Matayo 8:1-34

  • Akiza umunyamibembe (1-4)

  • Ukwizera kw’intwazangabo (5-13)

  • Yezu akiza abantu benshi i Kaperinawumu (14-17)

  • Ico bisobanura gukurikira Yezu (18-22)

  • Yezu ahwamika igihuhusi (23-27)

  • Yezu arungika amadayimoni mu ngurube (28-34)

8  Amaze kumanuka avuye ku musozi, amasinzi y’abantu aramukurikira.  Maze haza umunyamibembe, aramwunamira*, amubwira ati: «Mukama, ubishatse, urashobora kumpumanura+  Yezu aca aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: «Ndabishaka! Humanuka+.» Ubwo nyene iyo mibembe ica iramuvako, arahumanuka+.  Hanyuma Yezu amubwira ati: «Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira+. Ahubwo genda wiyereke umuherezi+, ushikane ishikanwa Musa yashinze+, kugira bibabere icabona.»  Yinjiye i Kaperinawumu, intwazangabo imwe iza aho ari, iramwinginga+,  imubwira iti: «Mushinganta, umusuku wanje yaramugaye ntakiva mu nzu, kandi afise ububabare bwinshi.»  Aca amubwira ati: «Ninashikayo ndamukiza.»  Iyo ntwazangabo imwishura iti: «Mushinganta, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje. Pfa kubivuga gusa, umusuku wanje aca akira.  Erega na jewe ndafise abo ngamburukira, kandi ndafise n’abasoda ngaba. Iyo mbwiye umwe nti: “Genda!”, aragenda. Mbwiye uwundi nti: “Ingo!”, araza. Kandi iyo mbwiye umushumba wanje nti: “Kora iki!”, aragikora.» 10  Yezu avyumvise arumirwa. Aca abwira abariko bamukurikira ati: «Ndababwije ukuri, nta muntu afise ukwizera kungana gutya nari bwabone muri Isirayeli+. 11  Ndababwiye ko abantu benshi bo mu buseruko no mu burengero bazoza bakicara ku meza hamwe na Aburahamu na Izahaki na Yakobo mu Bwami bwo mw’ijuru+. 12  Ariko abana b’Ubwami bazotererwa hanze mu mwiza. Aho ni ho bazoririra kandi ni ho bazohekenyera imisaya*+ 13  Yezu aca abwira iyo ntwazangabo ati: «Igire. Nibikubere nk’uko uvyizeye+.» Kandi uwo mushumba yaciye akira kuri iyo saha nyene+. 14  Hanyuma Yezu yinjira mu nzu kwa Petero, asanga inabukwe+ araryamye, arwaye inyonko+. 15  Aca amukora ku kuboko+, ya nyonko ica irakira. Hanyuma arahaguruka, atangura gutegura ivyo amuzimana. 16  Hageze ku mugoroba, bamuzanira abantu benshi barimwo amadayimoni. Yapfa kuvuga rimwe gusa, izo mpwemu mbi zigaca ziruka. Akiza abantu bose bari barwaye, 17  kugira ashitse ivyo umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ati: «We ubwiwe yaratwaye ubugoyagoye bwacu, yikorera indwara zacu+ 18  Aho Yezu aboneye isinzi ry’abantu rimukikije, ategeka abigishwa biwe ngo bajabuke ku yindi nkengera y’ikiyaga+. 19  Maze haza umwanditsi umwe, amubwira ati: «Mwigisha, nzogukurikira iyo uzoja hose+ 20  Yezu amwishura ati: «Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo, n’inyoni zirafise ivyari. Ariko Umwana w’umuntu ntagira aho aryamika umusaya+ 21  Uwundi mwigishwa amubwira ati: «Mukama, reka mbanze nje guhamba dawe+ 22  Yezu amwishura ati: «We guma unkurikira, ureke abapfuye bahambe abapfuye babo+ 23  Hanyuma Yezu yurira ubwato, abigishwa biwe na bo nyene baramukurikira+. 24  Nuko mu kiyaga haduka igihuhusi gikomeye, ku buryo ubwato burengerwa n’imikuba. Ariko Yezu yari asinziriye+. 25  Baca baramuvyura, bamubwira bati: «Mukama, dutabare turapfuye!» 26  Ariko ababwira ati: «Kubera iki mutinya cane*, ga mwa bantu b’ukwizera guke+?» Aca arahaguruka, akankamira uwo muyaga n’ikiyaga. Haca haratekana cane+. 27  Abigishwa baca barumirwa, bavuga bati: «Uyu muntu ni bwoko ki? Mbere n’umuyaga n’ikiyaga biramwumvira!» 28  Ashitse hakurya mu karere k’Abagadareni, ahura n’abagabo babiri barwaye amadayimoni bavuye mw’itongo ry’abapfuye*+. Bari bakaze cane ku buryo ata muntu n’umwe yubahuka guca muri iyo nzira. 29  Baca barasemerera bati: «Dupfa iki nawe ga Mwana w’Imana+? Uje kutubabaza+ igihe cacu kitaragera+ 30  Kure yabo hariho ubusho bw’ingurube nyinshi buriko burarisha+. 31  Nya madayimoni aca atangura kumwinginga ati: «Nimba ugira utwirukane, nuturungike muri burya busho bw’ingurube+ 32  Aca ayishura ati: «Genda!» Nya madayimoni aca ava muri nya bantu, aja muri izo ngurube. Ubwo busho bwose buca bushunguruka imanga, bugwa mu kiyaga maze burapfa. 33  Abungere bazo baca barahunga, binjira mu gisagara, maze bigana ivyabaye vyose, ushizemwo n’ivyashikiye ba bagabo bari barwaye amadayimoni. 34  Abantu bose bo mu gisagara baca baza kuraba Yezu. Bamubonye, baca baramwinginga ngo abavire mu karere kabo+.

Utujambo tw'epfo

Canke «yikubita imbere yiwe.»
Canke «amenyo.»
Canke «muri abanyabwoba.»
Canke «bavuye hagati y’imva z’icibutso.»