Abanyefeso 5:1-33

  • Imvugo n’inyifato bibereye (1-5)

  • Mwigenze nk’abana b’umuco (6-14)

  • Mwuzuzwe impwemu (15-20)

    • Mukoreshe neza umwanya wanyu (16)

  • Impanuro zihabwa abagabo n’abagore (21-33)

5  Nimwigane Imana+ rero nk’abana ikunda cane,  kandi mubandanye kugendera mu rukundo+, nk’uko na Kristu yadukunze+ akatwigura*, akaba ishikanwa n’ikimazi, akamoto keza ku Mana+.  Ubusambanyi* n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umwina, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe+, nk’uko bibereye abantu beranda+.  Ntihakabe n’ingeso ziteye isoni canke ibiyago vy’ubupfu canke ibijajuro biteye isoni+, kuko ari ibintu bitabereye, ahubwo habe ugukenguruka+.  Kuko ibi mubizi kandi mukavyiyemerera: nta musambanyi*+ canke umuntu ahumanye canke umunyamunoho+, ni ukuvuga uwusenga ibigirwamana, azogira ico atorana mu Bwami bwa Kristu n’Imana+.  Ntihagire umuntu abahendesha amajambo agaragara, kuko ivyo bintu ari vyo bituma uburake bw’Imana buza ku bantu bagambarara.  Nuko rero ntimukore nka bo*,  kubera ko kera mwari umwiza, mugabo ubu mukaba muri umuco+ mu bijanye n’Umukama+. Mubandanye kwigenza nk’abana b’umuco,  kuko ivyamwa vy’umuco bigizwe n’ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi n’ukuri+. 10  Mugume musuzuma neza ivyo Umukama yemera+, 11  kandi mureke gukora ibikorwa vy’umwiza+ ata co bimaze, ahubwo nyabuna mushire ahabona ububi bwavyo. 12  Kuko ivyo bakorera mu mpisho biteye isoni ku buryo ata n’uwobicisha mu kanwa. 13  Ibintu vyose bishirwa ahabona* rero biraboneka kubera umuco, kuko ikintu cose gishizwe ahabona gica kiba umuco. 14  Ni co gituma handitswe ngo: «Ikangure wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye+, Kristu aheze akurasire umuco+ 15  Nuko rero mugume muraba neza ukuntu mwigenza*, ntimwigenze nk’abatagira ubukerebutsi ahubwo mwigenze nk’abantu b’inkerebutsi, 16  mukoresha neza umwanya wanyu*+, kubera ko imisi ari mibi. 17  Mureke rero kuba imburabwenge, ahubwo mubandanye gutahura ivyo Yehova* agomba ivyo ari vyo+. 18  Vyongeye, ntimuborerwe umuvinyu+ kuko ujana ku buhumbu*, ahubwo mugume mwuzuzwa impwemu. 19  Mubwirane* amazaburi, amajambo yo gushemeza Imana, muririmbe n’indirimbo z’ivy’impwemu. Muririmbire+ Yehova* mwongera mujanisha n’umuziki+ mu mitima yanyu+. 20  Muri vyose mwame mukengurukira+ Imana yacu ikaba na Data, mubigire mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu+. 21  Umwe wese muri mwebwe nayobokere mugenziwe+ kubera mutinya Kristu. 22  Abagore bayobokere abagabo babo+ nk’uko bayobokera Umukama, 23  kubera ko umugabo ari we agaba* umugore wiwe+, nk’uko na Kristu agaba* ishengero+, ari ryo mubiri wiwe, akaba umukiza waryo. 24  Nkako, nk’uko ishengero riyobokera Kristu, ni ko n’abagore bakwiye kuyobokera abagabo babo muri vyose. 25  Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu+ nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura+, 26  kugira ngo aryeze, aryuhagize amazi biciye kuri rya jambo+. 27  Yabigize kugira ngo ishengero arizane imbere yiwe riri mu bwiza bwakaka, ritagira agatosi canke umunkanyari canke ikintu na kimwe muri ivyo+, ahubwo ari ryeranda kandi ritagira akanenge*+. 28  Ukwo ni ko n’abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Umugabo akunda umugore wiwe aba yikunda, 29  kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite. Ahubwo arawugaburira, akawubungabungana urukundo, nk’uko na Kristu agirira ishengero, 30  kubera ko turi ibihimba vy’umubiri wiwe+. 31  «Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata*, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+ 32  Iryo banga ryeranda+ rirakomeye. Aho ndiko mvuga ibijanye na Kristu be n’ishengero+. 33  Yamara rero, umwe wese muri mwebwe ategerezwa gukunda umugore wiwe+ nk’uko yikunda. Umugore na we ategerezwa kwubaha cane umugabo wiwe+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yabakunze akabigura.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Canke «ntimwifatanye na bo.»
Canke «bikangirwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «mugenda.»
Mu kigiriki havuga ngo «mugura umwanya washinzwe.»
Canke «utuma umuntu aba uwudashoboka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwibwire.»
Mu kigiriki havuga ngo «ari we mutwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «ari umutwe.»
Canke «ikirabagu.»
Canke «akagumana n’umugore wiwe.» Raba akajambo k’epfo mu It 2:24.