gusigara i Yeruzalemu vyobaye ari ibintu bitumvikana. Ni co gituma bari bakeneye ukwizera gukomeye. Abakirisu b’Abaheburayo bokeneye kandi kwizigira abo Yezu yariko arakoresha mu kuyobora ishengero. Abaja imbere abandi bashobora kuba baratanga ubuyobozi budomako bujanye n’igihe bohungiyeko n’ingene bobigenza.—Heb. 13:17. w24.09 10 ing. 9-10
Yatanze ingabire zigizwe n’abagabo.—Ef. 4:8.
Igihe Yezu yari kw’isi yarakoze neza igikorwa Se yari yaramushinze. (Yoh. 17:4) Ariko Yezu yari atandukanye n’abavuga ko igikorwa kigenda neza ari uko bacikoreye. Yaramenyereza n’abandi kugikora. Yarajeje abigishwa biwe ibanga ryo kwitwararika intama za Yehova no kuyobora igikorwa co kwamamaza no kwigisha. Yezu yarakosoye abigishwa biwe abigiranye urukundo ariko adaca ku ruhande. Bamwe muri bo bari bafise inkeka, aca arabakebura. (Luka 24:25-27; Yoh. 20:27) Yarabafashije kandi kubona ko bakwiye kwitwararika cane igikorwa co kuragira intama za Yehova kuruta akazi k’umubiri. (Yoh. 21:15) Yarabibukije kandi kutarazwa ishinga birenze n’amabanga abandi boshingwa. (Yoh. 21:20-22) Vyongeye, yarakosoye ivyiyumviro bimwebimwe bitari vyo bari bafise ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, yongera arabafasha gushira imbere igikorwa co kwamamaza inkuru nziza.—Ivyak. 1:6-8. w24.10 15-16 ing. 13-14
Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.—Zab. 37:29.
Nitwagamburukira Yehova, tuzobaho ibihe bidahera. Nka kurya nyene Abisirayeli bari bimirije kwinjira mu gihugu c’isezerano, na twebwe nyene twimirije kwinjira mw’isi nshasha Imana yadusezeraniye. Vuba, isi igiye gusubira kuba iparadizo. (Yes. 35:1; Luka 23:43) Shetani n’amadayimoni yiwe bagiye gukurwaho. (Ivyah. 20:2, 3) Nta madini yigisha ibinyoma ku vyerekeye Yehova azoba akiriho. (Ivyah. 17:16) Intwaro zifata nabi abo zitwara ntizizoba zikiriho. (Ivyah. 19:19, 20) Yehova ntazokwemera ko hagira umuntu n’umwe ateza ingorane mw’iparadizo. (Zab. 37:10, 11) Ahantu hose uzohasanga abantu bagamburuka amategeko agororotse ya Yehova, ivyo bikazotuma haba ubumwe n’amahoro. Kubw’ivyo, abantu bose bazokundana bongere bizigirane. (Yes. 11:9) Turashashaye kubona ico gihe. N’igihambaye kuruta, nitwagamburukira Yehova tuzobandanya kubaho mw’iparadizo ng’aha kw’isi, atari gusa imyaka amajana ariko ibihe bidahera.—Yoh. 3:16. w24.11 9 ing. 7
Iyi nkuru nziza y’Ubwami izokwamamazwa mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose.—Mat. 24:14.
Ubuhanuzi buvugwa mu canditswe c’uno musi buriko buraranguka muri iki gihe ku rugero rutari bwigere rubaho. Ubutumwa bw’Ubwami buraboneka mu ndimi zirenga 1.000, kandi biciye ku rubuga rwacu rwa jw.org, ubwo butumwa burashikira abantu benshi hirya no hino kw’isi. Naho ari ukwo, Yezu kandi yarabwiye abigishwa biwe yuko ‘batohetuye ibisagara’, ni ukuvuga ko batoshoboye kubwira inkuru nziza umuntu wese, imbere y’uko agaruka. (Mat. 10:23; 25:31-33) Ukwo ni ko bizogenda no muri iki gihe cacu. Abantu amamiliyoni muri iki gihe, baba mu mihingo aho usanga igikorwa cacu kiburabuzwa. Vyongeye, hirya no hino kw’isi, usanga buri munota havuka abana benshi cane. Turakora uko dushoboye kwose kugira tubwire inkuru nziza abantu bo mu «mahanga yose, imiryango yose, [n’]indimi zose.» (Ivyah. 14:6) Ariko ico twomenya coco, ni uko tutazoshobora kubwira inkuru nziza umuntu wese aba kw’isi imbere y’uko umuhero uza. w24.05 10 ing. 6-7
Ntibaba bakiri babiri . . . ahubwo baba ari umubiri umwe.—Mat. 19:6.
Yezu yabwira abandi amajambo abaremesha kandi abahumuriza. Ntiyakarira abigishwa biwe. (Luka 8:47, 48) Ese ukuntu ari akarorero keza ku bagabo b’abakirisu! Yezu yategetse abagabo kudahemukira abagore babo. Ico gihe yasubiyemwo amajambo yavuzwe na Se, yuko umugabo akwiye «[ku]bana n’umugore wiwe akaramata.» (Mat. 19:4-6) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «akaramata» risobanura «gufatanya n’uburembo.» Urukundo umugabo n’umugore bafitaniye rero rukwiye kuba rukomeye cane, ku buryo bimera nk’aho bafatanijwe n’uburembo. Umubano wabo uramutse usambutse birabagirako ingaruka bompi. Umugabo rero yiyemeje kubana n’umugore wiwe akaramata, aririnda kuraba ibiterasoni vy’ubwoko bwose. Arihutira guhindukiza amaso yiwe kugira «ntarabe ibintu bitagira akamaro.» (Zab. 119:37) Ni nk’aho agirana isezerano n’amaso yiwe kugira ntarabe uwundi mugore ku buryo amwipfuza.—Yobu 31:1. w25.01 10 ing. 12-13
Imana yacu . . . izomubabarira cane.—Yes. 55:7.
Imbabazi abantu batanga ziragoye gutahura! Ingene Yehova atubabarira twebwe abantu badatunganye, biratandukanye cane n’ingene twebwe tubabarirana. Imbabazi ziwe ntizisanzwe. Umwanditsi umwe w’amazaburi yavuze ku bijanye na Yehova ati: «Iwawe [ni] ho hari ukubabarirwa nyakwo, kugira ngo abantu bagutinye.» (Zab. 130:4) Ego cane, imbabazi Yehova atanga ni ‘nyazo.’ Ni we karorero ntangere kerekana imbabazi nyazo ico ari co. Mu mirongo imwimwe yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, abanditse Bibiliya barakoresheje ijambo ridondora imbabazi za Yehova ritigera rikoreshwa ku mbabazi abantu batanga. Iyo Yehova ababariye umuntu, ibicumuro vyiwe aca abihanagura. Ubucuti bari bafitaniye burasubira kumera neza, nk’aho ata cigeze kibutosekaza. Turakorwa ku mutima n’ingene Yehova atubabarira agaherezako kandi ataduharurira. w25.02 8 ing. 1-3
Yadutegetse kubwira abantu inkuru nziza no gushinga intahe bimwe bishitse.—Ivyak. 10:42.
Igihe abantu batatwumvirije, ntibisobanura ko tutaba twaroraniwe. Uti kubera iki? Kubera ko twebwe tuba twashinze intahe, ari na vyo Yehova n’Umwana wiwe badusaba. N’igihe tubuze umuntu n’umwe tuyagisha canke bakatwiyamiriza, turakwiye kunezerwa kuko tuba tuzi ko turiko turahimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. (Imig. 27:11) Turakwiye kandi kunezerwa igihe uwundi mwamamaji aronse umuntu ashimishwa n’ukuri. Igikorwa cacu, Umunara w’Inderetsi wakigereranije n’igikorwa co kurondera umwana yatakaye. Gikorwa n’abantu benshi, kandi bakamuronderera hirya no hino. Iyo uwo mwana abonetse, ntihanezerwa gusa uwuba amutoye ahubwo banezerwa bose. N’igikorwa co guhindura abantu abigishwa ni igikorwa c’umugwi. Abamamaji bose barakenewe kugira ngo baheture icibare, kandi bose baranezerwa iyo hagize umuntu mushasha atangura kwitaba amakoraniro. w24.04 18 ing. 13-14
Abo bose bari bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera barizera.—Ivyak. 13:48.
Vuba turashobora kuzokwibonera ibintu bishimishije cane. Bivuye ku buntu bwa Yehova, turizigiye kuzokwibonera ingene abandi bantu benshi bakira ukuri imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. Vyongeye, birahimbaye kubona yuko no muri ya makuba akomeye, dushobora kuzokwibonera ingene abandi bantu benshi baheba isi ya Shetani maze bakifatanya natwe mu gushemeza Yehova. Mu kurindira, tuguma ku kivi. Twaratewe iteka ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana hirya no hino kw’isi, ico kikaba ari igikorwa kitazokwigera gisubirwamwo. Ariko kandi dutegerezwa no kubandanya tuburira abantu. Abantu barakeneye kumenya ko umuhero w’iyi si uriko uregereza wihuta. Tubitumwe n’urukundo dukunda inkuru nziza, abantu nkatwe, n’ikiruta vyose urukundo dukunda Yehova n’izina ryiwe, twiyemeje kuguma twamamaza tubigiranye umwete, tunezerewe kandi tubona ko vyihutirwa, gushika Yehova avuze ko igikorwa kirangiye. w24.05 19 ing. 14-16
Mwambare ukwicisha bugufi mu kuntu mufata abandi, kuko Imana irwanya abibona, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje abicisha bugufi.—1 Pet. 5:5.
Buca Yezu apfa, yarigishije Petero n’izindi ntumwa icigwa gihambaye mu bijanye n’ukwicisha bugufi. Abigishwa ba Yezu baratangaye cane babonye akoze igikorwa gisanzwe gikorwa n’umusuku wo hasi. Yezu yashize ku ruhande impuzu ziwe zo hejuru maze atora igitambara aragikenyera, aca ashira amazi mw’ibesani atangura kuboza ibirenge. (Yoh. 13:4, 5) Bitegerezwa kuba vyaramutwaye umwanya kwoza ibirenge vy’intumwa 12 zose, ushizemwo na Yuda uwari agiye kumugurisha. Naho ari ukwo, yaricishije bugufi arakirangiza. Yezu yaciye ababwira ati: «Muratahuye ico ndabakoreye? Mwebwe munyita “Mwigisha” na “Mukama”, kandi ni vyo kuko ndi we. Nimba rero jewe ndabogeje ibirenge kandi ndi Umukama n’Umwigisha, na mwebwe mukwiye kwozanya ibirenge.»—Yoh. 13:12-14. w25.03 10 ing. 9-11
Unyobora ukoresheje impanuro yawe, kandi mu nyuma uzonjana ku buninahazwa.—Zab. 73:24.
Iyi si ituma kuguma twiyegereza Yehova bitatworohera. Benshi ntibemera ko Imana ibaho. Kandi akenshi abirengagiza ivyo Imana isaba usanga umenga bararoraniwe. Iyo tubonye ibintu nk’ivyo, ukwizera kwacu kurageragezwa. Naho tutoca duhakana ko Imana ibaho, turashobora gutangura gukekeranya nimba izodufasha vy’ukuri. Vyarashitse n’umwanditsi wa Zaburi 73 ariyumva gutyo. Yarabona ingene abantu bamukikuje birengagiza amategeko y’Imana ariko bakaguma babayeho neza. Ivyo vyatumye atangura gukekeranya nimba gukorera Imana hari ico bimaze. (Zab. 73:11-13) None ni igiki cahavuye gifasha uwo mwanditsi wa Zaburi guhindura uko yabona ibintu? Yarazirikanye ku vyoshikiye abahevye Yehova. (Zab. 73:18, 19, 27) Yarazirikanye kandi ku vyiza biva ku gukorera Imana. Na twebwe twozirikana ku mihezagiro yose Yehova yaduhaye. w24.06 24-25 ing. 16-17
Mu buzima bwanyu ntimurangwe no gukunda amahera.—Heb. 13:5.
Mu bihe vya Bibiliya, hari abarondera kwungukira kuri benewabo bakenye mu kubaka inyungu ku ngurane babahaye. N’abacamanza bararya ibiturire bagaca baca iza ngondagonde. Yehova aranka cane mwene izo nyifato. (Ezk. 22:12) Birahambaye ko dusuzuma ukuntu tubona amahera. Niwibaze uti: «Noba nama nsanga ndiko ndiyumvira ibijanye n’amahera n’ivyo nogura? Iyo hari uwanguranye amahera, noba nteba kuyamwishura nkibwira ko atayakeneye? Iyo mfise amahera vyoba bituma numva ko ndi umuntu ahambaye kandi bikangora gutanga? Noba niyumvira ko abavukanyi na bashiki bacu ari inkunzi z’amahera kubera gusa bafise amahera? Noba ndondera kugiranira ubugenzi n’abatunzi ariko nkirengagiza abakene?» Turashobora kuzigama ubucuti dufitaniye na Yehova mu kwirinda gukunda amahera. Nitwabigira, Yehova ntazokwigera aduheba. w24.06 12-13 ing. 17-18
Sinipfuza kugendera mu nzira mbi, kugira ngume nubahiriza ijambo ryawe.—Zab. 119:101.
Turakwiye gutsimbataza ivyiyumviro vyiza kugira twirinde inyosha mbi. Iyo twimenyereje ‘kwanka ikibi tugakunda iciza’, biratuma turushiriza gukomeza umwiyemezo dufise wo gukora iciza. (Am. 5:15) Kugira ivyiyumviro vyiza, bizotuma kandi tuguma dushikamye nitwahura n’inyosha mbi. Twobigira mu kwitaho cane ivy’impwemu. Igihe turi mu makoraniro canke mu ndimiro tuba turiko turakomeza umwiyemezo dufise wo guhimbara Yehova. (Mat. 28:19, 20; Heb. 10:24, 25) Gusoma Ijambo ry’Imana, kuryiga no kurizirikanako biratuma turushiriza gukunda iciza no kwanka ikibi. (Yos. 1:8; Zab. 1:2, 3; 119:97) Niwibuke ko Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo.» (Mat. 26:41) Ivyo biratuma Yehova adufasha bikongera bigakomeza umwiyemezo wacu wo kumuhimbara.—Yak. 4:8. w24.07 17 ing. 14-16
Nzogucisha ubwenge, nkwigishe inzira ukwiye gucamwo. Nzokugira inama, ndakugumizeko ijisho.—Zab. 32:8.
Nugerageze kwigana Yehova igihe umenyereza abandi. Yehova aratanga abikunze ubukerebutsi bwiwe. Na twebwe nyene, turabwira abo tumenyereza ivyo tuzi ata co turinze kubasaba. Nta co twisigariza igihe tumenyereza abandi, kubera yuko tudatinya ko bazodusubirira mu bikorwa tujejwe. Ntidukwiye kwibaza yuko kubera tutigeze tumenyerezwa, tudakwiye kumenyereza abandi. Nta musavyi wa Yehova n’umwe akwiye kwiyumvira muri ubwo buryo. Ahubwo, turahimbarwa no kubwira abo tumenyereza ivyo tuzi vyose, tukongera «tukabaha n’ubuzima bwacu bwite.» (1 Tes. 2:8) Turizigira ko «na bo bazoheza bakwize neza ibisabwa kugira bigishe abandi.» (2 Tim. 2:1, 2) Nitwabwira abandi ivyo tuzi, twe n’abo tumenyereza, tuzorushiriza kugira ubukerebutsi n’umunezero. w24.09 29 ing. 12-13
Umwe wese [ni] igihimba cegukira mugenziwe.—Rom. 12:5.
Nimba ubona ko ata buhanga ufise, ntucike intege. Nta gukeka ko ufise kamere zishobora gutuma ugira ico ufashije mw’ishengero. Nuzirikane ivyo Pawulo yavuze mu 1 Abakorinto 12:12-30, maze usabe Yehova agufashe kubona ingene wobishira mu ngiro. Amajambo ya Pawulo arerekana ko cokimwe n’uwundi musavyi wa Yehova wese, nawe ufise agaciro kandi ko ishengero rigukeneye. Nukore ivyo ushoboye vyose kugira ukorere Yehova wongere ufashe abavukanyi bawe. Numenye neza ko abakurambere bazozirikana ivyo ushoboye maze bagushinge ibikorwa wokora. (Rom. 12:4-8) Abakirisu bose bakwiye kwiyegereza Yehova, kuba biteguriye gutanga no kubaho mu buryo buhimbara Imana. w24.11 17 ing. 12-13
Atangura . . . gusenga Yehova no kurira cane.—1 Sam. 1:10.
Hana yarashikiwe n’ingorane nyinshi zatuma arizwa n’intuntu. Imwe muri izo ngorane ni uko umugabo wiwe yari afise uwundi mugore. Uwo mugore yitwa Penina, kandi yarafata nabi Hana. N’icavyunyura kuruta, Hana nta bana yari afise ariko Penina we yari afise abana benshi. (1 Sam. 1:1, 2) Penina yaguma acokora Hana kubera ko ata bana yari afise. Hana yarababaye cane ku buryo «arira, no kurya ntarye», kandi ‘aradundumirwa rwose’ mu mutima. (1 Sam. 1:6, 7, 10) None Hana yakoze iki kugira ngo aruhurirwe? Kimwe mu vyamufashije ni uko yagiye kw’ihema ryeranda gusenga Yehova. Igihe yari ng’aho, yatakambiye Yehova ati: «Raba ayo ngowe jewe umusavyi wawe, unyibuke.» (1 Sam. 1:11) Yehova yarabonye ayo uwo mugore yari agowe, arumva ugutabaza kwiwe, mu nyuma na ho aramuhezagira amuronsa abana—1 Sam. 1:19, 20; 2:21. w24.12 21 ing. 5-7
Narakunda cane abana b’abantu.—Imig. 8:31.
Incungu iratwereka ko Yezu akunda cane abantu, canecane abigishwa biwe. (Yoh. 13:1) Nk’akarorero, Yezu yari azi ko bimwebimwe mu bintu yoranguye ng’aha kw’isi vyobaye bigoye, canecane urupfu rubabaje yopfuye. Naho ari ukwo ntiyabikoze yikurayo. Ahubwo Yezu abigiranye umutima wiwe wose yarabwiye abantu inkuru nziza, arabigisha yongera arabafasha. Mbere no ku musi yicwa, yarafashe akanya aroza ibirenge intumwa ziwe yongera arazitekerera inyigisho be n’indemesho za nyuma. (Yoh. 13:12-15) N’igihe yari ku giti co kubabarizwako yarafashe akanya ko kuremesha inkozi y’ikibi yari ku mpfiro yongera aratunganya ingene nyina wiwe azokwitwararikwa. (Luka 23:42, 43; Yoh. 19:26, 27) Yezu yarerekanye rero yuko yakunda cane abantu, atari mu kubapfira gusa ariko no mu kuntu yabafata igihe cose yari ng’aha kw’isi. w25.01 23 ing. 11
Yaremeye guhanwa kugira turonke amahoro, kandi kubera ibikomere vyiwe twarakize.—Yes. 53:5.
Bibiliya irakoresha imvugo ngereranyo idufasha gutahura umwidegemvyo turonka igihe tubabariwe vy’ukuri. Kubera ko tudatunganye, Bibiliya ivuga ko tumeze nk’«abashumba b’igicumuro.» Ariko kubera imbabazi za Yehova, ubu tumeze nk’abashumba «[ba]kuwe mu gicumuro.» (Rom. 6:17, 18; Ivyah. 1:5) Ego cane, iyo Yehova atubabariye turarengerwa n’umunezero, nka kurya kw’umushumba arekuwe akava mu buja. Incungu Yehova yatanze biciye ku Mwana wiwe, yaradukijije. (1 Pet. 2:24) Incungu iratuma dusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, ubwononekaye bivuye ku gicumuro twogereranya n’indwara yo mu buryo bw’impwemu. Nka kurya nyene umuntu akize indwara ikomeye anezerwa cane, na twebwe nyene turarengerwa n’umunezero iyo Yehova atubabariye akadukiza mu buryo bw’impwemu, maze tugasubira kugiranira ubucuti bwiza na we. w25.02 11 ing. 16; 13 ing. 17
Nimwaguma mukora ivyo bintu [ntimuzogenda] muguye.—2 Pet. 1:10.
Muri ca kigereranyo c’italanto, Yezu yaravuze abashumba babiri bagumye ari abizigirwa kuri shebuja n’uwundi umwe vyananiye. (Mat. 25:14-30) Ba bashumba babiri b’abizigirwa bagereranywa n’abakirisu barobanuwe b’abizigirwa. Shebuja wabo Yezu ababwira ati: «Ingo [m]usangire umunezero na shobuja.» Bararonka impera yabo yo mw’ijuru biciye kw’izuka rya mbere. (Mat. 25:21, 23; Ivyah. 20:5b) Naho ari ukwo, akarorero kabi ka wa mushumba w’ikinebwe karagabisha abarobanuwe. Uti gute? Bategerezwa kuba abanyamwete. Igihe Yezu yatanga ikigereranyo c’italanto hamwe n’ic’abigeme ntiyariko aravuga ko abarobanuwe bazoba ibinebwe, ahubwo yariko aravuga ivyobashikiye nka hamwe botakaza umwete. Vyotumye «[bava] mu bahamagawe kandi batowe n’Imana» kandi ntibokwinjiye mu Bwami bwo mw’ijuru. w24.09 22 ing. 10; 23 ing. 12-13
[Murabe] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.—Flp. 1:10.
Twese turipfuza kwironsa ivyo dukeneye no kubironsa umuryango wacu. (Umus. 7:12; 1 Tim. 5:8) Birumvikana rero ko imbere yo kwemera akazi kanaka, tubanza kuzirikana ku mushahara tuzohembwa. Ariko nka hamwe umuntu yofatira kuri ico gusa, ahanini yoba ariko agenda yisunga ibiboneka. Igihe tugenda twisunga ukwizera, turazirikana no ku ngaruka ako kazi kogira ku bucuti dufitaniye na Yehova. Turibaza duti: «Ako kazi koba kazotuma ngira uruhara mu bintu Yehova yanka?» (Imig. 6:16-19) «Koba kazobangamira ibikorwa vyanje bijanye no gusenga, kumbure kanatume mara igihe kinini ntari kumwe n’umuryango wanje?» Nimba inyishu z’ivyo bibazo ari egome, vyoba vyiza ako kazi utakemeye, naho usanga bitoroshe kuronka akandi. Kubera ko tugenda twisunga ukwizera, twipfuza gufata ingingo zerekana ko twizigira yuko Yehova azoturonsa ivyo dukeneye.—Mat. 6:33; Heb. 13:5. w25.03 21 ing. 5-6
Mugirire neza bagenzi banyu, mugire impuhwe zuzuye ikibabarwe, mubabarirane ata gahigihigi.—Ef. 4:32.
Turakwiye kwihatira kubona abavukanyi bacu nk’uko Yehova ababona. Ivyo tubigira mu kuguma twibanda kuri kamere nziza bafise aho kwibanda ku tunenge twabo, narirya amaherezo tuzovaho. Igihe hari ivyo tudahurijeko, turashobora kubitorera umuti tubigiranye urukundo. Ivyo rero bica bituma abantu bipfuza gufatwa gutyo, bahurumbira iparadizo yacu yo mu buryo mw’impwemu. Ese twokwama dukenguruka iyo paradizo Yehova yaduteguriye. Umuntu wese yipfuza kugira amagara meza, guhimbarwa, gutekana no kugira amahoro, arakwiye kuza muri iyo paradizo kandi ntiyigere arota ayivamwo. Ariko rero, uraba maso kuko Shetani aguma arondera ingene yoyidukuramwo. (1 Pet. 5:8; Ivyah. 12:9) Nturote ubimwemerera. Nimuze tugume dukora ibishoboka vyose kugira ngo iyo paradizo igume ari nziza, idahumanye kandi irangwa amahoro. w24.04 24-25 ing. 18-19
[Mubanze] kurondera Ubwami.—Mat. 6:33.
Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukorera Yehova n’umwete. Nimwigishe abana banyu biciye ku vyo muvuga no ku vyo mukora, babone ko ivy’impwemu ari vyo bikwiye kuza imbere y’ibindi vyose. Aho harimwo kwiga Bibiliya, kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu ndimiro. Ahandi ho bohava biyumvira ko bakwiye kuba Ivyabona vya Yehova kubera gusa ko namwe muri Ivyabona. Ivyo vyoshobora gutuma badashira mu kibanza ca mbere ivyo gukorera Yehova, canke mbere bakamuheba burundu. Hoba hariho icizigiro ku muntu yahevye gukorera Yehova? Ego cane, kubera ko ashobora kwigaya hanyuma agasubira kumusenga. Ariko kugira bishoboke, arakeneye kwicisha bugufi no kwemera gufashwa n’abakurambere. (Yak. 5:14) Yamara utwigoro twose yogira kugira ngo agaruke kuri Yehova, si utw’impfagusa. w24.07 25 ing. 18-19
Nimuhunge ubusambanyi.—1 Kor. 6:18.
Mwokora iki kugira ngo ikiringo co kurushiriza kumenyana kigume giteye iteka? Uko urukundo rwanyu rukomera ni ko murushiriza kwiyumvanamwo. Ni ibiki none vyobafasha kugumana inyifato ibereye? Nimwirinde ibiyago bitabereye, kuba muri ahantu mwenyene no kunywa inzoga nyinshi. (Ef. 5:3) Ivyo vyoshobora kubavyuramwo ivyipfuzo bibi bigahava bibagora kwigumya. Vyoba vyiza mugiye murayaga ivyo mwokwirinda kugira ngo ico kiringo kigume giteye iteka. (Imig. 22:3) Ibimenyetso bimwebimwe vyo kugaragarizanya urukundo vyoshobora kuba ata co bitwaye bivanye n’aho ubugenzi bwanyu bugeze. Ariko rero, mukabuye inambu y’umubiri vyoshobora gutuma mutaba muciyumvira neza. (Ind. 1:2; 2:6) Vyongeye, ibimenyetso vy’urukundo vyoshobora kurenga akarimbi bitagoranye, bigatuma mukora ibitabereye. (Imig. 6:27) Kuva mu ntango y’ubugenzi bwanyu rero, nimwishingire uturimbi duhuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.—1 Tes. 4:3-7. w24.05 29 ing. 10-11
«Ego» yanyu nibe ego, «oya» yanyu na yo nibe oya.—Mat. 5:37.
Twipfuza ko abandi bizigira ko dushobora kubafasha canecane mu bihe bigoye. (Imig. 17:17) None twokora iki kugira abandi batwizigire? Twokwihatira kwama twigana Yehova, nk’akarorero tukama dushitsa ivyo dusezerana kandi tukubahiriza umwanya. Abakurambere b’abizigirwa barabera umuhezagiro ishengero. Uti gute? Abamamaji barumva baruhuriwe igihe bashobora kwitura abakurambere batitinya, na canecane abahagarikizi b’imigwi yabo yo gusohoka mu ndimiro. Abamamaji kandi barumva ko bitwararitswe igihe bazi ko abakurambere biteguriye kubafasha. N’ikindi kandi, igihe abakurambere bashingira impanuro zabo kuri Bibiliya no ku bitabu vyasohowe n’umushumba aho kuzishingira ku vyiyumviro vyabo, bituma abagize ishengero babizigira. Abavukanyi na bashiki bacu bararushiriza kwizigira umukurambere atamena ibanga kandi yitwararika gusozera igikorwa yiyemeje. w24.06 29-30 ing. 14-15
Uzobaha amahoro arama, kubera ko ari wewe bizigira.—Yes. 26:3.
Muri iki gihe ntitwitega ko Yehova adukurako ingorane zacu zose, ariko turazi ko yama adushigikira. (Zab. 41:3) Yehova abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda, araturonsa inkomezi, ubukerebutsi be n’amahoro yo mu mutima bidufasha kwihangana. (Imig. 18:14; Flp. 4:13) Vyongeye, araduhumuriza mu kuturonsa icizigiro gishingiye kuri Bibiliya c’uko indwara zose zigiye kuvaho. (Yes. 33:24) Yehova yarandikishije muri Bibiliya amajambo ashobora kuduhumuriza igihe turi mu bihe bitoroshe. (Rom. 15:4) Igihe mushiki wacu umwe wo muri Afrika yo mu burengero bamutora indwara ya kanseri, yaguma arira kenshi. Avuga ati: «Kimwe mu vyanditswe vyandemesheje cane ni Yesaya 26:3. . . . Ico canditswe caranyeretse ko Yehova ashobora kuduha amahoro yo mu mutima adufasha kwihanganira ingorane zidushikira.» Hoba hari icanditswe nawe cakuremesheje cane igihe wari mu bihe bitoroshe, kumbure ata n’icizere ugifise? w24.12 24 ing. 17-18
Se wiwe amubonye akiri kure, amutera ikigongwe. Aca arirukanga, aramugumbira yongera aramusoma n’ikibabarwe.—Luka 15:20.
Abakurambere barihatira kugaragariza imbabazi intama zazimiye. Bipfuza ko zigaruka mw’ishengero. (Luka 15:22-24, 32) Igihe umucumuzi agarutse, haraba umunezero mw’ijuru no kw’isi. (Luka 15:7) Birumvikana ko Yehova atigera arekerana abacumuzi batigaya. Naho ari ukwo, ntaca abakurako amaboko. Yipfuza ko bamugarukako. Ibivugwa muri Hoseya 14:4 biratwereka ingene Yehova abona abacumuzi bigaya. Hagira hati: «Nzokiza ubuhemu bwabo. Nzobakunda bivuye ku mutima, kuko nabakuyeko ishavu ryanje.» Ukuntu Yehova ababona, birakwiye gutuma abakurambere bitwararika akantu kose koba kerekana ko umucumuzi ariko arigaya. Birakwiye kandi gutuma abavuye kuri Yehova biyumvira kugaruka badatebaganye. w24.08 28 ing. 8-9
Mwerekane ko mushima.—Kol. 3:15.
Rimwe na rimwe, abantu ntibakenguruka ivyo tuba twabakoreye. Birashika abantu ntibahe agaciro umwanya, inguvu n’amahera tuba twakoresheje kugira tubafashe. Ivyo bidushikiye, twokwirinda gute gutakaza umunezero wacu canke ngo ducike intege. Niwibuke ko umunezero wacu utavana n’ukuntu abantu bakira ivyo tubakorera. (Ivyak. 20:35) Turashobora kugira umunezero uva ku gutanga naho abandi batokenguruka ivyo tubakorera. Uti gute? Nugumize ku muzirikanyi ko igihe utanze, uba wiganye Yehova. Araha ibintu vyiza abantu bamukengurukira n’abatamukengurukira. (Mat. 5:43-48) Yehova adusezeranira ko natwe nitwatanga ‘ata co twiteze gusubizwa, impembo yacu izoba nini.’ (Luka 6:35) Rero, ntucike intege igihe abantu batama bagushimira ku vyo uba wabakoreye. Niwibuke ko Yehova azoguha impera ku vyiza uba wakoreye abandi, kubera ko ‘utanga unezerewe.’—Imig. 19:17; 2 Kor. 9:7. w24.09 29 ing. 14-16

