Yohani 7:1-52

  • Yezu ku musi mukuru w’insago (1-13)

  • Yigisha ku musi mukuru (14-24)

  • Ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye na Kristu (25-52)

7  Inyuma y’ivyo, Yezu abandanya gukorera igikorwa ciwe* i Galilaya. Ntiyashaka kuja i Yudaya, kuko Abayuda bashaka kumwica+.  Ariko umusi mukuru w’Abayuda, ari wo musi mukuru w’insago*+, wari hafi.  Benewabo+ rero bamubwira bati: «Va ng’aha uje i Yudaya, kugira ngo n’abigishwa bawe babone ibikorwa ukora.  Kuko ata muntu arondera kumenyekana akora ibintu mu mpisho. Nimba ukora ivyo bintu, genda ubikorere imbere y’abantu bose*  Mu bisanzwe, benewabo ntibamwizera+.  Yezu abishura ati: «Igihe canje ntikiragera+, ariko mwebwe mwama mufise umwanya.  Isi nta mpamvu ifise yo kubanka, mugabo jewe iranyanka kuko ntangaza ko ibikorwa vyayo ari bibi+.  Mwebwe nimuduge ku musi mukuru. Jewe ntiharagera ko nduga kuri uwo musi mukuru, kuko igihe canje kitaragera neza+  Ahejeje kubabwira ivyo bintu, aca aguma i Galilaya. 10  Benewabo bamaze kuduga ku musi mukuru, na we nyene aca araduga, mugabo atari ku mugaragaro, ahubwo mu mpisho. 11  Abayuda rero batangura kumurondera kuri uwo musi mukuru, bavuga bati: «Wa muntu ari hehe?» 12  Abantu baguma bavugana mu bwongoshwe ibimwerekeye. Bamwe bati: «Ni umuntu mwiza.» Abandi na bo bati: «Oya, ahubwo azimiza abantu+ 13  Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro, kubera batinya Abayuda+. 14  Umusi mukuru ugeze hagati, Yezu aduga ku rusengero, atangura kwigisha. 15  Abayuda baratangara, bavuga bati: «Uyu muntu yamenye gute Ivyanditswe+, kandi atize amashure*+ 16  Yezu abishura ati: «Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwantumye+. 17  Nimba hari uwipfuza gukora ukugomba kw’Imana, azomenya ko ivyo nigisha biva ku Mana+ canke ko mvuga ivyo nibwiye. 18  Uwuvuga ivyo yibwiye aba arondera ubuninahazwa bwiwe. Ariko uwurondera ubuninahazwa bw’uwamutumye+, avuga ukuri kandi akora ibigororotse. 19  None Musa si we yabahaye amategeko+? Ariko nta n’umwe muri mwebwe ayubahiri⁠za. Kubera iki mushaka kunyica+ 20  Isinzi rica rimwishura riti: «Wewe urimwo idayimoni. Ni nde ashaka kukwica?» 21  Yezu abishura ati: «Nakoze igitangaro kimwe gusa, mwese muca muratangara. 22  Nimwibuke rero iki kintu: Musa yarabategetse kugenyerwa+, ariko ntivyavuye kuri we, ahubwo vyavuye kuri ba sokuruza+, kandi muragenyera umuntu kw’isabato. 23  Nimba mugenyera umuntu kw’isabato kugira ntimurenge ku mategeko ya Musa, kubera iki munshavurira cane ngo n’uko nakijije umuntu kw’isabato+? 24  Reka guca urubanza mufatiye ku biboneka inyuma, ahubwo nimuce urubanza rugororotse+ 25  Bamwe mu baba i Yeruzalemu baca batangura kuvuga bati: «Uyu si wa muntu bariko barondera kwica+? 26  Mugabo ng’uyo ariko avugira ku mugaragaro, kandi nta na kimwe bamubwira. None abatware boba batevye barajijuka yuko ari we Kristu? 27  Ariko twebwe turazi uyu muntu iyo ava+, mugabo Kristu niyaza, nta wuzomenya iyo ava.» 28  Yezu ariko arigisha mu rusengero, arasemerera ati: «Muranzi kandi murazi n’iyo mva. Sinaje ndavyibwiye+, ariko uwantumye ariho kandi mwebwe ntimumuzi+. 29  Jewe ndamuzi+, kuko ndamuserukira kandi ni we yantumye.» 30  Baca barondera kumufata+, ariko nta n’umwe yamukozeko, kuko igihe ciwe kitari bwagere+. 31  Mugabo benshi muri iryo sinzi baramwizeye+, bavuga bati: «Kristu niyashika, mwibaza ko azokora ibitangaro biruta ivyo uyu muntu yakoze?» 32  Abafarizayo bumvise yuko abantu bamuvugako ivyo bintu mu bwongoshwe, abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo baca batuma abapolisi kumufata. 33  Yezu aca ababwira ati: «Ndacari kumwe namwe akanya gato, imbere y’uko nsubira ku wantumye+. 34  Muzondondera mumbure, kandi aho nzoba ndi mwebwe ntimushobora kuhashika+ 35  Abayuda rero batangura kuvugana bati: «Uyu muntu agira aje he, ku buryo tutazosubira kumubona? Yoba agira aje mu Bayuda bashwiragiye mu Bagiriki kugira yigishe Abagiriki? 36  Ashatse kuvuga iki aho avuze ngo: “Muzondondera mumbure, kandi aho nzoba ndi mwebwe ntimushobora kuhashika?”» 37  Ku musi wa nyuma, ari wo musi uhambaye kuri uwo musi mukuru+, Yezu arahaguruka arasemerera ati: «Nimba hari uwunyotewe, naze iwanje anywe+. 38  Uwunyizera, imbere muri we hazotemba imigezi y’amazi y’ubuzima, nk’uko icanditswe kibivuga+ 39  Aho yariko avuga ibijanye n’impwemu abamwizera bari guhabwa. Ico gihe ntibari bwaronke impwemu+, kuko Yezu atari bwaninahazwe+. 40  Bamwe muri iryo sinzi bumvise ayo majambo, batangura kuvuga bati: «Emwe, uyu ni wa Muhanuzi vy’ukuri+ 41  Abandi bati: «Uyu ni we Kristu+.» Mugabo hari n’abandi bavuga bati: «None Kristu ava i Galilaya+? 42  None icanditswe ntikivuga ko Kristu yovuye mu ruvyaro rwa Dawidi+ n’i Betelehemu+, mu kigwati Dawidi yavukiyemwo+ 43  Iryo sinzi rica riracanamwo kubera we. 44  Bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko nta n’umwe yamukozeko. 45  Ba bapolisi baca basubira kuri ba bakuru b’abaherezi n’Abafarizayo, na bo bababaza bati: «Kubera iki mutamuzanye?» 46  Abo bapolisi babishura bati: «Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we+ 47  Abafarizayo bababwira bati: «Mbega namwe mwahenzwe? 48  Hari n’umwe mu batware canke mu Bafarizayo yamwizeye+? 49  Ariko iri sinzi ritazi amategeko ni ibivume.» 50  Nikodemu, umwe yari yaje kuraba Yezu imbere y’aho kandi akaba yari umwe mu Bafarizayo, ababwira ati: 51  «Mbega amategeko yacu aratwemerera gucira umuntu urubanza tutabanje kumwumviriza ngo tumenye ico yakoze+ 52  Baca bamwishura bati: «Mbega na wewe uva i Galilaya? Suzuma neza Ivyanditswe urabe ko hari umuhanuzi yovuye i Galilaya*

Utujambo tw'epfo

Canke «abandanya kugendagenda.»
Canke «w’amahema.»
Mu kigiriki havuga ngo «genda wiyereke isi.»
Ni ukuvuga amashure y’Abarabi.
Umurongo wa 53 n’umurongo wa 1 gushika ku murongo wa 11 w’ikigabane ca 8, ntiboneka mu mizingo itari mike ya kera yizigiwe.