Matayo 19:1-30
19 Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca ava i Galilaya aja ku rubibe* rwa Yudaya, hakurya ya Yorodani+.
2 Amasinzi y’abantu aramukurikira, na we abakirizayo.
3 Abafarizayo baza aho ari bashaka kumutega, bamubaza bati: «Vyoba vyemewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe ku mvo iyo ari yo yose+?»
4 Yezu abishura ati: «Ntimwasomye ko uwabaremye kuva mu ntango yabaremye ari umugabo n’umugore+?
5 Yavuze ati: “Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata*, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.”
6 Ntibaba bakiri babiri rero, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ico Imana yafatanije* rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya+.»
7 Baca bamubwira bati: «Kubera iki none Musa yategetse ko umuntu amuha urupapuro* rwo kwahukana maze akamwirukana+?»
8 Abishura ati: «Musa yabemereye kwirukana abagore banyu kubera mufise imitima ikomantaye+, ariko mu ntango si ko vyari bimeze+.
9 Ndababwiye ko uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi* hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+.»
10 Abigishwa biwe baca bamubwira bati: «Nimba ivy’umugabo n’umugore wiwe ari ukwo bimeze, umuntu yopfuma areka kwubaka.»
11 Na we abishura ati: «Si bose bavyemera, kiretse abafise iyo ngabirano+.
12 Kuko hariho inkone* zavutse gutyo, hakabaho inkone zagizwe inkone n’abantu, hakabaho n’inkone zigize inkone kubera Ubwami bwo mw’ijuru. Uwushobora kuvyemera rero navyemere+.»
13 Hanyuma bamuzanira abana batoyi ngo abarambikeko ibiganza yongere abasengere, ariko abigishwa biwe barabakankamira+.
14 Mugabo Yezu ababwira ati: «Nimureke abo bana, kandi ntimubabuze kuza aho ndi, kuko Ubwami bwo mw’ijuru ari ubw’abameze nk’abo+.»
15 Aca abarambikako ibiganza, hanyuma ava ng’aho aragenda.
16 Maze haza umuntu umwe, amubaza ati: «Mwigisha, ni iciza ikihe nokora kugira nze ndonke ubuzima budahera+?»
17 Amwishura ati: «Kubera iki umbaza ivyerekeye iciza? Umwe gusa ni we ari mwiza+. Ariko nimba ushaka kuronka ubuzima, guma wubahiriza amabwirizwa+.»
18 Na we amubaza ati: «Ayahe?» Yezu amwishura ati: «Ntukice+, ntukarenge ibigo+, ntukibe+, ntukagirize ibinyoma mugenzawe+,
19 tera iteka so wawe na nyoko wawe+, kandi utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.»
20 Uyo musore aca amubwira ati: «Ivyo vyose narabikurikije. Ico mbuze ni igiki?»
21 Yezu aca amubwira ati: «Nimba ushaka kuba uwutunganye*, genda ugurishe ivyo ufise maze ufashe abakene, uzoheza ugire itunga mw’ijuru+. Hanyuma uce uza unkurikire+.»
22 Uwo musore avyumvise, aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi+.
23 Yezu aca abwira abigishwa biwe ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, bizogorana ko umutunzi yinjira mu Bwami bwo mw’ijuru+.
24 Ndabisubiyemwo: biroroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana+.»
25 Abigishwa bavyumvise barumirwa, maze bavuga bati: «Ni nde vy’ukuri ashobora kurokoka+?»
26 Yezu arabihweza, aca ababwira ati: «Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka+.»
27 Petero aca amubaza ati: «Raba twebwe twarahevye vyose turagukurikira. None tuzoronka iki+?»
28 Yezu abishura ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe yiwe y’ubuninahazwa muri ca gihe co guhindura ibintu vyose bikaba bishasha*, mwebwe mwankurikiye muzokwicara ku ntebe z’ubwami 12, mucire imanza imiryango 12 ya Isirayeli+.
29 Kandi umuntu wese yahevye amazu, benewabo, bashikiwe, se wiwe, nyina wiwe, abana canke amatongo kubera izina ryanje, azoronka ibiruta ivyo incuro ijana kandi azotorana ubuzima budahera+.
30 Ariko benshi mu ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ku mupaka.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «yaboheye ku ngogo imwe.»
^ Canke «urwandiko.»
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «uwuzuye.»
^ Canke «muri ca gihe co kurema bushasha.»