Gusubira mu vyagezwe 30:1-20

  • Kugaruka kuri Yehova (1-10)

  • Amabwirizwa ya Yehova si amananiza (11-14)

  • Guhitamwo ubuzima canke urupfu (15-20)

30  Ayo majambo yose niyabarangukirako, yaba imihezagiro canke imivumo ndabashize imbere+, hanyuma mukavyibuka+ muri mu mahanga yose Yehova Imana yanyu azoba yabashwiragijemwo+,  maze mukagaruka kuri Yehova Imana yanyu+ mwe n’abana banyu, mukumviriza ijwi ryiwe n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+ nk’uko ndabibategetse uyu musi,  Yehova Imana yanyu rero azogarukana abantu banyu bari bagizwe imbohe+, abababarire+ yongere asubire abegeranye abakuye mu mahanga yose Yehova Imana yanyu yari yarabashwiragijemwo+.  Naho abantu banyu boba barashwiragiye gushika ku mpera y’isi, Yehova Imana yanyu azobegeranya abagarukane+.  Yehova Imana yanyu azobagarukana mu gihugu ba sokuru banyu bigaruriye, giheze kibe rwanyu. Azotuma muroranirwa kandi azobagwiza gusumba ba sokuru banyu+.  Yehova Imana yanyu azotyorora imitima yanyu n’imitima y’uruvyaro rwanyu+, kugira mukunde Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose, mubone kubaho+.  Yehova Imana yanyu azoca azana iyo mivumo yose ku bansi banyu bahora babanka bakabahama+.  Muzoheza rero musubire kwumviriza ijwi rya Yehova mwongere mugamburuke amabwirizwa yiwe yose ndabahaye uno musi.  Yehova Imana yanyu azobahezagira cane mu vyo muzokora vyose+. Azogwiza abana banyu, ibitungwa vyanyu n’umwimbu wanyu, kuko Yehova azosubira guhimbarwa no kubahezagira, nk’uko yahimbawe no guhezagira ba sokuruza banyu+. 10  Ico gihe muzokwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu kandi muzokurikiza amabwirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe vyanditswe muri iki gitabu c’amategeko. Muzogaruka kuri Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+. 11  Aya mabwirizwa ndabahaye uno musi, si amananiza kuri mwebwe kandi ntari kure yanyu+. 12  Ntari mw’ijuru ku buryo mwovuga ngo: “Ni nde azoduga mw’ijuru kuyatuzanira kugira tuyumve maze tuyakurikize+?” 13  Ntari no hakurya y’uruzi ku buryo mwovuga ngo: “Ni nde azojabuka kuyatuzanira kugira tuyumve maze tuyakurikize?” 14  Kuko ayo majambo ari hafi yanyu rwose, mu kanwa kanyu no mu mitima yanyu+ kugira muyakurikize+. 15  Raba uyu musi nshize imbere yanyu ubuzima n’urupfu, iciza n’ikibi+. 16  Nimwumviriza amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu ndabategetse uno musi, mugakunda Yehova Imana yanyu+, mukagendera mu nzira ziwe kandi mugakurikiza amabwirizwa yiwe, ivyagezwe vyiwe n’ingingo yashinze, muzobandanya kubaho+ mugwire, kandi Yehova Imana yanyu azobahezagira mu gihugu mugira mwigarurire+. 17  Ariko imitima yanyu niyava ku Mana+, mukanka kuyumviriza kandi mukemera kwoshwa mukunamira izindi mana mukazikorera+, 18  emwe, ndabarahiye uno musi ko mutazogenda mudatikiye+. Ntimuzorambira mu gihugu mugira mwigarurire mumaze kujabuka Yorodani. 19  Ehe nshize imbere yanyu ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo, kandi ijuru n’isi ni vyo vyabona vyanje uyu musi+. Mutegerezwa guhitamwo ubuzima kugira mubandanye kubaho+ mwe n’uruvyaro rwanyu+. 20  Nimukunde rero Yehova Imana yanyu+, mwumvirize ijwi ryiwe kandi mumwumireko+ kuko ari we buzima bwanyu. Ni we azotuma murambira mu gihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuruza banyu Aburahamu, Izahaki na Yakobo+

Utujambo tw'epfo