Ikirundi
Mukakaro
/assets/ct/28ada02fb0/images/syn_placeholder_sqr.png
es26 rup. 67-77

Mukakaro

Ku wa gatatu, 1 Mukakaro

Mukakaro

Sindigera mbona umugororotsi yahebwe.—Zab. 37:25.

Abasavyi ba Yehova bamwebamwe ntibagikora vyinshi nka kera kubera bitereye mu myaka, bafise amagara make canke bagendana ubumuga. Ivyo vyoshobora gutuma bumva ko ata gaciro bagifise imbere ya Yehova. Boshobora kwibaza bati: «Hoba hari ico nkimariye Yehova?» Uwanditse Zaburi ya 71 na we nyene yiyumva gutyo. Yasenze ati: «Ntunte igihe utuguvu turiko turahera.» (Zab. 71:​9, 18) Naho ari ukwo, yagumye yizigira ko agumye akorera Yehova adahemuka, Yehova yomuyoboye akongera akamushigikira. Umwanditsi w’iyo zaburi, yaratahuye ko Yehova ashima abakora uko bashoboye kwose kugira ngo bamukorere naho haba hari ivyo badashoboye. (Zab. 37:​23-25) Yemwe abageze mu zabukuru, nimwibone nk’uko Yehova ababona. Arashobora kubafasha gusagamba mu vy’impwemu naho mufise amagara make. (Zab. 92:​12-15) Aho gushira umutima ku vyo mudashoboye gukora, nimuwushire ku vyo mushoboye. w24.10 28 ing. 14-16

Ku bijanye no gufungura ivyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa gusa.—1 Kor. 8:4.

Abakirisu badahumuye, akenshi birabagora gufata ingingo nziza mu bintu bisaba ko bisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Igihe ata tegeko ryo muri Bibiliya rihari, bamwebamwe boshobora guca bikorera ivyo bashaka vyose. Abandi na bo boshobora gusaba itegeko kandi ridakenewe. Nk’akarorero, biboneka ko abakirisu b’i Korinto basavye intumwa Pawulo itegeko ku bijanye no kurya canke kutarya ivyashikaniwe ibigirwamana. Aho kubaha itegeko, Pawulo yababwiye ko umwe wese afise ‘uburenganzira bwo guhitamwo’ yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima. Yarabafashije kuzirikana ku ngingo ngenderwako zotuma umwe wese afata ingingo idahungabanya ijwi ryiwe ryo mu mutima, ariko kandi idatsitaza abandi. (1 Kor. 8:​7-9) Pawulo rero yariko arabafasha kuba abantu bahumuye mu vy’impwemu, kugira ngo bakoreshe ububasha bwabo bwo gutahura, aho kugendera ku vyiyumviro vy’uwundi muntu canke kurondera amategeko. w24.04 5 ing. 14

Jewe Yehova nsesa umutima . . . kugira ngo umwe wese ndamuhe ibihuye n’ingeso ziwe.—Yer. 17:10.

Mu gihe ca Yona, Abanyaninewe bararonse akaryo ko kwigaya. Vyongeye, niwibuke ko Yezu yavuze yuko mu ‘bazozukira urubanza’ harimwo «abagiye barakora ibintu bishisha.» (Yoh. 5:29) Biboneka rero ko hariho icizere no ku bantu b’i Sodomu n’i Gomora. Birashoboka ko muri abo bantu hoba harimwo abazozuka, tukaronka akaryo ko kubigisha ivyerekeye Yehova na Yezu Kristu. Yehova yama «[asesa] umutima, [aga]suzuma ivyiyumviro vy’ibwina.» Nihagera ko azura abantu, umwe wese «[azomuha] ibihuye n’ingeso ziwe» nk’uko yamye abigira. Aho bikenewe azotanga igihano, ariko aho bishoboka atange imbabazi. Ntidukwiye rero kwiyumvira ko umuntu kanaka atazozuka, kiretse tuzi neza ko Bibiliya ibitomora. w24.05 5-6 ing. 15-16

Ntutinye. Nzogufasha.—Yes. 41:13.

Kuva kera na rindi, ijambo ry’Imana ryarakomeza abasavyi bayo igihe baba bashinzwe igikorwa kitoroshe. Raba akarorero k’umuhanuzi Yeremiya. Yarahagaritse umutima igihe Yehova yamushinga igikorwa co kuburira abantu. Yeremiya yavuze ati: «Sinzi kuvuga. Ndacari muto.» (Yer. 1:6) Ni igiki none camufashije gutsinda ubwoba? Yakomejwe n’ijambo ry’Imana. Yavuze ati: «Ijambo ryiwe ryabaye nk’umuriro ururumba, wugaraniwe mu magufa yanje. Naruhishijwe no kuwigumizamwo.» (Yer. 20:​8, 9) Naho abantu Yeremiya yaburira bari bagoye, ubutumwa yababwira bwaramuronkeje inkomezi zo gukora ico gikorwa. Abakirisu barakomezwa n’amajambo y’Imana dusanga muri Bibiliya. Intumwa Pawulo yavuze ko kumenya neza ivyo Imana igomba vyotumye abavukanyi biwe babandanya «kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose», gutyo «[bakagenda] nk’uko bibereye abakorera Yehova.»—Kol. 1:​9, 10. w24.04 14-15 ing. 2-4

Umuherezi Sadoki . . . [yarobanuje amavuta] Salomo.—1 Abm. 1:39.

Naho umuherezi mukuru Abiyatari yahemutse mu gushigikira umuhungu wa Dawidi Adoniya uwagerageje kwigarurira ubutegetsi bwa se, Sadoki wewe yagumye ari intahemuka kuri Yehova. Dawidi yarizigira adakeka ko Sadoki yogumye ari intahemuka. Igihe umugambi mubi wa Adoniya wamenyekana, Dawidi yaciye asaba Sadoki, Natani na Benaya ngo barobanuze amavuta Salomo kugira abe umwami. (1 Abm. 1:​32-34) Kuba Sadoki yama ari kumwe n’abasavyi ba Yehova b’intahemuka, nka Natani be n’abandi bashigikira umwami Dawidi, bitegerezwa kuba vyaramukomeje cane. Igihe Salomo yaba umwami yaciye ‘agena umuherezi Sadoki mu kibanza ca Abiyatari.’ (1 Abm. 2:35) Wokwigana gute Sadoki? Bishitse umuntu ukunda agaheba Yehova, wewe nugume uri intahemuka. (Yos. 24:15) Yehova azogukomeza kugira ngo ugume ushikamye. Nugume umwihekako biciye kw’isengesho wongere wiyegereze abaguma ari intahemuka kuri we. Ugumye uri intahemuka, Yehova arabikenguruka kandi ntabura kuguhezagira.—2 Sam. 22:26. w24.07 6-7 ing. 16-17

Ntiduhebe . . . gukora ivyiza.—Gal. 6:9.

Muri Zaburi 15:2 havuga ko umugenzi w’Imana ari «umuntu agendera mu gutungana, akora ibigororotse.» Imvugo ngo «agendera» na «akora» zerekeza ku gikorwa umuntu aguma akora. Ariko none, twoba vy’ukuri dushobora «[ku]gendera mu gutungana»? Ego cane. Naho ata muntu n’umwe atunganye, Yehova azobona ko «[tu]gendera mu gutungana» mu gihe dukora uko dushoboye kwose kugira tumugamburukire. Igihe twiyeguriye Imana tukabatizwa, iba ari intango gusa. Niwibuke ko mu bihe vya Bibiliya, kuba gusa umuntu ari Umwisirayeli bitaca bisigura ko ari umushitsi mw’ihema rya Yehova. Bamwebamwe barambaza Imana, mugabo ntibabigira «mu kuri no mu bugororotsi.» (Yes. 48:1) Abisirayeli bipfuza vy’ukuri kuba abashitsi ba Yehova babwirizwa kwiga ivyo abasaba kandi bakabaho bavyisunga. No muri iki gihe kugira twemerwe n’Imana, hariho ibindi dusabwa uretse kubatizwa no kwifatanya n’ishengero rya gikirisu. Tubwirizwa kuguma «[du]kora ibigororotse.» w24.06 9 ing. 4; 10 ing. 6

Nimwigane Imana.—Ef. 5:1.

Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe Yehova atanga cane? Raba uburorero bukeyi. Yehova araduha ivyo dukeneye. Turashobora kuba tutama turonka ibihinda, ariko Yehova yama aturonsa ivyo dukeneye. Nk’akarorero, araturonsa ibifungurwa, ivyambarwa n’ahantu ho kuba. (Zab. 4:8; Mat. 6:​31-33; 1 Tim. 6:​6-8) Yehova yoba aturonsa ivyo dukenera kubera gusa abwirizwa kubikora? Oya. Zirikana ku majambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 6:​25, 26. Yezu yarakoresheje akarorero k’inyoni maze avuga ati: «Ntizibiba imbuto, ntizimbura canke ngo zegeranirize mu bigega.» Naho biri ukwo, yongeyeko ati: «So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira.» Yaciye abaza ati: «None mwebwe ntimuzirusha agaciro?» Ni igiki none yashaka kutwigisha? Nimba Yehova yitwararika kuronsa ibikoko ivyo bikeneye, turashobora guhera amazinda ko natwe azobituronsa. Cokimwe n’umuvyeyi yitwararikana, Yehova araronsa umuryango wiwe ivyo ukenera kubera ko awukunda.—Zab. 145:16; Mat. 6:32. w24.09 26-27 ing. 4-6

Abagabo bakora neza bituma bagira impagararo nziza kandi bakavugana umwidegemvyo mwinshi mu bijanye n’ukwizera.—1 Tim. 3:13.

Abakozi b’ishengero ni abavukanyi babatijwe bagenywe n’impwemu nyeranda kugira bafashe abakurambere kwitwararika ibikorwa bihambaye mw’ishengero. Igihambaye kuruta, abakozi b’ishengero ni abagabo bakunda Yehova kandi babaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Vyongeye, barakunda cane abavukanyi na bashiki bacu. (Mat. 22:​37-39) None ni ibiki umuvukanyi yabatijwe yokora kugira abe umukozi w’ishengero? Bibiliya irerekana ivyo abipfuza kuba abakozi b’ishengero basabwa. (1 Tim. 3:​8-10, 12) Nimba wipfuza gufasha abandi mu kuba umukozi w’ishengero, niwige kamere zisabwa n’Ivyanditswe maze wihatire kuzitsimbataza. Ariko nubanze usuzume imvo zituma wipfuza kuba umukozi w’ishengero. w24.11 15 ing. 4-5

[Ntimwaryemeye] nk’ijambo ry’abantu, ahubwo mwaryemeye nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana.—1 Tes. 2:13.

Abantu bamwebamwe bavuga ko bamaze gusoma Bibiliya incuro nyinshi. Ariko none boba vy’ukuri bemera ivyo yigisha? Boba vy’ukuri baragerageje gushira mu ngiro ivyo yigisha canke bagahindura ubuzima bwabo? Ikibabaje, ni uko abantu benshi badakurikiza impanuro zo muri Bibiliya. Ariko si ko bimeze ku bijanye n’abasavyi ba Yehova. Turakora uko dushoboye kwose kugira twisunge impanuro itanga mu buzima bwacu. Ariko, ntivyama vyoroshe gusoma no gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana. Birashobora kutatworohera kuronka umwanya wo kurisoma. Canke na ho tukarisoma twihutagiza bigatuma tutaronka n’akanya ko kuzirikana ku vyo twasomye. Ikindi gihe na ho, turashobora gucika intege twiyumviriye ibintu vyose tubwirizwa kuryohora. Intambamyi iyo ari yo yose wohura na yo urashobora kuyitorera umuti. Yehova arashobora kugufasha kubona ico wokora. Ese twokwiyemeza kuba abashira mu ngiro rya Jambo. Nta nkeka ko uko tuzoguma dusoma Ijambo ry’Imana kandi tukarishira mu ngiro mu buzima bwacu, ari ko tuzorushiriza kugira agahimbare.—Yak. 1:25. w24.09 7 ing. 15-16

Mugume musaba, muzohabwa.—Luka 11:9.

Yehova abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda, araduhumuriza igihe dushikiwe n’ikintu kivuna umutima. Nimba uriko urashikirwa n’ikintu kivuna umutima, niwiture Yehova kenshi gashoboka kandi ubigire igihe cose uvyipfuza. (Zab. 86:3; 88:1) Nugume usaba Yehova impwemu yiwe nyeranda. Ntazokwigera yirengagiza ivyo umusaba. Woba warashikiwe n’ikintu kibabaje catumye ucika intege? Impwemu nyeranda yoshobora kugufasha kubandanya ukorera Yehova udahemuka. (Ef. 3:16) Tumaze gusaba Yehova ngo aturonse impwemu nyeranda, dukwiye gukora iki? Nugire uruhara mu bikorwa bituma uronka impwemu y’Imana ku bwinshi. Aho harimwo kwitaba amakoraniro no kwamamaza. Nusome Ijambo ry’Imana buri musi kugira wuzuze mu mutima wawe ivyiyumviro vya Yehova. (Flp. 4:​8, 9) Igihe usoma, nurabe abantu bavugwa muri Bibiliya bashikiwe n’ingorane maze uzirikane ku kuntu Yehova yabafashije kwihangana. w24.10 9 ing. 12-14

Imana ya[ra]kunze isi cane.—Yoh. 3:16.

Cokimwe na Yehova na Yezu, natwe turakunda abantu. (Imig. 8:31) Turumvira impuhwe ‘abatazi Imana kandi batagira icizigiro.’ (Ef. 2:12) Bugarijwe n’ingorane nyinshi mu buzima, natwe tukaba dufise icobafasha, na co akaba ari inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Urukundo n’impuhwe tubafitiye biratuma dukora uko dushoboye kwose kugira tubabwire inkuru nziza. Iyo nkuru nziza iratuma bagira icizigiro, ikabafasha guhimbarwa muri iki gihe, ikongera igatuma bitega kuzoronka «ubuzima nyakuri», ni ukuvuga kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha. (1 Tim. 6:19) Urukundo dukunda abantu ruratuma kandi tubaburira ko umuhero w’iyi si mbi wegereje. (Ezk. 33:​7, 8) Twipfuza ko bamenya ibizoba mu gihe c’amakuba akomeye, yuko idini ry’ikinyoma rizokurwaho, mu nyuma na ho iyi si mbi ya Shetani igasangangurwa kuri Harumagedoni.—Ivyah. 16:​14, 16; 17:​16, 17; 19:​11, 19, 20. w24.05 16-17 ing. 8-9

Ntimwihore bakundwa, ahubwo mureke uburake bw’Imana bukore, kuko vyanditswe ngo: «“Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko”, ni ko Yehova avuze.»—Rom. 12:19.

Intumwa Pawulo yahimirije abakirisu ‘kureka uburake bw’Imana bugakora.’ Turareka uburake bwa Yehova bugakora mu kumureka akaba ari we adutunganiriza ku gihe abona ko kibereye no mu buryo ashaka. Igihe umuvukanyi yitwa John yarenganywa yavuze ati: «Nari nkeneye gutsinda ishavu kugira nirinde gukora ikintu kitabereye, ariko ntivyari vyoroshe. Abaroma 12:19 haramfashije kurindira Yehova.» Biratugirira akamaro igihe turindiriye ko Yehova atorera umuti ikibazo dufise. Biratuma twirinda amaganya hamwe no kuvunika umutima biva ku kuba umuntu ashaka kwifatira ibintu mu minwe. Yehova yiteguriye kudufasha. Ni nk’aho atubwira ati: «Ivy’akarenganyo bindekere, jewe nzobitorera umuti.» Nitwemera umuhango Yehova adusezeranira yuko azosubiriza mu nkoko abarenganya abandi, bizotuma twirengagiza ibidushikira twizigiye yuko azobitorera umuti mu buryo bwiza kuruta. w24.11 6 ing. 14-15

Nuduhe ivyo kurya buri musi, wisunze ivyo dukenera ku musi ku musi.—Luka 11:3.

Turakwiye kuba maso kugira ngo ivy’umubiri ntibifate ikibanza ca mbere mu buzima bwacu. Ico kintu intumwa Pawulo yaragishimitseko mw’ikete yandikiye abakirisu. Yaravuze ibintu vyabaye mu gihe c’Abisirayeli, ushizemwo n’ivyabereye hafi y’umusozi Sinayi. Yaciye agabisha abo bakirisu ‘kutipfuza ibintu bibi nk’uko abo Bisirayeli bavyipfuje.’ (1 Kor. 10:​6, 7, 11) Umunoho w’indya Abisirayeli bari bafise waratumye mbere n’ibifungurwa Yehova yabahaye ku gitangaro bibabera umutego. (Guh. 11:​4-6, 31-34) Vyongeye, igihe basenga ya nyana y’inzahabu vyaragaragaye ko kurya no kunywa no kwiryohera, ari vyo vyari bihambaye kuri bo. (Kuv. 32:​4-6) Pawulo yatanze ako karorero kugira ngo aburire abakirisu bari babayeho imbere y’isangangurwa rya Yeruzalemu n’urusengero rwaho, ryabaye mu mwaka wa 70. Birahambaye rero ko na twebwe dushira ku mutima iyo mpanuro Pawulo yatanze, kubera ko tubayeho mu gihe c’insozero y’ivy’iyi si. w24.12 6 ing. 13

Unezeranwe n’umugore wo mu busore bwawe.—Imig. 5:18.

Yehova ni «Imana ihimbawe» kandi yipfuza ko natwe duhimbarwa. (1 Tim. 1:11) Yaraduhaye ingabire nyinshi zituma ubuzima buryoha. (Yak. 1:17) Imwe muri izo ngabire ni umubano w’ababiranye. Iyo umugabo n’umugore bubakanye basezerana gukundana, kwubahana no kwitwararikana. Kuguma bakomeza urwo rukundo bituma bahimbarwa vy’ukuri. Ikibabaje, ni uko abubakanye benshi muri iki gihe birengagiza ivyo basezeranye ku musi wabo w’ubugeni. Ivyo bica bituma badahimbarwa. None Yehova yiteze ko umugabo afata gute umugore wiwe? Yehova ategeka abagabo gutera iteka abagore babo. Ukuntu dufata umuntu twubaha ni vyo vyerekana ko tumutera iteka. Umugabo atera iteka umugore wiwe amufatana ubuntu n’urukundo.—1 Pet. 3:7. w25.01 8 ing. 1-2; 9 ing. 4-5

Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya.—Heb. 13:6.

Nta nkeka ko ikete intumwa Pawulo yandikiye Abaheburayo ryabafashije kwitegurira amakuba yari araririye kubashikira. Pawulo yahimirije abavukanyi biwe kwiga Ijambo ry’Imana mu buryo bwimbitse no kwihatira kuritahura neza. Ivyo vyobafashije kumenya inyigisho zotumye ukwizera kwabo kugoyagoya no kuzirinda. Yarabaremesheje gukomeza ukwizera kwabo kugira kubafashe gukurikiza badatebaganye ubuyobozi Yezu yatanze n’ubwo bahabwa n’abaja imbere abandi mw’ishengero. Yarabafashije kandi kubona akamaro ko kwihanganira ingorane, bakazibona nk’akaryo ko kumenyerezwa n’Umuvyeyi wabo abakunda. Na twebwe nyene turakwiye gushira mu ngiro iyo mpanuro yo muri Bibiliya. Nitwabigenza gutyo, tuzoshobora kuguma turi intahemuka gushika kw’iherezo.—Heb. 3:14. w24.09 13 ing. 17, 19

Twarejejwe biciye ku mubiri wa Yezu Kristu washikanywe rimwe rizima.—Heb. 10:10.

Twisunze Bibiliya, incungu ni igiciro kirihwa kugira ngo abantu bababariwe ibicumuro, maze basubize hamwe n’Imana. Iyo ncungu ituma icari caratakaye kigarukanwa. Uti gute? Niwibuke ko igihe Adamu na Eva bacumura, baciye batakaza ubuzima butunganye be n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Incungu rero yotegerejwe kuba inganya agaciro n’icari catakaye. (1 Tim. 2:6) Iyo ncungu yorishwe gusa n’umuntu w’umugabo akuze (1) atunganye, (2) yoshoboye kubaho ibihe bidahera kw’isi, (3) yobaye yiteguriye gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. Raba ibintu bitatu vyerekana igituma Yezu ari we yari ashoboye gutanga iyo ncungu yasabwa. (1) Yari atunganye. «Nta gicumuro yakoze.» (1 Pet. 2:22) (2) Kubera ko yari atunganye, yari gushobora kubaho ibihe bidahera kw’isi. (3) Yari yiteguriye gutanga ubwo buzima bwiwe ku bwacu.—Heb. 10:​9, 10. w25.02 4-5 ing. 11-12

[Imana nti]tanga impwemu isorosoro.—Yoh. 3:34.

Yehova aragukunda kandi ko yipfuza ko uba mu bagize umuryango wiwe. Ukwo ni ko biri naho woba uhanganye n’intambamyi zimeze gute zokubuza kubatizwa. Yezu yabwiye umugwi w’abigishwa biwe ati: «Hamwe mwoba mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira uyu musozi muti: “Va ng’aha uje hariya”, kandi wogenda. Nta kintu na kimwe cobananira.» (Mat. 17:20) Abariko baramwumviriza bari bamaze imyaka mike gusa bagendana na Yezu, ukwizera kwabo rero kukaba kwari kugikura. Yezu yarabasubirije umutima mu nda, arababwira ko hamwe boguma bakomeza ukwizera kwabo, Yehova yobafasha gukuraho intambamyi zimeze nk’imisozi. Kandi na wewe Yehova azogufasha kubigira. Nimba ubona hari intambamyi zikubuza gutera intambwe yo kubatizwa, nuce ugira ico ukoze udatebaganye kugira uzikure mu nzira. Niwiyegurire Yehova maze ubatizwe. Emwe, nta yindi ngingo nziza yoza iruta iyo! w25.03 7 ing. 18-20

Yehova ari ku ruhande rwanje, nta co nzotinya.—Zab. 118:6.

Igihe twibutse ko Imana nzima ishobora kudufasha, birashobora gutuma twihanganira ingorane. Kuzirikana ivyo Yehova yakoze muri kahise birashobora gutuma turushiriza kwizigira ko azodufasha. (Yes. 37:​17, 33-37) Vyongeye, nurabe amakuru ari ku rubuga rwacu rwa jw.org yerekana ingene Yehova yashigikiye abavukanyi na bashiki bacu bo mu bihe vya none. N’ikindi kandi, niwibuke ibiringo Yehova yagufashije ku giti cawe. Ntuhagarike umutima ngo ni uko utabona igihe Yehova yagufashije mu buryo bw’agatangaza. Uti kubera iki? Ikizwi coco, ni uko Yehova yagukoreye ibintu vyinshi mu buzima bwawe! Yaragukwegakwegeye kuri we. (Yoh. 6:44) Ubona gute umusavye ngo akwibutse ibihe yishuye amasengesho wamutuye, ibihe yagufashije ku gihe nyene wari ubikeneye, canke ibihe yagufashije uri mu ngorane? Kuzirikana kuri mwene ivyo bihe, bizotuma urushiriza kujijuka ko Yehova azobandanya kugufasha. w24.06 21 ing. 8

Urupfu rwakwiye ku bantu bose, kuko bose bari baracumuye.—Rom. 5:12.

Naho twiyemeje kudakora ikintu na kimwe codutandukanya na Yehova, turi abantu badatunganye. Biroroshe rero ko tugwa mu nyosha mbi. (Rom. 7:​21-23) Tutabiciye n’ikanda, twoshobora gushikirwa n’ibintu bitwosha nabi maze tugakora ikintu kitabereye. Kugira ngo tugume turi intahemuka kuri Yehova no ku Mwana wiwe, turakwiye gukurikiza impanuro ya Yezu idusaba kuba maso ku nyosha mbi zotuma dukora icaha. Twese turoshwa gukora igicumuro. Ariko rero umwe wese muri twebwe arafise aho agoyagoya, nko kwoshwa gukora igicumuro gikomeye, kwisuka mu ngeso zihumanye canke gutwarwa n’ivyiyumviro vy’iyi si. Nk’akarorero, umwe yoshobora kuba ariko ararwanya icipfuzo co gukora igicumuro gikomeye, nk’ubusambanyi. Uwundi yoshobora kuba ariko ararwana urugamba rwo kwirinda gukora ibintu bihumanye, nko kwimara inambu y’umubiri ari wenyene canke kuraba amashusho y’ibiterasoni. Uwundi na we woshobora gusanga ariko ararwana n’ingorane yo gutinya abantu, kwiyemera, gutwarwa n’ishavu canke ikindi kintu. w24.07 14 ing. 3; 15 ing. 5

[Mumubabarire] n’umutima mwiza [mwongere mumuhoze] kugira ngo ntahave yicwa n’umubabaro urenze urugero.—2 Kor. 2:7.

Iyumvire ingene vyogenda hamwe abakurambere bokwanka kugarukana mw’ishengero umuntu yigaye vy’ukuri, canke na ho amaze kugarukanwa ishengero ntirimugaragarize urukundo. Ivyo vyoshobora gutuma yicwa «n’umubabaro urenze urugero.» Yoca yihebura ntabe akigira n’akigoro ko kunagura ubucuti afitaniye n’Imana. N’ikibabaje kuruta, iyo abavukanyi na bashiki bacu banse kubabarira umucumuzi yigaye, boba bashize mu kaga ubucuti bafitaniye na Yehova. Uti kubera iki? Kubera ko batoba bariko barigana imbabazi Yehova agaragariza abacumuzi bigaya. Ahubwo boba biganye agatima kabi ka Shetani ko kutababarira. Ni nk’aho boba bemeye ko Shetani abakoresha kugira ngo bace intege uwo muntu ntabandanye gukorera Yehova.—2 Kor. 2:​10, 11; Ef. 4:27. w24.08 17 ing. 7, 10-11

Igihe yaduga iyo hejuru . . . , yatanze ingabire zigizwe n’abagabo.—Ef. 4:8.

Kristu Yezu yarahaye ishengero «ingabire zigizwe n’abagabo» kugira ngo barifashe mu bundi buryo. Yarakoresheje umugwi w’abakurambere b’i Yeruzalemu kugira ngo barungike Pawulo, Barunaba be n’abandi kugendera amashengero. (Ivyak. 11:22) None hari mu ntumbero iyihe? Mu ntumbero yo gukomeza amashengero, ari na yo nyene yatuma hagenwa abakurambere n’abakozi b’ishengero. (Ivyak. 15:​40, 41) Abahagarikizi b’imizunguruko bama ku nzira. Hari abagenda ibilometero amajana bava mw’ishengero baja mu rindi. Buri ndwi, umuhagarikizi w’umuzunguruko arashikiriza insiguro zitari nke, akagendera intama cungere, akayobora inama y’abatsimvyi, iy’abakurambere, agahagarikira n’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro. Arategura insiguro, agatunganya n’ibijanye n’amateraniro be n’amahwaniro. Arigisha amashure y’abatsimvyi, agatunganya inama idasanzwe agirana n’abatsimvyi bo mu muzunguruko, akitwararika n’ibindi bikorwa ibiro vy’ishami bimuzeza, harimwo n’ibiba vyihuta cane. w24.10 21 ing. 12-13

Nzobabarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.—Yer. 31:34.

Umuhanuzi Yeremiya yarasubiyemwo amajambo Yehova yavuze dusanga mu canditswe c’uno musi. Mu kwerekeza kuri ico canditswe, intumwa Pawulo na we nyene yakoresheje imvugo isa n’iyo, ati: «Ibicumuro vyabo sinzosubira kuvyibuka.» (Heb. 8:12) None ivyo bisobanura iki vy’ukuri? Muri Bibiliya, ijambo «kwibuka» ntiryama ryerekeza ku kuguma wibuka ikintu cabaye muri kahise. Rirashobora no kwerekeza ku kugira ico ukoze. Ya nkozi y’ikibi yari imanikanywe na Yezu, yamusavye iti: «Yezu, uranyibuka niwashika mu Bwami bwawe.» (Luka 23:​42, 43) Aho ntiyariko asaba Yezu ngo azomwiyumvire niyashika mu Bwami bwiwe. Inyishu Yezu yamuhaye, irerekana ko yogize ico akoze akamuzura. Iyo rero Yehova avuze ko adasubira kwibuka ibicumuro vyacu, aba ashaka kuvuga ko yatubabariye kandi ko atazobiduhanira muri kazoza. w25.02 11 ing. 14-15

Kumenya wa Mweranda cane ni kwo gutegera.—Imig. 9:10.

Ugutegera nyakuri kuva ku kumenya kamere za Yehova, umugambi wiwe, ivyo akunda be n’ivyo yanka. Niwibaze rero uti: «Ndavye ivyo nzi ku vyerekeye Yehova, ni ingingo iyihe nofata yomuhimbara?» (Ef. 5:17) Kugira duhimbare Yehova hari igihe dutegerezwa gukora ikintu kibabaza incuti zacu. Nk’akarorero, abavyeyi bamwebamwe batabigiranye umutima mubi, boshobora guhimiriza umukobwa wabo ngo yubakane n’umugabo yifise canke uwotanga inkwano iboneka, naho atoba akomeye mu vy’impwemu. Ni ivy’ukuri ko bipfuriza umukobwa wabo kubaho neza. Ariko none ni nde azomufasha gukomeza ubucuti afitaniye na Yehova? Yehova abona gute ico kintu? Inyishu tuyisanga muri Matayo 6:33. Muri ico canditswe abakirisu baremeshwa kuguma ‘babanza kurondera Ubwami.’ Rero naho dutera iteka abavyeyi bacu kandi tukubaha abantu bo mu kibano, igihambaye cane kuri twebwe ni uguhimbara Yehova. w25.01 17 ing. 9-10

Umukama yahagaze hafi yanje anyuzuza ububasha.—2 Tim. 4:17.

Uravye ingene baturwanya muri iki gihe, turakeneye gufashwa na Yehova kugira ngo tugume twamamaza n’umwete. (Ivyah. 12:17) None wokwemezwa n’iki ko Yehova azogufasha? Rimbura isengesho Yezu yatuye dusanga muri Yohani ikigabane ca 17. Yezu yasavye Yehova ko yorinda intumwa ziwe, kandi Yehova yarishuye iryo sengesho. Igitabu c’Ivyakozwe kirerekana ingene Yehova yafashije izo ntumwa kwamamaza n’umwete naho zariko zirahamwa. Muri iryo sengesho, Yezu yarasavye kandi Yehova ko yorinda abokwizeye bivuye ku nyigisho z’izo ntumwa. Muri abo na wewe urimwo. N’ubu Yehova aracabandanya kwishura iryo sengesho. Na wewe azogufasha nk’uko nyene yafashije izo ntumwa. (Yoh. 17:​11, 15, 20) Uko iherezo ryegereza, birashobora kuzorushiriza kutatworohera kwamamaza n’umwete. Ariko rero, Yehova azodufasha kurangura ico gikorwa.—Luka 21:​12-15. w25.03 18 ing. 13-14

Abasavyi banje bazokwiha akamo k’umunezero.—Yes. 65:14.

Abasavyi ba Yehova bariha «akamo k’umunezero», kubera ko bamukengurukira cane. Ukuri n’imihango biremesha dusanga mw’Ijambo ry’Imana be n’icizigiro ca kazoza dufise kubera incungu ya Kristu, biratuma ‘tumererwa neza mu mutima.’ Kuza turayaga ivyo bintu biratuma duhimbarwa vy’ukuri. (Zab. 34:8; 133:​1-3) Urukundo n’ubumwe dusanga mu basavyi ba Yehova, ni vyo bintu bibiri nyamukuru biranga iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Ni imponjo y’ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha, aho abasavyi ba Yehova bazoba bakundana kandi bunze ubumwe kuruta uko biri muri iki gihe. (Kol. 3:14) Umuntu wese yipfuza guhimbarwa vy’ukuri, akwiye kuza mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Iyi si ishake itubone gute, kazima tuzwi neza na Yehova be n’abavukanyi bacu.—Yes. 65:15. w24.04 21 ing. 7-8

Mugume . . . mwubaka bagenzi banyu.—1 Tes. 5:11.

Twese twoshigikira gute abakirisu bipfuza kwubaka? Uburyo bumwe twobashigikira, ni mu kuba maso ku vyo tuvuga. (Ef. 4:29) Twoshobora kwibaza duti: «Noba ndababwira amajambo yo gutebura mugabo abashiramwo ibindi vyiyumviro? Igihe mbonye umuvukanyi na mushiki wacu bariko barayaga, noba nca nibaza ko bakundana?» (1 Tim. 5:13) Vyongeye, ntidukwiye kwigera dutuma umukirisu atubatse yumva umengo hari ico ahajije, kubera gusa ko atarubaka. Aho kubigenza gutyo, turakwiye nyabuna kurondera uturyo two gukeza abakirisu batarubaka. Bite ho hamwe wobona ko naka na naka baberanye? Bibiliya idusaba kwiyumvira ineza y’abandi. (Rom. 15:2) Abakirisu benshi batarubaka ntibipfuza ko hagira uwubahuza mu ntumbero y’uko bokwubakana, akaba ari co gituma dukwiye kububahiriza. (2 Tes. 3:11) Abandi na bo boshobora gushima uwobafasha, ariko ntidukwiye kubigira batabidusavye.—Imig. 3:27. w24.05 24-25 ing. 14-15

Igitandara cabo [ntikimeze] nk’Igitandara cacu.—Gus. 32:31.

Mw’isi tubayemwo, turashobora gushikirwa n’ingorane tutari twiteze zigatuma ubuzima bwacu bugora canke mbere buhinduka cane. Turakenguruka cane kuba dushobora kwitura Yehova Imana ngo adufashe! Iyo twiboneye ingene adufasha, biradukura amazinda ko «Yehova [ari] muzima!» (Zab. 18:46) Ariko Dawidi ahejeje kuvuga ayo majambo, yaciye avuga ko Imana ari «Igitandara.» None ni kubera iki yagereranije Yehova n’igitandara kitagira ubuzima? Bibiliya irakoresha ijambo «igitandara» kugira idufashe gutahura kamere zimwezimwe za Yehova. Akenshi iryo jambo rikoreshwa mu Vyanditswe aho usanga abasavyi biwe bariko baramushemeza kubera kamere ziwe zidasanzwe. Icanditswe ca mbere kivuga ko Yehova ari «Igitandara» kiri mu Gusubira mu vyagezwe 32:4. Mw’isengesho Hana yatuye, yavuze ko «[a]ta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu.» (1 Sam. 2:2) Habakuki yise Yehova ngo «Igitandara canje.» (Hab. 1:12) Umwanditsi wa Zaburi ya 73 yise Imana ngo «gitandara canje.» (Zab. 73:26) Na Yehova ubwiwe yarivugiye ko ari igitandara.—Yes. 44:8. w24.06 26 ing. 1, 3

Yehoshafati . . . yakoreye Yehova n’umutima wiwe wose.—2 Ngo. 22:9.

Abami ba Isirayeli basenga Yehova n’umutima wabo wose ni bo bamuhimbara. Ku bijanye na Yosiya, Bibiliya ivuga iti: «Mu bami bose babayeho imbere ya Yosiya, nta mwami yagarutse kuri Yehova n’umutima wiwe wose . . . nka Yosiya.» (2 Abm. 23:25) Bite ho kuri Salomo, wa mwami yakoze ibibi mu busaza bwiwe? Bibiliya ivuga ko «[ata]koreye Yehova Imana yiwe n’umutima wiwe wose.» (1 Abm. 11:4) Ku bijanye na ho n’uwundi mwami mubi yitwa Abiyamu, Bibiliya ivuga iti: «Ntiyakoreye Yehova Imana yiwe n’umutima wiwe wose.» (1 Abm. 15:3) Kenshi Bibiliya ikoresha ijambo «umutima» mu kudondora ico umuntu ari imbere muri we, aho hakaba harimwo ivyipfuzo vyiwe, ivyiyumviro vyiwe, inyifato yiwe, ivyo ashoboye, imvo zituma akora ibintu, be n’imigambi afise. None gukorera Yehova n’umutima wacu wose bisobanura iki? Umuntu akorera Imana n’umutima wiwe wose, ntabigira gusa kubera ko ari ibwirizwa. Ahubwo abigira kubera urukundo ayikunda n’icubahiro ayifitiye, kandi akabigira ubuzima bwiwe bwose. w24.07 21 ing. 4-5

[Hanagura] amakosa yanje yose.—Zab. 51:9.

Yehova arakoresha imvugo ngereranyo mu kudondora ingene ahanagura ibicumuro vyacu. Avuga ati: «Nzokuraho amakosa yawe amere nk’ayapfutswe n’igicu, n’ibicumuro vyawe bimere nk’aho noba nabipfukishije igicu kizitanye.» (Yes. 44:22) Iyo Yehova atubabariye, ni nk’aho aba akoresheje igicu kizitanye kugira ngo apfuke amakosa yacu, ntihagire n’umwe asubira kuyabona. None ivyo bitwigisha iki? Igihe Yehova atubabariye ibicumuro vyacu, ntidukwiye kuguma twiyagiriza ubuzima bwacu bwose. Amaraso ya Yezu Kristu atuma ibicumuro vyacu bibabarirwa burundu. Bica biba nk’aho tutigeze tubikora. Ng’izo rero imbabazi nyazo Yehova aduha, igihe twigaye ibicumuro vyacu. Vyongeye, imbabazi za Yehova ziratuma dusubira kugiranira ubucuti bwiza na we kandi tukirinda kwiyagiriza birenze. w25.02 10-11 ing. 11-14

[Imana] igira ubuntu kubera ishaka kugufasha ngo wigaye.—Rom. 2:4.

Abakurambere baba bagize komite, Yehova yiteze ko bakingira ishengero kugira ngo rigume ridahumanye. (1 Kor. 5:7) Ariko kandi baripfuza gukora uko bashoboye kwose kugira bafashe umucumuzi kwigaya. Kugira ngo ivyo babishikeko baguma babona ibintu mu buryo bwiza, bakizigira ko uwo mucumuzi azokwikubita agashi. Uti kubera iki? Kubera ko bipfuza kwigana Yehova, ya Mana ‘yuzuye ikibabarwe kandi y’inyembabazi.’ (Yak. 5:11) Raba ingene intumwa Yohani yagaragaje mwene uwo mutima. Yanditse ati: «Bane banje nkunda, ndabandikiye ibi bintu kugira ntimucumure. Ariko hagize uwucumura, turafise umufasha ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu, umugororotsi.» (1 Yoh. 2:1) Ikibabaje ni uko rimwe na rimwe bishika umukirisu ntiyigaye. Iyo bigenze gutyo ategerezwa gukurwa mw’ishengero. w24.08 25 ing. 19-20

Mushikame mu kwizera.—1 Kor. 16:13.

Hari aho woba wigereranya n’abandi. Ariko urakwiye kuvyirinda. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova atigera akugereranya n’abandi. (Gal. 6:4) Nk’akarorero, Mariya yarahaye Yezu ingabire y’amavuta amota neza kandi azimvye cane. (Yoh. 12:​3-5) Wa mupfakazi w’umworo na we yatanze intererano y’uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane. (Luka 21:​1-4) Yamara Yezu yabonye ko bompi batanze babitumwe n’ukwizera. Se wiwe Yehova arashima cane ico wokora cose ubitumwe n’ukwizera be n’urukundo umukunda, naho wewe woba ubona ko ari gitoyi. Twese birashika tukagira inkeka. Ariko, Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya, rirashobora kudufasha kuzitsinda. Nutekane rero. Yehova arakuzi ku giti cawe. Arashima ivyo uheba kugira ngo umukorere, kandi azoguha impera yagusezeraniye. Yehova arakunda abasavyi biwe bose b’intahemuka kandi akabitwararika. w24.10 25 ing. 3; 29 ing. 17-18