Ikirundi
Nzero
/assets/ct/fa815d8e9f/images/syn_placeholder_sqr.png
es26 rup. 7-17

Nzero

Ku wa kane, 1 Nzero

Nzero

Mu bijanye no gutegera mube abantu bakuze.—1 Kor. 14:20.

Kimwe mu bintu binezereza cane abavyeyi ni ukwibaruka ikibondo gifise amagara meza. Ariko naho usanga abavyeyi bakunda cane urwo ruyoya, ntibipfuza ko rwoguma ari uruhinja. Kanatsinda, rudateye imbere ngo rukure vyobahagarika umutima cane. Yehova na we nyene aranezerwa iyo dutanguye gutera intambwe yo kuba abayoboke ba Yezu, ariko ntiyipfuza ko tuguma turi abana mu vy’impwemu. (1 Kor. 3:1) Ahubwo adusaba ‘kuba abakirisu bakuze.’ Muri Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «gukura» rirashobora kandi gusigura ngo «guhumura», «kutagira agahaze», canke «kwuzura.» (1 Kor. 2:6) Mu buryo bw’impwemu rero, igihe tuvuye mu bwana maze tugacika abagabo n’abagore, tuba tubaye abakirisu bakuze canke bahumuye. Ariko rero, n’igihe tuba tumaze kuba abantu bahumuye mu vy’impwemu, ntidukwiye kwigera duhagarika gutera imbere.—1 Tim. 4:15. w24.04 2 ing. 1, 3

Ihema ryanje rizoba riri kumwe na bo. Nzoba Imana yabo.—Ezk. 37:27.

Wewe Yehova umubona gute? Woshobora kuvuga uti: «Jewe mbona ko Yehova ari Dawe, Imana yanje n’Umugenzi wanje.» Hari vyinshi wovuga mu kudondora Yehova. Ariko none woba ubona kandi ko Yehova agutumira ngo ube umushitsi wiwe? Ubugenzi buri hagati ya Yehova n’abasavyi biwe, umwami Dawidi yabugereranije n’ubugenzi buri hagati y’abashitsi n’uwabatumiye. Yabajije ati: «Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe? Ni nde yoba ku musozi wawe mweranda?» (Zab. 15:1) Ayo majambo yahumetswe aratwereka ko dushobora kuba abashitsi ba Yehova, ni ukuvuga abagenzi biwe. Imbere y’uko Yehova atangura kurema, yari wenyene. Ariko harageze igihe ararema Umwana wiwe w’imfura ngo abe umushitsi mw’ihema ryiwe ry’ikigereranyo. Yehova yarahimbawe cane no kwakira uwo mushitsi. Bibiliya yerekana ko Yehova ‘yiyumvamwo cane’ Umwana wiwe. Uwo mushitsi wiwe na we, ‘yama ahimbawe igihe cose imbere ya Yehova.’—Imig. 8:30. w24.06 2 ing. 1-3

Sadoki, [yari] umusore w’intwari kandi arinda.1 Ngo. 12:28.

Niwihe ishusho y’ivyariko biraba. Isinzi ry’abagabo barenga 340.000 bari bakoraniye hamwe kugira bimike Dawidi ngo abe umwami wa Isirayeli yose. Bamaze imisi itatu mu misozi y’ibitandara iri hafi y’i Heburoni baganira bongera baririmba indirimbo zo gushemeza Yehova banezerewe. (1 Ngo. 12:39) Muri iryo sinzi harimwo umusore yitwa Sadoki. Ariko nta wokwigeze amenya ko ari ho yari ari, iyo Yehova atabitumenyesha. (1 Ngo. 12:​22, 26-28) Sadoki yari umuherezi yakoranye n’umuherezi mukuru Abiyatari. Sadoki kandi yari yarahawe n’Imana ubukerebutsi budasanzwe be n’ubushobozi bwo gutahura imigambi yayo. (2 Sam. 15:27) Yari afise umutima rugabo. Muri iyi misi ya nyuma, Shetani ariko aragwiza ibitero ku basavyi b’Imana. (1 Pet. 5:8) Turakeneye kugira umutima rugabo magingo tukirindiriye ko Yehova akuraho Shetani n’iyi si mbi yiwe. (Zab. 31:24) Ivyo nitwabigira tuzokwigana umutima rugabo wa Sadoki. w24.07 2 ing. 1-3

Imyaka yose Adamu yamaze yabaye 930, araheza arapfa.—Ita. 5:5.

Igihe Yehova yarema umugabo n’umugore ba mbere, yipfuza ko babaho bahimbawe. Yarabahaye ahantu heza ho kuba, arabahuza mu mubano, yongera abashinga ibanga rihimbaye. Bari kuvyara abana bakuzuza isi, gushika isi yose ibaye Iparadizo nka rya tongo rya Edeni. Yabahaye itegeko rimwe gusa kandi ryoroshe, aca arabagabisha ko baramutse barirenzeko bakamugambararira n’ibigirankana, vyobashikanye ku rupfu. Twese turazi ivyakurikiye. Hari umumarayika mubi atabakunda canke ngo akunde Imana, yaciye aza kubosha ngo bacumure. Aho kwizigira Umuvyeyi wabo yabakunda, Adamu na Eva baremeye gutwarwa n’iyo nyosha mbi baracumura. Nk’uko tubizi, iryo Yehova yavuze ryaratashe. Kuva ico gihe, baciye batangura gushikirwa n’ingaruka z’igicumuro: barashaje, amaherezo barapfa.—Ita. 1:​28, 29; 2:​8, 9, 16-18; 3:​1-6, 17-19, 24. w24.08 3 ing. 3

Mube abashira mu ngiro iryo jambo, ntimube abumva gusa.—Yak. 1:22.

Yehova be n’Umwana wiwe yikundira bipfuza ko duhimbarwa. Muri Zaburi 119:2 havuga hati: «Hahiriwe abubahiriza ivyibutswa vyiwe, bakamurondera n’umutima wabo wose.» Yezu na we yasezeranye ati: «Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarikurikiza!» (Luka 11:28) Twebwe abasavyi ba Yehova turaba abantu bahimbawe igihe twama dusoma Ijambo ry’Imana kandi tukihatira gushira mu ngiro ivyo twiga. (Yak. 1:​22-25) Ivyo birahambaye kugira tunezereze Yehova. (Umus. 12:13) Vyongeye, igihe dushize mu ngiro impanuro dusanga mw’Ijambo ry’Imana, biratuma turushiriza kubana neza n’abo mu muryango hamwe n’abo mw’ishengero. N’ikindi kandi, turirinda ingorane zishikira abanka gukurikiza amategeko ya Yehova. Ivyo ni vyo n’Umwami Dawidi yavuze. Mw’izaburi yaririmvye ahejeje kuvuga ibijanye n’itegeko, ivyagezwe hamwe n’imanza vya Yehova, yasozereye ati: «Kuvyubahiriza birimwo impera nyinshi.»—Zab. 19:​7-11. w24.09 2 ing. 1-3

A[ra]kiza abavunitse umutima, agatubika ibikomere vyabo.—Zab. 147:3.

Yehova arabona ibintu vyose bishikira abasavyi biwe bo kw’isi. Arabibona igihe banezerewe n’igihe bababaye. (Zab. 37:18) Arahimbarwa cane iyo abonye turiko turamukorera uko dushoboye kwose, naho tutaba tumerewe neza ku mutima. N’ikiruta ivyo, arashashaye kuduhoza no kudushigikira. Muri Zaburi 147:3 havuga ko Yehova ‘atubika ibikomere’ vy’abavunitse umutima. Ng’aho, Yehova adondorwa nk’umuntu yitwararikana ikibabarwe abafise ibikomere ku mutima. None twokora iki kugira ngo twungukire kuri ukwo kuntu Yehova atwitwararika? Rimbura aka karorero. Umuganga w’umuhinga arashobora gufasha cane umuntu yakomeretse kugira ngo akire. Ariko rero nimba uwo muntu yipfuza gukira, ategerezwa gukurikiza amategeko y’uwo muganga. Biciye kuri Bibiliya, Yehova araganiriza abavunitse umutima, akanabaha impanuro ziranga urukundo. w24.10 6 ing. 1-2

Vyose bizimangana kw’isi.—Ita. 7:23.

Muri kahise, ibitabu vyacu vyaragize ico bivuga ku bijanye n’ingene bigendera abatagororotse igihe Yehova abaciriye urubanza. Vyavuze ko abantu nk’abo, ata cizigiro c’izuka bafise. Uburorero bumwebumwe buvugwa muri Bibiliya burerekana imanza Yehova yaciriye abatagororotse. Twovuga nk’akajanye n’abantu batazwi igitigiri bahitanywe n’umwuzure, akajanye n’amahanga indwi yaba mu gihugu c’isezerano Yehova yategetse abasavyi biwe guhonya, canke akajanye n’abasoda 185.000 b’Abasiriya bishwe n’umumarayika wa Yehova mw’ijoro rimwe gusa. (Gus. 7:​1-3; Yes. 37:​36, 37) None muri ivyo bihe vyose, Bibiliya yoba itanga amakuru ahagije yotuma twemeza ko Yehova yaciriye abo bantu bose urubanza rwo gutikizwa ibihe bidahera, ku buryo ata n’umwe muri bo azozuka? Habe namba. Muri ubwo burorero bwose, ntituzi ingene Yehova yaciriye urubanza umwumwe wese muri bo. Vyongeye, ntituzi nimba abo bantu bose bararonse akaryo ko kumenya ivyerekeye Yehova maze bakigaya. w24.05 3 ing. 5-7

Ugume utsinda ikibi mu gukora iciza.—Rom. 12:21.

Yezu yaratanze ikigereranyo c’umupfakazi yagumye asaba umucamanza ngo amutunganirize. Nta gukeka ko abigishwa ba Yezu batahura ingene uwo mukenyezi yiyumva kubera ko abantu benshi b’ico gihe bafatwa nabi. (Luka 18:​1-5) Na twebwe turashobora kumutahura kubera ko twese bimaze gushika tukarenganywa. Muri ino si, abantu benshi barinuba abandi, bakabafata nabi kandi bakabatoteza. Rero ntibidutangaza igihe baturenganije. (Umus. 5:8) Ariko rero, igihe ari umuvukanyi canke mushiki wacu aturenganije, vyoshobora kutubabaza kuruta. Ni ivy’ukuri yuko abavukanyi na bashiki bacu bataduhama canke ngo baturwanye. Rero iyo bishitse bakaturenganya, si vyo baba bipfuza. Ni uko gusa badatunganye. Turashobora kwigira vyinshi ku kuntu Yezu yavyifashemwo igihe abamurwanya bamurenganya. Nimba dushobora kwihangana igihe abaturwanya baturenganije, wumva tutorushiriza kwihanganira abo dusangiye ukwizera? w24.11 2 ing. 1-2

Ni hehe twogurira imikate kugira aba bantu baronke ico barya?—Yoh. 6:5.

Mu bihe vya Bibiliya, umukate wari mu bifungurwa mbumbarugo. (Ita. 14:18; Luka 4:4) Ushima wari uhambaye cane, hari igihe Bibiliya ikoresha ijambo «umukate» ishaka kuvuga ivyo kurya. (Mat. 6:​11, akajambo k’epfo) Vyongeye, mu bitangaro bibiri bizwi cane Yezu yakoze, yarakoresheje imikate. (Mat. 16:​9, 10) Kimwe muri ivyo bitangaro tugisanga muri Yohani ikigabane ca 6. Umusi umwe intumwa za Yezu zivuye kwamamaza, Yezu yaciye ajana na zo mu bwato hakurya y’ikiyaga ca Galilaya kugira ngo baruhuke. (Mrk. 6:​7, 30-32; Luka 9:10) Baciye baja ahantu hatekanye mu gisagara citwa Betsayida. Ariko bidatevye, abantu ibihumbi baciye babasangayo, kandi Yezu ntiyabirengagije. Abigiranye umutima mwiza yarafashe umwanya wo kubigisha ivyerekeye Ubwami yongera arakiza abarwayi bari muri bo. Kubera ko bwariko burira, abigishwa ba Yezu baribajije ingene abo bantu bose bari kuronka ivyo bafungura. Naho kumbure bamwe muri bo bari bafise utwo batekeye, benshi vyasaba ko baja mu bigwati kubigura.—Mat. 14:15. w24.12 2 ing. 1-2

Ingabire Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.—Rom. 6:23.

Abavyeyi bacu ba mbere, ari bo Adamu na Eva, bari batunganye kandi baba mw’Iparadizo iteye igomwe. (Ita. 1:27; 2:​7-9) Bari gushobora kubaho ibihe bidahera kandi bahimbawe. Ariko budakeye na kabiri ibintu vyaciye bihinduka. Yehova yarabirukanye muri iyo Paradizo, kandi ntivyari bigishoboka ko babaho ibihe bidahera. None ni igiki boraze abobakomotseko? Bibiliya itubwira iti: «Igicumuro . . . carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu], urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro. Ni co gituma urupfu rwakwiye ku bantu bose, kuko bose bari baracumuye.» (Rom. 5:12) Urabona ko iragi Adamu yadusigiye ari igicumuro gituma dupfa. Ico gicumuro twarazwe kimeze nk’ideni rinini ata n’umwe muri twebwe yoshobora kuriha. (Zab. 49:8) Yezu yagereranije ibicumuro vyacu n’«amadeni.» (Mat. 6:12; Luka 11:4; utujambo tw’epfo.) Iyo ducumuye ni nk’aho tuba tuririye ideni Yehova, kandi iryo deni dutegerezwa kuryishura. Nka hamwe tutoryishura, Yehova yoriduhebera gusa ari uko dupfuye.—Rom. 6:7. w25.02 2-3 ing. 2-3

Narabamenyesheje izina ryawe.—Yoh. 17:26.

Twaratewe iteka ryo kubwira abandi ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Si uwo ari we wese ariterwa. Nk’akarorero, igihe Yezu yari kw’isi yarankiye amadayimoni kumushingira intahe. (Luka 4:41) Muri iki gihe, imbere y’uko umuntu aja kuvuga ubutumwa bwiza yifatanije n’ishengero, ategerezwa kubanza gukwiza ibisabwa. Turerekana ko dukenguruka iryo teka twatewe mu gushinga intahe aho tuba turi hose, n’igihe cose tuba tubishoboye. Cokimwe na Yezu, intumbero yacu ni iyo gutera mu mitima y’abantu imbuto z’ukuri kwerekeye Ubwami no kuzivomera. (Mat. 13:​3, 23; 1 Kor. 3:6) Nk’ukwo kwa Yezu, ishirahamwe rya Yehova rirakora uko rishoboye kwose kugira ngo rifashe abantu kumenya izina ry’Imana. Bibiliya y’isi nshasha yararanguye uruhara ruhambaye muri ivyo, mu gusubiza izina ry’Imana mu kibanza caryo hisunzwe imizingo yo mu ntango. Iyo Bibiliya ubu iboneka mu ndimi zirenga 270, yaba yose canke igice cayo. w24.04 9 ing. 8-9

Umugabo wiwe arahaguruka akamushemeza.—Imig. 31:28.

Abagabo bamwebamwe bafise imibano ihimbawe, buri musi bama bakora akantu ko kwereka abagore babo ko babakunda. (1 Yoh. 3:18) Umugabo yoshobora kwerekana ko akunda umugore wiwe mu tuntu dutoduto, nko mu kumufata ukuboko canke kumugumbira. Yoshobora kumurungikira akamesaje, akamubwira ati: «Numva ndagukumbuye» canke akamubaza ati: «Biriko bigenda neza?» Yoshobora no kumwereka ko amukunda mu kuza aramusumira udufungurwa akunda canke mu kumuha agakado. Iyo umugabo akoze ivyo bintu aba ateye iteka umugore wiwe kandi agakomeza umubano wabo. Umugabo atera iteka umugore wiwe aramubwira ko amushima kandi akamutera intege. Ivyo abigira nk’akarorero mu kuza aramushimira kubera ivyo akora vyose mu kumushigikira. (Kol. 3:15) Umugore aranezerwa cane iyo umugabo wiwe amushemagije. Bituma yumva atekanye, akunzwe kandi atewe iteka. w25.01 11 ing. 15; 13 ing. 16

Jewe Yehova ndi Imana yawe, . . . umwe . . . [akuyobora] mu nzira ukwiye gucamwo.—Yes. 48:17.

Zaburi 15 isozera ivuga uwu muhango ugira uti: «Umuntu nk’uwo ntazokwigera anyiganyizwa.» Aho umwanditsi wa Zaburi arerekana igituma Yehova yipfuza ko dukora ibintu vyose bivugwa muri iyo Zaburi. Yehova yipfuza ko duhimbarwa. Rero, igihe dukurikije ivyo adusaba araduhezagira kandi akadukingira. Abashitsi ba Yehova bariteganye umushasharo kazoza keza. Abarobanuwe b’abizigirwa bazoja muri vya «bibanza vyinshi vyo kubamwo» Yezu yabategurira mw’ijuru. (Yoh. 14:2) Abafise icizigiro co kuba kw’isi bariteganye umushasharo umuhango wo mu Vyahishuwe 21:3. Vy’ukuri, twese tubona ko ari agateka kadasanzwe kuba Yehova yaradutumiye ngo tube abagenzi biwe, ngo tube abashitsi mw’ihema ryiwe ibihe bidahera!—Zab. 15:​1-5. w24.06 13 ing. 19-20

Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe.Zab. 96:8.

Ubuninahazwa ni iki? Muri Bibiliya, ijambo «ubuninahazwa» rishobora kwerekeza ku kintu cose gituma umuntu aba uwuhambaye. Yehova yarerekanye ubuninahazwa bwiwe mu buryo butangaje, gatoyi inyuma y’aho arokoreye Abisirayeli akabakura mu buja bwo mu Misiri. Niwihe ishusho y’ivyabaye: Abisirayeli amamiliyoni bakoraniye munsi y’umusozi Sinayi kugira bumve ivyo Imana yabo ibabwira. Uwo musozi uciye wuzura igicu kizitanye. Haca haba nyamugigima ikomeye, imiravyo, imituragaro, hakumvikana n’ijwi ry’inzamba risamirana cane. (Kuv. 19:​16-18; 24:17; Zab. 68:8) Iyumvire ingene Abisirayeli batangaye cane igihe Yehova yerekana ubuninahazwa bwiwe muri ubwo buryo bukomeye. Muri iki igihe, twebwe abantu turashobora kuninahaza Yehova. None twobigira gute? Uburyo bumwe tubigira, ni mu kubwira abandi ibijanye n’ububasha bwiwe buteye akoba be na kamere ziwe nziza. Turamuninahaza kandi mu kumwitirira ivyo aba yadushoboje gukora.—Yes. 26:12. w25.01 2-3 ing. 2-3

Yehova yantumye.—Guh. 16:28.

Igihe Abisirayeli bariko baraja muri ca gihugu c’isezerano, hari abagabo bahambaye barwanije Musa, baranka kwemera ko yari yagenywe na Yehova. Bavuze bati: «Ishengero ryose ni ryeranda, bose uko bangana [si Musa gusa], kandi Yehova ari hagati yabo.» (Guh. 16:​1-3) Ni ivy’ukuri ko «ishengero ryose» ryari ryeranda imbere y’Imana, ariko Yehova yari yatoye Musa ngo abe ari we ayobora abasavyi biwe. Igihe rero abo bagarariji barwanya Musa, mu vy’ukuri bariko barwanya Yehova. Aho gushira imbere ivyo Yehova yashaka, bashize imbere ivyo bipfuza, ni ukuvuga kuronka ubukuru bwiyongereye no kumenyekana. Yehova yaciye yica abari imbere muri ubwo bugarariji, n’abandi bantu ibihumbi babashigikiye. (Guh. 16:​30-35, 41, 49) No muri iki gihe, Yehova ntiyerekwa abatubaha ubuyobozi atanga biciye kw’ishirahamwe ryiwe. w24.07 11 ing. 11

Ivyo weretswe [birindiriye] igihe vyashingiwe.—Hab. 2:3.

Tubayeho mu kiringo aho abantu benshi batemera ko insozero y’ivy’iyi si yegereje. Baranadutwenga kuba tuvyemera. (2 Pet. 3:​3, 4) Naho hari ibintu vyinshi tutazi, turakeneye kwemera tudakeka ko Yehova yamaze gushinga igihe nyezina azokuriraho ivy’iyi si mbi, kandi turakwiye kujijuka ko azotwitwararika muri ico gihe. Turakwiye kurushiriza kwizigira ko Yehova akoresha «umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge» mu kutuyobora muri iki gihe. (Mat. 24:45) Amakuba akomeye niyatangura, tuzoshobora kuronka ubuyobozi buzotuma turokoka. Birahambaye cane ko twizigira abatuja imbere mw’ishirahamwe rya Yehova. Nimba bitugora kwizigira no kugamburuka ubuyobozi turonka muri iki gihe, bizotugora no kugamburuka ubuyobozi tuzoronka mu gihe c’amakuba akomeye. w24.09 11 ing. 11-12

Mumenye neza ivyo Imana igomba, ni ukuvuga ibintu vyiza, vyemewe kandi bitagira akanenge.—Rom. 12:2.

Abavyeyi baratahura ko kwizera Imana atari ikintu mvukanwa. Uko umwana akura, yoshobora gutangura kubaza ati: «Nemezwa n’iki ko Imana ibaho? Nemezwa n’iki ko Bibiliya ivuga ukuri?» Mu bisanzwe, Bibiliya ituremesha gukoresha «ububasha [bwacu] bwo kwiyumvira» no ‘gusuzuma ibintu vyose.’ (Rom. 12:1; 1 Tes. 5:21) None wofasha gute umwana wawe gukomeza ukwizera kwiwe? Nufashe umwana wawe kwiyemeza neza ko Bibiliya ivuga ukuri. Igihe umwana wawe abajije ibibazo, nufate akanya ko kumwereka ingene yoronka inyishu zavyo akoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi, nka ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Munsi y’umutwe uvuga ngo «Bibiliya», yoshobora kuraba ahavuga ngo «Yahumetswe n’Imana» kugira ngo yibonere ibimenyamenya vyerekana ko Bibiliya atari igitabu ciza gusa canditswe n’abantu, ahubwo ko ari «ijambo ry’Imana.»—1 Tes. 2:13. w24.12 14-15 ing. 4-5

Ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa. Na bo bazoheza bakwize neza ibisabwa kugira bigishe abandi.—2 Tim. 2:2.

Abakurambere bokwigana gute Yezu? Barakwiye gufasha no kumenyereza abavukanyi ushizemwo n’abakiri bato kugira bakwize ibisabwa ngo bazoshingwe amabanga yiyongereye. Abakurambere baratahura ko abo bamenyereza badatunganye. Barakwiye rero guha abo bavukanyi bakiri bato impanuro ziranga urukundo, zobafasha kuba abantu bicisha bugufi, b’abizigirwa, kandi biteguriye gukorera abandi. (Tim. 3:1; 1 Pet. 5:5) Yezu ntiyashinze gusa abigishwa biwe ibanga ryo kwamamaza, ahubwo yarabashinze n’iryo kwigisha. Abo bigishwa bashobora kuba babona ko ico gikorwa kibarengeye. Ariko Yezu wewe, yari azi neza ko bogishoboye kandi yarabibabwiye. Yababwiye ati: «Nk’uko Data yantumye, nanje ndabatumye.»—Yoh. 20:21. w24.10 16 ing. 15; 17 ing. 17

Dawidi . . . , umuntu ahimbara umutima wanje.—Ivyak. 13:22.

Dawidi yari umwami akomeye. Yari umuririmvyi, umuryoshamvugo, umurwanyi akaba n’umuhanuzi. Ariko yarahuye n’ingorane nyinshi. Yaramaze imyaka myinshi yinyegeje kubera ko umwami Sawuli yariko arondera kumwica. Dawidi amaze kuba umwami, yarasubiye guhunga igihe umuhungu wiwe Abusalomu yagerageza gutembagaza ubutegetsi bwiwe. Naho Dawidi yaciye mu bihe bigoye kandi bigashika agakora amakosa, yagumye ari intahemuka ku Mana gushika apfuye. Yehova yavuze ko Dawidi yari «umuntu ahimbara umutima [wiwe].» Rero turakwiye kwumviriza impanuro ziranga ubukerebutsi Dawidi yatanze. (1 Abm. 15:5) Nurabe nk’akarorero impanuro Dawidi yahaye umuhungu wiwe Salomo, akaba ari we yamusubiriye ku ngoma. Yehova yari yahisemwo Salomo ngo yubake urusengero abantu bomusengeyemwo. (1 Ngo. 22:5) Birumvikana ko Salomo yohuye n’ingorane nyinshi. None Dawidi yamubwiye iki? Dawidi yabwiye umuhungu wiwe ko niyagamburukira Yehova azororanirwa mu buzima.—1 Abm. 2:​2, 3w24.11 10 ing. 9-11

Nuragize Yehova inzira yawe. Numwizigire, na we azogufasha.—Zab. 37:5.

Umugabo akubita umugore wiwe canke akamutuka, hari intambwe akwiye gutera kugira asubire kugiranira ubucuti bwiza na Yehova be n’umugore wiwe. Ica mbere, arakwiye kwemera ko afise ingorane ikomeye. Nta kintu na kimwe kinyegejwe amaso ya Yehova. (Zab. 44:21; Umus. 12:14; Heb. 4:13) Ica kabiri, ategerezwa guhagarika guhohotera umugore wiwe kandi agahindura ingendo. (Imig. 28:13) Ica gatatu, ategerezwa kwemera ko yababaje umugore wiwe be na Yehova, kandi akabasaba imbabazi. (Ivyak. 3:19) Arakwiye no gutakambira Yehova kugira ngo amufashe guhinduka, gucungera ivyiyumviro vyiwe, ivyo avuga be n’ivyo akora. (Zab. 51:​10-12; 2 Kor. 10:5; Flp. 2:13) Ica kane, arakwiye guhuza n’amasengesho atura, mu kwihatira kwanka ububisha bw’ubwoko bwose be n’amajambo y’ibitutsi. (Zab. 97:10) Ica gatanu, arakwiye kwitura abakurambere adatebaganye kugira ngo bamufashe. (Yak. 5:​14-16) Ica gatandatu, arategura ibizomufasha kugira ngo yirinde gusubira kugwa muri izo ngeso zose. w25.01 11 ing. 14

Utebejwe n’iki? Haguruka ubatizwe.Ivyak. 22:16.

Woba ukunda Yehova we yaguhaye ivyiza vyose ufise, ushizemwo n’ubuzima bwawe? Woba wipfuza kumwereka ko umukunda? Uburyo bwiza kuruta wovyerekana ni ukumwiyegurira maze ukabatizwa. Ivyo ubigize uca uba mu bagize umuryango wa Yehova. Umaze kuba uwiwe, bica bituma uwo Muvyeyi wawe akaba n’Umugenzi wawe, akuyobora akongera akakwitwararika. (Zab. 73:24; Yes. 43:​1, 2) Kwiyegurira Imana no kubatizwa biratuma kandi ugira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. (1 Pet. 3:21) Hoba hari ikikubuza kubatizwa? Nimba kiriho, uri mu bandi. Hariho abantu amamiliyoni bakwitangiye imbere vyabaye ngombwa ko bahindura ingeso zabo be n’ivyiyumviro vyabo kugira bashobore kubatizwa. Ubu bakorera Yehova n’umwete kandi bahimbawe. w25.03 2 ing. 1-2

Iwawe [ni] ho hari ukubabarirwa nyakwo.—Zab. 130:4.

Muri Bibiliya, akenshi ibicumuro bigereranywa n’umuzigo uremereye. Raba ingene umwami Dawidi yadondoye ibicumuro vyiwe. Yavuze ati: «Ndengewe n’amakosa yanje. Ameze nk’umuzigo uremereye cane, sinshobora kuwikorera.» (Zab. 38:4) Ariko rero Yehova ababarira abantu baba bigaye. (Zab. 25:18; 32:5) Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo «kubabarira», ahanini ritekeye iciyumviro co «guterura» canke «gutwara.» Yehova rero aca amera nk’umuntu akomeye, aza guterura umuzigo w’ibicumuro twiremetse ku bitugu, agaca awutwara. Raba iyindi mvugo itwereka iyo Yehova aca ajana ibicumuro vyacu. Zaburi 103:12 igira iti: «Nk’uko ubuseruko buri kure cane y’uburengero, ni ko ashira kure cane amakosa yacu.» Ubuseruko buri kure cane y’uburengero ku buryo bitigera bihura. Ivyo bisobanura ko Yehova atwara ibicumuro vyacu kure cane kuruta uko dushobora kuvyibaza. Umve nawe izo mbabazi! Yehova ababariye araherezako. w25.02 9 ing. 5-6

Niwafasha aboro . . . ntuce ugenda urabiririmba.—Mat. 6:2.

Yezu amaze kuduga mw’ijuru, intumwa Petero yarakoze igitangaro co gukiza umugabo umwe yavutse amugaye. (Ivyak. 1:​8, 9; 3:​2, 6-8) Abantu isinzi babonye ico gitangaro baciye barundana kuri Petero. (Ivyak. 3:11) None Petero yoba yararondeye gushimagizwa, narirya yari yakuriye aho abantu bakunda ivyubahiro cane? Habe namba. Petero abigiranye ukwicisha bugufi yaranse kwininahaza, ubuninahazwa bwose abwerekeza kuri Yehova na Yezu. Yavuze ati: «Izina [rya Yezu] no kuba turyizera ni vyo vyatumye uwo mugabo mubona kandi muzi akomera.» (Ivyak. 3:​12-16) Turashobora kwigana akarorero ka Petero tukabandanya kwiga kwicisha bugufi. Turafasha abandi kubera ko dukunda Yehova n’abantu, atari kubera ko dushaka gushemagizwa. Turerekana ko twicisha bugufi vy’ukuri igihe dukorera Yehova n’abavukanyi bacu duhimbawe uko dushoboye kwose, naho ivyo tubakorera vyomenyekana canke ntibimenyekane.—Mat. 6:​1-4. w25.03 10 ing. 11-12

Wame wiyubara wewe ubwawe, wiyubare no ku vyo wigisha.—1 Tim. 4:16.

Gushira imbere urukundo dukunda Yehova na bagenzi bacu, birashobora kudufasha kurushiriza kugira umunezero mu gikorwa co kwamamaza. (Mat. 22:​37-39) Iyumvire ingene Yehova anezerwa iyo abonye turiko turakora ico gikorwa be n’ingene abantu banezerwa iyo batanguye kwiga Bibiliya! Niwibuke kandi ko ivyo bizotuma abumviriza inkuru nziza uvuga barokoka. (Yoh. 6:40) Hoba hari ingorane ufise ituma utakiva aho uri? Nimba ari ko bimeze, nushire umutima ku vyo ushoboye gukora kugira ngo werekane ko ukunda Yehova na bagenzawe. Mu kiringo ca korona, Samuel n’umugore wiwe Dania ntivyakunda ko bava imuhira. Muri ico kiringo kitari coroshe, bama bamamaza bakoresheje telefone, amakete, bakongera bakayobora inyigisho za Bibiliya biciye kuri zumu. Naho Samuel na Dania batari bagikora vyinshi mu gikorwa co kwamamaza kubera ingorane barimwo, barakoze ivyo bashoboye kandi vyaratumye bagira umunezero. w24.04 18 ing. 15-16

Umugore abishoboye ni nde yomuronka? Ari n’agaciro kuruta amabuye y’agaciro yitwa korali.—Imig. 31:10.

Naho kwubaka atari co gituma umuntu ahimbarwa, abakirisu batarubaka, baba abato canke abakuze, baripfuza cane kuronka uwo bokwubakana. Ariko rero imbere y’uko uja mu vyo gukundana, ukwiye kuba witeguriye ibanga ryo kwubaka. Ukwiye kuba uhumuye mu vy’impwemu, utakiri umwana mu mutwe, ufise n’uburyo bwo kwitwararika urugo rwawe. (1 Kor. 7:36) Vyongeye, birahambaye ko umenya kamere wipfuza mu wo mwokwubakana, imbere y’uko mutangura gukundana. Ahandi ho wohava usanga wirengagije uwubereye, canke na ho ugakundana n’uwutabereye. Ariko rero, uwo wokwiyumvira wese, akwiye kuba ari umukirisu yabatijwe. (1 Kor. 7:39) Naho ari ukwo, uwabatijwe wese ntaca aba uwubereye. Niwibaze rero uti: «Mfise imigambi iyihe mu buzima? Ni kamere izihe ndondera ku wo nipfuza ko twokwubakana? Ivyo ndondera vyoba bitarenza urugero?» w24.05 20 ing. 1; 21 ing. 3

Mugirire neza bagenzi banyu.—Ef. 4:32.

Mu kiringo co kurushikiriza kumenyana, rimwe na rimwe hoba ivyo mudahurizako. None mwobitorera umuti gute? Vyoba vyerekana ko ubugenzi bwanyu ata co buzoshikako? Si ngombwa. Nta bama bahuza muri vyose. Umubano ukomeye ugizwe n’abantu babiri basenyera ku mugozi umwe mu gutorera umuti ivyo badahurizako. Ukuntu rero mwihatira gutorera umuti ingorane zibashikira ubu, vyoshobora kwerekana nimba umubano wanyu uzororanirwa. Nimwibaze rero muti: «Igihe hadutse ibibazo, twoba tubiganirako dutekanye kandi mu cubahiro? Twoba twemera amakosa yacu n’umutima ukunze, kandi tukagerageza kugira ivyo turyohoye? Twoba twiyorosha, tugasabana imbabazi kandi tukababarirana?» (Ef. 4:31) Ariko nimba muri ico kiringo co kurushiriza kumenyana mutigera muhuza kandi mukama mushwana, birashoboka ko bitazohinduka nimwamara no kubana. Bishitse ukabona yuko uwo muntu mufitaniye ubugenzi mudakwiranye, kubuhagarika yoba ari yo ngingo ibereye kuri mwempi. w24.05 29 ing. 12

Hashemezwe Yehova we Gitandara canje, we yigisha amaboko yanje kurwana.—Zab. 144:1.

Turabera akarorero abandi igihe dushikama ku bigororotse kandi tugafata ingingo twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Igihe twiyigisha Ijambo ry’Imana kandi tugakomeza ukwizera kwacu, turaba intahemuka kuri Yehova no ku ngingo ngenderwako ziwe. Ntituba abantu badafata ingingo, ba mahindagu, canke ngo duhendwe n’inyigisho z’ikinyoma canke ivyiyumviro vy’iyi si. (Ef. 4:14; Yak. 1:​6-8) Biratuma kandi dushobora gufasha ababa bari mu ngorane. (1 Tes. 3:​2, 3) Abakurambere bakwiye kuba batarenza urugero mu ngeso zabo, biyumvira neza, ari abanyarutonde kandi batadadaza. Kubera ko abo bagabo «[bumira] kw’ijambo ryo kwizigirwa», barafasha abandi kuguma batekanye. (Tito 1:9; 1 Tim. 3:​1-3) Biciye ku karorero abakurambere batanga no ku kuntu baragira ishengero, barafasha abamamaji kudahorereza mu makoraniro, mu ndimiro no mu kwiyigisha. Igihe abavukanyi na bashiki bacu bahuye n’ibintu bibatera amaganya, abakurambere barabafasha kugumiza ku mutima Yehova n’ivyo asezerana. w24.06 31 ing. 16-18

Nimwigaye kuko Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.—Mat. 4:17.

Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarigishije abariko baramwumviriza ingene Se wiwe ari umunyembabazi. Rimbura ka karorero k’umwana w’icangazi. Uwo mwana yaromotse, amara igihe yibereye mu bicumuro. Ariko yahavuye ‘agarukana ubwenge’ aca arasubira muhira. None se yamwakiriye gute? Yezu yavuze ati: «Se wiwe amubonye akiri kure . . . , aca arirukanga, aramugumbira yongera aramusoma n’ikibabarwe.» Naho uwo mwana yaje afise umugambi wo gusaba se wiwe ngo amugire nk’umwe mu bakozi biwe, se yamwise nyabuna ‘umuhungu wiwe’ yongera aramuha ikaze mu muryango. Se yavuze ati: «Yari yatakaye, none yabonetse.» (Luka 15:​11-32) Igihe Yezu yari akiri mw’ijuru, nta nkeka ko yari yariboneye ingene Se wiwe agaragariza impuhwe nk’izo nyene abacumuzi benshi baba bigaye. Umve nawe ukuntu ako karorero gakora ku mutima Yezu yatanze, kerekana neza ingene Umuvyeyi wacu Yehova ari umunyembabazi! w24.08 11 ing. 11-12

Mube . . . abantu biyumvira neza.—1 Pet. 4:7.

Umukirisu yiyumvira neza, arakora uko ashoboye kugira afate ingingo nziza zigaragaza ko yiyumvira nka Yehova. Umukirisu nk’uyo, aba azi yuko mu buzima ata kintu gihambaye kuruta ubucuti afitaniye na Yehova. Aca abona rero ko atari agahambaye kandi ko atazi vyose. Arerekana ko yiheka kuri Yehova mu kwama amwitura mw’isengesho kugira ngo amuyobore. Turatahura ko dukwiye kwama dusenga Yehova tutaravye ububangukirwe twoba dufise. Ku bw’ivyo rero, turakwiye gusenga Yehova tumusaba ngo atuyobore, canecane igihe tugomba gufata ingingo zihambaye, twizigiye ko ari we azi icotubera ciza. Ntiworaba ingene dukenguruka kubona Yehova yaturemye mu buryo dushobora kumwigana. (Ita. 1:26) Ariko mu vy’ukuri, ntidushobora kwigana Yehova ijana kw’ijana.—Yes. 55:9. w25.03 11 ing. 13; 13 ing. 17-18

[Urukundo] rwizigira vyose, rwihanganira vyose.—1 Kor. 13:7.

Ntidukwiye kwiyumvira abandi nabi. Igihe abandi batadushimiye ku kintu twabakoreye, twoshobora kwibaza duti: “Boba vy’ukuri ari intashima canke bibagiye gusa kudushimira?” Kumbure hoba hari iyindi mvo yatumye batadushimira nk’uko twari tuvyiteze. Abandi na bo barashobora gukorwa ku mutima cane n’ikintu twabakoreye ariko bikabagora guserura ukuntu bakenguruka. Bishobora kuba bibatera ubuyega igihe abandi babafashije na canecane nimba muri kahise bari bafise uburyo bwo gufasha abandi, ariko ubu bakaba batakibufise. Uko vyoba bimeze kwose, nimba vy’ukuri dukunda abavukanyi na bashiki bacu, ntituzobiyumvira nabi kandi bizotuma tugira umunezero uva ku gutanga. (Ef. 4:2) Niwihangane. Ku bijanye no gutanga, Umwami w’inkerebutsi Salomo, yanditse ati: «Terera umukate wawe ku mazi, kuko inyuma y’imisi myinshi uzokwongera kuwuronka.» (Umus. 11:1) Ayo majambo aratwigisha ko hari abantu bamwebamwe bashobora kudushimira «inyuma y’imisi myinshi.» w24.09 30 ing. 18-19

Ukosorere imbere ya bose abaza baracumura, kugira ngo n’abandi batinye.—1 Tim. 5:20.

Mu bihe bimwebimwe ishengero rirashikirizwa itangazo ry’uko hari uwakangiriwe. Mu bihe nk’ivyo, turabandanya kwifatanya n’uwo muntu kuko tuba tuzi ko yigaye agaheba ingendo yiwe mbi. Aba akiri mu bagize ishengero kandi aba akeneye indemesho zabo. (Heb. 10:​24, 25) Ariko si ko bigenda ku muntu yakuwe mw’ishengero. Wewe ‘ntitwifatanya’ na we canke mbere ngo ‘dusangire na we.’ (1 Kor. 5:11) Vyoba bisigura ko dukwiye kwirinda buhere umuntu nk’uwo? Si ngombwa. Ego ni ko ntitwifatanya na we. Ariko umukirisu wese arashobora gukoresha ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya mu guhitamwo nimba yotumira uwakuwe mw’ishengero kw’ikoraniro. Uwo muntu ashobora kuba ari incuti yiwe canke akaba yari umugenzi wiwe somambike. w24.08 30 ing. 13-14