Timoteyo wa kabiri 3:1-17
3 Mugabo umenye yuko mu misi ya nyuma+ hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.
2 Kuko abantu bazoba bikunda, bakunda amahera, bishima, bibona, bavuga nabi Imana n’abantu*, bagambararira abavyeyi, ari intashima, ibihemu,
3 badakunda ababo, badashaka kwumvikana na gato, bambika ibara abandi, batigumya, ari inkazi, badakunda iciza,
4 bagirira nabi abagenzi babo*, ari intumva, bivyimvya, bakunda ivyo kwinezereza aho gukunda Imana,
5 basa n’abantu bubaha Imana mugabo ntibabeho nk’abayubaha*+. Abo rero ubace kure.
6 Muri abo ni ho hava ba bantu bacengetera ku rwenge mu ngo, bakigarurira abagore bagoyagoya baremerewe n’ibicumuro kandi batwarwa n’ivyipfuzo bitandukanye.
7 Abo bagore bama biga yamara ntibigera bamenya neza ukuri.
8 Abo bantu barwanya ukuri nka kumwe Yane na Yambure barwanya Musa. Ni abantu bononekaye rwose mu bwenge, abantu batemerwa n’Imana mu bijanye n’ukwizera.
9 Yamara rero, ntibazorenga aho kuko ubusazi* bwabo buzokwibonekeza cane kuri bose, nk’uko vyagenze kuri abo bagabo babiri+.
10 Mugabo wewe warakurikiraniye hafi inyigisho yanje, ingene mbayeho+, intumbero yanje mu buzima, ukwizera kwanje, ukwiyumanganya kwanje, urukundo rwanje, ukwihangana kwanje,
11 uruhamo n’imibabaro vyanshikiye i Antiyokiya+, muri Ikoniyo+ n’i Lusitira+. Narihanganiye urwo ruhamo kandi Umukama yararunkijije rwose uko rungana+.
12 Mu vy’ukuri, abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana kandi bunze ubumwe na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa+.
13 Mugabo abantu b’ababisha be n’abiyorobetsi* bazogenda barushiriza kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa+.
14 Ariko weho, ugume mu vyo wize, wumvishijwe maze ukavyemera+, kuko uzi neza ababikwigishije.
15 Urazi kandi ko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda+, bimwe bishobora gutuma uba inkerebutsi biciye ku kwizera Kristu Yezu maze ukaronka ubukiriro+.
16 Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana+ kandi ni ngirakamaro mu kwigisha+, mu gukosora* umuntu, mu kugorora* ibintu no mu gutoza indero hisunzwe ibigororotse+,
17 kugira umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose kugira akore igikorwa ciza cose.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «barogota.»
^ Canke «abaguranyi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «bakihakana ububasha (bw’ukwo kwubaha Imana).»
^ Canke «ubupfu.»
^ Canke «abangushi», «ababeshi.»
^ Canke «gukangira.»
^ Canke «gutunganya.»