Timoteyo wa kabiri 4:1-22

  • «Ushitse neza igikorwa ceranda wajejwe» (1-5)

    • Wamamaze rya jambo, uvyihatire (2)

  • «Nararwanye ya ndwano nziza» (6-8)

  • Ivyo Pawulo yavuze bimwerekeye (9-18)

  • Indamutso zo gusozera (19-22)

4  Imbere y’Imana na Kristu Yezu, umwe azocira imanza+ abazima n’abapfuye+, kandi biciye ku kwerekanwa+ kwa Kristu n’Ubwami bwiwe+, ndagutegetse nshimitse ngo  wamamaze rya jambo+, uvyihatire mu bihe vyiza no mu bihe bigoye, ukosore*+, wihanize, uhimirize. Ubigirane ukwihangana kwose n’ubuhanga bwo kwigisha+.  Kuko hazoshika igihe aho abantu batazokwihanganira ya nyigisho ngirakamaro*+. Ahubwo bazokwisunga ivyipfuzo vyabo bironderere abigisha babagaza amatwi*+.  Bazokwica amatwi ngo ntibumve ukuri, bumvirize inkuru z’ibinyoma.  Ariko weho, uzigame ubwenge bwawe muri vyose, wihanganire imibabaro+, wamamaze inkuru nziza*, ushitse neza igikorwa ceranda* wajejwe+.  Jeho ubu ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa+, kandi igihe c’ukubohorwa kwanje+ kiregereje.  Nararwanye ya ntambara nziza+, ndiruka mw’isiganwa kugeza kw’iherezo+, ndagumya ukwizera.  Kuva ubu, mbikiwe urugori rw’ubugororotsi+. Umukama, wa mucamanza agororotse+, azorumpa kuri wa musi nk’impembo+. Yamara si jewe jenyene, ahubwo ruzohabwa n’abo bose bakunze ukwerekanwa kwiwe.  Kora uko ushoboye kwose uze kundaba vuba. 10  Kuko Dema+ yantaye kubera yuko yakunze ivy’iki gihe* akaja i Tesalonika, Keresansi aja i Galatiya, Tito na we aja i Dalumatiya. 11  Luka wenyene ni we ari kumwe nanje. Uzozanane na Mariko kuko amfasha mu gikorwa c’Imana. 12  Mugabo Tikiko+ namutumye i Efeso. 13  Niwaza uzonzanire wa mutamana nasigira Karupo i Tirowa, na ya mizingo y’ibitabu, canecane iyikozwe mu nsato. 14  Alegizandere wa mucuzi w’umujumpu yarangiriye nabi cane. Yehova* azomwishura ibihwanye n’ivyo yakoze+. 15  Nawe uramubako maso kuko yarwanije ubutumwa bwacu bimwe bikabije. 16  Igihe niburanira ubwa mbere nta n’umwe yaje kunshigikira, ahubwo bose barantaye. Ntibaze babihorwe. 17  Mugabo Umukama yahagaze hafi yanje anyuzuza ububasha kugira ngo biciye kuri jewe, igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirangurwe bimwe bishitse kandi amahanga yose yumve iyo nkuru nziza+. Vyongeye nararokowe mu kanwa k’intambwe+. 18  Umukama azonkiza igikorwa cose c’ububisha yongere andokore ku bw’Ubwami bwiwe bwo mw’ijuru+. Naninahazwe gushika ibihe bidahera. Amen. 19  Undamukirize Prisika* na Akwila+ be n’abo mu rugo rwa Onesiforo+. 20  Erasito+ yagumye i Korinto, mugabo Tirofimo+ namusize i Mileto arwaye. 21  Ukore uko ushoboye kwose uzoshike imbere y’urushana. Ewubulo arakuramutsa, na Pudensi na Lino na Kolodiya n’abavukanyi bose. 22  Umukama abane nawe kubera umutima werekana. Ubuntu bwiwe buhebuje* bubane namwe.

Utujambo tw'epfo

Canke «ukangire.»
Canke «ntungamagara.»
Canke «bababwira ivyo bipfuza kwumva.»
Canke «ugume wamamaza injili.»
Canke «ubusuku.»
Yitwa kandi Prisila.