Yohani 12:1-50

  • Mariya asuka amavuta ku birenge vya Yezu (1-11)

  • Yezu yinjira i Yeruzalemu nk’umwami (12-19)

  • Yezu amenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (20-37)

  • Abayuda barashitsa ubuhanuzi mu kutizera Yezu (38-43)

  • Yezu yaje gukiza isi (44-50)

12  Hasigaye imisi itandatu ngo Pasika ibe, Yezu ashika i Betaniya aho Lazaro+ yaba, umwe yari yazuye mu bapfuye.  Ng’aho rero baramuzimana*. Marita yariko arabasereva+, mugabo Lazaro yari mu bariko barasangira na we*.  Nuko Mariya atora agacupa* k’amavuta amota neza kandi azimvye cane, ikaba yari narada nyayo. Araheza ayasuka ku birenge vya Yezu, aza arabihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose ica yuzura akamoto k’ayo mavuta+.  Mugabo Yuda Isikariyoti+, umwe mu bigishwa ba Yezu, ari na we yagira amugurishe, avuga ati:  «Kubera iki ayo mavuta amota neza atagurishijwe idenariyo* 300 maze zigahabwa aboro?»  Ariko ivyo ntiyabivuze kubera ababaye aboro, ahubwo ni ukubera yari umusuma. Ni we yari afise agasandugu k’amahera, kandi yaza ariba amahera yajamwo.  Yezu aca ababwira ati: «Nimumureke. Ariko akurikiza uwo mugenzo kugira ategure umusi w’amaziko yanje+.  Erega aboro murabamana+, ariko jewe ntimuzonyamana+  Isinzi rinini ry’Abayuda rimenya ko ari ng’aho, baca baraza kugira barabe Yezu hamwe na Lazaro, uwo yari yazuye mu bapfuye+. 10  Abakuru b’abaherezi baca bagira umugambi wo kwica na Lazaro, 11  kuko ari we yatuma Abayuda benshi bajayo bagaca bizera Yezu+. 12  Bukeye, isinzi ry’abantu ryari ryaje ku musi mukuru ryumva ko Yezu yariko araza i Yeruzalemu. 13  Baca bafata amashami y’ibigazi, baja kumusanganira maze bavuga bati: «Kiza turagutakambiye! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+, Umwami wa Isirayeli+ 14  Yezu aronse inyana y’indogobwa, aca arayicarako+, nk’uko vyanditswe ngo: 15  «Ntutinye mukobwa wa Siyoni. Raba! Umwami wawe aje yicaye ku ndogobwa ikiri ntoyi+ 16  Mu ntango abigishwa biwe ntibatahuye ivyo bintu, ariko igihe Yezu yaninahazwa+, baciye bibuka ko ivyo bintu vyari vyanditswe kuri we kandi ko babimukoreye+. 17  Isinzi ry’abantu ryari kumwe na Yezu igihe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva*+ akamuzura mu bapfuye, ryaguma rimushingira intahe+. 18  Ni co gituma isinzi ry’abantu ryari ryaje kumusanganira, kuko bari bumvise ico gitangaro yakoze. 19  Abafarizayo baca bavugana bati: «Murabona ko ata na kimwe muriko murashikako. Raba! Isi yose yamukurikiye+ 20  Mu bari baduze gusenga kuri uwo musi mukuru, harimwo Abagiriki bamwebamwe. 21  Baca begera Filipo+ w’i Betsayida muri Galilaya, bamubwira bati: «Mushinganta, dushaka kubona Yezu.» 22  Filipo aca abibwira Andereya. Andereya na Filipo baca baja kubibwira Yezu. 23  Ariko Yezu abishura ati: «Igihe kirageze c’uko Umwana w’umuntu aninahazwa+. 24  Emwe ni ukuri ndabibabwiye, agatete k’ingano kataguye mw’ivu ngo gapfe, kaguma ari kamwe gusa. Mugabo iyo gapfuye+, karaheza kakama ivyamwa vyinshi. 25  Uwukunda cane ubuzima bwiwe aba abwishe, mugabo uwanka ubuzima bwiwe+ muri iyi si, azobuzigama kugira aronke ubuzima budahera+. 26  Nimba hari uwushaka kunkorera, nankurikire kandi aho nzoba, ni ho n’umusuku wanje azoba+. Nimba hari uwushaka kunkorera, Data azomutera iteka. 27  Ubu numva ata mahoro mfise+. None mvuge iki? Data, nkiza iyi saha+. Mugabo iki nyene ni co catumye nshika kuri iyi saha. 28  Data, ninahaza izina ryawe.» Ijwi+ rero rica riva mw’ijuru rivuga riti: «Nararininahaje kandi nzosubira kurininahaza+ 29  Isinzi ryari ng’aho rivyumvise, rica rivuga ngo: «Ni umuturagaro uvuze.» Abandi na bo ngo: «Ni umumarayika avuganye na we.» 30  Yezu yishura ati: «Iryo jwi ntiryumvikanye kubera jewe, ahubwo ni kubera mwebwe. 31  Ubu rero iyi si iraciriwe urubanza. Umutware w’iyi si+ agira atabwe hanze+. 32  Ariko ninamara kumanikwa nkava kw’isi+, nzokwegakwega abantu b’uburyo bwose baze iwanje.» 33  Emwe, ivyo yabivuze kugira yerekane urupfu yagira apfe urwo ari rwo+. 34  Isinzi ry’abantu rica rimwishura riti: «Twebwe twumvise mu mategeko yuko Kristu agumaho ibihe vyose+. None uvuga gute ko Umwana w’umuntu agiye kumanikwa+? Mbega uwo Mwana w’umuntu ni nde?» 35  Yezu rero ababwira ati: «Umuco uracari muri mwebwe kandi kanya gatoyi. Nimugende mugifise umuco, kugira umwiza ntubaneshe. Uwugendera mu mwiza ntamenya iyo ariko araja+. 36  Nimwizere umuco umwanya mugifise umuco, kugira mube abana b’umuco+ Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca aragenda arabinyegeza. 37  Naho yakoreye ibitangaro vyinshi imbere yabo, ntibamwizeye, 38  kugira haranguke ijambo umuhanuzi Yesaya yavuze ati: «Yehova*, ni nde yizeye ivyo yatwumvanye*+? Ukuboko kwa Yehova* kwokwo, ni nde kwahishuriwe+ 39  Icatumye batamwizera, ni uko kandi Yesaya yavuze ati: 40  «Yarahumye amaso yabo kandi atuma imitima yabo idadarara, kugira ntibarabishe amaso yabo canke ngo imitima yabo itahure, baheze bahindukire maze ndabakize+ 41  Ivyo Yesaya yabivuze kubera yabonye ubuninahazwa bwiwe, kandi yaravuze ibimwerekeye+. 42  Mbere n’abatware benshi baramwizeye+, ariko ntibamwemera ku mugaragaro kubera Abafarizayo, kugira ntibacibwe mw’isinagogi+, 43  kuko bakunda ubuninahazwa bw’abantu mbere kuruta ubuninahazwa bw’Imana+. 44  Mugabo Yezu arasemerera ati: «Uwo wese anyizeye ntaba yizeye jewe gusa, ahubwo aba yizeye n’uwantumye+, 45  kandi uwumbonye wese aba abonye n’uwantumye+. 46  Naje nk’umuco mw’isi+, kugira ngo uwo wese anyizeye ntagume mu mwiza+. 47  Ariko uwumvise amajambo yanje ntayakurikize, sindamucira urubanza. Sinaje gucira urubanza isi, ahubwo naje gukiza isi+. 48  Uwunkengera kandi ntakurikize amajambo yanje, arafise uwumucira urubanza. Ivyo navuze ni vyo bizomucira urubanza ku musi wa nyuma, 49  kuko ntabivuze ndavyibwiye, ahubwo Data yantumye ni we yantegetse ivyo mvuga n’ivyo nigisha+. 50  Kandi ndazi ko kwubahiriza amategeko yiwe bisobanura ubuzima budahera+. Ivyo mvuga rero, ndabivuga nk’uko Data yabimbwiye+

Utujambo tw'epfo

Canke «baramuzimana imfungurwa zo ku mugoroba.»
Canke «yari mu bari bicaranye na we ku meza.»
Canke «atora ipawunde.» Yari ipawunde y’Abaroma yapima nk’amagarama 327. Raba Inyongera ya B14.
Canke «mu mva y’icibutso.»
Canke «ivyo twashikirije.»