Yohani 8:12-59
8 12 Yezu yongera kubabwira ati: «Ndi umuco w’isi+. Uwunkurikira ntazokwigera agendera mu mwiza, ahubwo azoronka umuco+ w’ubuzima.»
13 Abafarizayo baca bamubwira bati: «Wewe urishingira intahe. Intahe yawe si iy’ukuri.»
14 Yezu abishura ati: «Naho nishingira intahe, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko nzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja+. Ariko mwebwe ntimuzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja.
15 Mwebwe muca urubanza mwisunze ukuntu abantu babona ibintu*+, mugabo jewe nta muntu n’umwe ncira urubanza.
16 Ariko naho noca urubanza, urubanza rwanje rwoba ari urw’ukuri, kuko ntari jenyene. Data yandungitse ari kumwe nanje+.
17 Vyongeye, mu mategeko yanyu handitswe ngo: “Intahe ishinzwe n’abantu babiri iba ari iy’ukuri+.”
18 Jewe ndishingira intahe, kandi na Data yantumye aranshingira intahe+.»
19 Baca bamubaza bati: «So wawe ari hehe?» Yezu abishura ati: «Yaba jewe canke Dawe+, nta n’umwe muzi. Iyo muba munzi, muba muzi na Dawe+.»
20 Ayo majambo yayavugiye mu kibanza kirimwo udusandugu tw’amashikanwa+, igihe yariko arigisha mu rusengero. Ariko nta n’umwe yamufashe, kuko igihe ciwe kitari bwagere+.
21 Yongera kubabwira ati: «Ndiko ndagenda kandi muzondondera, ariko muzopfira mu gicumuro canyu+. Iyo ndiko ndaja mwebwe ntimushobora gushikayo+.»
22 Abayuda rero batangura kuvugana bati: «Mbega agira yiyahure ko avuga ngo: “Iyo ndiko ndaja mwebwe ntimushobora gushikayo”?»
23 Abandanya kubabwira ati: «Mwebwe muri abo hasi, ariko jewe ndi uwo hejuru+. Muri abo muri iyi si, ariko jewe sindi uwo muri iyi si.
24 Ni co gituma ndababwiye nti: muzopfira mu bicumuro vyanyu. Nimba mutizera ko ndi we, muzopfira mu bicumuro vyanyu.»
25 Baca bamubaza bati: «Uri nde?» Yezu abishura ati: «Mbega hoho ndiko ndabavugishiriza iki?
26 Ndafise ibintu vyinshi novuga ku biberekeye n’ivyo nobacirako urubanza. Nakare uwandungitse ni uw’ukuri kandi ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw’isi+.»
27 Ntibatahuye ko yariko ababwira ibijanye na Se wiwe.
28 Yezu aca ababwira ati: «Nimwamara kumanika Umwana w’umuntu+, ni ho muzomenya ko ndi we+ be n’uko ata kintu na kimwe nkora ndavyibwiye+, mugabo ko ivyo Data yanyigishije ari vyo mvuga.
29 Kandi uwandungitse ari kumwe nanje. Ntiyantaye jenyene, kuko nama nkora ibimuhimbara+.»
30 Avuze ivyo, benshi baca baramwizera.
31 Yezu abandanya kubwira Abayuda bari bamwizeye ati: «Nimwagumya ijambo ryanje, muzoba muri abigishwa banje vy’ukuri.
32 Muzomenya ukuri+ kandi ukuri kuzobagira abidegemvya+.»
33 Bamubwira bati: «Turi uruvyaro rwa Aburahamu kandi ntitwigeze tuba abashumba b’umuntu n’umwe. None uvuga gute ngo: “Muzoba abidegemvya”?»
34 Yezu abishura ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, uwuguma akora igicumuro wese aba ari umushumba waco+.
35 Vyongeye, umushumba ntaguma mu rugo ibihe vyose, ariko umwana we agumaho ibihe vyose.
36 Umwana rero niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.
37 Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Mugabo mushaka kunyica, kuko ijambo ryanje ata kibanza rifise* muri mwebwe.
38 Jewe mvuga ivyo nabonanye Dawe+, ariko mwebwe mukora ivyo mwumvanye so.»
39 Bamwishura bati: «Data ni Aburahamu.» Yezu ababwira ati: «Iyaba muri abana ba Aburahamu+, muba mukora ibikorwa vya Aburahamu.
40 Mugabo mushaka kunyica, kandi nababwiye ukuri numvanye Imana+. Aburahamu ivyo nta vyo yakoze.
41 Muriko mukora ibikorwa vya so.» Baca bamubwira bati: «Ntitwavutse mu busambanyi*. Dufise Data umwe, ni Imana.»
42 Yezu ababwira ati: «Iyaba Imana ari yo So muba munkunda+, kuko navuye ku Mana, nkaba ndi ng’aha kubera yo. Sinaje ndavyibwiye, ahubwo ni yo yantumye+.
43 Kubera iki mudatahura ivyo ndiko ndavuga? Ni kubera mudashaka kwumviriza amajambo yanje.
44 Mwebwe muva kuri so Shetani*, kandi mushaka gukora ivyo so yipfuza+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango*+, kandi ntiyigeze ashikama mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma+.
45 Ariko jewe ntimunyizera kubera ndababwira ukuri.
46 Ni nde muri mwebwe yonyemeza ko nagirwa n’igicumuro? Nimba mvuga ukuri, kubera iki mutanyizera?
47 Uwuva ku Mana arumviriza amajambo y’Imana+. Ni co gituma mwebwe mutumviriza, kuko mutava ku Mana+.»
48 Abayuda baca bamubwira bati: «Wumva none tutaba tuvuze ukuri iyo tuvuze ngo: “Uri Umusamariya+ kandi urimwo idayimoni+”?»
49 Yezu abishura ati: «Sindimwo idayimoni, ahubwo ntera iteka Dawe, namwe mukantetereza.
50 Ariko sindiko ndironderera ubuninahazwa+, hariho uwubundonderera kandi agaca urubanza.
51 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, umuntu niyubahiriza ijambo ryanje ntazokwigera apfa+.»
52 Abayuda baca bamubwira bati: «Ubu rero turamenye ko urimwo idayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abahanuzi barapfuye, nawe ngo: “Umuntu niyubahiriza ijambo ryanje ntazokwigera apfa.”
53 None wewe uraruta data Aburahamu yapfuye? Abahanuzi na bo nyene barapfuye. None wewe wibaza ko uri nde?»
54 Yezu abishura ati: «Nimba nininahaza, ubuninahazwa bwanje rero ni ubusa. Dawe ni we aninahaza+, uwo muvuga ngo ni Imana yanyu.
55 Mwebwe ntimumuzi+, mugabo jewe ndamuzi+. Kandi hamwe novuga ko ntamuzi, noba mbaye umubeshi nkamwe. Ariko ndamuzi vy’ukuri kandi ndubahiriza ijambo ryiwe.
56 Aburahamu so wanyu yaranezerwa cane n’icizigiro co kubona umusi wanje, kandi yarawubonye aranezerwa+.»
57 Abayuda baca bamubwira bati: «Nta n’imyaka 50 ufise, hanyuma ngo warabonye Aburahamu?»
58 Yezu abishura ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, Aburahamu atarabaho jewe nariho+.»
59 Baca batora amabuye ngo bayamutere, mugabo Yezu arinyegeza, aca arasohoka ava mu rusengero.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «mwisunze umubiri.»
^ Canke «ridatera imbere.»
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «kuva igihe yatangura.» Ni ukuvuga igihe yatangura kubeshera Imana.
^ Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).