Abanyefeso 4:1-32
4 Jewe rero imbohe+ mu Mukama, ndabinginga ngo mwigenze nk’uko bibereye+ ihamagarwa mwahamagawe,
2 mwihanganirana mu rukundo+ mubigiranye ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi n’ukwigumya+,
3 mwihatira n’umwete kuzigama ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe+.
4 Hari umubiri umwe+ n’impwemu imwe+, nk’uko nyene hari icizigiro+ kimwe mwahamagariwe.
5 Hari Umukama umwe+, ukwizera kumwe, ibatisimu imwe,
6 n’Imana imwe ikaba na Se wa bose. Iri hejuru ya bose, igakora biciye kuri bose kandi igakorera muri bose.
7 Umwe wese muri twebwe rero yaragiriwe ubuntu buhebuje* hisunzwe urugero rw’iyo ngabire ya gusa Kristu yamuhaye+.
8 Kuko icanditswe kivuga giti: «Igihe yaduga iyo hejuru, yagiye ajanye imbohe. Yatanze ingabire zigizwe n’abagabo+.»
9 None iryo jambo ngo «igihe yaduga» risobanura iki? Risobanura ko yanamanutse mu turere two hasi, ni ukuvuga kw’isi.
10 Uwo nyene yamanutse ni we kandi yaduze+ kure hejuru y’amajuru yose+, kugira atume ibintu vyose vyuzura.
11 Kandi bamwe yabatanze ngo babe intumwa+, abandi ngo babe abahanuzi+, abandi ngo babe abamamaza injili*+, abandi ngo babe abungere n’abigisha+.
12 Yabatanze kugira babogore* aberanda, kugira bakorere abandi, no kugira bubake umubiri wa Kristu+,
13 kugeza twese twunze ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bwerekeye Umwana w’Imana, tugashika ku rugero rw’umugabo akuze*+, tukaba abantu bahumuye mu buryo bwuzuye nka Kristu.
14 Ntidusubire rero kuba abana, tuzungazunga nk’abazungazungishwa n’imipfunda tukajanwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho+ biciye ku mayeri y’abantu, biciye ku rwenge rukoreshwa mu migambi y’uruhendo.
15 Mugabo mu kuvuga ukuri, nimuze dukure mu bintu vyose twisunze urukundo, dukurire muri umwe ari umutwe, ni ukuvuga Kristu+.
16 Bivuye kuri we umubiri wose+ urafatanirijwe hamwe neza, kandi ukorera hamwe biciye ku ngingo zose zitanga ibikenewe. Igihe igihimba kimwe cose gikora neza bica bituma umubiri ukura, uko wiyubaka mu rukundo+.
17 Iki rero ni co mvuga kandi nkabahimiriza nshimitse mu Mukama: ntimubandanye kwigenza* nk’uko n’abanyamahanga bigenza+, bisunga ibintu ata co bimaze* vyo mu bwenge bwabo+.
18 Mu bwenge bwabo bari mu mwiza, kandi bari kure cane y’ubuzima buva ku Mana, kubera ukutamenya kwabo, kubera ugukomantara* kw’imitima yabo.
19 Kubera yuko babaye ibiti, bihebeye inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*+ kugira bakore ibintu bihumanye vy’ubwoko bwose badahera ipfa*.
20 Mugabo mwebwe ntimwize ko Kristu ari uko ameze,
21 nimba vy’ukuri mwaramwumvise kandi mukigishwa biciye kuri we, mu buryo buhuye n’ukuri kuri muri Yezu.
22 Mwarigishijwe kwambura kamere* ya kera+ ihuye n’ingeso zanyu za kera, kandi yononwa n’ivyipfuzo vyayo bihendana+.
23 Mukwiye kandi kubandanya mugirwa bashasha mu buryo mwiyumvira*+,
24 mukambara kamere* nshasha+ yaremwe hisunzwe ivyo Imana igomba, ihuye n’ubugororotsi bw’ukuri n’ukudahemuka kw’ukuri.
25 Ku bw’ivyo, ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe+, kuko turi ibihimba vyegukira bagenzi bacu+.
26 Nimwaraka, ntibice bituma mucumura+. Izuba ntirirenge mugishavuye+.
27 Ntimuhe akaryo* Shetani*+.
28 Uwiba ntiyongere kwiba, ahubwo nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza+, kugira aronke ico afashisha uwuri n’ivyo akenye+.
29 Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu+, ahubwo havemwo gusa ijambo ryiza ryo kwubaka abandi bivanye n’ibikenewe, kugira ngo rigirire akamaro abaryumva+.
30 Vyongeye, ntimutuntuze* impwemu nyeranda y’Imana+, iyo Imana yakoresheje mu kubashirako ikidodo+ ku bw’umusi w’ukubohorwa biciye ku ncungu+.
31 Mwamirire kure inzigo*+ yose, ishavu, uburake, ugukankama, ugutukana+ n’ibintu vyose bibabaza abandi+.
32 Mugabo mugirire neza bagenzi banyu, mugire impuhwe zuzuye ikibabarwe+, mubabarirane ata gahigihigi nk’uko n’Imana yabababariye ata gahigihigi+ biciye kuri Kristu.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ukwiyorosha mu muzirikanyi.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «inkuru nziza.»
^ Canke «bigishe.»
^ Canke «ahumuye.»
^ Canke «bigaragara», «vy’ubusa.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «kugenda.»
^ Canke «ukutumva.»
^ Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «babigiranye umunoho.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
^ Canke «mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu.» Mu kigiriki havuga ngo «mu mpwemu y’umuzirikanyi wanyu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
^ Canke «ikibanza.»
^ Canke «ntimutere agahinda.»
^ Canke «umururazi mubi.»