Yohani 1:1-51

  • «Jambo acika umuntu» (1-18)

  • Intahe ya Yohani Umubatizi (19-28)

  • Yezu ni Umwagazi w’intama w’Imana (29-34)

  • Abigishwa ba mbere ba Yezu (35-42)

  • Filipo na Natanayeli (43-51)

1  Mu ntango Jambo+ yariho kandi Jambo yari kumwe n’Imana+, vyongeye Jambo yari imana*+.  Yari kumwe n’Imana kuva mu ntango.  Ibintu vyose vyabayeho biciye kuri we+. Nta kintu na kimwe cabayeho bitamuciyeko.  Ubuzima bwabayeho biciye kuri we, kandi ubwo buzima bwari umuco w’abantu+.  Umuco rero wakira mu mwiza+, ariko umwiza ntuwutsinda.  Hari umuntu yaje aserukira Imana, na we akaba yitwa Yohani+.  Uwo muntu yaje nk’icabona gishingira intahe umuco+, kugira ngo abantu b’uburyo bwose bizere biciye kuri we.  Si we yari uwo muco+, ahubwo yategerezwa gushingira intahe uwo muco.  Umuco w’ukuri umurikira abantu b’uburyo bwose wagira uze mw’isi+. 10  Yari* mw’isi+ kandi isi yabayeho biciye kuri we+, mugabo isi ntiyamumenye. 11  Yaje muhira iwe, ariko abiwe ntibamwakiriye. 12  Mugabo abamwakiriye bose yabahaye uburenganzira bwo kuba abana b’Imana+, kuko bari bizeye izina ryiwe+. 13  Abo rero ntibavyawe n’abavyeyi canke ugushaka kwabo* canke ugushaka kw’umuntu, ahubwo bavyawe n’Imana+. 14  Nuko Jambo acika umuntu+, araheza abana natwe, kandi twaritegereje ubuninahazwa bwiwe, ubuninahazwa bumeze nk’ubwo umwana w’ikinege+ ahabwa na se. Yari yuzuye ubuntu bw’Imana* hamwe n’ukuri. 15  (Yohani yaramushingiye intahe, emwe yarasemereye ati: «Uyu ni umwe nari naravuze nti: “Uwuriko araza inyuma yanje aranduta, kuko yantanze kubaho+.”») 16  Kubera yuko yuzuye ubuntu buhebuje, na twebwe tuguma tuburonka ku bwinshi. 17  Amategeko yatanzwe biciye kuri Musa+, ubuntu buhebuje+ hamwe n’ukuri na vyo biza biciye kuri Yezu Kristu+. 18  Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Wa mwana w’ikinege ameze nk’Imana*+ ari iruhande ya Se*+, ni we yayisiguye+. 19  Ng’iyi intahe rero Yohani yashinze igihe Abayuda barungika abaherezi n’Abalewi bavuye i Yeruzalemu kumubaza bati: «Uri nde+ 20  Yarabishuye ata kugonanwa, ababwira ati: «Jewe sindi Kristu.» 21  Na bo baca bamubaza bati: «None uri Eliya+?» Abishura ati: «Sindi we.» Na bo bati: «Uri wa Muhanuzi+?» Na we ati: «Oya!» 22  Ni ko kumubaza bati: «Uri nde none? Tubwire kugira turonke ico twishura abadutumye. Tubwire ibikwerekeye.» 23  Avuga ati: «Ndi ijwi ry’umuntu asemerera mu bugaragwa ati: “Nimugorore inzira ya Yehova*+”, nk’uko umuhanuzi Yesaya yabivuze+ 24  Abo bantu bari batumwe bari abo mu Bafarizayo. 25  Baca bamubaza bati: «Kubera iki none ubatiza nimba utari Kristu canke Eliya canke wa Muhanuzi?» 26  Yohani abishura ati: «Jewe mbatiza mu mazi. Hariho umuntu mutazi ari muri mwebwe, 27  uwuriko araza inyuma yanje, kandi simbereye no kubohora imigozi y’ibirato* vyiwe+ 28  Ivyo vyabereye i Betaniya hakurya ya Yorodani, aho Yohani yariko arabatiriza+. 29  Bukeye, Yohani abona Yezu aza amutumbereye, aca avuga ati: «Raba Umwagazi w’intama+ w’Imana, ukuraho igicumuro+ c’isi+! 30  Uyu ni umwe navuga nti: “Inyuma yanje hariho umuntu ariko araza anduta, kuko yantanze kubaho+.” 31  Na jewe sinari ndamuzi, mugabo icatumye nza kubatiza abantu mu mazi, kwari ukugira ngo Abisirayeli bamumenye+ 32  Yohani yarashinze intahe kandi ati: «Narabonye impwemu imanuka iva mw’ijuru isa n’inuma, hanyuma iguma kuri we+. 33  Na jewe sinari ndamuzi, ariko umwe yandungika kubatiza mu mazi, ni we yambwiye ati: “Uwo uzobona impwemu imanutseko ikamugumako+, ni we abatiza mu mpwemu nyeranda+.” 34  Nanje rero narabibonye, kandi narashinze intahe ko uyu ari Umwana w’Imana+ 35  Bukeye kandi, Yohani yari ahagararanye na babiri mu bigishwa biwe, 36  hanyuma abona Yezu ariko ararengana, aca avuga ati: «Raba Umwagazi w’intama+ w’Imana!» 37  Abo bigishwa babiri bavyumvise, baca bakurikira Yezu. 38  Yezu ahindukiye akabona bariko baramukurikira, ababaza ati: «Murondera iki?» Na bo bati: «Rabi (bisobanura ngo “Mwigisha”), uba hehe?» 39  Abishura ati: «Ingo murahabona.» Baca baragenda barabona aho aba, maze bagumana na we uwo musi. Hari nka sakumi zo ku mugoroba*. 40  Andereya+ mwenewabo na Simoni Petero, yari umwe muri abo babiri bumvise ivyo Yohani avuze bagaca bakurikira Yezu. 41  Nuko abanza kurondera mwenewabo Simoni, amubwira ati: «Twabonye Mesiya+» (bisobanura ngo «Kristu»), 42  araheza amujana aho Yezu ari. Yezu amubonye, aca amubwira ati: «Uri Simoni+ mwene Yohani, uzokwitwa Kefa» (bisobanura ngo «Petero+»). 43  Bukeye, Yezu ashaka kuja i Galilaya. Araheza abona Filipo+ maze amubwira ati: «Nkurikira.» 44  Filipo yava i Betsayida, igisagara Andereya na Petero bavamwo. 45  Filipo aca aja kurondera Natanayeli+, amubwira ati: «Twabonye umwe avugwa mu mategeko ya Musa no mu vyanditswe n’abahanuzi*. Ni Yezu, umwana wa Yozefu+, w’i Nazareti.» 46  Ariko Natanayeli amubwira ati: «Hari ikintu ciza cova i Nazareti?» Filipo amwishura ati: «Ingo nawe wirabire.» 47  Yezu abonye Natanayeli ariko araza aho ari, aca avuga ati: «Raba Umwisirayeli nyawe, atagira uburyarya+ 48  Natanayeli aca amubaza ati: «Wamenye gute?» Yezu amwishura ati: «Nakubonye imbere y’uko Filipo aguhamagara, igihe wari munsi y’igiti c’umusukoni.» 49  Natanayeli aca avuga ati: «Rabi, uri Umwana w’Imana, Umwami wa Isirayeli+ 50  Yezu na we amubwira ati: «Wizeye kubera ndakubwiye ko nakubonye munsi y’igiti c’umusukoni? Uzobona n’ibiruta ivyo.» 51  Aca yongerako ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, muzobona ijuru ryugurutse, n’abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari+

Utujambo tw'epfo

Canke «yari ameze nk’Imana.»
Ni ukuvuga Jambo.
Mu kigiriki havuga ngo «ntibavyawe n’amaraso canke ugushaka kw’umubiri.»
Canke «ubuntu buhebuje.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuntu buhebuje).
Canke «mu gikiriza ca Se.» Herekeza ku kibanza c’ubutoni.
Mu kigiriki havuga ngo «ya mana y’ikinege.»
Canke «isandari.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 10.»
Iyo mvugo «mu mategeko ya Musa no mu vyanditswe n’abahanuzi» yerekeza ku Vyanditswe vyose vy’igiheburayo.