Imigani 19:1-29

  • Ugutahura kurahwamika ishavu (11)

  • Umugore w’amahane ameze nk’igisenge kiva (13)

  • Umugore w’ubwenge umuhabwa na Yehova (14)

  • Kosora umwana wawe bigishoboka (18)

  • Ni vyiza kwumviriza impanuro (20)

19  Umukene agendera mu gutungana+aruta ikijuju kivuga ibinyoma+.   Si vyiza ko umuntu abaho ata bumenyi afise+,kandi uwihutagiza mu vyo akora* aba acumuye.   Ubupfu bw’umuntu bugoramika inzira yiwe,ariko agaca arakarira Yehova mu mutima wiwe.   Ubutunzi butuma umuntu aronka abagenzi benshi,ariko umukene mbere n’umugenzi wiwe aramuheba+.   Icabona c’ikinyoma* ntikizobura guhanwa+,kandi uwuguma avuga ibinyoma ntazorusimba+.   Abarondera gushimwa n’umunyacubahiro* ni benshi,kandi abantu bose bipfuza kuba abagenzi b’uwutanga ingabire.   Benewabo n’umukene bose baramwanka+.Ntibitangaje rero ko n’abagenzi biwe bamuca kure+! Arabatakambira ariko nta n’umwe amwishura.   Uwironsa ubwenge aba akunda ubuzima bwiwe+. Uwuha agaciro ugutahura azororanirwa*+.   Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa,kandi uwuguma avuga ibinyoma azopfa+. 10  Nimba bitabereye ko ikijuju kiba mu bihinda,hari akantu rero umusuku aganje abaganwa+! 11  Ugutahura* kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe+,kandi kwirengagiza ikosa yakorewe bituma aboneka neza+. 12  Ishavu ry’umwami rimeze nk’ukuroha kw’intambwe*+,ariko gushimwa na we bimeze nk’urume ku vyatsi. 13  Umwana w’ikijuju ateza ingorane se+,kandi umugore w’amahane* ameze nk’igisenge kiguma kiva+. 14  Inzu n’ubutunzi ubihabwa* n’abavyeyi,ariko umugore w’ubwenge umuhabwa na Yehova+. 15  Ubunebwe butera itiro ryinshi,kandi kurera amaboko bituma umuntu yicwa n’inzara+. 16  Uwubaha amabwirizwa aba akingiye ubuzima bwiwe+,ariko uwutitaho ingaruka z’ivyo akora azopfa+. 17  Uwugiriye ubuntu umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+,kandi azomuha impera* y’ivyo yakoze+. 18  Kosora umwana wawe bigishoboka*+,ahandiho wohava wagirwa n’urupfu rwiwe*+. 19  Umuntu akaza ishavu azobihanirwa.Niwagerageza kumukingira, emwe uzokwamizako+. 20  Umviriza impanuro kandi wemere gutozwa indero+,kugira uzobe inkerebutsi muri kazoza+. 21  Mu mutima w’umuntu hari imigambi myinshi,ariko ivyo Yehova agomba ni vyo biranguka+. 22  Urukundo rw’umuntu ni rwo rutuma abandi bamushima+,kandi wopfuma uba umukene hako uba umubeshi. 23  Gutinya Yehova bishikana ku buzima+.Uwumutinya ariryamira amahoro, nta kibi kimushikira+. 24  Ikinebwe gishira ukuboko mw’isahani y’ibifungurwa,ariko bikakinanira kukugarukana ku munwa+. 25  Kubita umucokoranyi+ kugira imburambwege yige kwiyubara+.Kosora umuntu afise ugutahura kugira ubumenyi bwiwe bwongerekane+. 26  Umwana afata nabi se kandi akomora nyina,aba akoze ibintu biteye isoni kandi vy’akamaramaza+. 27  Mwananje, niwanka gutozwa indero,uzoja kure y’amajambo y’ubukerebutsi. 28  Icabona c’imburakimazi gisuzugura ubutungane+,kandi akanwa k’ababisha kamiragura ibibi+. 29  Igihano kirindiriye abacokoranyi+,inkoni na zo zibikiwe umugongo w’ibijuju+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «uwihuta n’ibirenge vyiwe.»
Canke «uwuhema ibinyoma.»
Canke «n’umuntu atanga cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «azoronka ivyiza.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «aguma atorana amahinyu.»
Canke «ubiragwa.»
Canke «kandi azomwishura.»
Canke «hakiriho ivyizigiro.»
Canke «kandi ntiwipfuze ko apfa.»