Abanyefeso 6:1-24

  • Impanuro zihabwa abana n’abavyeyi (1-4)

  • Impanuro zihabwa abashumba na ba shebuja (5-9)

  • Umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana (10-20)

  • Amajambo yo gusozera (21-24)

6  Bana, nimugamburuki⁠re abavyeyi banyu+ nk’uko Umukama abigomba, kuko ari vyo bigororotse.  «Tera iteka so wawe na nyoko wawe+.» Iryo ni ryo tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango ugira uti:  «Kugira ngo bikugendere neza*, ubone kurambira kw’isi.»  Namwe ba sebibondo, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero+ mwongera mubakebura* nk’uko Yehova* yashinze+.  Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja+ bo kw’isi* nk’abagamburukira Kristu, mutinya kandi mujugumira, ata buryarya mufise mu mitima yanyu.  Ntimubigire igihe gusa babareretse, kugira gusa mushimishe abantu*+, ahubwo mubigire nk’abashumba ba Kristu, mukora ivyo Imana igomba n’umutima wanyu wose+.  Mube abashumba bakorana agatima keza, nk’abakorera Yehova*+, atari nk’abakorera abantu,  kuko muzi yuko iciza cose umuntu akora azocishurwa na Yehova*+, yaba ari umushumba canke yidegemvya.  Namwe ba shebuja, mugume mubafata nk’ukwo nyene, mutabatera ubwoba, kuko muzi yuko Shebuja wabo akaba n’uwanyu ari mw’ijuru+, kandi ntagira nkunzi. 10  Ubwa nyuma, mubandanye kwironsa ububasha+ mu Mukama no mu bushobozi bw’inkomezi ziwe. 11  Mwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho+ biva ku Mana kugira ngo mushobore guhagarara mushikamye murwanye amayeri* ya Shetani*. 12  Kuko turi mu ntambara*+, ariko ntiturwana n’abantu b’inyama n’amaraso, ahubwo turwana n’intwaro, n’ubukuru, n’abatware b’iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi zifise ububasha+ ziri mu bibanza vyo mw’ijuru. 13  Ku bw’ivyo, nimwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana+, kugira ngo mushobore kwirwanako kuri wa musi mubi, kandi nimwamara gukora vyose, muhagarare mushikamye. 14  Muhagarare mushikamye rero, mukenyeye* umukaba w’ukuri+, mwambaye ubugororotsi nk’igikingira igikiriza+, 15  ku birenge vyanyu na ho mwambaye ibirato, mwiteguriye kumenyekanisha inkuru nziza y’amahoro+. 16  Hambavu y’ivyo vyose, mutore inkinzo yagutse y’ukwizera+ izobashoboza kuzimya imyampi* yose yaka umuriro ya wa mubisha+. 17  Vyongeye, mwakire inkofero y’ubukiriro+ n’inkota y’impwemu, ari ryo jambo ry’Imana+. 18  Ivyo mubigire mubandanya no gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Ku bw’ivyo, mugume murikanuye, mutakamba igihe cose ku bw’aberanda bose. 19  Na jewe munsengere kugira ngo ndonke amajambo abereye iyo nteranuye akanwa, nshobore kuvugana ubutinyutsi igihe menyekanisha ibanga ryeranda ry’inkuru nziza+ 20  mbereye umuserukizi+ mu minyororo, no kugira ngo nshobore kuvuga iyo nkuru nziza mfise ubutinyutsi, nk’uko mbwirizwa kuyivuga. 21  Kugira ngo rero namwe mumenye ukuntu merewe n’ivyo ndimwo, umuvukanyi mukundwa Tikiko+ akaba n’umusuku w’umwizigirwa mu Mukama, azobamenyesha vyose+. 22  Ico nyene ni co gitumye ndamubarungikira: kugira ngo mumenye amakuru yacu no kugira ngo ahoze imitima yanyu. 23  Ese abavukanyi bogira amahoro n’urukundo hamwe n’ukwizera biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu. 24  Ubuntu buhebuje* bubane n’abo bose bakunda Umukama wacu Yezu Kristu urukundo rudatituka.

Utujambo tw'epfo

Canke «uroranirwe.»
Canke «mubigisha», «mubayobora.» Mu kigiriki havuga ngo «mubashiramwo ubwenge.»
Canke «bo mu buryo bw’umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «ntimukorere ijisho nk’abashimisha abantu.»
Mu kigiriki havuga ngo «ya wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «imigambi.»
Mu kigiriki havuga ngo «dufise intambara yo kunigana.»
Mu kigiriki havuga ngo «mukenyeye mu kiyunguyungu.»
Canke «ibirwanisho batera.»