Yohani 4:1-54
4 Umukama rero amenye ko Abafarizayo bumvise ko yariko* aronka abigishwa benshi kandi akabatiza+ benshi kuruta Yohani,
2 (naho Yezu ubwiwe atari we yabatiza, ahubwo hakabatiza abigishwa biwe)
3 aca ava i Yudaya asubira i Galilaya.
4 Ariko vyabaye ngombwa ko aca i Samariya.
5 Nuko ashika mu gisagara c’i Samariya citwa Sikara, hafi y’itongo Yakobo yahaye umuhungu wiwe Yozefu+.
6 Aho ni ho hari iriba* rya Yakobo+. Yezu yari yicaye iruhande y’iryo riba, aruhijwe n’urugendo. Hari nka sasita*.
7 Hanyuma umugore umwe w’i Samariya aza kuvoma amazi. Maze Yezu amubwira ati: «Mpa amazi yo kunywa.»
8 (Abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura ibifungurwa.)
9 Uwo Musamariyakazi aca amubwira ati: «Bigenze gute ngo unsabe amazi yo kunywa kandi uri Umuyuda, nanje nkaba Umusamariyakazi?» (Kuko ata migenderanire Abayuda bafitaniye n’Abasamariya+.)
10 Yezu amwishura ati: «Iyaba wari uzi ingabire ya gusa Imana itanga+ be n’uwukubwiye ati: “Mpa amazi yo kunywa”, wari kumusaba amazi, na we akaguha amazi y’ubuzima+.»
11 Aca amubwira ati: «Mushinganta, nta n’indobo ufise yo kuvoma amazi kandi iriba ni rirerire. None ayo mazi y’ubuzima woyakura hehe?
12 None ugira uraruta sokuruza wacu Yakobo, we yaduhaye iri riba kandi na we nyene akaba yararinywako, n’abana biwe hamwe n’ibitungwa vyiwe?»
13 Yezu amwishura ati: «Umuntu wese anywa kuri aya mazi azosubira kunyoterwa.
14 Uwunywa ku mazi nzomuha ntazokwigera asubira kunyoterwa+. Ahubwo amazi nzomuha azocika isoko ry’amazi muri we, ridudubiza kugira ritange ubuzima budahera+.»
15 Uwo mugore aca amubwira ati: «Mushinganta, numpe ayo mazi kugira sinzosubire kunyoterwa, canke ngo ngume nza kuvoma amazi aha hantu.»
16 Yezu aca amubwira ati: «Genda uhamagare umugabo wawe hanyuma uze hano.»
17 Uwo mugore amwishura ati: «Nta mugabo mfise.» Yezu amubwira ati: «Uvuze ukuri ko uvuze ngo: “Nta mugabo mfise.”
18 Kuko wagize abagabo batanu, kandi n’uwo ufise ubu si umugabo wawe. Uvugishije ukuri.»
19 Uwo mugore aca amubwira ati: «Mushinganta, ndabona ko uri umuhanuzi+.
20 Ba sokuruza bacu basengera kuri uyu musozi, mugabo mwebwe muvuga ko i Yeruzalemu ari ho abantu babwirizwa gusengera+.»
21 Yezu amwishura ati: «Emera ivyo nkubwiye wa mugore, hazogera igihe mutazosengera Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu.
22 Mwebwe musenga ico mutazi+. Twebwe dusenga ico tuzi, kuko ubukiriro butangurira ku Bayuda+.
23 Yamara igihe kiri mu kugera, mbere cashitse, aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko abantu nk’abo ari bo Data ashaka ko bamusenga+.
24 Imana ni Impwemu+, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri+.»
25 Uwo mugore aca amubwira ati: «Ndazi ko Mesiya ariko araza, umwe bita Kristu. Aho azoshikira hose azotubwira ibintu vyose adahisha.»
26 Yezu aca amubwira ati: «Ni jewe nyene turiko turavugana+.»
27 Muri uwo mwanya nyene, abigishwa biwe baca barashika maze batangazwa n’uko yariko avugana n’umugore. Ariko nta n’umwe yamubajije ngo: «Ushaka iki?» canke ngo: «Kubera iki uvugana na we?»
28 Uwo mugore aca asiga ng’aho umubindi wiwe, aja mu gisagara maze abwira abantu ati:
29 «Ingo murabe umuntu yambwiye ibintu vyose nakoze. Ubwo ntiyoba ari we Kristu?»
30 Baca bava mu gisagara, baza kuraba Yezu.
31 Ico gihe abigishwa bariko baramwinginga bati: «Fungura Rabi+.»
32 Mugabo ababwira ati: «Ndafise ibifungurwa mwembwe mutazi.»
33 Abigishwa biwe baca batangura kubazanya bati: «Hari uwamuzaniye ivyo kurya?»
34 Yezu ababwira ati: «Ibifungurwa vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba+ no kurangiza igikorwa ciwe+.
35 Ntimuvuga none ko hasigaye amezi ane ngo iyimbura rigere? Ariko ndababwiye nti: Raramura amaso murabe imirima, ireze, igeze kwimbura+.
36 Ubu uwimbura ariko araronka impembo yongera yegeranya ivyimburwa bizotorana ubuzima budahera, kugira ngo uwubiba n’uwimbura basangire umunezero+.
37 Iri jambo rero ni iry’ukuri: “Umwe arabiba, uwundi akimbura.”
38 Nabatumye kwimbura ivyo mutabiriye akuya. Abandi barakoze cane, namwe mwungukira ku gikorwa cabo.»
39 Abasamariya benshi bo muri ico gisagara baramwizera, kubera ivyo uwo mugore yavuze mu gushinga intahe ati: «Yambwiye ibintu vyose nakoze+.»
40 Abasamariya bamaze kuza aho ari, baca baramusaba ngo agumane na bo, na we agumana na bo imisi ibiri.
41 Ivyo vyatumye n’abandi benshi bizera kubera ivyo yavuze,
42 baca babwira uwo mugore bati: «Ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa. Ubu hoho twavyiyumviye kandi twamenye ko uyu muntu ari umukiza w’isi vy’ukuri+.»
43 Iyo misi ibiri iheze, aca ava ng’aho aja i Galilaya.
44 Ariko Yezu ubwiwe yarivugiye ko umuhanuzi adaterwa iteka mu gihugu iwabo+.
45 Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya bamwakira neza, kubera bari babonye ibintu vyose yari yakoze ku musi mukuru i Yeruzalemu+, kuko na bo nyene bari bagiye kuri uwo musi mukuru+.
46 Nuko asubira kuza i Kana muri Galilaya, hamwe yari yahinduriye amazi umuvinyu+. Ico gihe hari umusuku w’umwami yari afise umwana arwariye i Kaperinawumu.
47 Aho yumviye ko Yezu yari yashitse i Galilaya avuye i Yudaya, aca aja kumuraba maze amusaba ngo aze akize umuhungu wiwe, kuko yari mu gupfa.
48 Ariko Yezu amubwira ati: «Mbega mutabonye ibimenyetso n’ibitangaro ntimushobora kwemera+?»
49 Uwo musuku w’umwami amubwira ati: «Mukama, ingo tujane umwana wanje atarapfa.»
50 Yezu amubwira ati: «Igire, umuhungu wawe ni muzima+.» Uwo muntu aca yemera ivyo Yezu amubwiye, maze aragenda.
51 Akiri mu nzira ariko arataha, ahura n’abasuku biwe baje kumubwira ko umuhungu wiwe yakize*.
52 Aca ababaza isaha yakiriyeko. Na bo bamwishura bati: «Inyonko yamuvuyeko ejo isaha indwi*.»
53 Se wiwe aca amenya ko ari ya saha nyene Yezu yamubwira ati: «Umuhungu wawe ni muzima+.» We n’umuryango wiwe wose baca barizera.
54 Ico cari igitangaro kigira kabiri+ Yezu akoze kuva avuye i Yudaya agasubira i Galilaya.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «Yezu yariko.»
^ Canke «isoko», «ikinogo c’amazi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 6.»
^ Canke «ari muzima.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 7.»