Matayo 19:1-30

  • Ukwubaka be n’ukwahukana (1-9)

  • Ingabirano y’ukutubaka (10-12)

  • Yezu ahezagira abana (13-15)

  • Umusore w’umutunzi abaza ikibazo (16-24)

  • Kwihebera Ubwami (25-30)

19  Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca ava i Galilaya aja ku rubibe* rwa Yudaya, hakurya ya Yorodani+.  Amasinzi y’abantu aramukurikira, na we abakirizayo.  Abafarizayo baza aho ari bashaka kumutega, bamubaza bati: «Vyoba vyemewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe ku mvo iyo ari yo yose+  Yezu abishura ati: «Ntimwasomye ko uwabaremye kuva mu ntango yabaremye ari umugabo n’umugore+?  Yavuze ati: “Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata*, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.”  Ntibaba bakiri babiri rero, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ico Imana yafatanije* rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya+  Baca bamubwira bati: «Kubera iki none Musa yategetse ko umuntu amuha urupapuro* rwo kwahukana maze akamwirukana+  Abishura ati: «Musa yabemereye kwirukana abagore banyu kubera mufise imitima ikomantaye+, ariko mu ntango si ko vyari bimeze+.  Ndababwiye ko uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi* hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ 10  Abigishwa biwe baca bamubwira bati: «Nimba ivy’umugabo n’umugore wiwe ari ukwo bimeze, umuntu yopfuma areka kwubaka.» 11  Na we abishura ati: «Si bose bavyemera, kiretse abafise iyo ngabirano+. 12  Kuko hariho inkone* zavutse gutyo, hakabaho inkone zagizwe inkone n’abantu, hakabaho n’inkone zigize inkone kubera Ubwami bwo mw’ijuru. Uwushobora kuvyemera rero navyemere+ 13  Hanyuma bamuzanira abana batoyi ngo abarambikeko ibiganza yongere abasengere, ariko abigishwa biwe barabakankamira+. 14  Mugabo Yezu ababwira ati: «Nimureke abo bana, kandi ntimubabuze kuza aho ndi, kuko Ubwami bwo mw’ijuru ari ubw’abameze nk’abo+ 15  Aca abarambikako ibiganza, hanyuma ava ng’aho aragenda. 16  Maze haza umuntu umwe, amubaza ati: «Mwigisha, ni iciza ikihe nokora kugira nze ndonke ubuzima budahera+ 17  Amwishura ati: «Kubera iki umbaza ivyerekeye iciza? Umwe gusa ni we ari mwiza+. Ariko nimba ushaka kuronka ubuzima, guma wubahiriza amabwirizwa+ 18  Na we amubaza ati: «Ayahe?» Yezu amwishura ati: «Ntukice+, ntukarenge ibigo+, ntukibe+, ntukagirize ibinyoma mugenzawe+, 19  tera iteka so wawe na nyoko wawe+, kandi utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+ 20  Uyo musore aca amubwira ati: «Ivyo vyose narabikurikije. Ico mbuze ni igiki?» 21  Yezu aca amubwira ati: «Nimba ushaka kuba uwutunganye*, genda ugurishe ivyo ufise maze ufashe abakene, uzoheza ugire itunga mw’ijuru+. Hanyuma uce uza unkurikire+ 22  Uwo musore avyumvise, aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi+. 23  Yezu aca abwira abigishwa biwe ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, bizogorana ko umutunzi yinjira mu Bwami bwo mw’ijuru+. 24  Ndabisubiyemwo: biroroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana+ 25  Abigishwa bavyumvise barumirwa, maze bavuga bati: «Ni nde vy’ukuri ashobora kurokoka+ 26  Yezu arabihweza, aca ababwira ati: «Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka+ 27  Petero aca amubaza ati: «Raba twebwe twarahevye vyose turagukurikira. None tuzoronka iki+ 28  Yezu abishura ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe yiwe y’ubuninahazwa muri ca gihe co guhindura ibintu vyose bikaba bishasha*, mwebwe mwankurikiye muzokwicara ku ntebe z’ubwami 12, mucire imanza imiryango 12 ya Isirayeli+. 29  Kandi umuntu wese yahevye amazu, benewabo, bashikiwe, se wiwe, nyina wiwe, abana canke amatongo kubera izina ryanje, azoronka ibiruta ivyo incuro ijana kandi azotorana ubuzima budahera+. 30  Ariko benshi mu ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ku mupaka.»
Canke «akagumana n’umugore wiwe.» Raba akajambo k’epfo mu It 2:24.
Mu kigiriki havuga ngo «yaboheye ku ngogo imwe.»
Canke «urwandiko.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «uwuzuye.»
Canke «muri ca gihe co kurema bushasha.»