Abami ba kabiri 23:1-37
23 Maze umwami atumako abashingantahe bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+.
2 Hanyuma umwami araduga aja ku nzu ya Yehova ari kumwe n’abagabo bo mu Buyuda bose, ababa i Yeruzalemu bose, abaherezi n’abahanuzi, ni ukuvuga abantu bose kuva ku muto gushika ku wuhambaye. Abasomera amajambo yose yo muri ca gitabu+ c’isezerano+ bari batoye mu nzu ya Yehova+.
3 Umwami ahagarara iruhande y’inkingi, asezeranira* imbere ya Yehova+ yuko azogamburukira Yehova, akubahiriza amabwirizwa yiwe, ivyibutswa vyiwe n’amategeko yiwe. Asezerana kuzobigira n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose, agakurikiza ivyanditswe muri ico gitabu c’isezerano. Nuko abantu bose bemera kwubahiriza iryo sezerano+.
4 Umwami aca ategeka umuherezi mukuru Hilikiya+ n’abaherezi bo ku rwego rugira kabiri n’abarinzi b’imiryango, ngo basohore mu rusengero rwa Yehova ibikoresho vyose vyakorewe Bayali, ivyakorewe ya nkingi nyeranda y’igiti*+ n’ivyakorewe ingabo zose zo kw’ijuru*. Maze abituririra inyuma ya Yeruzalemu, ku mikobeko y’umwonga Kidironi, araheza ajana umunyota wavyo i Beteli+.
5 Abogoza abaherezi b’imana z’inyamahanga. Bari bashizweho n’abami b’Ubuyuda ngo baze baratanga ibimazi bifumbe umwotsi. Babitangira mu bibanza vyo gusengeramwo* vyari mu bisagara vy’Ubuyuda no mu micungararo ya Yeruzalemu. Abogoza n’abashikana ibimazi bigafumba umwotsi babishikanira Bayali, izuba, ukwezi, imigwi y’inyenyeri n’izindi ngabo zose zo kw’ijuru+.
6 Akura ya nkingi nyeranda y’igiti+ mu nzu ya Yehova, ayijana inyuma ya Yeruzalemu ku mwonga Kidironi, ayituririrayo+. Hanyuma arayisya icika ifu, aca ayisanzariza ku mva z’abantu batobato+.
7 Vyongeye asiturira hasi utuzu tw’abamaraya b’abagabo* bo mu bibanza vyo gusengeramwo*+ twari mu nzu ya Yehova, aho abagore bajishira amahema yakoreshwa mu vyo gusenga ya nkingi nyeranda y’igiti.
8 Maze akura abaherezi bose mu bisagara vy’Ubuyuda, yongera ahumanya ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana abo baherezi bashikaniramwo ibimazi bigafumba umwotsi, kuva i Geba+ gushika i Beri-Sheba+. Asiturira hasi n’ibibanza vyo gusengeramwo vyari kw’irembo rya Yosuwa umukuru w’igisagara. Vyari ibubamfu umuntu yinjiye mw’irembo ry’igisagara.
9 Abaherezi bo mu bibanza vyo gusengeramwo ntibakora ibikorwa vyo ku gicaniro ca Yehova i Yeruzalemu+, mugabo barasangira na benewabo imikate itarimwo umwambiro.
10 Ahumanya n’ikibanza co gusengeramwo cari i Tofeti+ mu mubande wa bene Hinomu*+, kugira ngo ntihagire uwusubira guturira umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe ngo amushikanire Moleki*+.
11 Vyongeye, ategeka ko amafarasi abami b’Ubuyuda bari bareguriye* izuba adasubira kwinjira mu nzu ya Yehova. Yahora yinjira aciye mu cumba* c’umukozi wo ku kirimba yitwa Natani-Meleki, cari ahantu hari amabaraza. Aturira n’imikogote yeguriwe izuba+.
12 Ibicaniro abami b’Ubuyuda bari barubatse hejuru y’igisenge*+ c’icumba ca Ahazi*, n’ibicaniro Manase yari yarubatse mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+, umwami Yosiya abisiturira hasi. Arabijanjagura araheza aterera umukungugu wavyo mu mwonga Kidironi.
13 Ahumanya ibibanza vyo gusengeramwo vyari aharabana na Yeruzalemu, ku ruhande rwo mu bumanuko* bw’umusozi w’Amahonero*. Ivyo bibanza Salomo umwami wa Isirayeli yari yavyubakiye Ashitoreti imanakazi isesemye y’Abanyasidoni, Kemoshi imana isesemye y’Abanyamowabu na Milikomu*+ imana ishisha y’Abamoni+.
14 Amenagura inkingi nyeranda z’amabuye, atemagura n’inkingi nyeranda z’ibiti+, aho vyahora ahuzuza amagufa y’abantu.
15 Asambura n’igicaniro cari i Beteli hamwe n’ikibanza co gusengeramwo cubatswe na Yerobowamu mwene Nebati, kigatuma Abisirayeli bacumura+. Amaze kubisambura aca aturira ico kibanza, ivyariyo vyose arabisya bisigara ari ifu, aturira n’inkingi nyeranda y’igiti yaho+.
16 Yosiya ahindukiye akabona imva zari ku musozi, aca ategeka ko bakura amagufa yarimwo bakayaturirira kuri nya gicaniro c’i Beteli kugira ngo agihumanye. Ivyo vyari bihuye n’ivyo Yehova yari yaravuze, biciye kuri wa muntu w’Imana y’ukuri yamenyesha ko ivyo bintu vyobaye+.
17 Maze abaza ati: «Rirya buye mbona, riri ku mva ya nde?» Abantu bo muri ico gisagara bamwishura bati: «Ni imva y’umuntu w’Imana y’ukuri yavuye mu Buyuda+, akavuga ko ivyo bintu ukoreye igicaniro c’i Beteli vyobaye.»
18 Umwami aca avuga ati: «Nimumureke yiruhukire. Ntihagire uwukoma amagufa yiwe.» Nuko bareka amagufa yiwe n’aya wa muhanuzi yari yavuye i Samariya+.
19 Yosiya akuraho n’utuzu two mu bibanza vyo gusengeramwo twari mu bisagara vy’i Samariya+. Abami ba Isirayeli bari batwubatse kugira bababaze Imana. Yosiya atugira nk’uko yagize ikibanza co gusengeramwo c’i Beteli+.
20 Nuko yicira* ku bicaniro abaherezi bose bo mu bibanza vyo gusengeramwo bari ng’aho, abituririrako n’amagufa y’abantu+. Hanyuma asubira i Yeruzalemu.
21 Umwami ategeka rero abantu bose ati: «Nimuhimbarize Pasika+ Yehova Imana yanyu nk’uko vyanditswe muri iki gitabu c’isezerano+.»
22 Nta Pasika nk’iyo yari bwahimbazwe kuva mu gihe c’abacamanza ba Isirayeli no mu gihe cose c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda+.
23 Bahimbarije Yehova iyo Pasika i Yeruzalemu mu mwaka ugira 18 umwami Yosiya aganza.
24 Vyongeye Yosiya akura mu gihugu abakora ivy’uguhanuza abapfuye*, ba rumenyi+, ibigirwamana vy’umuryango*+, ibigirwamana bisesemye* n’ibindi bintu vyose bisesemye vyari bisigaye biri mu Buyuda n’i Yeruzalemu. Yabigize kugira akurikize ibiri mu mategeko+ yanditswe muri ca gitabu umuherezi Hilikiya yatoye mu nzu ya Yehova+.
25 Mu bami bose babayeho imbere ya Yosiya, nta mwami yagarutse kuri Yehova n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose+ n’inguvu ziwe zose nka Yosiya, akurikije amategeko ya Musa yose. N’inyuma yiwe nta wabonetse ameze nka we.
26 Ariko ishavu rirurumba Yehova yari afitiye Ubuyuda ntiryaheze, kubera ibintu vyose bibabaza Manase yari yarakoze kugira amubabaze+.
27 Yehova yavuze ati: «N’abo mu Buyuda nzobomora bamve imbere+ nk’uko nomoye Abisirayeli+. Nzota iki gisagara ca Yeruzalemu natoye n’iyi nzu navuze ko izokwama yitirirwa izina ryanje+.»
28 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yosiya, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda.
29 Ku ntwaro ya Yosiya, Farawo Neko umwami wa Misiri aja guhura n’umwami wa Ashuri hafi y’uruzi Efurate. Maze umwami Yosiya aja kurwana na we, mugabo Farawo Neko amubonye amwicira i Megido+.
30 Nuko abantu biwe bakura ikiziga ciwe i Megido, bagitwara i Yeruzalemu mu mukogote hanyuma bamuhamba mu mva yiwe. Maze abanyagihugu bafata Yehowahazi mwene Yosiya bamurobanuza amavuta*, bamugira umwami mu kibanza ca se+.
31 Yehowahazi+ yabaye umwami afise imyaka 23, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Hamutali+, akaba yari umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna.
32 Atangura gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana ivyo ba sekuruza bari barakoze vyose+.
33 Farawo Neko+ amuta mw’ibohero i Ribula+ mu karere ka Hamati kugira ngo ntaganze i Yeruzalemu. Maze ategeka igihugu gutanga amande y’italanto* 100 z’ifeza n’italanto imwe y’inzahabu+.
34 Farawo Neko araheza yimika Eliyakimu mwene Yosiya ngo abe umwami mu kibanza ca se Yosiya, maze ahindura izina ryiwe amwita Yehoyakimu. Mugabo aca afata Yehowahazi amujana mu Misiri+, ari na ho yahavuye apfira+.
35 Yehoyakimu aha Farawo ifeza n’inzahabu. Mugabo yabwirijwe gutangisha ikori igihugu kugira aronke ivyo* Farawo yasavye. Umunyagihugu wese yamushingiye urugero rw’ifeza n’inzahabu akwiye gutanga kugira abihe Farawo Neko.
36 Yehoyakimu+ yabaye umwami afise imyaka 25, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Zebida, akaba yari umukobwa wa Pedaya w’i Ruma.
37 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+, yigana ivyo ba sekuruza bari barakoze vyose+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «asubira gusezeranira.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
^ Canke «abagabo baryamana n’abandi bagabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
^ Raba Insiguro y’amajambo (Gehena).
^ Mu giheburayo havuga ngo «gucisha umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu muriro ku bwa Moleki.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «barahaye.»
^ Canke «mu buriro.»
^ Ni icumba ciwe co hejuru.
^ Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.
^ Mu giheburayo havuga ngo «iburyo.» Ni iburyo bw’umuntu ahagaze araba mu buseruko.
^ Ni umusozi w’Imyelayo na canecane mu ruhande rwawo rwo mu bumanuko, aho bita kandi umusozi w’Icaha.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ashikanira.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
^ Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
^ Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ifeza.»