Yohani 21:1-25
21 Inyuma y’ivyo, Yezu yongera kwiyereka* abigishwa biwe ku kiyaga ca Tiberiya. Uku ni ko yabiyeretse:
2 Abari ng’aho bari Simoni Petero, Toma (uwo bita Ihasa+), Natanayeli+ w’i Kana h’i Galilaya, abahungu ba Zebedayo+ n’abandi bigishwa biwe babiri.
3 Simoni Petero ababwira ati: «Ndagiye kuroba.» Na bo baca bamubwira bati: «Turajana.» Baca baragenda maze burira ubwato, ariko nta na kimwe bafashe muri iryo joro+.
4 Buriko buraca, Yezu ahagarara ku nkengera y’ikiyaga, mugabo abigishwa ntibamenya ko ari we+.
5 Yezu ababaza ati: «Bane banje, hari ikintu* co kurya mufise?» Na bo bamwishura bati: «Oya.»
6 Aca ababwira ati: «Terera urusenga iburyo bw’ubwato muraronka.» Baca bararuterera, ariko ntibashobora kwongera kurukwega, kuko ifi zari nyinshi cane+.
7 Wa mwigishwa Yezu yakunda cane+ aca abwira Petero ati: «Ni Umukama!» Simoni Petero yumvise ko ari Umukama, aca yambara impuzu ziwe*, kuko yari gusa* maze asimbira mu kiyaga.
8 Mugabo abandi bigishwa baza mu bwato butoyi bariko bakwega rwa rusenga rwuzuye ifi, kuko batari kure y’inkengera. Bari nko ku metero 90* gusa.
9 Bashitse ku nkengera, bahasanga umuriro w’amakara uriko ifi n’umukate.
10 Yezu aca ababwira ati: «Nimuzane ifi nkeyi ku zo muhejeje gufata.»
11 Simoni Petero aca yurira ubwato, akwegera hasi rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zose hamwe zikaba zari 153. Naho zari nyinshi, urwo rusenga ntirwatabutse.
12 Yezu ababwira ati: «Ingo mufungure.» Nta n’umwe mu bigishwa yubahutse kumubaza ati: «Uri nde?», kuko bari bamenye ko ari Umukama.
13 Yezu aca araza, atora wa mukate arawubaha, abaha n’ifi.
14 Ubwo bwari ubugira gatatu+ Yezu abonekeye abigishwa biwe amaze kuzurwa mu bapfuye.
15 Bahejeje gufungura, Yezu aca abwira Simoni Petero ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda kurusha izi?» Amwishura ati: «Ego Mukama, urazi ko ndagukunda.» Yezu amubwira ati: «Gaburira imyagazi yanje y’intama+.»
16 Yongera kumubwira ubwa kabiri ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda?» Na we amwishura ati: «Ego Mukama, urazi ko ndagukunda.» Aca amubwira ati: «Ragira intama zanje ntonto+.»
17 Amubwira ubugira gatatu ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda?» Petero aca arababara kubera amubajije ubugira gatatu ati: «Urankunda?» Maze amwishura ati: «Mukama, wewe urazi vyose. Urazi ko ndagukunda.» Yezu amubwira ati: «Gaburira intama zanje ntonto+.
18 Emwe ni ukuri ndabikubwiye, ukiri muto wariyambika ukaja iyo ushaka. Mugabo niwasaza, uzoduza amaboko uwundi akwambike, agutware iyo udashaka.»
19 Ivyo yabivuze kugira yerekane urupfu Petero yopfuye kugira aninahaze Imana. Ahejeje kuvuga ivyo, aca amubwira ati: «Guma unkurikira+.»
20 Petero ahindukiye, abona wa mwigishwa Yezu yakunda+ ariko arabakurikira. Yari wa mwigishwa yegamira igikiriza ca Yezu kuri za mfungurwa zo ku mugoroba, akamubwira ati: «Mukama, ni nde agira akugurishe?»
21 Petero amubonye, aca abaza Yezu ati: «Mukama, uyu we bite?»
22 Yezu amwishura ati: «Nimba nshaka ko agumaho gushika nje, bigutwaye iki? Wewe guma unkurikira gusa.»
23 Inkuru yuko uwo mwigishwa atopfuye ica ikwiragira mu bavukanyi. Ariko Yezu ntiyamubwiye ko atopfuye, ahubwo yavuze ati: «Nimba nshaka ko agumaho gushika nje, bigutwaye iki?»
24 Uwo mwigishwa nyene+ ni we ashingira intahe ivyo bintu. Ni we yavyanditse kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.
25 Emwe hariho n’ibindi bintu vyinshi Yezu yakoze, kandi iyo biramuka vyanditswe ido n’ido, nibaza ko isi itoshoboye gukwirwamwo imizingo vyanditswemwo+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «kubonekera.»
^ Canke «hari ifi.»
^ Canke «akenyera impuzu ziwe zo hejuru.»
^ Canke «ari nk’aho yari gusa.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nko ku ntambwe 200.» Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.