Imigani 19:1-29
19 Umukene agendera mu gutungana+aruta ikijuju kivuga ibinyoma+.
2 Si vyiza ko umuntu abaho ata bumenyi afise+,kandi uwihutagiza mu vyo akora* aba acumuye.
3 Ubupfu bw’umuntu bugoramika inzira yiwe,ariko agaca arakarira Yehova mu mutima wiwe.
4 Ubutunzi butuma umuntu aronka abagenzi benshi,ariko umukene mbere n’umugenzi wiwe aramuheba+.
5 Icabona c’ikinyoma* ntikizobura guhanwa+,kandi uwuguma avuga ibinyoma ntazorusimba+.
6 Abarondera gushimwa n’umunyacubahiro* ni benshi,kandi abantu bose bipfuza kuba abagenzi b’uwutanga ingabire.
7 Benewabo n’umukene bose baramwanka+.Ntibitangaje rero ko n’abagenzi biwe bamuca kure+!
Arabatakambira ariko nta n’umwe amwishura.
8 Uwironsa ubwenge aba akunda ubuzima bwiwe+.
Uwuha agaciro ugutahura azororanirwa*+.
9 Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa,kandi uwuguma avuga ibinyoma azopfa+.
10 Nimba bitabereye ko ikijuju kiba mu bihinda,hari akantu rero umusuku aganje abaganwa+!
11 Ugutahura* kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe+,kandi kwirengagiza ikosa yakorewe bituma aboneka neza+.
12 Ishavu ry’umwami rimeze nk’ukuroha kw’intambwe*+,ariko gushimwa na we bimeze nk’urume ku vyatsi.
13 Umwana w’ikijuju ateza ingorane se+,kandi umugore w’amahane* ameze nk’igisenge kiguma kiva+.
14 Inzu n’ubutunzi ubihabwa* n’abavyeyi,ariko umugore w’ubwenge umuhabwa na Yehova+.
15 Ubunebwe butera itiro ryinshi,kandi kurera amaboko bituma umuntu yicwa n’inzara+.
16 Uwubaha amabwirizwa aba akingiye ubuzima bwiwe+,ariko uwutitaho ingaruka z’ivyo akora azopfa+.
17 Uwugiriye ubuntu umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+,kandi azomuha impera* y’ivyo yakoze+.
18 Kosora umwana wawe bigishoboka*+,ahandiho wohava wagirwa n’urupfu rwiwe*+.
19 Umuntu akaza ishavu azobihanirwa.Niwagerageza kumukingira, emwe uzokwamizako+.
20 Umviriza impanuro kandi wemere gutozwa indero+,kugira uzobe inkerebutsi muri kazoza+.
21 Mu mutima w’umuntu hari imigambi myinshi,ariko ivyo Yehova agomba ni vyo biranguka+.
22 Urukundo rw’umuntu ni rwo rutuma abandi bamushima+,kandi wopfuma uba umukene hako uba umubeshi.
23 Gutinya Yehova bishikana ku buzima+.Uwumutinya ariryamira amahoro, nta kibi kimushikira+.
24 Ikinebwe gishira ukuboko mw’isahani y’ibifungurwa,ariko bikakinanira kukugarukana ku munwa+.
25 Kubita umucokoranyi+ kugira imburambwege yige kwiyubara+.Kosora umuntu afise ugutahura kugira ubumenyi bwiwe bwongerekane+.
26 Umwana afata nabi se kandi akomora nyina,aba akoze ibintu biteye isoni kandi vy’akamaramaza+.
27 Mwananje, niwanka gutozwa indero,uzoja kure y’amajambo y’ubukerebutsi.
28 Icabona c’imburakimazi gisuzugura ubutungane+,kandi akanwa k’ababisha kamiragura ibibi+.
29 Igihano kirindiriye abacokoranyi+,inkoni na zo zibikiwe umugongo w’ibijuju+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwihuta n’ibirenge vyiwe.»
^ Canke «uwuhema ibinyoma.»
^ Canke «n’umuntu atanga cane.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azoronka ivyiza.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
^ Canke «aguma atorana amahinyu.»
^ Canke «ubiragwa.»
^ Canke «kandi azomwishura.»
^ Canke «hakiriho ivyizigiro.»
^ Canke «kandi ntiwipfuze ko apfa.»