Zaburi 118:1-29

  • Gushimira Yehova kubera yaduhaye intsinzi

    • «Naratakambiye Yehova, na we aranyishura» (5)

    • «Yehova ari ku ruhande rwanje» (6, 7)

    • Ibuye bataye ni ryo rizogumya imfuruka (22)

    • «Uwuje mw’izina rya Yehova» (26)

118  Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose.   Isirayeli nisubiremwo iti: «Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»   Abo mu nzu ya Aroni nibavuge bati: «Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»   Abatinya Yehova nibavuge bati: «Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»   Natakambiye Yehova* ndi mu marushwa.Yehova* yaranyishuye, maze anzana ahantu hatagira inkomanzi*+.   Yehova ari ku ruhande rwanje, nta co nzotinya+. Mbega umuntu yongira iki+?   Yehova ari ku ruhande rwanje kandi ni umutabazi wanje*+.Nzokwitegereza ugutemba kw’abansi banje+.   Ni vyiza guhungira kuri Yehovakuruta kwizigira abantu+.   Ni vyiza guhungira kuri Yehovakuruta kwizigira abatware*+. 10  Amahanga yose yarankikuje,ariko narayirukanyemw’izina rya Yehova+. 11  Yarankikuje, emwe yarantonzeko impande zose,ariko narayirukanyemw’izina rya Yehova. 12  Yarantonzeko nka kurya kw’inzuki,ariko yarazimye mu kanya isase nk’umuriro w’amahwa. Narayirukanyemw’izina rya Yehova+. 13  Baransunitse cane* kugira bantembagaze,ariko Yehova yarantabaye. 14  Yehova* ni ubwugamo bwanje n’inkomezi zanje,kandi yacitse ubukiriro bwanje+. 15  Ijwi ry’umunezero n’ubukiriro*biri mu mahema y’abagororotsi. Ukuryo kwa Yehova kurerekana ububasha bwiwe+. 16  Ukuryo kwa Yehova kwashizwe hejuru,ukuryo kwa Yehova kwerekanye ububasha bwiwe+. 17  Sinzopfa, emwe nzobandanya kubaho,kugira ntangaze ibikorwa vya Yehova*+. 18  Yehova* yarampanye bimwe bikomeye+,ariko ntiyaretse ngo mpfe+. 19  Nimunyugururire amarembo y’ubugororotsi+,maze ninjire nshemeze Yehova*. 20  Ng’iri irembo rya Yehova. Abagororotsi ni ryo bazokwinjirana+. 21  Nzogushemeza, kuko wanyishuye+kandi wacitse ubukiriro bwanje. 22  Ibuye abubatsi batayeryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+. 23  Ivyo vyavuye kuri Yehova+,kandi biratangaje mu maso yacu+. 24  Uyu ni umusi Yehova yashizeho.Tuzonezerwa kandi duhimbarwe kuri uwo musi. 25  Ewe Yehova, turagutakambiye uturokore! Yehova, turakwinginze uduhe intsinzi! 26  Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+.Turabasabira umuhezagiro turi mu nzu ya Yehova. 27  Yehova ni Imana,kandi ni we aduha umuco+. Nimutore amashami, mwifatanye n’abari ku rugendo ku musi mukuru+,mugende gushika ku gicaniro*+. 28  Uri Imana yanje, nanje nzogushemeza.Mana yanje, nzogushira hejuru+. 29  Nimukengurukire Yehova+ kuko ari mwiza.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.

Utujambo tw'epfo

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «ahantu hagutse.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi ari kumwe n’abamfasha.»
Canke «abaganwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwaransunitse cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «intsinzi.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutwe w’imfuruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mahembe y’igicaniro.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»