Zaburi 133:1-3

  • Kubana mu bumwe

    • Nk’amavuta ku mutwe wa Aroni (2)

    • Ni nk’urume rwo kuri Herumoni (3)

Ni indirimbo y’abariko baraduga. Ni zaburi ya Dawidi. 133  Ese ukuntu bihimbaye kandi ari vyizako abavukana babana mu bumwe+!   Ni nk’amavuta mezaasutswe ku mutwe+ wa Aroni,agashunguruka ku bwanwa bwiwe+,gushika kw’ikoro y’impuzu ziwe.   Ni nk’urume rwo kuri Herumoni+rumanuka ku misozi y’i Siyoni+. Aho ni ho Yehova yashinze ko umuhezagiro wiwe uba,egome, ubuzima budahera.

Utujambo tw'epfo