Yohani 9:1-41

  • Yezu akiza umugabo yavutse ari impumyi (1-12)

  • Abafarizayo babaza ibibazo uwo mugabo (13-34)

  • Abafarizayo ni impumyi (35-41)

9  Ariko ararengana, abona umugabo yavutse ari impumyi.  Abigishwa biwe baca bamubaza bati: «Rabi+, ko uyo muntu yavutse ari impumyi, ni nde yacumuye? Ni we canke ni abavyeyi biwe?»  Yezu abishura ati: «Yaba uyu muntu canke abavyeyi biwe, nta n’umwe yacumuye, ahubwo vyabaye kugira ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we+.  Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakiri ku murango+. Ijoro rirashitse, aho ata muntu n’umwe ashobora gukora.  Igihe nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi+  Ahejeje kuvuga ivyo, acira hasi maze akora utwondo n’amate, hanyuma adusiga ku maso y’uwo muntu+,  amubwira ati: «Genda wiyoge mu kidengeri ca Silowamu» (bikaba bisobanura ngo “uwatumwe”). Aca aragenda ariyoga, maze agaruka abona neza+.  Ababanyi n’abahora bamubona asegerereza batangura kuvuga bati: «Uyu si wa muntu yahora yicara asegerereza?»  Bamwe bavuga bati: «Ni we.» Abandi na bo bati: «Oya, ahubwo n’uwo basa.» Na we akaguma avuga ati: «Ni jewe.» 10  Baca bamubaza bati: «None amaso yawe yahumutse gute?» 11  Abishura ati: «Wa mugabo yitwa Yezu yakoze utwondo maze atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: “Genda kuri Silowamu wiyoge+.” Nanje rero nagiye ndoga, nca ndahumuka.» 12  Baca bamubaza bati: «Uwo mugabo ari hehe?» Na we ati: «Sinzi.» 13  Baca bajana uwo muntu yahoze ari impumyi ku Bafarizayo. 14  Igihe Yezu yakora utwondo agahumura uwo muntu+ hari ku musi w’isabato+. 15  Abafarizayo na bo nyene baca batangura kumubaza ingene yahumutse. Na we ababwira ati: «Yansize utwondo ku maso hanyuma nja kwiyoga, nca ndabona.» 16  Bamwe mu Bafarizayo baca batangura kuvuga bati: «Uwo muntu ntava ku Mana, kuko atubahiriza isabato+.» Abandi na bo bati: «None umuntu w’umucumuzi yokora gute ibitangaro nk’ivyo+?» Baca baricamwo imice+. 17  Bongera kubaza uwo muntu yahoze ari impumyi bati: «Wewe umuvugako iki, ko yahumuye amaso yawe?» Na we ati: «Ni umuhanuzi.» 18  Ariko Abayuda baranse kwemera ko yari yahoze ari impumyi, gushika bahamagaye abavyeyi b’uwo muntu yari yahumutse. 19  Maze bababaza bati: «Uyu ni we mwana wanyu muvuga ko yavutse ari impumyi? None yahumutse gute?» 20  Abavyeyi biwe bishura bati: «Turazi ko uyu ari umwana wacu kandi ko yavutse ari impumyi. 21  Mugabo uko vyagenze ngo ahumuke, nta vyo tuzi, kandi n’uwamuhumuye amaso nta we tuzi. Nimumwibarize. Erega arakuze. Ategerezwa kwivugira.» 22  Abavyeyi biwe bavuze gutyo kubera batinya Abayuda+. Abayuda bari bamaze kwumvikana ko hagize uwemera icese ko Yezu ari Kristu, aca acibwa mw’isinagogi+. 23  Ni co gituma abavyeyi biwe bavuze bati: «Erega arakuze. Nimumwibarize.» 24  Baca bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahoze ari impumyi, bamubwira bati: «Ninahaza Imana. Twe turazi ko uwo muntu ari umucumuzi.» 25  Abishura ati: «Nimba ari umucumuzi canke atari we, sindabizi. Ico nzi ni kimwe gusa: ni uko nahora ndi impumyi, ariko ubu nkaba mbona.» 26  Baca bamubaza bati: «Yakugiriye iki? Yahumuye amaso yawe gute?» 27  Abishura ati: «Namaze kubibabwira, ariko mwanse kuvyumviriza. None mushakira iki kwongera kuvyumva? Namwe mushaka kuba abigishwa biwe?» 28  Baca bamubwirana agasuzuguro bati: «Ni wewe uri umwigishwa wiwe, twebwe turi abigishwa ba Musa. 29  Twebwe tuzi ko Imana yavuganye na Musa, ariko uwo mugabo ntituzi iyo ava.» 30  Nya muntu abishura ati: «Biratangaje kubona mutazi iyo ava, ariko yampumuye amaso. 31  Turazi ko Imana itumviriza abacumuzi+, mugabo igihe umuntu atinya Imana kandi agakora ivyo igomba, iramwumviriza+. 32  Kuva kera ntiturigera twumva uwahumuye amaso y’umuntu yavutse ari impumyi. 33  Iyaba uwo muntu atava ku Mana, nta na kimwe yari gushobora gukora+ 34  Bamwishura bati: «Wewe uko wakabaye wavukiye mu bicumuro, none ushaka kwigisha twebwe?» Baca bamuta hanze+! 35  Yezu yumva ko bamutaye hanze. Hanyuma yongeye kumubona, aca amubaza ati: «Urizera Umwana w’umuntu?» 36  Na we amwishura ati: «Ni nde ga mushinganta ngo ndamwizere?» 37  Yezu amubwira ati: «Wamubonye, kandi ni we muriko muravugana.» 38  Aca avuga ati: «Ndamwizeye Mukama.» Aca aramwunamira*. 39  Yezu aca avuga ati: «Ng’uru urubanza rwanzanye muri iyi si: ni ukugira ngo abatabona babone+, ababona na bo bacike impumyi+ 40  Abafarizayo bari kumwe na we bumvise ivyo bintu, baca bamubaza bati: «None natwe turi impumyi?» 41  Yezu abishura ati: «Iyo muba muri impumyi, nta gicumuro mwari kuba mufise. Mugabo ko muvuga ngo “turabona”, igicumuro canyu kigumaho+

Utujambo tw'epfo

Canke «yikubita imbere yiwe.»