Zaburi 118:1-29
118 Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose.
2 Isirayeli nisubiremwo iti:
«Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»
3 Abo mu nzu ya Aroni nibavuge bati:
«Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»
4 Abatinya Yehova nibavuge bati:
«Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»
5 Natakambiye Yehova* ndi mu marushwa.Yehova* yaranyishuye, maze anzana ahantu hatagira inkomanzi*+.
6 Yehova ari ku ruhande rwanje, nta co nzotinya+.
Mbega umuntu yongira iki+?
7 Yehova ari ku ruhande rwanje kandi ni umutabazi wanje*+.Nzokwitegereza ugutemba kw’abansi banje+.
8 Ni vyiza guhungira kuri Yehovakuruta kwizigira abantu+.
9 Ni vyiza guhungira kuri Yehovakuruta kwizigira abatware*+.
10 Amahanga yose yarankikuje,ariko narayirukanyemw’izina rya Yehova+.
11 Yarankikuje, emwe yarantonzeko impande zose,ariko narayirukanyemw’izina rya Yehova.
12 Yarantonzeko nka kurya kw’inzuki,ariko yarazimye mu kanya isase nk’umuriro w’amahwa.
Narayirukanyemw’izina rya Yehova+.
13 Baransunitse cane* kugira bantembagaze,ariko Yehova yarantabaye.
14 Yehova* ni ubwugamo bwanje n’inkomezi zanje,kandi yacitse ubukiriro bwanje+.
15 Ijwi ry’umunezero n’ubukiriro*biri mu mahema y’abagororotsi.
Ukuryo kwa Yehova kurerekana ububasha bwiwe+.
16 Ukuryo kwa Yehova kwashizwe hejuru,ukuryo kwa Yehova kwerekanye ububasha bwiwe+.
17 Sinzopfa, emwe nzobandanya kubaho,kugira ntangaze ibikorwa vya Yehova*+.
18 Yehova* yarampanye bimwe bikomeye+,ariko ntiyaretse ngo mpfe+.
19 Nimunyugururire amarembo y’ubugororotsi+,maze ninjire nshemeze Yehova*.
20 Ng’iri irembo rya Yehova.
Abagororotsi ni ryo bazokwinjirana+.
21 Nzogushemeza, kuko wanyishuye+kandi wacitse ubukiriro bwanje.
22 Ibuye abubatsi batayeryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+.
23 Ivyo vyavuye kuri Yehova+,kandi biratangaje mu maso yacu+.
24 Uyu ni umusi Yehova yashizeho.Tuzonezerwa kandi duhimbarwe kuri uwo musi.
25 Ewe Yehova, turagutakambiye uturokore!
Yehova, turakwinginze uduhe intsinzi!
26 Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+.Turabasabira umuhezagiro turi mu nzu ya Yehova.
27 Yehova ni Imana,kandi ni we aduha umuco+.
Nimutore amashami, mwifatanye n’abari ku rugendo ku musi mukuru+,mugende gushika ku gicaniro*+.
28 Uri Imana yanje, nanje nzogushemeza.Mana yanje, nzogushira hejuru+.
29 Nimukengurukire Yehova+ kuko ari mwiza.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «ahantu hagutse.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi ari kumwe n’abamfasha.»
^ Canke «abaganwa.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwaransunitse cane.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «intsinzi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umutwe w’imfuruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku mahembe y’igicaniro.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»