Yohani 17:1-26

  • Isengesho rya nyuma ari kumwe n’intumwa ziwe (1-26)

    • Kumenya Imana bisobanura ubuzima budahera (3)

    • Abakirisu si ab’isi (14-16)

    • «Ijambo ryawe ni ukuri» (17)

    • «Narabamenyesheje izina ryawe» (26)

17  Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca arangamiza mw’ijuru maze avuga ati: «Da, isaha irageze. Ninahaza umwana wawe, kugira ngo umwana wawe na we akuninahaze+, 2  kuko wamuhaye ububasha ku bantu bose*+, kugira ahe ubuzima budahera+ abo wamuhaye bose+. 3  Kugira abantu baronke ubuzima budahera+, bategerezwa kukumenya neza*, wewe Imana yonyene y’ukuri+, n’uwo watumye Yezu Kristu+. 4  Narakuninahaje kw’isi+, kuko ndangije igikorwa wampaye+. 5  Ubu rero Dawe, nuninaharize iruhande yawe, uninaharishe bwa buninahazwa nari mfise nkiri kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho+. 6  Narahishuriye* izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi+. Bari abawe hanyuma urabampa, kandi barubahirije* ijambo ryawe. 7  Ubu barazi ko ibintu vyose wampaye biva iwawe, 8  kuko nabahaye amajambo wampaye+, kandi barayemeye. Baramenye vy’ukuri ko naje ndaguserukira+, kandi baremeye ko wantumye+. 9  Ni bo nsabira. Sinsabira isi, ahubwo nsabira abo wampaye, kuko ari abawe. 10  Ivyo mfise vyose ni ivyawe kandi ivyo ufise ni ivyanje+. Vyongeye, naraninahajwe muri bo. 11  Sinkiri mw’isi, mugabo bo bari mw’isi+ kandi ngira nze iwawe. Dawe mweranda, nubarinde+ kubera izina ryawe wampaye, kugira babe umwe nk’uko natwe turi umwe*+. 12  Nkiri kumwe na bo, narabarinda+ kubera izina ryawe wampaye. Narabakingiye, kandi nta n’umwe yaranduwe+ kiretse wa mwana wo kurandurwa+, kugira icanditswe kiranguke+. 13  Ubu rero ngira nze iwawe, kandi ndiko mvugira ibi bintu mw’isi kugira ngo akanyamuneza kanje kuzure muri bo+. 14  Narabahaye ijambo ryawe, ariko isi yarabanse kuko atari ab’isi+, nk’uko nanje ntari uw’isi. 15  Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngusaba ngo ubarinde kubera wa mubisha+. 16  Si ab’isi+, nk’uko nanje ntari uw’isi+. 17  Nubeze* ukoresheje ukuri+. Ijambo ryawe ni ukuri+. 18  Narabatumye mw’isi, nk’uko nawe wantumye mw’isi+. 19  Ndiko ndiyeza kubera bo, kugira ngo na bo nyene bezwe biciye ku kuri. 20  Sinsabiye aba bonyene, nsabiye n’abazonyizera biciye kw’ijambo ryabo, 21  kugira bose babe umwe+, nk’uko wewe Dawe wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe+, no kugira bunge ubumwe natwe maze isi yizere ko wantumye. 22  Narabahaye ubuninahazwa wampaye, kugira babe umwe nk’uko natwe turi umwe+. 23  Jewe nunze ubumwe na bo, nawe ukunga ubumwe nanje, kugira na bo bunge ubumwe bimwe bishitse*, maze isi imenye ko wantumye be n’uko wabakunze nk’uko wankunze. 24  Da, nshaka ko abo wampaye bazoba bari kumwe nanje aho nzoba ndi+, kugira babone ubuninahazwa wampaye, kuko wankunze imbere y’ishingwa ry’isi+. 25  Dawe ugororotse, isi ntikuzi+ koko, mugabo jewe ndakuzi+ kandi aba baramenye ko ari wewe wantumye. 26  Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzorimenyekanisha+, kugira urukundo wankunze rube muri bo, nanje nunge ubumwe na bo+.»

Utujambo tw'epfo

^ Canke «ku gifise umubiri cose.»
^ Canke «bategerezwa kwironsa ubumenyi bukwerekeye.» Irivuga ryo mu kigiriki ryerekeza ku gikorwa kibandanya.
^ Canke «naramenyesheje.»
^ Canke «baragamburutse.»
^ Canke «kugira bunge ubumwe nk’uko natwe twunze ubumwe.»
^ Canke «nubashire ku ruhande», «nubagire beranda.»
^ Canke «kugira bunge ubumwe butagira akanenge.»