Ikirundi
Munyonyo
/assets/ct/b4d7e1101e/images/syn_placeholder_sqr.png
es26 rup. 108-118

Munyonyo

Ku wa mungu, 1 Munyonyo

Munyonyo

Sinzogumana inzika ibihe vyose.—Yer. 3:12.

Igihe hari uwakuwe mw’ishengero, abakurambere barihatira kwigana imbabazi za Yehova. Nk’akarorero, Yehova ntiyarindiriye ko Abisirayeli bari bamugararije baba ari bo batera intambwe ya mbere. Ahubwo ni we yibwirije kubafasha, n’imbere y’uko bagaragaza ikimenyetso na kimwe co kwigaya. Yehova yarerekanye imbabazi nyinshi agirira abasavyi biwe, biciye ku karorero k’umuhanuzi Hoseya n’umugore wiwe, igihe yamusaba ngo agarukane uwo mugore naho yari akiri mu busambanyi. (Hos. 3:1; Mal. 3:7) Cokimwe na Yehova, abakurambere baripfuza bimwe bivuye ku mutima ko uwo mucumuzi yogaruka, akaba ari co gituma birinda ivyomubera intambamyi yo kugaruka. Muri wa mugani wa Yezu werekeye umwana w’icangazi, se w’uwo mwana, ‘yarirukanze, aramugumbira yongera aramusoma n’ikibabarwe.’ (Luka 15:20) Urabona ko uwo muvyeyi atarindiriye ko uwo mwana abanza gusaba imbabazi. Ahubwo ni we yibwirije arirukanga iyo ari kubera ko yamukunda. w24.08 28 ing. 7-8

Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije ubukerebutsi, nagume abusaba Imana kuko iha bose ibikunze kandi idatora amahinyu.—Yak. 1:5.

Amajambo yo mu canditswe c’uno musi arerekana ko Yehova atimana ubukerebutsi bwiwe. Arabuha abandi abikunze. Yakobo kandi yavuze ko igihe Yehova atanga ubukerebutsi abutanga ‘adatora amahinyu.’ Yehova ntadushavurira igihe tumusavye ubukerebutsi. Ahubwo yipfuza ko tubumusaba. (Imig. 2:​1-6) Tweho bite? Turashobora kwigana Yehova mu kubwira abandi ivyo tuzi. (Zab. 32:8) Abasavyi ba Yehova barafise uturyo twinshi two kubwira abandi ivyo bize. Nk’akarorero, turamenyereza abashasha mu gikorwa co kwamamaza. Abakurambere barafasha bihanganye abakozi b’ishengero be n’abavukanyi babatijwe kwitwararika amabanga bajejwe mw’ishengero. Abavukanyi na bashiki bacu bafise ubuhanga baramenyereza abandi mu bijanye n’ibikorwa vyo kwubaka no kubungabunga inyubakwa zijanye no gusenga. w24.09 28-29 ing. 11-12

Dusigaye tubakunda cane.—1 Tes. 2:8.

Bavukanyi, kugira mube abakurambere, mukwiye kuba ‘ata co munegurwa’, ni ukuvuga ko mukwiye kuba muzwi neza mw’ishengero kubera ko ata bimenyamenya bihari vy’uko mwigenza nabi. (1 Tim. 3:2) Vyongeye, mukwiye kuba muvugwa neza n’abantu bo hanze y’ishengero. Abantu batari Ivyabona barashobora kubacokora kubera ivyo mwemera, ariko nta mvo n’imwe ikwiye gutuma bakekeranya ko muri imvugakuri canke ko mwigenza neza. (Dan. 6:​4, 5) Rero nimwibaze muti: «Abo turi kumwe mw’ishengero hamwe n’abatari Ivyabona boba bazi ko ndi umuntu mwiza kandi w’imvugakuri?» Nimba uri umuntu «akunda iciza», urabona kamere nziza abandi bafise maze ukababwira ko uzishima. Urahimbarwa no gukorera iciza abandi mbere ukanabakorera ibirenze ivyo wabwirizwa gukora. Kubera iki bihambaye ko abakurambere bagaragaza iyo kamere? Kubera ko bamara umwanya munini bariko baritwararika abagize ishengero hamwe n’ayandi mabanga bajejwe. (1 Pet. 5:​1-3) Naho bituma bagira ibikorwa vyinshi, birabaronsa umunezero mwinshi uva ku gukorera abandi.—Ivyak. 20:35. w24.11 20-21 ing. 3-5

Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.—Ivyak. 20:35.

Abakozi b’ishengero barakora ibikorwa bihambaye mw’ishengero. Intumwa Pawulo yaraha agaciro cane abo bavukanyi b’abizigirwa. Nk’akarorero, igihe yandikira abakirisu b’i Filipi yararamukije adomako abakozi b’ishengero hamwe n’abakurambere. (Flp. 1:1) Abavukanyi babatijwe, baba bato canke abakuze, baragira umunezero mwinshi iyo bariko barafasha ishengero ari abakozi b’ishengero. Nk’akarorero, uwitwa Devan yari afise imyaka 18 igihe yaba umukozi w’ishengero. Ariko umuvukanyi yitwa Luis yabaye umukozi w’ishengero afise imyaka irenga 50. Ivyo yavuze yobihurizako n’abandi benshi. Yavuze ati: «Mbona ko ari agateka kadasanzwe kuba ndi umukozi w’ishengero, na canecane iyo nzirikanye urukundo abagize ishengero bangaragariza.» Nimba uri umuvukanyi yabatijwe kandi ukaba utaraba umukozi w’ishengero, ubona wokwishingira uwo mugambi? w24.11 14 ing. 1-3

Ndagusavye Yehova . . . wibuke ingene . . . [nakoze] ivyo ubona ko ari vyiza.—2 Abm. 20:3.

Igihe Hezekiya umwami w’Ubuyuda yari afise imyaka 39, yararwaye indwara ikomeye. Umuhanuzi Yesaya yaramubwiye ubutumwa buvuye ku Mana bwavuga ko iyo ndwara yomuhitanye. (2 Abm. 20:1) Hezekiya yabona ko ivyiwe birangiye. Iyo nkuru yaramuvunye umutima ku buryo arira cane. Yaciye atakambira Yehova kugira ngo amufashe. Yehova yarakozwe ku mutima n’ugutakamba kwa Hezekiya be n’amarira yiwe, aca amwumvira ikigongwe maze amubwira ati: «Numvise isengesho ryawe, ndabona n’amosozi yawe. Ngira ndagukize.» Yehova abicishije kuri Yesaya, yarasezeraniye Hezekiya ko yomwongeye imyaka yo kubaho be n’uko yorokoye Yeruzalemu akayikiza Abashuri. (2 Abm. 20:​4-6) Woba urwaye indwara ituma utakaza icizere? Niwiture Yehova mw’isengesho mbere n’amarira ushireko. Bibiliya iradukura amazinda ko ‘wa muvyeyi w’imbabazi n’ikibabarwe akaba n’Imana y’uruhoza rwose’ azoduhoza mu makuba yacu yose.—2 Kor. 1:​3, 4. w24.12 24 ing. 15-17

Ndizigiye cokimwe n’aba bantu nyene, yuko Imana igiye kuzura abagororotsi n’abatari abagororotsi.—Ivyak. 24:15.

Ese ingene bizoba bihimbaye kwakira abazutse! Iyumvire kandi umunezero uzogira igihe uzoba uriko uriga n’ibindi ku vyerekeye Yehova mu kwihweza ibintu vyinshi yaremye. (Zab. 104:24; Yes. 11:9) N’ikiruta vyose, bizoba bihimbaye cane gusenga Yehova ata kintu na kimwe gituma twiyagiriza. Wumva none wohitamwo «kunezererwa igicumuro akanya gato» ugahomba ivyo vyiza vyose? (Heb. 11:25) Oya nawe nu! Umuntu ntiyoba ahomvye yemeye kugira ivyo ahevye ubu kugira azoronke ivyo vyiza. Uribuka ko kubaho mw’isi izoba yahindutse Iparadizo atari ikintu tuzokwama turindiriye. Bizoteba biranguke. Nta na kimwe muri ivyo vyose coshobotse iyo Yehova atadukunda cane ku buryo yemera gutanga Umwana wiwe. w25.01 29 ing. 12

Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi?—Guh. 11:23.

Musa ni umwe mu bantu bavugwa mu gitabu c’Abaheburayo bagaragaje ukwizera, kandi ukwizera kwiwe ntikwari gusanzwe. (Heb. 3:​2-5; 11:​23-25) Imana ntiyamutetereje. N’ikivyemeza ni uko igihe bari mu bugaragwa bugadutse, Yehova yabaronkeje ibifungurwa n’amazi ku gitangaro. (Kuv. 15:​22-25; Zab. 78:​23-25)Ariko rero naho Musa yari afise ukwizera gukomeye, haciye nk’umwaka Abisirayeli bavuye mu Misiri, yarakekeranije ku bubasha Yehova afise bwo kuronsa inyama abasavyi biwe. Musa ntiyatahura ingene Yehova yoshoboye kuronsa abantu amamiliyoni bari bakambitse mu bugaragwa inyama borya bagahaga. Yehova rero yaciye amubaza ati: «Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi?» (Guh. 11:​21-23) Ni nk’aho Yehova yari abajije Musa ati: «Wibaza vy’ukuri ko ata bushobozi mfise bwo gukora ivyo mvuze?» w25.03 26 ing. 1-2

[Imana] ntiyaretse . . . guhana isi ya kera.—2 Pet. 2:5.

Inkuru ya wa mwuzure twoba dukwiye kubona ko igereranya ibintu bizoba? Habe namba. Uti kubera iki? Kubera yuko Bibiliya ata vyo ivuga. Ego ni ko Yezu yaragereranije «igihe ca Nowa» n’igihe co kugaruka kwiwe. Ariko rero, ntiyavuze ko ikintu cose co mu gihe c’umwuzure, nk’akarorero buri muntu canke buri kintu cose cabaye, vyari bifise ico bigereranya muri kazoza. Vyongeye, ntiyanavuze ko kwugara umuryango wa bwa bwato vyari bifise ikintu vyagereranya cobaye muri kazoza. (Mat. 24:​37-39) Ni ibiki Nowa yakoze igihe Yehova yamuburira? Yarerekanye ko afise ukwizera mu kwubaka ubwato. (Heb. 11:7; 1 Pet. 3:20) No muri iki gihe, abantu bumva inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana, bategerezwa kugira ico bakoze. (Ivyak. 3:​17-20) Petero yavuze ko Nowa «yamamaza ubugororotsi.» Muri iki gihe, turihatira kubwira inkuru nziza abantu bo hirya no hino kw’isi tubigiranye umwete. Ariko naho twogerageza gute, ntituzoshobora kubwira inkuru nziza umuntu wese aba kw’isi imbere y’uko umuhero uza. w24.05 9-10 ing. 3-5

Atera iteka abatinya Yehova.—Zab. 15:4.

Turakwiye kurondera uturyo two kugaragariza ubuntu n’icubahiro abagenzi ba Yehova. (Rom. 12:10) None twobigira gute? Uburyo bumwe twobigira bushingiye kuri Zaburi 15:​4, aherekana ko umushitsi mw’ihema rya Yehova «[ata]reka gushitsa ivyo yasezeranye naho vyomugirira nabi.» Igihe tudashikije ivyo twasezeranye biragirira nabi abandi. (Mat. 5:37) Nk’akarorero, Yehova yiteze ko abashitsi biwe bashitsa indagano bagiraniye n’abo bubakanye. Arahimbarwa kandi igihe abavyeyi bihatira gushitsa ivyo basezeraniye abana babo. Kubera ko dukunda Imana n’abantu nkatwe, turakora ivyo dushoboye vyose ngo dushitse ivyo twasezeranye. Ubundi buryo dutera iteka abagenzi b’Imana ni mu kuba abakiranyi kandi tugatanga cane. (Rom. 12:13) Kumarana umwanya n’abavukanyi na bashiki bacu mu biringo bisanzwe biradufasha gukomeza ubucuti dufitaniye na bo n’ubwo dufitaniye na Yehova. Vyongeye, igihe tubaye abakiranyi tuba twiganye Yehova. w24.06 12 ing. 15-16

Umuntu buntu ni iki ku buryo umwibuka?—Zab. 8:4.

Yehova ahishurira ukuri abicisha bugufi. (Mat. 11:25) Kugira ngo tumenye ukuri, vyasavye ko twicisha bugufi turemera gufashwa. (Ivyak. 8:​30, 31) Naho ari ukwo, dutegerezwa kuba maso kugira ngo ntitugire ubwibone. Ubwibone bwoshobora gutuma tubona ko ivyiyumviro vyacu bitomoye, ko rero ata ho bitaniye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. Kugira tugume twicisha bugufi, turakeneye kwibuka ko turi ubusa twigereranije na Yehova. (Zab. 8:​3, 4) Twoshobora kandi gusenga Yehova tumusaba ngo adufashe kurushiriza kwicisha bugufi no kuba abantu bemera kwigishwa. Yehova azoheza adufashe guha agaciro ivyiyumviro vyiwe, aho gushira imbere ivyiyumviro vyacu. Ivyo vyiyumviro vyiwe tubimenya biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya no kw’ishirahamwe ryiwe. Igihe usoma Bibiliya, nurondere ivyerekana ko Yehova akunda ukwicisha bugufi akanka ubwibone, ubwishime, n’ukwishira hejuru. Vyongeye, uritwararika cane kuguma wicisha bugufi niwashingwa amabanga atuma urushiriza kumenyekana. w24.07 10 ing. 8-9

Umuntu mutoyi azocika igihumbi, uwo hasi acike ihanga rikomeye. Jewe Yehova nzovyihutisha mu gihe cavyo.—Yes. 60:22.

Kuva mu 1919, Yehova abicishije kuri Yezu yagiye arakoresha umugwi mutoyi w’abagabo barobanuwe kugira ngo batunganye neza igikorwa co kwamamaza bongere baronse ibifungurwa vy’impwemu abigishwa biwe. (Luka 12:42) Biragaragara ko Yehova ariko arahezagira igikorwa cabo. (Yes. 65:​13, 14) Tudatunganijwe neza ntitwoshobora kurangura igikorwa Yezu yadushinze. (Mat. 28:​19, 20) Nk’akarorero, dufate ko intunganyo yo guha ivyibare abamamaji ata yibaho. Umwe wese rero yoca aja kwamamaza iyo ashaka. Uburere bumwebumwe bwonoganzwa n’abamamaji benshi, ubundi na bwo bukabura n’umwe abukoreramwo. Hoba hari ibindi vyiza uciye ubona biva ku kuba dutunganijwe neza? Ivyo Yezu yakoze igihe yari ng’aha kw’isi, ni akarorero k’ingene abandanya kudutunganya muri iki gihe. w24.04 8-9 ing. 2-4

Aho wohindura ugakora ivyiza ntiwoshimwa? Ariko nutahindura, hari igicumuro kibunze ku muryango kandi gishaka kukwigarurira.—Ita. 4:7.

Kayini imfura ya Adamu na Eva, yarazwe igicumuro n’abavyeyi biwe. Vyongeye, Bibiliya ivuga ko «ibikorwa vyiwe vyari bibi.» (1 Yoh. 3:12) Birashoboka ko ari co gituma igihe Kayini yatanga ishikanwa, Yehova ‘atamushimye n’ishikanwa ryiwe.’ Aho guhindura ingendo, ‘Kayini yaciye ashavura cane, arijirirwa.’ None Yehova yaciye akora iki? Yaramuyagishije. (Ita. 4:​3-7) Urabona ko Yehova abigiranye umutima mwiza yafashije Kayini kuzirikana, aramwereka ko aramutse akoze iciza vyomugendeye neza, aranamugabisha ko yohaboneye aramutse acumuye. Ikibabaje, Kayini yaranse kwumvira Yehova ntiyemera ko amufasha kwigaya. None ko Kayini atamwumviye, Yehova yoba yaciye aheba gufasha abandi bacumuzi kugira ngo bigaye? Habe namba. w24.08 10 ing. 8

[Nimuhitemwo] ubuzima kugira mubandanye kubaho.—Gus. 30:19.

Ihanga rya Isirayeli ryari rifise kazoza keza igitangaza. Yehova yohezagiye Abisirayeli mu gutuma babaho imyaka myinshi mu gihugu yari yarabasezeraniye. Vyongeye, ico gihugu cari ciza kandi carimbuka cane. Ku bijanye n’ico gihugu, Musa yababwiye ati: «Ibisagara binini kandi vyiza mutubatse, amazu yuzuyemwo ivyiza vy’ubwoko bwose mutakoreye, ibinogo vy’amazi mutimvye, imirima y’imizabibu hamwe n’ibiti vy’imyelayo mutateye.» (Gus. 6:​10, 11) Vyongeye, Musa yaraburiye Abisirayeli. Babwirizwa kugamburuka amategeko ya Yehova kugira babandanye kwibera mu gihugu cabo ciza. Musa yabahimirije «guhitamwo ubuzima» mu kwumviriza Yehova no mu ‘kumwumirako.’ (Gus. 30:20) Ariko Abisirayeli ntibagamburukiye Yehova. Ivyo vyatumye mu nyuma Imana ireka Abashuri n’Abanyababiloni barabatsinda bongera babajana mu bunyagano.—2 Abm. 17:​6-8, 13, 14; 2 Ngo. 36:​15-17, 20. w24.11 9 ing. 5-6

Nta muntu ashobora kuza iwanje Data yantumye atamukwegakweze.—Yoh. 6:44.

Abantu benshi bo mu madini y’abiyita abakristu bavuga ko bazokizwa kubera gusa ‘bizera’ Yezu nk’umukiza wabo. (Yoh. 6:29) Ariko si ico gusa gikenewe, kuko no muri rya sinzi yagaburira ku gitangaro hari bamwe bizeye Yezu, mu nyuma barabiheba. Uti kubera iki? Benshi mu bari muri iryo sinzi Yezu yagaburira bararyoherwa no kumukurikira kuko yabaronsa ivyo bakenera. Icabaryohera vyari ibitangaro yakora vyo gukiza abantu, indya za gusa canke inyigisho zaba zihuye n’ivyo bashaka kwumva. Ariko Yezu yarerekanye ko hari hakenewe n’ibindi kugira umuntu abe umwigishwa wiwe nyakuri. Ntiyaje kw’isi kugira gusa aronse abantu ivyo bakenera mu vy’umubiri. Yaje no kubigisha ivyo bari bakeneye gukora. Bategerezwa kwitabira akamo ko ‘kuja’ kuri we, mu kwemera ivyo yigisha vyose kandi bakabigamburuka.—Yoh. 5:40. w24.12 12 ing. 12-13

Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero.—Ef. 5:25.

Ni igiki cofasha umugabo guheba inyifato yo guhohotera umugore wiwe? Ni ugukora uko ashoboye akigana Yezu. Ukuntu yafata abigishwa biwe birerekana neza ukuntu umugabo akwiye gufata umugore wiwe. Raba icigwa abagabo bokura ku kuntu Yezu yafata intumwa ziwe be n’ingene yaziyagisha. Yezu yafata intumwa ziwe abigiranye ubuntu n’icubahiro. Ntiyigera abakarira canke ngo abahahaze. Yezu ntiyigeze akoresha ububasha afise kugira abereke ko abaruta canke kugira bamutinye, ahubwo yarabakorera yicishije bugufi. (Yoh. 13:​12-17) Yabwiye abigishwa biwe ati: «[Ni]munyigireko, kuko nitonda kandi nicisha bugufi, namwe muzokwumva muruhuriwe.» (Mat. 11:​28-30) Urabona ko Yezu yitonda. Kwitonda si ubugoyagoye. Ahubwo umuntu yitonda aba akomeye kubera ko ashobora kwigumya. Iyo asomborokejwe aguma atekanye aho guca atwarwa n’ishavu. w25.01 10 ing. 10-11

Nuragize Yehova ivyo ukora vyose.—Imig. 16:3.

Uko iherezo ry’iyi si rirushiriza kwegereza, ibintu birashobora kuzoyangara mu vy’ubutunzi. Nk’akarorero, uruhagarara mu vya politike, intambara, ivyago vy’ivyaduka canke indwara z’ibiza, birashobora kuzotuma ubuzima burushiriza kuzimba canke bigatuma dutakaza akazi, ivyo dutunze canke inzu zacu. Ni ibiki none vyoshobora kudufasha gufata ingingo zerekana ko twizigira ukuboko kwa Yehova? Ikintu nyamukuru umuntu yokora kandi comufasha cane ni ukubwira Yehova ibimuraje ishinga. Numusabe ubukerebutsi kugira ngo ufate ingingo nziza, umusabe no gutekana kugira ngo ‘ntiwamize umutima mu kirere’, uguma wiyumvira ingorane urimwo. (Luka 12:​29-31) Numutakambire agufashe kuguma ubumbwa n’ivyo ufise. (1 Tim. 6:​7, 8) Nugire ubushakashatsi mu bitabu vyacu kugira ngo uronke ivyiyumviro vyogufasha mu ngorane z’ivy’ubutunzi. Abatari bake barafashijwe n’ibiganiro mwene ivyo dusanga kuri jw.org. w25.03 28-29 ing. 10-11

Imana yanyeretse ko ata muntu n’umwe nkwiye kwita «uwanduye» canke «uwuhumanye.»—Ivyak. 10:28.

Harageze igihe aho abanyamahanga batagenyerewe bemererwa kuba abasavyi b’Imana. Intumwa Petero yarungitswe kubwira inkuru nziza umunyamahanga yitwa Koruneliyo, akaba ari we munyamahanga wa mbere yabaye umusavyi w’Imana. Abayuda ntibifatanya n’abanyamahanga. Ni co gituma Petero yari akeneye guhindura ivyiyumviro vyiwe kugira ashobore kubabwira inkuru nziza. Igihe Petero yatahura ivyiyumviro Imana ifise ku banyamahanga, yaciye ahindura uko abona ibintu. Ni co gituma igihe Koruneliyo yamutumako, yaciye agenda «ata guhigimanga.» (Ivyak. 10:​28, 29) Yarabwiye inkuru nziza Koruneliyo n’urugo rwiwe maze barabatizwa. (Ivyak. 10:​21-23, 34, 35, 44-48) Haciye imyaka, Petero yaremesheje abakirisu bagenziwe ‘kwiyumvira bahuza.’ (1 Pet. 3:8) Turashobora kwiyumvira duhuza n’abavukanyi bacu mu kwigana ukuntu Yehova yiyumvira, tukaba tubimenya biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. w25.03 9 ing. 7-8

Ntimuzimizwe n’inyigisho zitandukanye kandi z’ivyaduka.—Heb. 13:9.

Abantu bo mw’isi baguma barushiriza kubona ibintu mu buryo butandukanye n’ukuntu Yehova abibona. (Imig. 17:15) Rero, birahambaye cane ko tumenya ivyiyumviro bitari vyo tukongera tukavyirinda. Ntidukwiye kureka ngo abaturwanya baduce intege maze bitume tureka gukorera Yehova. Intumwa Pawulo yahanuye Abaheburayo kubandanya batera imbere kugira babe abakirisu bahumuye. Kandi natwe turakeneye gushira mu ngiro iyo mpanuro. Ivyo twobigira mu kwiga mu buryo bwimbitse Bibiliya gutyo bidufashe kurushiriza kumenya Yehova n’ukuntu abona ibintu kandi turabandanya kubigira n’inyuma yo kubatizwa. Twese turakwiye gusoma Ijambo ry’Imana no kuryiga buri musi, naho twoba tumaze igihe kingana gute mu kuri. (Zab. 1:2) Kwama twiyigisha Bibiliya bizotuma ukwizera kwacu gukomera, iyo akaba ari kamere Pawulo yabwiye abakirisu b’Abaheburayo ko bakwiye gutsimbataza.—Heb. 11:​1, 6. w24.09 10 ing. 7-8

Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.—Yak. 4:8.

Igihe dufitaniye ubucuti bwa hafi na Yehova, bica bitworohera kuguma turi intahemuka kuri we. Ukwo ni ko vyagenze kuri Yozefu. Yaranse gukora ubuhumbu. Imana ntiyari umugani kuri we kandi ntiyipfuza kuyibabaza. (Ita. 39:9) Kugira tugiranire ubucuti bwa hafi na Yehova, turakeneye gufata akanya ko kumusenga no kwiga Ijambo ryiwe. Ivyo bituma ubucuti dufitaniye na we bukomera. Nka kumwe kwa Yozefu, nitwagiranira ubucuti bwa hafi na Yehova, ntituzokwipfuza gukora ikintu na kimwe comubabaza. Abibagira ko Yehova ari Imana nzima barashobora kumuhemukira bitagoranye. Rimbura ivyashikiye Abisirayeli igihe bari mu bugaragwa. Bari bazi neza ko Yehova abaho, ariko baratanguye gukekeranya nimba yobaronkeje ivyo bakeneye. (Kuv. 17:​2, 7) Ivyo vyatumye bagarariza Imana. Nta gukeka ko twipfuza kwirinda ako gatima kabo k’ubugambarazi kuko ari akarorero ko kutuburira muri iki gihe.—Heb. 3:12. w24.06 24 ing. 14-15

Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe arumva ugutabaza kwabo.—Zab. 34:15.

Tubayeho mu nsozero y’imisi y’iherezo, akaba ari co gituma ibidutera amarira bizoguma vyongerekana. Yehova arabona amosozi dukorora kandi biramubabaza cane. Amarira yacu ari n’agaciro kuri we. Igihe rero turi mu bihe bitoroshe, turakwiye kumusenga tumusukira ibiri ku mutima. Nimuze ntitwigere twigunga ngo tuje kure y’abavukanyi na bashiki bacu. Nimuze kandi tubandanye kuremeshwa n’amajambo ahumuriza dusanga muri Bibiliya. Nta gukeka ko nitwaguma twihanganye, Yehova azoduhezagira. Umwe muri iyo mihezagiro ni uko azoduhanagura amosozi yose duterwa n’intuntu, uguhemukirwa be n’ukwihebura. (Ivyah. 21:4) Ico gihe, tuzosigara dukorora amosozi y’umunezero gusa. w24.12 20 ing. 3; 25 ing. 19

«Muri ivyabona vyanje . . .», ni ko Yehova avuze.—Yes. 43:12.

Yehova yaradushinze ibanga ryo kuba Ivyabona vyiwe kandi adusezeranira kudufasha kugira umutima rugabo. (Yes. 43:​10, 11) Raba uburyo bune gusa akoresha. Ubwa mbere, igihe cose twamamaza inkuru nziza Yezu aba ari kumwe natwe. (Mat. 28:​18-20) Ubwa kabiri, Yehova yaraduhaye abamarayika badufasha. (Ivyah. 14:6) Ubwa gatatu, yaraduhaye impwemu yiwe nyeranda kugira ngo idufashe kwibuka ibintu twize. (Yoh. 14:​25, 26) Ubwa kane, yaraduhaye abavukanyi dukorana. Kuba dushigikiwe na Yehova be n’abavukanyi badukunda, biratuma turangura neza ico gikorwa. Ariko bishitse ugacika intege iyo ata bantu benshi usanze ku mihana, nuce wibaza uti: «Ubu bari hehe?» (Ivyak. 16:13) «Boba bagiye ku kazi canke gusuma?» Nimba ari ko biri, ubwo uciye uja kwamamaza kw’ibarabara ntiworonka abantu benshi? w24.04 17 ing. 10-11

Nimba umuntu atazi guhagarikira urugo rwiwe, yokwitwararika gute ishengero ry’Imana?—1 Tim. 3:5.

Nimba uri serugo ukaba wipfuza kuba umukurambere, umuryango wawe na wo nyene urakeneye kuba uzwi neza. Rero, ukwiye kuba ‘uhagarikira neza urugo rwawe.’ Ivyo bisobanura ko wama witwararikana urukundo umuryango wawe kandi ukama ufata ingingo zibagirira akamaro. Urahagarikira ugusenga kwo mu muryango, ukiyemeza ko abo mu muryango bitaba amakoraniro kandi ukabafasha kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Nimba uri sebibondo, abana bawe bakiri bato bakwiye kuba ari «abana bayoboka ata gufyina namba.» (1 Tim. 3:4) Ubwirizwa kubigisha no kubamenyereza ubigiranye urukundo. Ni ivy’ukuri ko ushaka ko bahimbarwa, batwenga kandi bagakina nk’abandi bana bose. Ariko urakwiye kubigisha kugamburuka, kwubaha abandi no kwigenza neza. Kandi urakwiye gukora uko ushoboye kwose kugira ufashe abana bawe kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no gutera imbere gushika babatijwe. w24.11 22 ing. 10-11

Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe.—Yoh. 15:13.

Nitwongereza ivyo dukora mu murimo wa Yehova, tuzokwibonera ingene adushigikira bitume turushiriza kumwizigira. (1 Kor. 3:9) Ariko uribuka ko Yehova atagereranya ivyo ukora n’ivyo abandi bakora, ahubwo ko araba ibiri mu mutima wawe. Arahimbarwa iyo abonye ingene ukenguruka bivuye ku mutima incungu, ya ngabire y’agaciro yatanga ku bwawe. (1 Sam. 16:7; Mrk. 12:​41-44) Incungu yonyene ni yo ituma bishoboka ko tubabarirwa ibicumuro vyacu, tukagiranira ubucuti na Yehova, tukagira n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Ese twokwama dukengurukira Yehova kubera urukundo rwiwe rwatumye dushobora kwironkera ivyo vyiza vyose. (1 Yoh. 4:19) Ese kandi twokwama dukengurukira Yezu we yadukunze cane ku buryo yemera gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. w25.01 31 ing. 16-18

Nagumana amaganya bukarinda bwira.—Zab. 73:14.

Raba ivyashikiye uwanditse Zaburi ya 73. Yabona abandi basa n’abafise amagara meza, batunze, kandi ata co binona. (Zab. 73:​3-5, 12) Aravye ingene basa n’abatekaniwe, yaca abona ko we yataye umwanya akorera Yehova. Ivyo vyatuma «[a]gumana amaganya bukarinda bwira.» (Zab. 73:​13, 14) Ni igiki none camufashije gutsinda ivyo vyiyumviro bica intege? Uwo mwanditsi yaciye aja ku rusengero rwa Yehova. (Zab. 73:​16-18) Kuja aho hantu hatekanye vyaramufashije kuzirikana neza. Yaratahuye ko n’aho bamwebamwe basa n’aborohewe mu buzima, ata kazoza bari bafise. Gutahura ivyo bintu vyaratumye agira amahoro yo mu mutima, arabona ko ingingo yo gukorera Imana ari yo yari nziza kuruta. Ivyo vyatumye yiyemeza kubandanya akorera Yehova.—Zab. 73:​23-28. w24.10 27 ing. 11-12

Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova, be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose!—Zab. 83:18.

Yehova atwita «ivyabona» vyiwe. (Yes. 43:​10-12) Mu myaka mikeyi iheze, ikete rimwe ryavuye ku Nama Nyobozi ryavuze riti: «Kwitwa Icabona ca Yehova ni ryo teka rihambaye kuruta irindi ryose umuntu yoterwa.» Uti kubera iki? Raba akarorero. Hamwe wokenera umuntu yokubera icabona muri sentare, wohitamwo umuntu uzi neza kandi wizigira, atagira amahinyu ku buryo intahe yoshinga yoca yemerwa. Kubona na Yehova yaradutoye kugira ngo tumubere Ivyabona, vyerekena ko atuzi neza kandi ko yizigira ko tuzomushingira intahe ko ari we Mana yonyene y’ukuri. Kwitwa Ivyabona vyiwe tubona ko ari iteka ntangere, ku buryo tudashobora kugisha akaryo na kamwe ko kumenyekanisha izina ryiwe no kubeshuza ibinyoma bimwambika ibara. Tubigenjeje gutyo, tuba tubayeho tugendera izina ryacu twikundira cane, ari ryo Ivyabona vya Yehova.—Rom. 10:​13-15. w24.05 18 ing. 13

Akiza abantu bose bari barwaye.—Mat. 8:16.

Gukorera abandi vyaratuma Yezu agira umunezero mwinshi. Igihe kimwe yarafashije abantu mu kubigisha ivyerekeye Imana ariko kandi arabafasha no mu bundi buryo. Yarabaronkeje ibifungurwa ku gitangaro, aca asaba abigishwa biwe kubibagaburira. (Mrk. 6:41) Mu kubigenza gutyo, yarigishije abigishwa biwe gukorera abandi. Yezu yarerekanye ko ibikorwa nk’ivyo bihambaye. Iyumvire umunezero intumwa zagize igihe zakorana na Yezu mu gikorwa co kugaburira abantu imfungurwa zabonetse ku gitangaro ku buryo ‘bose barya bagahaga.’ (Mrk. 6:42) Mu vy’ukuri, ubwo ntibwari ubwa mbere Yezu yitwararika ivyo abandi bakeneye kuruta ivyiwe. Yamaze ubuzima bwiwe bwose bwo kw’isi ariko akorera abandi. (Mat. 4:23) Yezu yaragize umunezero mwinshi kubera ko yigisha abantu akongera akitwararika ivyo bari bakeneye yicishije bugufi. w24.11 16 ing. 10-11

Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.—2 Tim. 3:1.

Uko ibintu bitera vyunyuka «mu misi ya nyuma» nta gukeka ko tuzoronka uturyo twinshi two kuronsa abavukanyi na bashiki bacu ivyo bakeneye. Turashobora kandi kuremesha abavukanyi na bashiki bacu tukongera tukabagaragariza urukundo. Uburyo bumwe twobigira, ni mu gutuma bumva bisanze ku Ngoro y’Ubwami. Igihe rero bitavye amakoraniro, turakwiye gukora ibishoboka vyose kugira bumve baruhuriwe kandi ko bakundwa. Abakurambere barashobora kubera ubuhungiro abagize ishengero mu bigeragezo bitandukanye. Igihe hateye ivyago canke hakagira abakenera kuvurwa vyihutirwa, abakurambere baca bihutira kuhaseruka. Abakurambere kandi baratanga indemesho zishingiye kuri Bibiliya. Abagize ishengero baroroherwa no kwitura umukurambere bazi ko afise umutima mwiza, w’impuhwe, kandi abatega ugutwi. Izo kamere ziratuma abandi bumva ko bitwararitswe. Ivyo bituma boroherwa no gushira mu ngiro ubuyobozi ubwo ari bwo bwose bushingiye kuri Bibiliya umukurambere yobaha.—1 Tes. 2:​7, 8, 11. w24.06 29 ing. 12-13

[Ntiya]twimye n’Umwana wayo bwite.—Rom. 8:32.

Ntidukwiye kwiyumvira yuko kubera ko Yehova ari Mushoboravyose adashobora kubabara. Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, twaremanywe ububasha bwo kwiyumva ukunaka, bikaba vyerekana ko na Yehova ari ko ameze. Bibiliya ivuga ko ashobora ‘kubabara’ canke ‘gutuntura.’ (Zab. 78:​40, 41) Iyumvire umubabaro Yehova yagize igihe yabona Umwana wiwe ariko aricwa bunyamaswa n’abantu batubaha Imana! Incungu iratwigisha ko ata muntu n’umwe adukunda nka Yehova naho yoba ari incuti ya hafi cane canke umugenzi somambike. (Rom. 8:​32, 38, 39) Yehova mbere aradukunda kuruta uko twikunda. Woba wipfuza kubaho ibihe bidahera? Iyaba wari uzi ingene Yehova abikwipfuriza! Woba wipfuza kubabarirwa ivyaha vyawe? Womenya ingene Yehova yipfuza kukubabarira! Wewe ico adusaba gusa ni ugukenguruka incungu yadutangiye, mu kugaragaza ukwizera no mu kugamburuka. Incungu ni ingabire y’agaciro yerekana ko Yehova adukunda cane.—Umus. 3:11. w25.01 22 ing. 8-9

Mugume musuzuma neza ivyo Umukama yemera.—Ef. 5:10.

Hariho ingingo zimwezimwe twese dufata twisunze ivyo tubona, ivyo twumva, canke twisunze ibishobisho. Ariko ivyo tubona canke ivyo twumva birashobora kuduhenda. Ariko naho bitoduhenda, hamwe twogenda twisunga ivyo tubona gusa, amaherezo twoshobora kutumvira impanuro Imana iduha maze tugakora ibihushanye n’ivyo igomba. (Umus. 11:9; Mat. 24:​37-39) Ariko mu gihe tugenda twisunga ukwizera, birashobora gutuma dufata ingingo «Umukama yemera.» Gukurikiza impanuro Imana iduha biratuma tugira amahoro yo mu mutima be n’umunezero nyakuri. (Zab. 16:​8, 9; Yes. 48:​17, 18) Vyongeye, tubandanije kugenda twisunga ukwizera tuzoronka ubuzima budahera. (2 Kor. 4:18) None twomenya gute ko turiko tugenda twisunga ukwizera canke ibiboneka? Mu bisanzwe, vyose bihagaze ku vyo twisunga mu gufata ingingo. Twoba twisunga gusa ivyo tubona, canke turizigira Yehova tukisunga impanuro aduha? w25.03 20-21 ing. 3-4

Mubane amahoro na bagenzi banyu.—1 Tes. 5:13.

Umwe wese muri twebwe arafise ibanga ryo kugira ico akoze kugira ngo atume abandi bumva bashashaye kuza mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Ivyo tubigira mu kwigana Yehova. Ntazana abantu mw’ishirahamwe ryiwe ku nkoni. Ahubwo ‘abakwegakwega’ yengenga. (Yoh. 6:44; Yer. 31:3) Iyo abantu b’umutima mwiza bize Bibiliya bakamenya ko Yehova ari Imana y’urukundo, bakamenya n’izindi kamere nziza zimuranga, kumwiyegereza bica vyizana. None natwe twokwegakwega gute abandi ngo baze muri iyo paradizo yacu yo mu buryo bw’impwemu biciye ku nyifato yacu nziza? Uburyo bumwe ni mu kugaragariza ubuntu n’urukundo abavukanyi bacu. Igihe abashasha bitavye amakoraniro yacu, twipfuza ko bikugura nk’abayitavye ari bwo bwa mbere mw’ishengero ry’i Korinto, abavuze bati: «Ni ukuri Imana iri kumwe namwe.» (1 Kor. 14:​24, 25; Zak. 8:23) Ni co gituma dukwiye kwama dukurikiza impanuro iri mu canditswe c’uno musi. w24.04 23-24 ing. 16-17