Yohani 11:1-57
11 Ico gihe hari umuntu yitwa Lazaro yari arwaye. Yava i Betaniya, ikigwati Mariya na mwenewabo Marita bavamwo+.
2 Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta amota neza ku Mukama, agaca ahanagura ibirenge vyiwe akoresheje umushatsi wiwe+. Musazawe yitwa Lazaro ni we yari arwaye.
3 Bashikiwe rero batuma umuntu ngo aje kubwira Yezu ati: «Mukama, wa wundi ukunda ararwaye.»
4 Yezu avyumvise aca avuga ati: «Intumbero y’iyo ndwara si urupfu, ahubwo ni iyo kuninahaza Imana+, kugira Umwana w’Imana aninahazwe biciye kuri yo.»
5 Yezu yarakunda Marita na mwenewabo be na Lazaro.
6 Ariko aho yumviye ko Lazaro arwaye, aca aguma aho yari ari yindi misi ibiri.
7 Iyo misi ibiri iheze, abwira abigishwa biwe ati: «Dusubire i Yudaya.»
8 Abigishwa baca bamubwira bati: «Rabi+, ubuheruka Abanyayudaya bahatswe kugutera amabuye+, none ugira usubireyo?»
9 Yezu abishura ati: «None umurango ntugizwe n’amasaha 12+? Iyo umuntu ariko aragenda ku murango, ntatsitara ku kintu na kimwe kuko abona umuco w’iyi si.
10 Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro, aratsitara kuko ata muco uba uri muri we.»
11 Ahejeje kuvuga ivyo, yongerako ati: «Lazaro umugenzi wacu arasinziriye+, ariko ndagiyeyo kumukangura.»
12 Abigishwa biwe baca bamubwira bati: «Mukama, nimba asinziriye azokira.»
13 Mugabo Yezu yariko avuga ibijanye n’urupfu rwiwe, ariko bo biyumviriye ko yariko avuga itiro risanzwe.
14 Yezu aca arabatomorera ati: «Lazaro yapfuye+,
15 kandi ndanezerewe kubera mwebwe kubona atari yo nari ndi, kuko ivyo nza gukora biza gukomeza ukwizera kwanyu. Ingo tuje kumuraba.»
16 Toma, umwe bita Ihasa, aca abwira abigishwa bagenziwe ati: «Nimuze tugende, kugira dupfire hamwe na we+.»
17 Yezu ashitseyo, asanga Lazaro amaze imisi ine mu mva*.
18 I Betaniya hari hafi y’i Yeruzalemu, nko ku bilometero bitatu*.
19 Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kugira babahoze kubera musaza wabo.
20 Marita yumvise ko Yezu ariko araza, aca aja kumusanganira. Ariko Mariya+ aguma yicaye mu nzu.
21 Marita rero abwira Yezu ati: «Mukama, iyo uza kuba wari ng’aha, musazanje ntiyari gupfa.
22 Ariko n’ubu ndazi ko ikintu cose usavye Imana ikiguha.»
23 Yezu amwishura ati: «Musazawe arazuka.»
24 Marita aca amubwira ati: «Ndazi ko azozuka mw’izuka+ ku musi wa nyuma.»
25 Yezu amubwira ati: «Ndi izuka n’ubuzima+. Uwunyizera naho yopfa azosubira kuba muzima,
26 kandi uwuriho wese akongera akanyizera, ntazokwigera apfa+. Ivyo uravyemera?»
27 Na we amwishura ati: «Ego Mukama, ndemera ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe abwirizwa kuza mw’isi.»
28 Marita ahejeje kuvuga ivyo, aca aragenda ahamagara mwenewabo Mariya, amwongorera ati: «Mwigisha+ yaje, kandi araguhamagaye.»
29 Avyumvise aca arahaguruka ningoga, aja kumuraba.
30 Yezu ntiyari bwinjire mu kigwati, yari akiri aho Marita yamusanze.
31 Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bariko baramuhoza, babonye ahagurutse ningoga agasohoka, baca baramukurikira, bibaza ko agiye kuririra ku mva+.
32 Mariya ashitse aho Yezu ari akamubona, aca yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, amubwira ati: «Mukama, iyo uza kuba wari ng’aha, musazanje ntiyari gupfa.»
33 Yezu amubonye ariko ararira, n’Abayuda bazananye bariko bararira, aratuntura, arabura amahoro mu mutima.
34 Maze avuga ati: «Mwamuhamvye hehe?» Bamubwira bati: «Mukama, ingo uharabe.»
35 Yezu aca ararira+.
36 Abayuda baca bavuga bati: «Ehe ingene yamukunda yemwe!»
37 Ariko bamwe muri bo bavuga bati: «None uyu muntu yahumuye amaso y’impumyi+, ntiyari kubuza Lazaro gupfa?»
38 Yezu yongera gutuntura mu mutima hanyuma aja ku mva. Mu bisanzwe ryari isenga ryugajwe ibuye.
39 Yezu avuga ati: «Kuraho iryo buye.» Marita, mushiki w’uwapfuye, aca amubwira ati: «Mukama, ubu ategerezwa kuba anuka, kuko haciye imisi ine.»
40 Yezu amubwira ati: «Sinakubwiye ko niwizera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana+?»
41 Baca bakurako iryo buye. Maze Yezu arangamiza mw’ijuru+, avuga ati: «Data, ndagukengurukiye ko wanyumvise.
42 Ndazi neza ko wama unyumva, ariko ndabivuze kubera isinzi ry’abantu rihagaze ng’aha, kugira bemere ko wantumye+.»
43 Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: «Lazaro, sohoka+!»
44 Uwo muntu yari yapfuye aca arasohoka, amaguru n’amaboko bizingiriyeko ibitambara, mu maso na ho hazingiriyeko impuzu. Yezu aca ababwira ati: «Mutekurure mumureke agende.»
45 Benshi mu Bayuda bari baje kuraba Mariya bakabona n’ivyo Yezu akoze, baciye bamwizera+.
46 Mugabo bamwe muri bo baciye baja ku Bafarizayo, bababwira ivyo Yezu yakoze.
47 Abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo baca bakoranya Inama nkuru, bavuga bati: «None dukore iki ko uyu muntu akora ibitangaro vyinshi+?
48 Nitwamureka gutyo, bose bazomwizera kandi Abaroma bazoza bigarurire iki kibanza* cacu n’ihanga ryacu.»
49 Ariko umuntu umwe muri bo yitwa Kayifa+, akaba yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, ababwira ati: «Mwe nta co muzi.
50 Ntimutahura ko ari ku neza yanyu ko umuntu umwe apfira abantu, hako ihanga ryose rihona.»
51 Mugabo ivyo ntiyabivuze avyibwiye. Kubera yuko yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yari avuze ubuhanuzi bw’uko Yezu yopfiriye iryo hanga.
52 Kandi ntiyopfiriye iryo hanga gusa, ahubwo kwari no kugira ngo yegeranirize hamwe abana b’Imana basanzaye kugira babe umwe.
53 Kuva uwo musi rero, baca baja inama yo kumwica.
54 Ni co gituma Yezu atasubiye gutembera ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye ava ng’aho, aja mu karere kari hafi y’ubugaragwa, mu gisagara citwa Efurayimu+, agumayo ari kumwe n’abigishwa biwe.
55 Ico gihe Pasika+ y’Abayuda yari yegereje. Nuko abantu benshi bava mu gihugu hagati, baduga i Yeruzalemu imbere ya Pasika, kugira bihumanure nk’uko vyasabwa.
56 Batangura rero kurondera Yezu, maze bavugana bahagaze ng’aho mu rusengero bati: «Muvyibazako iki? Ubwo azoza ku musi mukuru?»
57 Ico gihe abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bari batanze itegeko ry’uko hagize uwumenya aho Yezu ari, ategerezwa guca abimenyesha kugira bamufate.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu mva y’icibutso.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nko kuri sitadiyo 15.» Raba Inyongera ya B14.
^ Ni ukuvuga urusengero.