Yohani wa mbere 4:1-21

  • Nimusuzume amajambo yahumetswe (1-6)

  • Kumenya Imana no kuyikunda (7-21)

    • «Imana ni urukundo» (8, 16)

    • Nta bwoba buri mu rukundo (18)

4  Bavukanyi nkunda, ntimwemere ijambo ryose ryahumetswe*+, ahubwo nimusuzume amajambo yose yahumetswe* kugira mumenye ko ava ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.  Ng’iki ikizobereka ko ijambo ryahumetswe riva ku Mana: ijambo ryose ryahumetswe ryemera ko Yezu Kristu yaje afise umubiri, riba riva ku Mana+.  Mugabo ijambo ryose ryahumetswe ritemera icese Yezu, ntiriba riva ku Mana+. Iryo riba ari ijambo ryahumetswe na antikristu, uwo mwumvise ko ariko araza+, ubu rikaba rimaze gushika mw’isi+.  Bane banje, mwebwe mukomoka ku Mana kandi mwaratsinze abo bahanuzi b’ikinyoma+, kuko uwunze ubumwe namwe+ aruta uwunze ubumwe n’isi+.  Bobo bakomoka mw’isi+. Ni co gituma bavuga ivyiyumviro vy’isi, kandi isi irabumviriza+.  Twebwe dukomoka ku Mana. Uwuzi Imana aratwumviriza+, ariko uwudakomoka ku Mana ntatwumviriza+. Ukwo ni ko dutandukanya ijambo ryahumetswe ry’ukuri n’ijambo ryahumetswe ry’ikinyoma+.  Bavukanyi nkunda, tubandanye gukundana+ kuko urukundo ruva ku Mana, kandi umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arazi Imana+.  Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ari urukundo+.  Uku ni ko Imana yatweretse ko idukunda: yararungitse Umwana wayo w’ikinege+ kw’isi kugira turonke ubuzima biciye kuri we+. 10  Aha rero ni ho urukundo ruhagaze: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko yadukunze maze ikarungika Umwana wayo kugira abe ikimazi+ c’ibicumuro vyacu+ gituma dusubiza hamwe na yo*. 11  Bavukanyi nkunda, ko Imana yadukunze gutyo, na twebwe rero tubwirizwa gukundana+. 12  Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Tubandanije gukundana, Imana igumana natwe, kandi urukundo rwayo ruca ruba urutagira akanenge muri twebwe+. 13  Iki ni co kitwereka ko tuguma twunze ubumwe n’Imana, na yo ikaguma yunze ubumwe natwe: ni uko yaduhaye impwemu yayo. 14  Vyongeye, twariboneye ko Data yarungitse Umwana wiwe ngo abe umukiza w’isi, kandi turabishingira intahe+. 15  Uwemera ko Yezu ari Umwana w’Imana+, Imana iguma yunze ubumwe na we, na we akaguma yunze ubumwe n’Imana+. 16  Twaramenye twongera turizera ko Imana idukunda+. Imana ni urukundo+, kandi uwuguma yerekana urukundo aguma yunze ubumwe n’Imana, Imana na yo ikaguma yunze ubumwe na we+. 17  Ukwo ni ko urukundo rwagizwe urutagira akanenge muri twebwe, kugira tuze tuvugane umwidegemvyo*+ ku musi w’urubanza, kuko uko ameze* ari ko na twebwe tumeze muri ino si. 18  Nta bwoba buri mu rukundo+, ahubwo urukundo rutagira akanenge rurirukana ubwoba, kuko ubwoba budutangira. Mu vy’ukuri, uwufise ubwoba ntaba aragirwa uwutagira akanenge mu rukundo+. 19  Twebwe turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda+. 20  Iyo umuntu avuze ngo «Ndakunda Imana», mugabo akanka mwenewabo, aba ari umubeshi+. Kuko uwudakunda mwenewabo+ yabonye adashobora gukunda Imana atabonye+. 21  Iri ni ryo bwirizwa yaduhaye: uwukunda Imana ategerezwa no gukunda mwenewabo+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «nimusuzume impwemu zose.»
Mu kigiriki havuga ngo «ntimwemere impwemu yose.»
Canke «ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu», «ikimazi gipfuka ibicumuro vyacu.»
Canke «tuvugane umutima mu nda.»
Ni ukuvuga Yezu Kristu.