Zaburi 88:1-18
Ni zaburi y’abahungu ba Kora+. Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Mahalati* bakurakuranwa. Ni indirimbo* ya Hemani+ mwene Zera.
88 Ewe Yehova, Mana y’ubukiriro bwanje+,ndagutabaza ku murango,kandi no mw’ijoro nza imbere yawe+.
2 Ese isengesho ryanje ryogushikira+!Nutege ugutwi* ugutabaza kwanje+.
3 Kuko ubuzima bwanje bwuzuyemwo ivyago+,kandi ndi ku munwa w’icobo*+.
4 Nsigaye mparurwa mu baja mu cobo*+,kandi meze nk’umuntu atagira gitabara*+,
5 yahebewe mu bapfuye.Nsigaye meze nk’abantu bishwe baryamye mu mva,abantu utacibukakandi utacitwararika.
6 Wantereye mu kinogo kirekire cane,ahantu h’umwiza, mu nyenga* nini.
7 Waranshavuriye cane+,imipfunda yawe isuriranya yarandengeye. (Sela*)
8 Watumye abo tuzinanye bahungira kure yanje+,utuma nsigara ndabashisha.
Nafashwe n’umutego kandi sinshobora kuwuvamwo.
9 Amaso yararotse kubera amagorwa menshi+.
Ewe Yehova, ndakwambaza bukarinda bwira+.Ni wewe nsenga ndugije amaboko.
10 Mbega abapfuye wobakorera ibitangaza?
Canke abari mu kuzimu bohaguruka bakagushemeza+? (Sela)
11 Mbega urukundo* rwawe rwotangazwa mu kuzimu?Ukudahemuka kwawe kwotangazwa mu kibanza c’agatikizo*?
12 Mbega ibitangaza vyawe vyomenyekana ahantu h’umwiza?Ubugororotsi bwawe bwomenyekana mu gihugu c’abibagiwe+?
13 Ariko jewe nguma ntabaza wewe, ewe Yehova+,nguma ndagusenga buri gitondo+.
14 Kubera iki umpeba ga Yehova+?
Kubera iki umpisha mu maso hawe+?
15 Kuva nkiri umwana,nakuriye mu magorwa kandi nkama ngarukira ku cobo+.Nsigaye naratimvye kubera ibibi ureka bikanshikira.
16 Ishavu ryawe rirurumba ryandengeye+.Ibintu biteye ubwoba unkorera bihakwa kunyica.
17 Birankikuza nk’amazi bukarinda bwira,bikanyugariza impande zose*.
18 Watumye abagenzi n’abo tuzinanye bahungira kure yanje+.Umwiza ni wo mugenzi nsigaranye.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «niwuname wumvirize.»
^ Canke «ukuzimu.»
^ Canke «mu mva.»
^ Canke «nacitse nk’umuntu atagira utuguvu.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «muri Abadoni.» Raba Insiguro y’amajambo (Abadoni).
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «bikanyugariza vyose icarimwe.»