Zaburi 130:1-8
Ni indirimbo y’abariko baraduga.
130 Ewe Yehova, ndagutabaje nihebuye cane+.
2 Ewe Yehova, niwumve ijwi ryanje.
Ese wokwumva ugutabaza kwanje!
3 Ewe Yehova*, iyaba amakosa ari yo uraba*,ni nde yoguma ahagaze ga Yehova+?
4 Kuko iwawe ari ho hari ukubabarirwa nyakwo+,kugira ngo abantu bagutinye+.
5 Yehova ni we nizigiye, ndamwizigiye n’umutima wanje wose.Ijambo ryiwe ni ryo ndindiriye.
6 Ndarindiriye Yehova ndabishashaye+,kuruta uko inderetsi zirindira igitondo+,emwe kuruta uko inderetsi zirindira igitondo.
7 Isirayeli nigume irindiriye Yehova,kuko urukundo rwa Yehova rudahemuka+,kandi afise ububasha bwinshi bwo gukiza.
8 Azokiza Abisirayeli amakosa yabo yose.

