Abaroma 8:1-39

  • Ubuzima n’umwidegemvyo biciye ku mpwemu (1-11)

  • Impwemu iratomora neza ko ari abana b’Imana (12-17)

  • Ivyaremwe birashashaye umwidegemvyo w’abana b’Imana (18-25)

  • «Impwemu iratakamba ku bwacu» (26, 27)

  • Abo Imana yagenye imbere y’igihe (28-30)

  • Turatahukana intsinzi biciye ku rukundo rw’Imana (31-39)

8  Abunze ubumwe na Kristu Yezu rero ntibatsindwa n’urubanza,  kuko itegeko rya ya mpwemu itanga ubuzima mu bumwe na Kristu Yezu ryababohoye+, ribakurako itegeko ry’igicumuro n’iry’urupfu.  Ivyo amategeko atashoboye gukora+ kubera ubugoyagoye+ bw’umubiri wacu*, Imana yarabikoze mu kurungika Umwana wayo bwite+. Yaje afise umubiri usa n’uw’abantu bacumura+ kugira akureho igicumuro. Imana rero yatumye igicumuro gitsindwa mu mubiri,  kugira ngo twebwe abatagenda bisunga umubiri ahubwo bagenda bisunga impwemu+, dushitse ibintu bigororotse amategeko asaba+.  Ababaho bisunga umubiri baguma biyumvira ibintu vy’umubiri+, mugabo abisunga impwemu bakaguma biyumvira ivy’impwemu+.  Kuko kuguma twiyumvira ivy’umubiri bivamwo urupfu+, mugabo kuguma twiyumvira ivy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro+.  Kuguma twiyumvira ivy’umubiri bituma twankana n’Imana+, kuko umubiri utayobokera amategeko y’Imana, eka mbere ntibinashoboka.  Rero abahuza n’umubiri ntibashobora gushimisha Imana.  Ariko mwebwe ntimuhuza n’umubiri, ahubwo muhuza n’impwemu+, nimba impwemu y’Imana iba muri mwebwe vy’ukuri. Mugabo nimba umuntu adafise impwemu ya Kristu, uyo ntaba ari uwa Kristu. 10  Mugabo nimba Kristu yunze ubumwe namwe+, impwemu ica ituma muba bazima kubera ubugororotsi, ariko umubiri wanyu uba wapfuye kubera igicumuro. 11  Nimba rero impwemu y’umwe yazura Yezu mu bapfuye iba muri mwebwe, uwazuye Kristu Yezu mu bapfuye+ azotuma kandi ya mibiri yanyu ipfa igira ubuzima+ biciye ku mpwemu yiwe iba muri mwebwe. 12  Nuko rero bavukanyi, turafise ico dusabwa gukora, mugabo ntidusabwa kugamburukira umubiri ngo tubeho tuwisunga+. 13  Nimba mubaho mwisunga umubiri, ntimuzogenda mudapfuye. Mugabo nimba ingeso z’umubiri muzica+ biciye ku mpwemu, muzobaho+. 14  Kuko abo bose bayoborwa n’impwemu y’Imana ari bo bana b’Imana vy’ukuri+. 15  Ntimwaronse impwemu ibagira abashumba igatuma mwongera kugira ubwoba, ahubwo mwaronse impwemu ituma tugirwa abana b’Imana. Biciye kuri iyo mpwemu, turasemerera duti: «Abba*! Data+ 16  Impwemu ubwayo iratomorera neza impwemu yacu*+ yuko turi abana b’Imana+. 17  Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa. Turi ba samuragwa b’Imana koko, mugabo tukaba abaraganwa+ na Kristu, dukire gusa kubabarana na we+ kugira ngo kandi tuninahazwe hamwe na we+. 18  Kuko mbona yuko imibabaro yo muri iki gihe ata co ivuze ndayigereranije n’ubuninahazwa bugiye guhishurwa muri twebwe+. 19  Ivyaremwe birashashaye ko Imana ihishura abana bayo+. 20  Nkako, ivyaremwe vyabwirijwe kugira ubuzima ata co buvamwo+. Si vyo vyabishatse, ahubwo vyavuye ku watumye bigira ubwo buzima. Yabigize yishimikije icizigiro 21  c’uko ivyaremwe na vyo nyene bizokurwa mu buja bw’ukubora, bikagira umwidegemvyo+ w’agatangaza* w’abana b’Imana. 22  Kuko tuzi yuko ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu. 23  Si ivyo gusa, ahubwo na twebwe dufise ivyeze ubwa mbere*, ni ukuvuga impwemu, emwe na twebwe turaniha mu mutima+ mu gihe tukirindiranye igishika kugirwa abana b’Imana+, tukabohorwa imibiri yacu biciye ku ncungu. 24  Igihe twakizwa twararonse ico cizigiro. Mugabo iyo umuntu abonye ico yari yizigiye, ntikiba kikiri icizigiro. None iyo umuntu abona ikintu yobandanya kucizigira gute? 25  Mugabo iyo twizigiye+ ivyo tutabona+, tuguma tubirindiranye igishika twihanganye+. 26  N’impwemu na yo irahaseruka ngo idufashe igihe tugoyagoya+. Ingorane ihari ni uko bishika ntitumenye ico twosaba Imana iyo tubikeneye, mugabo impwemu ubwayo iratakamba ku bwacu igihe turiko turaniha twabuze ico tuvuga. 27  Ariko umwe asuzuma imitima+ arazi ico impwemu ishaka kuvuga, kuko itakamba ihuza n’ivyo Imana igomba ku bw’aberanda. 28  Turazi yuko Imana ituma ibikorwa vyayo vyose bisenyera ku mugozi umwe ku neza y’abayikunda, bahamagawe hisunzwe umugambi wayo+. 29  Kuko abo yitwararitse ubwa mbere yabagenye kandi imbere y’igihe ngo bamere nk’Umwana wayo*+, kugira abe imfura+ mu bavukanyi biwe+ benshi. 30  Vyongeye, abo yagenye imbere y’igihe+ ni na bo yahamagaye+, abo yahamagaye ni na bo yise abagororotsi+, kandi abo yise abagororotsi ni na bo yaninahaje+. 31  None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+? 32  Ahantu itatwimye n’Umwana wayo bwite mugabo ikamutanga ku bwacu twese+, izobuzwa n’iki kuduha n’ibindi bintu vyose n’umutima ukunze? 33  Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana+? Imana ni yo ibita abagororotsi+. 34  Ni nde azotuma batsindwa n’urubanza? Nta n’umwe. Kristu Yezu yarabapfiriye, mbere aranazurwa. Ubu ari iburyo bw’Imana+ kandi ni we atakamba ku bwacu+. 35  Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristu+? Mbega ni ibigeragezo, amaganya, uruhamo, inzara, kugenda gusa, akaga canke inkota+? 36  Nk’uko vyanditswe, «twirirwa turicwa kubera wewe. Abansi bacu batubona nk’intama zo gukererwa+ 37  Ahubwo riho, muri ivyo vyose turatahukana intsinzi+ bimwe bishitse biciye ku wadukunze. 38  Kuko najijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha+, 39  canke uburebure bw’amahagarara, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «kubera itegeko ryari goyigoyi bivuye ku mubiri.»
Ni ijambo ry’igiheburayo canke igiharameya risobanura ngo «ewe dawe!»
Mu kigiriki havuga ngo «irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu.»
Canke «w’ubuninihazwa.»
Canke «umushuzo.»
Canke «bagire ishusho nk’iy’Umwana wayo.»